SILVA Genda mushigikire uru rubuga mugukora SUBSCRIBE no kuri chaîne YouTube SIRIUS DOCS: https://youtube.com/-s2p?si=QXXnzxPXQdeYZFj0
(7)

🔴⚫Ataratangura no kuvuga, abantu baciye bisohokeraNétanyahou  bamuhamagaye ngo avuge ijambo,  ubwo nyene  abantu nka bos...
24/09/2026

🔴⚫Ataratangura no kuvuga, abantu baciye bisohokera

Nétanyahou bamuhamagaye ngo avuge ijambo, ubwo nyene abantu nka bose baca barisohekera, bamukomera induru. Nawe nk’umusirikare yiyemera arabaraba arabareka baragenda. Agitangura kuvuga yabise "moral crowards", ati:" Nimba hari abandi bashaka kugenda, mukurikire abandi( vidéos kuri watsapp)

Mw’ijambo ryiwe yahakanye ko ata génocide bariko barakora ahubwo batumye itaba

Yiyamirije ibihugu vy’iburaya bitanguye gufata nabi Israël

Yasavye abatavuga rumwe na Iran gukuraho ubutegetsi bw’i Teheran. Israël irabashigikiye

Yavuze ko kurasa programme nucléaire ya Iran vyabatwaye inguvu nyinshi

Umukuru w’igisagara ca New-York yamututse aramugotsa, yamwise uwushigikiye Hamas

Muri make, ngayo aya Bibi muri ONU, umugabo arongoye ubutaka bw’Imana

France24 yarihenze mu makuru yayo yita  Madadi Doumbouya, umukuru w’igihugu  w1 Guinée  ko yatembagaje ubutegetsi. Muri ...
24/09/2026

France24 yarihenze mu makuru yayo yita Madadi Doumbouya, umukuru w’igihugu w1 Guinée ko yatembagaje ubutegetsi. Muri Guinée bavyakiriye nabi. France 24 yarasavye imbabazi baravuga ko bihenze

Mu nama nkuru ya ONU, Mamadi Doumbouya yavuze y’uko Abatembagaje ubutegetsi ari abakoresha amayeri, abahindura ibwirizwa nshingiro, abacamanza bahindura amategeko kugira ngo bemerere abakuru b’ibihugu kwumira ku butegetsi

🇮🇱⚠️BIRABABAJE : Israël  yishe 9 mu bana10   biwe Uyu  mubona  kw’isanamu ni Riyad  Mansour, aserukira Palestine  muri O...
24/09/2026

🇮🇱⚠️BIRABABAJE : Israël yishe 9 mu bana10 biwe

Uyu mubona kw’isanamu ni Riyad Mansour, aserukira Palestine muri ONU. Ibigumbagumba vyuzuyemwo intuntu vyamufashe ararira igihe yariko yerekana Dr Alla Al- Najjar, umuganga w’abana yahekuwe na Israël

Dr Najjar mu gihe yariko ahembura abandi bana, igisirikare ca Israël cagavye igitero ku nzu yiwe, ubwo nyene abana 9 muri cumi yari afise bapfira rimwe. Mu nyuma Dr Hamdi Al Najjar, umwana wa nyuma yarapfuye

Aka ni akama mu kiyaga c’amashano Israël yakoreye muri Gaza, ibintu bidatahuritse, vya bintu umutima w’umuntu biwugora kwakira

🇮🇱UNGA81: Netanyahu Ariko arategura ibirego,  mu masaha  ari imbere  ahaserukane umuco Igihe c’isaha 2 z’ijoro Bibi azob...
24/09/2026

🇮🇱UNGA81: Netanyahu Ariko arategura ibirego, mu masaha ari imbere ahaserukane umuco

Igihe c’isaha 2 z’ijoro Bibi azoba asesekaye imbere y’inama ya bose y’́umuryango mpuzamakungu wa ONU.

Yaraye araboroka, ategura ibimenyetso n’ivyagiriji aza gukoresha.

Umuyahudi ntatinya urukamvye. Araza kuvuga isi ijugumire. Nivyo abantu baraza kumwiyamiriza, benshi barasohoka ariko arabandanya avuga. Nta soni agira

Iri ni rimwe mu majambo arindiriwe cane uyu musi

🇧🇮UNGA81: Ndayishimiye  mu nama  nkuru  ya ONU ▪️Yiyamirije inama  nkuru  y’umutekano  imeze nk’umugwi  ujejwe guhana  i...
23/09/2026

🇧🇮UNGA81: Ndayishimiye mu nama nkuru ya ONU

▪️Yiyamirije inama nkuru y’umutekano imeze nk’umugwi ujejwe guhana ibihugu bigwanira agateka kavyo

▪️Yasavye ko Afrika ishirwa mu nzego ziyoboye isi

▪️ Yasavye ko Afrika ihabwa ikibanza mu nzego z’ubutunzi n’ubucuruzi

▪️Yaneguye inyifato ya ONU yo gushiraho inzego ntizihe uburyo

▪️Yiyamirije ibihugu bitunze kutitaho ikibazo c’ibidukikije cane cane mu kubandanya barungika ivyuka bihumanya ikirere, ibigira ingaruka kuri Afrika

▪️Nk’umujama w’urwaruka, yiyamirije ingendo y’ibihugu bitunze biha imishahara minini cane ku rwaruka rwa Afrika, ibituma baca bava i ruhande y’abavyeyi, ababanyi, ibihugu vyabigishije

▪️Yijeje isi ko Gitega izoguma itanga ubunararibonye mu kugarukana no guharanira amahoro

▪️Yijeje abari bahari Afrika yitunze, yigaburira, yigenga, ifise ijambo mu makungu

⚫🔴Abanya Iran,  nimwishime  mwishimirize murafise umukuru  w’igihugu  azi kuvuga amajambo  Uriko uramuraba biragoye kumu...
23/09/2026

⚫🔴Abanya Iran, nimwishime mwishimirize murafise umukuru w’igihugu azi kuvuga amajambo

Uriko uramuraba biragoye kumubonamwo umugabo w’ijunja n’ijambo. Akunda kwumvikana asaba ibiganiro, bakunda kumwagiriza ko adahuza na CGRI. Eka umuravye ubona atari igisiga

Mwibuke ko ari umu cardiologue mwiza cane. Ibi ibinyamakuru ntibikunda kubigarukako. Bishima kuvuga kuri wa mu comédien wo hakurya ya Dniepr

Uno musi Massoud Pezeshkian yashikirije ijambo rya gishingantahe. Ntakuvuga mivumbi ku muvumba. Yari yatwaye ibipapuro asomako ijambo ariko wabona ko ari umugabo azi kuvuga amajambo, afata umwanya akayagisha abaje kumwumviriza. Yavuga n’ijwi rirongoroye, ukuboko kwagiriza Amerika & Israël, isura yerekana ko adashigikiye akarenganyo mw’isi. Nta nkeka kw’ijambo ryiwe rizoba mu ya mbere azoranga iyi nama ya bose igira 81

⚫Ng’ibi ibintu bitanu nyamukuru Yagarutseko

▪️Iran yaratewe na USA& Israël ihowe ubusa

▪️Iran ifise inzego z’umutekano zikomeje zidashobora gupfa kwuririrako

▪️Ibihugu bitikomeje miri ino myaka bazobihonyora

▪️Kuberiki Israël ifise bombe atomique ariko muri Iran ariho hari abagenzuzi ba nukleyeri?

▪️Kuberiki Israël yica inzoya hagahanwa Iran ?

▪️Nta kintu na kimwe kizobuza Iran gutunga nukleyeri y’igisivile

▪️Donald Trump amenye ko aduteye tutazoguma tureze amaboko

‼️Aba peresi, ibintu vyo kuvuga neza, bashize amazinda imbere y’ishengero nibo babizanye

🇮🇷🇺🇸Iran-USA: Ibihugu  vyahagaritse ingendo  z’indege ziva  muri Iran Leta zunze  ubumwe za  Amerika  ziheruka  kubuza i...
23/09/2026

🇮🇷🇺🇸Iran-USA: Ibihugu vyahagaritse ingendo z’indege ziva muri Iran

Leta zunze ubumwe za Amerika ziheruka kubuza ibihugu vyose guharika ingendo z'indege ziva muri Iran

▪️Gushika ubu, ibihugu bimaze gukurikiza iyo ngingo ni Qatar, Oman, Géorgie, Azerbaïdjan, Irak , Turquie

☝️Indege zishika ku migwa mikuru y'ivyo bihugu yahagaritswe

▪️Ibindi bihugu vyakomeje izo ngendo: Chine, Dubai( Émirats Arabes Unis), Nadjaf(Irak), Arménie

Vyitezwe ko Netanyahu  ashikiriza ijambo  muri  ONU  ryibanda kuri  Iran. Abahanuzi biwe  bavuga ko rizoba ririmwo  surp...
23/09/2026

Vyitezwe ko Netanyahu ashikiriza ijambo muri ONU ryibanda kuri Iran. Abahanuzi biwe bavuga ko rizoba ririmwo surprises nyinshi

Hitezwe kuba induru nyinshi yiyamiriza amashano Israël iriko ikora muri Gaza. Hitezwe kandi gusohoka kw’abaje kwumviriza ijambo rya Netanyahu

Netanyahu azomara amasaha makeyi i New-York kuberako umukuru w’igisagara Zohran Mamdani yavuze y’uko ashobora gufata Bibi akamushikiriza Sentare mpuzamakungu

Uku niko Prezida  wa Vénezuela yakiriwe  ku cicaro gikuru  ca  ONU
23/09/2026

Uku niko Prezida wa Vénezuela yakiriwe ku cicaro gikuru ca ONU

🔴⚫Kuberiki ONU iriko iriyamirizwa cane?Mwaramutse neza  bagenzi 🙋‍♂️Ukwezi kw’icenda kwahariwe inama  ya bose  muri ONU....
23/09/2026

🔴⚫Kuberiki ONU iriko iriyamirizwa cane?

Mwaramutse neza bagenzi 🙋‍♂️

Ukwezi kw’icenda kwahariwe inama ya bose muri ONU. Abaserukira ibihugu n’ama Leta mu ndwi ya nyuma barashikiriza amajambo. Kera yari amajambo avuga ku bihugu vyabo na Politique mpuzamakungu

Haraciye imyaka itanu, ibihugu vyinshi bitanguye kwiyamiriza uburyo ONU iyobowe, uko yirengagiza ibibazo bihambaye hamwe n’akarenganyo kari mu nzego nkuru zayo uhereye ku nama nkuru y’umutekano

Kuri iyi ncuro, uwatanguriye abandi kuvuga y’uko ONU ikwiye kunagurwa ni umunyamabanga mukuru wayo, Antonio Guteress aho avuga ko nk’umugabane wa Afrika wari ukwiye guserukirwa mu nama nkuru y’umutekano

Lula Da Silva( Brésil, Tayyip Erdoğan (Turquie) bavuze y’uko ONU yananiwe gushira mu ngiro kimwe mu vyo yari ijejwe: guharanira amahoro mu gukumira intambara. Bose bibukije ihonyabwoko Israël iriko irakora muri Gaza, ONU irorera

Macron we atinya ko ONU iriko iratakaza ijambo aho ibihugu bifise inguvu biriko birubaka amashirahamwe mashasha yo gusenya ibintu vya magoyagi n’umurongo isi igirako

Kuberiki abantu biyamiriza ONU ariko buri mwaka bakaguma bajayo? ONU izohinduka canke izosambuka? Niyasambuka izoba isambuwe ni iki? Ni ikihe kinyoma wakuze bakubwira kuri ONU ?

Address

Dubai

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when SILVA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to SILVA:

Shortcuts

Share