25/06/2025
❌ Umuyobozi w’ishure agira ati: "Tanga amanota", umwigisha nawe ati: "Sinshobora gukosora ikibazo cibwe"
-------------------------
👆🏾Uko kutumvikana kuriko kuba hagati y’umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya riri ku mutumba na zone Mukungu muri komine Nyanza Lac, biturutse kumpari zijanye n’ikibazo bivugwa ko coba caribwe
📖 Ico kibazo ca Sciences et Technologies co mu mwaka wa 2 pédagogie, cakozwe kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2025 mu bibazo vy’igice ca gatatu, inyuma yo gukorwa niho urukurukuru rwatangura ruvuga ko bamwe mu banyeshure bakoze bafise ico kibazo. Umwigisha atanga ico cirwa amaze kuronka ivyemezo yuko ico kibazo cibwe, yahavuye asaba ko gisubirwamwo ariko ntibabihurizako n’umuyobozi
📌 Inyuma y’inama yahuje umuyobozi wishure Venant Ndikuriyo be n’abigisha bo kuri iryo shure kugira ngo bige ico kibazo, kuri uno wa mbere 23 Ruheshi 2025, umuyobozi w’ishure rya Mukungu yasavye uwo mwigisha gukosora no gutanga amanota yamara wewe avuga ko adashobora gukosora ico kibazo ahubwo agasaba ko gisubirwamwo hagakorwa amatohoza kugira hamenyekane uwusohora ivyo bibazo
✍🏽 Mwomenya ko kuri iryo shure nyene mu gice ca 2 c’uyu mwaka abanyeshure barenga 20 bafatanwe inyishu z’ikibazo ca "Psychopédagogie" haca hafatwa ingingo ko ico kibazo gisubirwamwo ariko ntamatohoza yakozwe ngo hamenyekane abagitanze. Nayo mu mwaka uheze wa 2024, abanyeshure 2 bari barananiwe barahinduriwe amanota maze bahabwa uburenganzira bwo gukora ikibazo ca Reta, bakaba baciye bafatwa ku munsi wa nyuma maze ivyo bakoze vyose biba impfagusa
🗣️ Abavyeyi na bamwe mu bigisha bo kuri lycée Mukungu basaba ko hokorwa amatohoza kugira ngo ubwo busuma bw’ibibazo bwama buvurwa kuri iryo shure butuzwe kugira ngo ntibuhave busubiza inyuma indero y’abanyeshure
👀 Musomyi, aho uherereye ubusuma nk'ubwo burahari?
Burundi my country Burundian beauty Djpro Burundiano
🖊