06/11/2025
💥✅ Kaze dusangire amakuru y'inkino yiriwe aravugwa mumupira wamaguru hirya no hino 🎯⚽✅
🔸🇪🇸 Umukinyi Eric Garcia Vyamaze Kumenyekana ntagiye kuboneka mumpera ziyindwi murukino ruzobahuza na Celta vigo, Iyi niyindi nkuru atari nziza kubakunzi b'umugwi wa FC Barcelone.
🔸🏴 Umugwi wa FC Barcelone ngurashaka gusinyisha burundu umukinyi Marcus Rashford ariko Manchester United ntigishaka za Millioni 25,5M zama Livre Sterling zari muri option d'achat ahubwo kugeza ubu ushaka Millioni zigera kuri 40M zama Livre Sterling.
Mbega hano hantu FC Barcelone irakora mumufuko itange zino noti.
Info Via 🗞️ Transfer News live
🔸🇫🇷 Inkuru itari nziza kubakunzi ba Real Madrid nuko Tchouameni agiye kumara hanze yikibuga indwi zigera kuri 3 .
Aha abazi akamaro ka Tchouameni muri Real Madrid baraziko babuze ndimukazi koko.
info Via 🗞️ Fabrizio Romano
🔸🇲🇦 Nubwo Achraf Hakim yagize ikibazo c'imvune ikomeye cane biravugwako azoba ahari munkino zigikombe ca CAN zigiye kuzoba vuba.
Info Via 🗞️ The Athletic
🔸🇧🇷 Gahunda kuri Raphinha n'uko azoba ahari kurukino ruzobahuza na Athletic Bilbao.
Info Via 🗞️ fansjaviMiguel
🔸🇩🇪 Hansi Flick ngo Ntampamvu nimwe igiye gutuma atandukana N'umugwi wa FC Barcelone n'ubwo Ibinyamakuru vyomuri Espagne vyazindutse biravugako uyumu dagi yoba yamaze kurambigwa na politique yumugwi wa FC Barcelone.
Info Via 🗞️ Sky Allemagne
🔸🇫🇷 Umukinyi Dayot Upamecano na Real Madrid ngo boba bamaze kuba bumvikana kuvyerekeye gusinya kwuyo mukinyi m'umugwi wa Real Madrid kandi Real Madrid ninayo ihabwa amahigwe menshi yugusinyisha uyomukinyi wa Bayern München 🇩🇪 w'imyaka 27 .
Info Via 🗞️ Footmercato
🔸🇮🇹 Daniele De Rossi niwe yagenywe kuba Umumenyereza mushasha w'umugwi wa Genoa.
🔸🇺🇾 Inkuru Nziza kubakunzi ba Real Madrid nuko Fede Valverde ngo atakibazo nakimwe c'imvune afise inyuma yugukora ibipimo vyo kwamuganga.
Araniteguye nugukina urukino ruzohuza Umugwi wa Real Madrid na Rayo Vallecano mumpera ziyindwi.
Info Via 🗞️ COPE
🔸🇩🇪 Inkuru Nziza kubakunzi b'umugwi wa FC Barcelone ngo nuko Ter Stegen 🇩🇪 yamaze kuba agaruka Mumyimenyerezo y'uyumunsi arikumwe n'umugwi wiwe wa FC Barcelone.
Mbega uyu ariteguye kugwanira ikibanza koko nagatabi canke azohita aca afata umwanya wambere.
🔸🇫🇷 Umugwi wa Newcastle United wamaze kuba urungika ubusabe bwa Millioni zigera kuri 70€M zama euros kumusore wayo Eduardo Camavinga, Ariko Real Madrid ntajambo ryanyuma iravuga kandi ntanimiryango irugara.
Mbega hano hantu Real Madrid irahumiriza canke konziko Real Madrid kugira iguhe umukinyi ari intambara ikomeye cane.
Info Via 🗞️ Fichajes
🔸🇩🇪 Hansi Flick ati 🗣️:" Abantu bantuke canke bareke nuko ntagiye guhindura imikinire yacu kuko sinzotsinda Igitsindo 1-0 hama ngo ce mpagarika kwataka.''
Umusaza nguko bizoba birii kose azobandanya asatira bikomeye umugwi mukeba
Info Via 🗞️ Fabrizio Romano
🔸🇫🇷 Kylian Mbappé ngo arakeneye kwitwarira indongozi zumugwi wa PSG 🇫🇷 aho abishuza Millioni zigera kuri 55 M€ zama euros w'umushahara banse kumuhemba.
🔸🇪🇺 Ngaba Abakinyi 4 bagiye gutogwamwo umukinyi yigenje neza Kundwi yakane mwihiganwa rya ligue des Champions.
💥🇪🇸 Mikel Merino: Arsenal
💥 🇵🇹 Forbs : Club Brugge
💥 🇳🇬 Osimhen : Galatasaray
💥 🏴 Phil Foden : Man City
Hama ndabasabe mubandanye mwibuka gukora suivre kuriyi page yacu mugu clika ngaha 👉 Yaga Sport Kumwanya