Radio Television Voix de Jeunes

Radio Television Voix de Jeunes English tuition, News, Updates, Musics, Films and Documentaries

11/02/2025

Guitar by Lolilo (covered by Aslion bdi)

10/24/2025
Nimba udakurikirana amakuru yizewe n'ibiganiro bitandukanye kuri                   ( )  waracitswe na majamberere cakuri...
10/06/2025

Nimba udakurikirana amakuru yizewe n'ibiganiro bitandukanye kuri ( ) waracitswe na majamberere cakuriyo link Hama ugire ( ) uzukurikirana amakuru nibiganiro bitandukanye mumice yose y'ubuzima.
https://www.facebook.com/share/1C8saAg7UD/

INTAMBARA ZIZOHERA GUTE, KANDI RYARI?Idini ry'Ivyabona Vya Yehova barasohoye ikinyamakuru Umunara W'inderetsi cishura ic...
10/03/2025

INTAMBARA ZIZOHERA GUTE, KANDI RYARI?

Idini ry'Ivyabona Vya Yehova barasohoye ikinyamakuru Umunara W'inderetsi cishura ico kibazo.

Ico kinyamakuru kirerekana ido nido ry'ingene intambara zizohera, ico kinyamakuru kirerekana Amabi y'intambara, Ingene intambara igirira ingaruka zina kiremwa muntu wese, kirerekana nimba vyukuri abantu boshobora guhagarika intambara, kirerekana kandi igituma intambara nimishwamirano bidahera, kirerekana ingene intambara nimishwamirano Bizohera, kirerekana ingene woronka amahoro naho hari intambara n'imishwamirano.

Nimba wipfuza kumenya vyinshi kuvyerekeye ico kibazo kiri muri ico kinyamakuru Umunara W'inderetsi casohowe n'idini ry'ivyabona Vya Yehova uregere icabona ca Yehova kwikwegereye bazokuronsa ico kinyamakuru bongere bagusigurire vyinshi kuvyerekeye ico kinyamakuru kuvuga ngo INTAMBARA ZIZOHERA GUTE?

Source: Radio Television de la Jeunesse africaine pour le developpement

09/28/2025

INTAMBARA ZIZOHERA GUTE, KANDI RYARI?

Idini ry'Ivyabona Vya Yehova barasohoye ikinyamakuru Umunara W'inderetsi cishura ico kibazo.

Ico kinyamakuru kirerekana ido nido ry'ingene intambara zizohera, ico kinyamakuru kirerekana Amabi y'intambara, Ingene intambara igirira ingaruka zina kiremwa muntu wese, kirerekana nimba vyukuri abantu boshobora guhagarika intambara, kirerekana kandi igituma intambara nimishwamirano bidahera, kirerekana ingene intambara nimishwamirano Bizohera, kirerekana ingene woronka amahoro naho hari intambara n'imishwamirano.

Nimba wipfuza kumenya vyinshi kuvyerekeye ico kibazo kiri muri ico kinyamakuru Umunara W'inderetsi casohowe n'idini ry'ivyabona Vya Yehova uregere icabona ca Yehova kwikwegereye bazokuronsa ico kinyamakuru bongere bagusigurire vyinshi kuvyerekeye ico kinyamakuru kuvuga ngo INTAMBARA ZIZOHERA GUTE?

  basaba ababishoboye bose ko bobafasha bagasubizwa itongo ryabo batsindiye mu maasentare atandukanye kuko ngo bariko ba...
09/17/2025

basaba ababishoboye bose ko bobafasha bagasubizwa itongo ryabo batsindiye mu maasentare atandukanye kuko ngo bariko barenganywa.

Abo ni abenegihugu na Abasirwa Basirwa na BAGONA bo muri komine zone umutumba Agacimbiri intara ya Bujumbura yagutse.

Abo benegihugu basaba Reta Mvyeyi Reta nkozi Reta Nsenzi ko yobafasha bagasubizwa itongo ryabo kuko ngo bararitsindiye bararishikirizwa na sentare,ariko ntivyaja mungiro, kubera igitsure na Ruswa vyahawe bamwe mubatware bomuriyo ntara ya bubanza ya kera bituma badashikiriza abo benegihugu itongo ryabo.

Abo benegihugu bamenyesha ko kuva muri 2017 kugeza uyu mwaka batashikirizwa itongo ryabo,mugihe bari barishikirijwe Igenekerezo 15/3/2017 kwikete Sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura kunimero REF n*552.02/029/2017 yandikiye Sentare yintango yamuyebe kugira ishikirize abo bantu iryo tongo ryabo baburanye bagatsindira ariko ntibararishikizwa.

Ngo nimugihe na buramatari yahoze atwara iyo ntara ya bubanza yasavye ko abo benegihugu ko boshikirizwa itongo ryabo barekurirwa na mategeko ariko ntivyaja mungiro ngo kubera haciye hajamwo bamwe mubihangange vyo muriyo ntara ya bubanza ya kera baja kuruhande rwa batsinzwe bica bituma abatsinze badashikira itongo barekuriwe na mategeko.

Mugihe itarike 15/10/2025 ariho hategekanijwe imburano muri gasamburamanza,ngo hari amafaranga yatojwe niwitwa ayatoza ababa muriryo tongo kuko barigura bari mumburano, ngwayo mafaranga ntibazi iyo azojanwa,bene kuburana bakibazako yoba ari amafaranga yo kuzotangako ibiturire kugira babandanye kurenganywa kutwabo no kugira batsindwe.

Abo benegihugu babandanya basaba ko bokingirwa kuko ngo baguma baterwa ubwoba ko nubwo boshikirizwa iryo tongo ryabo ngo ntibazoribamwo canke bariranguriremwo imirimo yabo kuko ngo ntanguvu bafise ziruta izabo baburana ngobo bashigikiwe ningwe kandi ngo barakwiye kumenya umutware atwara isi uwo ariwe kuko ngoyima uwo ashatse, agaha uwo ashatse, agakiza uwo ashatse.

None ayo mafaranga yatojwe nangahe? Igitigiri cayo nimunkuru tuzogarukako nitwamenya uwo yahawe. Nigikorwa yakoze.

Abakora ubuzi, abashira umuriro muri ngendanwa babikore imbere y'isaha zitanu z'ijoro kuko Regideso Burundi imenyesheje ...
09/16/2025

Abakora ubuzi, abashira umuriro muri ngendanwa babikore imbere y'isaha zitanu z'ijoro kuko Regideso Burundi imenyesheje ko umuyagankuba ucika hose gushika isaha indwi z'ejo.

Birafasha kuba ishirahamwe nka Regideso rimenyesha ivyo biringo, ariko benshi baribaza bati none ikindi gihe umuyagankuba ugenda ukamara amasaha n'amasha kandi batabimenyesheje hoho biva kuki?

Twizere ko biza gutwara uwo mwanya nyene narirya hari abokwikika mu kiza nariry azoba ari umwanya w'ijoro.

Ararondeza mwenewabo yitwa Pascal avuka mu ntara ya Muramamvya ya kera komine Bukeye, umusozi Buhogwa, agacimbiri Nyagas...
09/12/2025

Ararondeza mwenewabo yitwa Pascal avuka mu ntara ya Muramamvya ya kera komine Bukeye, umusozi Buhogwa, agacimbiri Nyagashiru.

Uyo mwenegihugu ariko ararondera mwenewabo ni umurundi akaba asanzwe aba mu gihugu ca Canada 🇨🇦 avugako haciye imyaka 17 atagakuru ka mwenewabo afise bakaba baheruka kuvugana mu mwaka wa 2008 kuva ubwo ntibarasubira gutorana haba kubuhinga bwa none canke kuri terepfone, abavyeyi babo se wabo ni nyina wabo akaba yitwa , asabako uwo wese yoba afise amakuru kuri mwene wabo koyoyamenyesha, agasaba kandi uwowese yobona ubu butumwa akabushikiriza uwo mwenewabo. Uwogira agakuru ka Pascal yotwandikira ku numéro +25761478013. Murakoze
Imana ibahezagire cane

09/11/2025

Mention spéciale à mes nouveaux(elles) super fans ! Fafa Irakiza, Kanyamahanga Jean Paul, Jean Niméri Minéral Géologue, Justin Nikiza, Uwayo Marie Claire, Chanel Rukund, Ferdinand Niyongere, Tonny MT, Salimu Nikuze, Cycy Gag, Bimenyimana Elvis, Aaron Nduwimana, Albert Sinzotuma, KIM JONG

09/10/2025

Rusansuma rwatanguye mugihugu c'uburundi

Kwiga icongereza, kubafasha gutegura ibibazo bivanye nivyo mugomba kuja gukoramwo canke kubafasha guhitamwo amashure n'i...
09/08/2025

Kwiga icongereza, kubafasha gutegura ibibazo bivanye nivyo mugomba kuja gukoramwo canke kubafasha guhitamwo amashure n'ivyigwa mu mahanga biri muri service Easy English | Icongereza Coroshe bifasha ababituye.
Bakorera muri ville kuri Excellence house Hafi ya poste n'ibiro bikuru vya lumitel muri étage ya 4 numéro 401 canke mubakure ku numéro +25761478013.
Uwipfuza kugira ico abaza kubijanye no kwiga icongereza canke kumenya vyinshi kuri programme ya Campus France Burundi 2025-2026 yobitura bakamutunganiriza

Icongereza Coroshe

Address

Downtown Los Angeles, CA

Opening Hours

Monday 9am - 5pm
Tuesday 9am - 5pm
Wednesday 9am - 5pm
Thursday 9am - 5pm
Friday 9am - 5pm

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Television Voix de Jeunes posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category