25/03/2024
Umwe mubantu babaye mubuzima bwambere bugoye kw'isi yarahambwe kuwagatatu uheze inyuma y'imyaka 72 ahemera mukigunguru kimufasha kuronka impwemu.
Ni Paul Richard Alexander umugabo yashengeye mundwi iheze afise imyaka 78, akaba yamaze imyaka 72 aryamye mukimashini kimufasha guhema bita amahaha y'icuma(iron lung) kubera ingwara yamwiciye amahaha agifise imyaka 6 gusa.
N'ubwo yamaze iyi myaka yose aryama muri iki kimachine, umubiri wiwe wose udakora kiretse umutwe gusa, Paul Richard Alexander, ntiyigeze yihebura yagumye yiga uburyo bwo kuguma ari mubuzima uko bimeze kwose, ndetse aratinda yiga kwandikisha umunwa aho aryamye atangura no kwiga yandikisha umunwa, araheza na kaminuza aba mubambere.
Paul Richard Alexander yavutse kw'italiki 30 z'ukwambere mumwaka wa 1946 mugisagara ca Dallas muri leta ya Texas muri Amerika. Igihe ikiza c'ubukangwe(poliomyélite) cari cateye mw'isi nyina wa Paul avuga ko umwana wiwe yasohotse gukina, hari mumwaka wa 1952 agaruka afise ubushuhe burengeje amenetse umutwe yadadaraye, baraheza bamujana mubitaro araremba ndetse ahakwa gupfa incuro zitatu zose.
Mugitabo umuvyeyi nyina wa Paul yanditse avuga ko ico gihe ingwara y'ubukangwe cari ikigeragezo kubavyeyi batari bake, aho birirwa barahamba ababo.
Muri iki gitabo, umuvyeyi nyina wa Paul avuga ati: " Umuganga yahavuye aduhamagara atubwira ko Paul atazomara na kabiri adusaba ko niba dushaka twomutahana kugira azopfe ari mubiwe"
Umuryango wa Paul wahavuye umutahana ari mukimashini c'icuma kimufasha guhema, ariko abandanya abaho mbere nawe nyene akabishiramwo inguvu kugira abeho.
Iruhande ya Paul, mubuzima bwiwe bwose hama hari umuntu amufasha ari muvyo gufungura akamutamika ndetse no kwihagarika bakaba bamuha ibimufasha kwihagarika aho ari nyene.
Urwo rugendo rw'ubuzima rutoroshe ntirwatumye Paul Richard yihebura, ahubwo yagumye ashaka kubaho mbere atangura kwiga kwandika n'umunwa aho aryamye arandika n'ibitabo, ararihirwa amashure muhira aza kuronka urupapuro rw'amashure yisumbuye mu