Ntera Nj'imbere Media

Ntera Nj'imbere Media Ntera Njimbere is a Burundian online medium focused on African music.🪁

VISION 1-0 VITAL'O------------------Ibintu bitanguye neza ku mugwi wa caleb na nyange mugihe ku ruhande rwa vital'o bata...
16/08/2025

VISION 1-0 VITAL'O
------------------

Ibintu bitanguye neza ku mugwi wa caleb na nyange mugihe ku ruhande rwa vital'o batanguranye ugutakaza. Abakunzi ba vital'o habuze iki kugira mutsinde ?

Kuva mu muziki ukaba umusirikare-----------------------Umwigeme w'umuririmvyikazi  w'imvange afise amamuko mu budagi ben...
16/08/2025

Kuva mu muziki ukaba umusirikare
-----------------------

Umwigeme w'umuririmvyikazi w'imvange afise amamuko mu budagi benshi bazi kwizina rya Babo bamumenyeye mu muziki aho hakurya mu babanyi.

Ejo bundi icatangaje benshi nuko uyo mwigeme yagaragaye mu bakiri bato b'icitegererezo bari muhejeje inyigisho zo gukunda igihugu banambaye umwambaro wa gisirikare.

Bati none umuziki arahevye? Si kenshi turabona aha iwacu abaririmvyi bagaragara mu bikorwa vya gisirikare .

Nk'ubu sat-b abaye umusirikare wovyakira gute?

Volleyball beach abakinyi baje guserukira ibihugu vyabo batanguye gushika-------------------------------Iryo rushanwa ri...
16/08/2025

Volleyball beach abakinyi baje guserukira ibihugu vyabo batanguye gushika
-------------------------------

Iryo rushanwa rihuza ibihugu vyo kumigabane itandukanye rigirye kubera aha muburundi rikaba rizotangura kuri uyu wa 20 hariya mu kajaga kuri eden garden .

Abakunzi b'urukino rwa volleyball namwe murashikiriwe kwirabira ibirori.

🇧🇮🚆Umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye n'Umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya Kassim Majaliwa Majaliwa baritezwe ...
16/08/2025

🇧🇮🚆Umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye n'Umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya Kassim Majaliwa Majaliwa baritezwe ku mutumba wa Rubara muri zone na komine Musongati y'intara ya Burunga kugira batanguze ku mugaragaro kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 16 myandagaro 2025, ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry'indarayi Uvinza-Musongati.

Ntikiri paruwase Mugera ubu ni  Ingoro ya Papa---------------------------------------Umukuru w'igihugu , abakozi b'Imana...
15/08/2025

Ntikiri paruwase Mugera ubu ni Ingoro ya Papa
---------------------------------------
Umukuru w'igihugu , abakozi b'Imana ,Ibihumbi vy'abantu
Uyu musi wari Umusi udasanzwe muri ekereziya katorika mu burundi

15/08/2025

Kubwawe, n'iyihe mpamvu indirimbo SABAWELI AHHHH...

Itazokundwa ibihe vyose nka SAGAMBA BURUNDI

🇧🇮🛑 " Asalam aleikum , walikumsalam walah matulahi wa barakatu . welcome in  Burundi " indamukanyo y'ukwakira umush*tsi-...
15/08/2025

🇧🇮🛑 " Asalam aleikum , walikumsalam walah matulahi wa barakatu . welcome in Burundi " indamukanyo y'ukwakira umush*tsi
----------------------------------

Dr Hassan Kibeya Umushikiranganji ajejwe ubutare, amasoko ntanganguvu, inganda n'ubukerarugendo, mu kanya gaheze ahejeje kwakira Umuganwa Sheikh Mansour Bin Jabor,

Sheikh Mansour Bin Jabor, arongoye "Al Mansour Holding", ishirahamwe ryinjiza miriyaridi zirenga 7,5 USD ku mwaka.

Uyo mugwizatunga yagendeye Uburundi wo mu muryango w'ibwami i Qatar atumiwe na Prezida Evariste Ndayishimiye mu rugendo arimwo muri Afrika: mu Burundi ho nyene, bivugwa ko ibiganiro bijanye n'imitahe yo kuzana bishikira miriyaridi zirenga 5 z'amadorari y'abanyamerika, harimwo n'ibijanye gutorera inyishu ikibazo c'ibitoro

Atagihindutse twitege iki?

⚽ PRIMUS LIGUE BURUNDI 2025-2026 aigle noire y'imakamba ni abagwanyi koko------------------------------------ Garage Exp...
15/08/2025

⚽ PRIMUS LIGUE BURUNDI 2025-2026 aigle noire y'imakamba ni abagwanyi koko
------------------------------------

Garage Express 0-2 Aigle Noir CS
Mbega Asas djibouti telecom izohava iva aha i bujumbura amahoro

🔴Imyaka myinshi bakorana n'ubufaransa imikenyuro iriko irahindagurika ---------------------------------------Ibihugu nka...
15/08/2025

🔴Imyaka myinshi bakorana n'ubufaransa imikenyuro iriko irahindagurika
---------------------------------------

Ibihugu nka burkina faso , Niger , na Mali biri mu bihugu vyo muri afrika bitakirabana ryiza n'ubufaransa na amerika , hampande yaho uburusiya buriko burifatira akarere .

Inama z'ibisongerezi mu burusiya

Nk'uko bigaragara ku masanamu , umushikiranganji w'umutekano wa mali , General sadio camara arikumwe na bagenziwe ba burkina faso na niger , bari mu burusiya aho batumweko na mugenzi wabo w'uburusiya kugira hakomezwe imigenderanire hagati y'ibi bihugu mu vya gisirikare .

Tubibutse ko muri mali hamaze kwibonekeza abasirikare batari bake b'abarusiya bagwana ku ruhande rwa reta mu gihe hamaze kuvugwa cane ko inguvu nyinshi z'abagwanyi ba JNIM bagwanya aya ma reta zoba ziva mu bufaransa .

👌🏾Ibi bintu birahimbaye ku bakunzi b'umupira w'amaguru :---------------------------------- CAF , Ishirahamwe ry'urwo ruk...
15/08/2025

👌🏾Ibi bintu birahimbaye ku bakunzi b'umupira w'amaguru :
----------------------------------

CAF , Ishirahamwe ry'urwo rukino ku rwego rwa Afrika, riherutse gushira ahabona urutonde rw'ibibuga vyemerewe kwakira inkino za mbere z'ihiganwa rya Champions League, hamwe na confederation Cup.

📋Ikibuga Intwari kiri Muri urwo rutonde rw'ibibuga vyemerewe kwakira izi nkino. Abanya bujumbura ndetse no mumicungararo y'igisagara bamenye ko umugwi Aigle Noir uzokwakirira kuri ico kibuga, Asas yo muri Djibouti, co kimwe na Flambeau du Centre izokwakira Al Akdhar yo muri Libiya.

Izo nkino zizoba hagati y'itariki 19 na 21 Nyakanga 2025.

Akanyamuneza tutari duherutse inyuma y'imyaka myinshi vyukuri tukitege.

🔴🇲🇱 Igeragezwa rya coup d’État muri Mali ---------------------------------------Duherutse kubamenyesha abasirikare ba ba...
15/08/2025

🔴🇲🇱 Igeragezwa rya coup d’État muri Mali
---------------------------------------

Duherutse kubamenyesha abasirikare ba bagera kuri 45 bo muri mali bafunzwe kubera bagerageje kuhirika ubutegetsi.

Ivyari binyegejwe vyamenyekanye mubari bashatse guhirika ubutegetsi harimwo umufaransa yoba yari yinjiye muri ico gihugu nk'umukerarugendo.

None ko yari iharawe haricaha kirimwo?
14/08/2025

None ko yari iharawe haricaha kirimwo?

Address

Port Elizabeth

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ntera Nj'imbere Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share