06/18/2026
URI HE ❓
Itanguriro 3:9 -Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at' Uri hehe?
Ico gihe IMANA yarije kuraba nkuko yari ibimenyereye. ARIKO lmana itangazwa n'ukuntu ikibanza yarizimwo ataco imusanzemwo.
Ni kuvuga yari kure y'lmana.
Ico vyotumenyesha natwe iki gihe, nuko hari igihe lmana ikurondera mukibanza ikwitezemwo ikakubura ati kubera iki?
ico gihe yari yakoze ICAHA.
Bivuze ko iyo umuntu akoze icaha kimutandukanya n'imigenderanire yarafitaniye n'lmana, kikamushira kure yayo igukeneye ikakuraba mugitabu c'ubugingo ikakubura.
Nawe mwene Data ushobora kuba uri muvyaha kanaka uhaye ukora canke wakoze,
WUMVE KO UBU URI KURE Y'IMANA.
IMANA mwene Data uri muvyaha irakubaza URI HE❓
Nimba lmana ikubuze mugitabu cayo c'ubugingo bivuze ko kubera ivyaha vyawe ubu uri mugitabu c'abanyavyaha✓✓✓.
Mwene Data uri , m'ubusambanyi Imana yarakubuze mukibanza igushakamwo, kubera ubwo BUSAMBANYI. irakubaza URI HE ?
Wewe wakoroye inda UHORAHO yarakubuze mubana biwe, arakubaza URI HE ?
Wewe ubesha,wishe,urya ibiturire,utukana,wuzuye ishari,uroga,..... Uhoraho ntakikubona mugitabu c'ubugingo arakubaza URI HE ?
WEWE URI MUVYAHA BITANDUKANYE , ICAHA COSE UKORA CANKE WAKOZE Uhoraho arakubaza URI HE ?
Ntakikubona iyo agukeneye kuko uri mugitabu cabazotabwa gihenomu m'umuriro udashira.
ARIKO nubwo biruko Uhoraho arakubwira ati👇👇
Yesaya 1:16
Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukureh' ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi,
Imana iragusaba KWIHANA mukundwa, kugira usubire mukibanza igushakamwo.
Kuko ntishaka ko uzopfa rubi ugatabwa gihenomu kandi wari KWIHANA ikaguharira.
WEWE uri muvyaha IHANE usubire wemerwe n'lmana.
Niwanka KWIHANA naho. lmana irakumenyesha ibizokubako dusanga mw'ijambo ryayo muri 👇
Yesaya 1:19-20
Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu. Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukwa akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.
Mwene Data si kugutera ubwoba haba namba, n'ijambo ry'lmana rirakubwira niwemera ukihana uzorya ivyiza vyo murico gihugu.
Ivyo vyiza umuntu yihanye aronka ni 👉👉'ubugingo budashira.
Mbega hari icoza kiruta ubugingo budashira!?
Ico gihugu naco usezeranirwa hamwe wokwihana ukumvira ijwi ry'lmana ni ico 👉 mw'ijuru
Ewe mukundwa ARIKO Ijambo ryayo ryavuze ngo :: "Niwanka KWIHANA ngo inkota y'lmana izokurya''.
Nimba mwene Data wumva hamwe wopfa, woja m'umuriro udashira iyo nkota y'lmana ikazokurya.
Aka n'akanya keza lmana iguhaye ko KWIHANA.
Iyi nimburi y'lmana iguhaye kuba usomye ubu butumwa
Aka n'akanya kawe mwene Data ko KWIHANA lmana ikama iza ikagusanga mukibanza igushakamwo, ikakubona mugitabu cayo c'ubugingo.
Ehe niwitature n'urubanza ruzociribwa abanyavyaha IHANE, wakire umwami YESU KRISTO aguhe ubugingo budashira ariko gakiza iyo nkota y'lmana ntizokurye.
KWIHANA ukakira umwami YESU KRISTO ntaco bigusaba n'akanya isase gusa, ugasubira kwemerwa n'lmana
Nimba wumva wokwihana, tukagufasha ukakira umwami YESU KRISTO. Twakure tugufashe Kuri WhatsApp +257 61070373
NDIHO abahe kunesha ivyaha