17/09/2026
😱Ubwoba ku bijanye n’ubuhinga bwa burabandanya kwiyongera
Ubuhinga bwa Artificial Intelligence (AI) buriko buratera imbere ku muvuduko udasanzwe, ariko hamwe n’ayo majambere hariko haribonekeza n’impungenge ku ngaruka bushobora kugira ku buzima bw’abantu no ku kazi.
Umushakashatsi Jacob Coxon, yigeze gukorera OpenAI na Anthropic, yavuze ko ibigo bikomeye bikora muri AI bitariko birafata ingingo zihagije zo gukoresha ubwo buhinga mu buryo bubereye. Nk’uko vyashikirijwe na France 24, Coxon avuga ko iryo higanwa ryo gukora imashini z’ubwenge burushiriza kuba bwinshi rishobora gushira ubuzima bw’abantu mu kaga.
Ku rundi ruhande, Evan Hubinger, umushakashatsi wo muri Anthropic, na we yaragaragaje impungenge ko AI ishobora gukomeza gutera imbere gushika ku rwego rwoshobora guteza ingorane zikomeye ku bantu.
Izi mpungenge ntizigarukira ku mutekano w’abantu gusa. Bill Gates, umwe mu bashinze Microsoft, na we yaravuze ko AI ishobora kugira ingaruka zikomeye ku masoko y’akazi. Mu kiganiro yagiranye na The New York Times, Gates yavuze ko inganda zikora ivy’ubuhinga bwa none zishobora kuba ziriko zirafatira hasi uburemere bw’ingorane AI ishobora gutera.
Muri izo ngorane harimwo ugutakaza imirimo ku bantu benshi, ariko kandi hakaba n’izindi nk’uko ubwo buhinga bwokoreshwa mu bikorwa bishobora guhungabanya umutekano w’abantu.
Gates ashimika kandi ko AI itandukanye n’izindi mpinduka zikomeye zabaye mu mateka y’ubuhinga, kubera ubushobozi ifise bwo guhindura ibintu vyinshi mu gihe gito.
Ikibazo gikomeye gisigaye ni ukumenya nimba izo mpungenge ari iz’ukuri zishingiye ku bizoba, canke nimba ari ubwoba bw’abantu ku buhinga bushasha butaramenyekana neza.
AI irashobora gufasha mu bikorwa vyinshi, harimwo ubuvuzi, indero, ubushakashatsi, ubudandaji n’itumanaho. Ariko uko ubushobozi bwayo burushiriza kwaguka, ni ngombwa ko hanashirwaho amategeko n’ingingo z’umutekano zituma ubwo buhinga bukorera abantu aho kubagirira nabi. Nta muntu ashobora kuvuga neza uko AI izoba imeze mu myaka iri imbere.
⛔️Ariko ikibazo kiri ku meza ubu ni iki: uko isi yihutira guteza imbere AI, iriko irihutira guteza imbere n’uburyo bwo kuyigenzura?