Le monde Libre

Le monde Libre Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Le monde Libre, Media/News Company, Sharjah.
(3)

🎯 Le monde libre – Pour une information libre et sans filtre.
👉Actualités internationales, opinions indépendantes, et décryptage des enjeux géopolitiques.
🕊️ Suivez-nous pour comprendre le monde autrement.

04/08/2026

Jeneral Mohsen Rezaee Ati : « 🇺🇸 Niyo ubwato bw'intambara bwa Amerika bwegera Umuhora wa Hormuz, tuzabugabako igitero gikaze. »

04/08/2026

Basomyi Gira ico muvuze kuri iyo carton ya le 03-8-2026 y'ikinyamakuru c'abongereza

04/08/2026

🚨🇺🇦 Vidéo iriko irakwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ko umugabo wo muri Ukraine yanse gufatwa ku nguvu n'abakozi bavuga ko bari mu nzego z'igisirikare, aca arabarasako amasasu igihe bagerageza kumujana. Ayo makuru avuga kandi ko abantu bane muri abo bakozi bakomerekejwe n'ayo masasu.

Basomyi iyi nkuru muyakiriye gute ?

🚨🇺🇬 Patience Rwabwogo, umukobwa wa Perezida wa Uganda Yoweri Museveni, agiye kwimikwa nk'Umwepiskopi (Musenyeri) w'Ishen...
04/08/2026

🚨🇺🇬 Patience Rwabwogo, umukobwa wa Perezida wa Uganda Yoweri Museveni, agiye kwimikwa nk'Umwepiskopi (Musenyeri) w'Ishengero mu birori bitegekanijwe kuba muri Myandagaro 2026.
Uwo mugirwa uzomuha ububasha bwo kuyobora iri shengero ku rwego rwo hejuru muri Uganda no mu mashami yaryo ari mu bindi bihugu.

Basomyi iyi nkuru muyakiriye gute?

Attention : image d'illustration

Inkomoko :

🚨🇺🇦 Zelensky: Intambara ishobora kurangira imbere ya hiver.Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko igihugu ci...
03/08/2026

🚨🇺🇦 Zelensky: Intambara ishobora kurangira imbere ya hiver.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko igihugu ciwe kizokora ibishoboka vyose kugira intambara irangire mu iyi misi, canke bitarenze gushika igihe ca Hiver.

Ariko yavuze ko afise amakenga ku migambi y'Uburusiya, avuga ko Vladimir Poutine ariko arategura iyindi ntambwe yo kwegeranya abasoda no kwongereza ibitero kugira intambara ibandanye igihe kirekire.

Zelensky yavuze ko Ukraine ibona neza imigambi nyayo y'Uburusiya kandi ko iriko ikorana n'abafatanyabikorwa bayo mu kongera igitutu kuri Moscou biciye mu nzira za dipolomasi no mu rwego rwa gisirikare.

📸 Ifoto y'akarorero

🚨🇺🇸🇮🇷 Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko ashaka guha Iran amahirwe ya nyuma yo kwemera ibig...
03/08/2026

🚨🇺🇸🇮🇷 Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko ashaka guha Iran amahirwe ya nyuma yo kwemera ibiganiro imbere y'uko hafatwa izindi ngingo zikomeye zo kuyihana.

Yongeye avuga ko yizigiye ko Iran izofata ingingo ibereye, kandi ko bamwe mu bategetsi bayo bamuhamagaye bamusaba kutagaba igitero, bavuga ko biteguriye gushika ku masezerano.

Trump yavuze ko ivyo ari ukuri kandi ko, nk'uko abivuga, ata gihugu kitogerageza gusaba ibiganiro mu bihe nk'ivyo.

Basomyi mwibaza ko ibi bintu ari ukuri ?

Attention : image d'illustration

03/08/2026

🔴🇷🇺 Mu birori vyo kurangiza ihiganwa ryiswe "Grand Changement", Perezida Vladimir Putine yakiriwe n'amashi menshi n'urwamo rw'abana n'urwaruka igihe yaduga kuri stage.

Abitavye ivyo birori baguma bavuga bati: "Putine ! Putine ! Putine !". Amaze gukubita umupira, amashi n'urwamo vyaciye birushiriza kwiyongera ku buryo vyamugoye gutangura ijambo ryiwe kubera urwamo rw'ukunezerwa rwari rwuzuye aho hantu.

Mu nyuma, Perezida yashimiye abo bana n'urwaruka, avuga ko ahimbawe no kubona urwaruka rwinshi rufise ubuhinga kandi rwiteze imbere.

Zevezdanews

03/08/2026

🚨🇷🇺 Indege nshasha itwara ingezi yo mu bwoko bwa MS-21, yakozwe yose hakoreshejwe ibikoresho vyakorewe mu Burusiya, yakoze urugendo rwayo rwa mbere rw'igerageza mu kirere ca Siberiya.

📍Mu karere ka Irkutsk, mu Burusiya.

03/08/2026

🇲🇦 Abasirikare ba Maroc bagaragaye bariko batera amabuye abanyamaroc bariko bataha bavuye muri CEUTA, mu kubabuza kwinjira.

🚨🇮🇷🇮🇱 Ibinyamakuru vya Leta ya Irani biravuga ko kuri uyu musi Irani yishe abantu babiri,   na  , inyuma y'aho sentare i...
03/08/2026

🚨🇮🇷🇮🇱 Ibinyamakuru vya Leta ya Irani biravuga ko kuri uyu musi Irani yishe abantu babiri, na , inyuma y'aho sentare ibatsinze icaha co kunekera Isirayeli no gukorana na yo.

Baregwa ko mu gihe c'intambara yamaze imisi 12 hamwe n'iyindi mirwano ya vuba, bahaye Isirayeli amakuru arimwo aho ibibanza vya gisirikare n'ivy'umutekano biherereye, amashusho, hamwe n'ayandi makuru yifashishijwe muri iyo ntambara.

Basomyi iyi nkuru muyakiriye gute ?

Attention : image d'illustration

Address

Sharjah

Telephone

+971526745270

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Le monde Libre posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share