15/07/2025
Umwe ni ari mubuhungiro mugihugu c'Ububirigi.
Uwundi ni ari muburundi muburaruko bwigisagara ca Bujumbura muri zone Kamenge.
abo bagabo babiri basa nka bafise amateka amwe.
Umwe yari muri Reta ya ya Frodebu ari umushikiranganji uwundi nawe 1980 yari muri paripehutu mukinyegero ajejwe ibibazo vya gisirikare no kwigisha imisore ya bahutu nokuyigisha kurasa inkoho kugira birwanire banarwanire abahutu benewabo bariko batotezwa nintwaro zico gihe.
Munyuma mumyaka ya 1994 yashinze umuhari FDD mu kamenge ahasanzwe avuka, nabandi harimwo mutoyi wiwe bitwa batazira ari nawe yarwanye cane mumyaka 1994-1996 aho mukamenge na be na bandi Mbanzamihigo Jean pomscene yari yigishije kurasa.
Munyuma kuberako frodebu itarifise igisirikare Kandi bari baherutse kwica umukuru W'igihugu Merchior Ndadaye uyo nawe akaba yari yarihakanye umuhari Paripehutu avuga kwari uwabasuma azobahiga mpaka abamaze ari nayo majambo ashobora kuba yatumye abo yari yastinze mumatora bumva ko badahuza numuhari wa Paripehutu wa bahutu bagenziwe haca hatunganywa ivyukunwica, munyuma Frodebu yarizeye kugira afashe muvya gisirikare FDD yari yashinzwe na bahutu mu kamenge kugira barwanire demukarasi bagire nigisirikare gikomeye ca Bahutu cofasha umugambwe frodebu kugira ugire inguvu uhangane nigisirikare ca Uprona.
Ariko Vyarangiye ivyo frodebu yifuza Bidakunze hubwo haciye havuka CNDD FDD,hama CNDD yegukira Leonard Nyangoma havuka na kaze FDD ya NDAYIKENGURUKIYE J.Bosco bamaze gucanamwo na CNDD FDD yahavuye iramutswa Pierre Nkurunziza ,birangira umugambwe frodebu ivyo watunye Nyangoma bidakunda kuko haciye hazamwo ivyivangura ntara batangura gucanamwo no kudahuza muvyuburongozi nokudahuza aho bagenda gutera kubirindiro vya basirikare.
kuko bamwe bifuza ko intambara iguma hamwe murizintara zimbo abandi bavuga ko arugutera igihugu cose kubirindiro vya basirikare harimwo nintara ya Bururi,aho Nyangoma avuka ariko Nyangoma akanka,niho babonako Nyangoma abahenda hubwo yoba akorana na Reta ya uprona kuko yarasanzwe avuka muntara ya bururi baca bahitamwo kwivangura kuko nabategetsi bico gihe nka bose bava muntara ya Bururi Kandi na Nyangoma akaba yari umushikiranganji avuka muriyo ntara yavamwo ababaye abakuru bigihugu na bategetsi benshi.
Ubundi iyo basenyera kumugozumwe bagahuza ivyiyumviro atagucanamwo Igihugu baba bagifashe mumyaka 1996, 1997.