
22/05/2025
🔴🗑️ISUKU : Ng'ibi ibikono bishasha, binini cane bimeze nk'utuzu, bigiye gutabwamwo umucafu mu gisagara ca Bujumbura.
🔹Ivyo bikono bikaba bije gusahiriza ivyari bisanzwe bihari, kugirango igisagara ca Bujumbura kigume gisukuye.
🔹Ni ibikono bikozwe ku buhinga bushasha, vyuguruye hose , kugirango amanzi y'imvura ntagumemwo, ahubwo acemwo arengana. Ivyo bikazotuma bitabora, ahubwo biramba.
🔹Ivyo bikono bikaba biriko birashingwa ku mugambi w'Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, wo gusukura aho tubaye, mbere ibikono nk'ivyo bikaba bigiye gushingwa mu gihugu cose.
📌Ni hehe mubona hokwihutirwa gushingwa igikono nk'ico kuruta ahandi?