26/10/2025
Menya Hub Space niki?
Mu mwaka w'2019, naragiye mu gihugu ca Zambia ku mpamvu z'akazi. Nakorayo ibijanye n'ubudandaji (sales). Muri ako kazi, narahuye n'abantu benshi cane batandukanye, harimwo n'Abarundi bagenzi banje.
Ico nabonye cambabaje, n'ingene abenshi muri bo bagorwa cane no gukoresha ururimi rw'Icongereza.
Vyari bigoye kwumva ingene umuntu abura amajambo yo kwisigura canke yo kuganira n'abandi mu bijanye n'akazi, kandi bari abantu umengo baciye ubwenge.
UMUNTU WA MBERE NAFASHIJE
Umunsi umwe, ndi muri ivyo, har'umugabo umwe yanyegereye arantakambira, ansaba ko nomwigisha Icongereza. Yambwiye ati, "Ndabona ukuntu wewe uvuga neza Icorongereza , ndasavye umfashe."
Mu vy'ukuri, muri ico gihe sinari mfise umwanya na muke. Narakora akazi kanje ka buri munsi, kandi n'ico gihe nyene nari ndiko ndiga Ukuntu Internet ikora ivyo twita(Digital Marketing).
Vyari bingoye. Ariko, narabonye ugushaka kwinshi muri we, nca ndamwemerera.
Namubwiye ko nzomwigishiriza kuri WhatsApp kubera umwanya muto nari mfise.
Naratanguye kumwigisha. Twakoresha WhatsApp tukaganira, nkamuha utwimenyerezo. Wa mugabo yaritanga cane, kandi mu gihe gitoya yarateye imbere bikomeye m'ururimi rw'Icongereza.
Ubu , uwo mugabo yabaye umuntu akomeye cane, kandi n'ubu aracakenguruka cane ko namuhaye intango, yatumye business yiwe igera kure.
IVUKA RYA MENYA HUB SPACE I BURUNDI
Ivyo nakoreye uwo mugabo vyatumye nipfuza gufasha benshi bashoboka. Naciye mbona ko ikibazo c'Icongereza c'ubudandaji (Business English) ari ingorane ikomeye ifatira abantu.
Ngarutse mu gihugu c'amavukiro, mu Burundi, nasanze ikibazo ari ca kindi. Nasanze Abarundi benshi baciye ubwenge bafise impapuro z'umutsindo (diplômes), ariko babuzwa n'ururimi rw'Icongereza.
Ukutamenya kuvuga neza Icongereza vyariko bibima amahirwe mpuzamakungu (international opportunities), nko kuronka akazi mu bigo bikomeye canke gukorana n'abanyamahanga.
Naciye mfata ingingo: ngiye gutanguza ikigo kizofasha abantu kwiga no kumenya Icongereza neza.
Ng'uko rero uko Menya Hub Space yatanguye.
Tumaze gutangura kwigisha Icongereza, naciye mbona ikindi kibazo gihambaye. Abantu benshi bari bakeneye Icongereza, ariko kandi ntibari banafise n'ubumenyi bw'ibanze muvy'ubuhinga bwa none Internet(digital literacy).
Naciye mbona ko tudashobora gufasha abantu tubaha ikintu kimwe gusa. Umuntu akeneye kumenya Icongereza, ariko akeneye no kumenya gukoresha internet neza kandi imwungukira (digital skills).
Nico gituma Menya Hub Space yaciye yagura ibikorwa. Dutangura kwigisha ibijanye na Technology
✅️Web Design
✅️Graphic Design
✅️Content Creation
✅️Freelancing
Menya Hub Space n'ikigo gifasha, kimenyereza, kandi cigisha abantu bo hirya no hino kw'isi kuronka ubumenyi bukenewe cane (in-demand skills) nk'Icongereza na technology.
Turafasha abantu benshi cane, kandi turanezerewe n'intambwe bamaze gutera.
Kugira tunoze neza Ubumenyi dutanga muri Menya Hub Space twaje kwiga neza Uburyo Artificial Intelligence....twoyivyazamwo umusaro hamwe na Customer Experience kuko .....niho Isi yose ihurira kandi bateye imbere munzira zose zibaho.
Turindiriye kwagura ibikorwa vyacu kurushiriza, kugira ngo dufashe Abarundi n'abandi bo kw'isi yose kubona amahirwe abakwiriye.
Urugendo ruracari rurerure, ariko intango yari iyo! Murakoze.
■Régis Nkundimana (Menya Hub Space Founder)