28/06/2025
💥✅ Ngaya amwe mumakuru yaraye aravugwa kwisoko ryigura nigurisha Kwongerereza Amasezerano nibindi muri Football mwibuke gukora suivre kuriyi page yacu Yaga Sport Kumwanya 🎯 ⚽ ✅
🔹🇪🇸 Vyiza Cane Umukinyi Ansu Fati bivugwako ko yaraye akoze ibipimo vyo Kwamuganga arikumwe n'umugwi wiwe mushasha wa Mónaco kandi vyaraye bigenze neza cane. Tumwipfurize imigisha kuntambwe nshasha ateye.
Info Via 🗞️ Sport
🔹🇪🇸 Ntasubigwamwo Lamine Yamal agiye kugaragara mumwambaro uriko Nº10 zahoze zambara Lionel Messi 🇦🇷 , Ronaldinho gaúcho na Ansu Fati nabandi.
Twipfurize Lamine Yamal 🇪🇸 kuri Version nshasha azoba atoye.
Info Via 🗞️ Mundo Deportivo
🔹🇪🇸 Umugwi wa Atlético Madrid usa n'uwamaze kurangiza isinya rya Alex Beana kuva m'umugwi wa Villareal kumasezerano yimyaka igera Kuri 3 aho aguzwe amahera agera kuri Millioni 45M€ +5 za Bonus
Iyi Atlético Madrid irakeneye kwuhorera umwaka uheze Kwel.
Info via 🗞️ Fabrizio Romano
🔹🇧🇷 Umugwi wa Manchester City wongeye kuja murugamba gwokurondera umukinyi wa Real Madrid Rodrygo. Biravugwako abajejwe kugura abakinyi muruwo mugwi bazegera Real Madrid inyuma yigikombe c'Isi c'imigwi bayage kuri Kazoza ka Rodrygo.
Info Via 🗞️ Jose Claros
🔹🇫🇷 Vyiza kwa Real Madrid nuko Kylian Mbappé agiye kugaragara muri kimwe cumunani gishira icanyuma bahura na Juventus de Turin.
Info Via 🗞️ Fabrizio Romano
🔹🇪🇸 Umugwi wa Monaco 🇫🇷 wemeranije na FC Barcelona kuriha umwumwe uruhande gwumushahara wa Ansu Fati nukuvuga umushahara yahora ahembwa muri Barcelone bazowucamwo kubiri Monaco 50% Barça zindi 50%.
Bivugwako Hamwe Monaco yomushima izoca iriha millioni 11M€ zama Euros umugwi wa Barcelone, kumwe naho Monaco yoramuka imuguze na Barcelona ifise kuzomugura kuri Millioni 25M€ .
Processus ni ndende iri muriyi Transfert ya Ansu Fati kwel.
Info Via 🗞️ Mundo Deportivo
🔹🇦🇹 Ibintu ntivyoroshe kuri David Alaba kuko yabaye incuti yimvune aho ataranagaruka yasubiye kwisanga mumvune igiye gutuma agiye kumara ikiringo c'Ukwezi kumwe .
Info Via 🗞️ COPE
🔹🇫🇷 Umukinyi Alexandre Lacazette ari hafi gato yugusinya m'umugwi wa NEOM SC. Ndanabibutsako yaraye akoze nibipimo vyo Kwamuganga kandi vyagenze neza
Info Via 🗞️ L'équipe
🔹🇨🇴 Umuyobozi w'umugwi wa Fenerbahçe, Devin Özek yatembereye muri Colombie kugirango ahure numukinyi Jhon Durán akinira Umugwi wa Al Nassr kugirango amwumvishe kuza gukinira umugwi wa Fenerbahçe
Mbega umugwi wa Al Nassr 🇸🇦 uramwikura konzi Cristiano Ronaldo 🇵🇹 yamusize mubakinyi ntakogwako muruyo mugwi.
Info Via 🗞️ Yagosabuncuoglu
🔹🏴🇳🇱 Umugwi wa Leicester City wamaze kwirukana Umumenyereza wayo Ruud van Nistelrooy.
Info Via 🗞️ page officielle du club
🔹🇫🇷 Umugwi wa LA Galaxy waraye utandukanye N'umukinyi wayo Olivier Giroud aho bigaragarako bitandukanye umusore afise gahunda yokwerekereza m'umugwi wa Lille iwabo m'Ubufransa.
Info Via 🗞️ FootMercato
🔹🇸🇪 HAAA 🤣🤣 Umugwi wa Newcastle United ngo nturota udandaza umukinyi wayo Alexander Isak munsi y'imillioni 175M€ uwuwe namba ari Lamine Yamal 🇪🇸 kwel sigusa
Info Via 🗞️ David Ornstein
🔹🇳🇬 Umugwi wa Burnley🏴 na Fiorentina 🇮🇹 bose bari kwipfuza umukinyi Frank Onyeka.
Info Via 🗞️ JacobsBen
🔹🏴🇧🇷 Umunya Brésil Alisson Becker guhera mundwi iheze amaze kwanka ubusabe bw'imigwi 2 harimwo Galatasaray N'umugwi wo muri Arabie Saoudite 🇸🇦
Info Via 🗞️ Nicolò Schira
🔹🇦🇷 Umugwi wa Tottenham ushaka millioni zirenga 70M€ kumuntu wese wipfuza Cristian Romero. None ko wipfuza kugurisha abakinyi nawo tuziko uremvye , ufise imigambi nkiya Leicester City Kwel.
Info Via 🗞️ The Telegraph
🔹🇨🇴 Umugwi wa Liverpool ubu uri mugahengwe kuberako Nico Williams 🇪🇸 ari kuzimya amarakari umugwi wa FC Barcelone wogusinyisha Luis Diaz aho Liverpool ibitomboreyemwo kuko ikeneye guca imugumana no m'umwaka w'inkino uza .
Info Via 🗞️ David Ornstein
🔹🇪🇸 Lamine Yamal baramuha numéro 10 zahora zambara Lionel Messi 🇦🇷 mukibuga gishasha ca Camp nou bivugwako kizakira abantu bagera kubihumbi hafi i 105 (≈105.000)
🔹🇭🇷🇹🇷 Abakinyi 2 bonyene nibo bataravunika M'umugwi wa Real Madrid muri Uyumwaka w'inkino uheze gushika nubu ni Arda Güler na Luka Modrić kumyaka 39 physique yiwe iteye ubwoba .
🔹🏴 Umugwi wa Sunderland wamaze kwemera kugura yumukinyi Habib Diarra
Info Via 🗞️ Fabrizio Romano