09/08/2026
Hari abantu bariko bavuga uwatashe hama nubu ntatashika murugo, ariko yamash*ta mu gihugu bikavurwa ko yashikiye muri documentation. Abantu benshi bagaca bibaza ngo ni iki? 🤔
Nk’umwihwezo wanje nyamb, yari yarungitswe na agency canke company kanaka, ugasanga hari amanyanga yari yarakoze muri ico gihe, urakurikiranwaho n’ubutungane, canke ugasanga warahekuye Abarundi mu kubazanira ino ugasanga ufise ibirego vyinshi bikwega imyidogo n’ibindi vyose birashoboka. ⚠️
Canke uwundi mwihwezo ugasanga n’ukuza Dubai ugasanga ni ikibazo, yaje Dubai afise action yakoze. Ukibaza uti kubera iki? 🤔 So kuko birashika.
Canke ugasanga umu boss nivyo mwapfuye, hama agency yakurungitse canke company yakurungitse bagaca bagira amanyanga yabo, mpaka urihe bivanye n’ivyo ukurikiranwaho. 🧐
Hariho rero abariko bibaza ngo nawew nutaha niko bizomera? 😟 Tekana nyamb, ataco ukurikiranwaho uzataha n’amahoro yose mu gihugu cawe. 🇧🇮❤️
Mbese namwe mwibaza ko baba bamufatiye iki? Uwuzi ibi kudusumvya arahaw, karibu! 👇
📌 Mukurikire kuri page yanje kugira mubandanye kuronka amakuru mashasha. 🔔📲
🇦🇪 🇧🇮