Isanamu Media

Isanamu Media Isanamu_Media is a page of an online Burundian media. It’s a social enterprise project of Isanamu Ent

🔴✈️I Gitega muri Bugendana hashobora gushirwa ikibuga c'indege..✍🏾Ivyo tubibona mu rwandiko umuyobozi w'ishirahamwe ritw...
05/12/2025

🔴✈️I Gitega muri Bugendana hashobora gushirwa ikibuga c'indege..

✍🏾Ivyo tubibona mu rwandiko umuyobozi w'ishirahamwe ritwara abantu n'ibintu mu nzira y'ikirere mu Burundi (Autorité de l'aviation Civile du Burundi)Lt Col Gervais Harerimana yandikiye Buramatari w'intara yagutse ya Gitega kur'uyu wa gatanu italiki 05/12/2025, aho yamenyesheje ko ubuyobozi bw'iryo shiramwe bwimirije kugira urugendo rubashikana ku mitumba aho ico kibuga kizokwubakwa, bakazogira urwo urugendo italiki 10/12/2025.

Abanyagitega mwiyumva gute kuba ikibuga c'indege kigiye kubashwaramwo..

📷: Google illustration

🔴🕊️Cary-Hiroyuki Tagawa, umukinyi w'umunyamerika w'umuyapani azwi kw'izina rya "Yoshida" kandi kubera uruhara rwiwe buhi...
05/12/2025

🔴🕊️Cary-Hiroyuki Tagawa, umukinyi w'umunyamerika w'umuyapani azwi kw'izina rya "Yoshida" kandi kubera uruhara rwiwe buhinga bwa "Shang Tsung" muri filime yitwa Mortal Kombat, yashengeye italiki 4 Kigarama 2025, afise imyaka 75, bivuye kw'isanganya ry'imitsi yo mu bwonko.

🎯Yakoze akazi gakomeye kandi gatandukanye, afise ibikorwa birenga 150 mu mareresi yo kuri televiziyo, harimwo no gukina mu biganiro vy’Umwami wa nyuma, Pearl Harbor, Umubumbe w’Ibikoko, Ivyiyumviro vy’Umugisha, n’Umugabo wo mu Ngoro Nkuru.

🎯Tagawa yari kandi umuhinga mu vy’intambara, yari yigishijwe umukino wa kendo na karate, kandi yarateguye uburyo bwiwe bwite bwo kurwana, ari bwo "Chu Shin". Yari yigisha ubuhinga bwo kurwana kandi yarabaye icitegerezo ku bakinyi benshi.

🕊️R.i.p Tagawa..

🟡⚫UBUTUNZI:GUKORESHA IFARANGA RY'U BURUNDI MU BIHUGU BIRI MURI ZLECAF. ,n'umuryango wagutse utagira imbibe wokworohereza...
04/12/2025

🟡⚫UBUTUNZI:GUKORESHA IFARANGA RY'U BURUNDI MU BIHUGU BIRI MURI ZLECAF.

,n'umuryango wagutse utagira imbibe wokworohereza uruja n'uruza rw'abantu n'ibidandazwa mu bihugu vy' Afrika(Zone de Libre Échange Continental Africain ).

Mu bintu indwi bikenewe gushirwa mu ngiro n'amareta,harimwo ico bita ,ni ugukoresha ifaranga ry'igihugu cawe mu bindi bihugu utarinze kuhinduza amafaranga y'igihugu ukeneyemwo ikintu.

Vital NAHIMANA, Umushakashatsi mubijanye n'urudandanzwa mpuza mbibe,mu kigo Great Lakes,aratuyagira uko ikoreshwa ni mu kiganiro yahaye ISANAMU Media .
Yishura ku bibazo vya .

Ikiganiro kirabe hano
👇🏽👇🏽
https://youtu.be/p8tPmOo9CRg?si=fhp1wZa1GnemEjbw








https://youtu.be/p8tPmOo9CRg?si=Pl8tXy1YCMUss3_O

n'umuryango wagutse utagira imbibe wokworohereza uruja n'uruza rw'ibidandazwa mu bihugu vy'Afrika(Zone de Libre Echange Continental Africain).Mu bint...

⚫🟡GASAPE,NI UMUHINGA CANKE NI UMUNYAMWETE YITUNGANIRIZA IMIGAMBI !?Basomyi bahire, mudukundire turabire hamwe umwe mu rw...
03/12/2025

⚫🟡GASAPE,NI UMUHINGA CANKE NI UMUNYAMWETE YITUNGANIRIZA IMIGAMBI !?

Basomyi bahire, mudukundire turabire hamwe umwe mu rwaruka rw'u Burundi amaze gutera intambwe mu vyo gutumatumanako amakuru azwi kw'izina rya Perry Saxe GATEKA benshi bamutazira , impfunyapfunyo y'izina ryiwe, ariko adatahurwa na bose canke atavurwa kumwe na bose kubijanya nivyo we yita ubushakashatsi mu buhinga bwanone!

Muri benshi mumaze imisi mubona kuri zino mbuga,abadahuriza kubuhinga avugako agiye kuzana.

Gasape yatanguye kumenyekana mu mwaka wa 2005, aho insamirizi yikoreye(yafundikanije ivyuma vy'iradio zakoze) yasamirana mu gace aho aherereye cane cane aho bita asanzwe avuka.
Muri ivyo bihe akaba yaragendewe n'uwahoze arongoye u Burundi Prezida , ico gihe bivugwa ko yamufashe mu mugongo, mu nyuma iyo Nsamirizi ikaza gusamirana yemewe n'amategeko, yitwa .

Muri kino gihe Gasape avugwa cane nk'umuntu avumbura mu bijanye n'ubuhinga bwa none, naho hari bamwe batabibona kumwe...

Hari abavuga ko ari umuhinga azana ibishasha biba bitarakowa,abandi n'abo bati ihibambewe asubiramwo ivyo abandi bakoze akaheza akavyita izina canke akemera ko azokora ibintu bidashobora gukunda.Ariko ngo ivyo akora vyose biba vyarakozwe ,bisanzwe biriho...

Haraheze hafi imyaka itanu Gasape atanguye kuvuga ko agiye kuzana imbuga nshasha..,n'ivyo yaratanguje urubuga Gasape SN, na Gasape Chat, aho abatari bake babibona nk'ubuhinga buhanitse,abandi babona ko izo mbuga ar'ivyigano(copie) vy'urubuga Facebook na Watsap kandi ata gishasha ciyongereko uretseko bisa n'ivyikwega..

Hari ibintu bishasha yemeye ko azozana n'ubu bitaraboneka, ivyo ni Carte Sim ifise umuvuduko wa internet unyaruka, hamwe n'ubuhinga bwo guhanahana umuriro muri téléphone uwufise mwinshi akagabanirizako mugenzi we canke akamurungikira mugihe ugira uhere! Bamwe bararindiriye ubwo buhinga buhanitse, abandi bakabibona nk'ukuyuba kuko bitoshoboka. umumenyeshamakuru wa Media yarigeze kumurondera ngo amubaze iyo agejeje ubwo buhinga ntiyashoboye kumwishura.

Abatamwemera babonako ivyo avuga kobari uguswaganya.
Ariko k'urundi ruhandi, incabwenge n'abahinga babonako afise umwete,bagahanurako akwiye kugira ikigo kijanye no kurema bishasha canke guhinyanyura wongeyeko ubuhinga k'ubisanzwe bihari ico bita"Centre de recherche" canke "Laboratoire"

Bamwe bamubona nk'umuhinga abandi nk'umunyamwete yitunganiriza imigambi yiwe...

Mweho Gasape mumubona gute aho muherereye ?

📷:DR


🔴Umukinyi mpuzamakungu Saidi Ntibazonkiza yari yishikiye kurorera urukino rwahujije Vital'o F.c n'umurwi InterStar....📌R...
02/12/2025

🔴Umukinyi mpuzamakungu Saidi Ntibazonkiza yari yishikiye kurorera urukino rwahujije Vital'o F.c n'umurwi InterStar....

📌Reka Tugaruke ku bikomeye vyaranze umukinyi Saidi Ntibazonkiza..

🎯Saidi Ntibazonkiza niwe yabaye umukinyi wa mbere yakinye mw'ihiganwa Ligue 1 McDonald's mu mwaka w'inkino wa 2015 ushira uwa 2016 yongera aba uwambere mu barundi yatanguye kuhinjiriza igitsindo. Muri 2005 yaramaze gushika i Buraya mu murwi Nec Nijmegan mu Buholande.

🎯Niwe mukinyi amaze gukina mu mirwi y'imikeba mu gihugu ca Tanzaniya mu mirwi Youn.A na Simba, hompi agasiga yahandikishije amateka.

🎯Saidi Ntibazonkiza niwe mukinyi amaze kwambara ikiranga kizigenza w'umurwi, kandi atari we ari kizigenza w'umurwi, kizigenza ari no mu rukino.

✍🏾Saidi Ntibazonkiza akaba afise imyaka 38 y'amavuko, asanzwe azwi nk'umukunzi w'umurwi Vital'O F.c umurwi vyitwa ko ariwo wamuramuye.

📌Kugeza muri kano kanya akaba ata murwi n'umwe afise akinira...

Bakunzi b'inkino mu Burundi, mu kurindira amakuru mashasha yiwe, n'igiki ukundira Saidi Ntibazonkiza ?

🟡⚫UMUZIKI:WATU NA HARI IGIHE, INKURIKIRANE ZIBIRI ANDY MWAG YASHIZE HANZE. Umudiho uryoheye ugutwi,amajambo aryoshe kwum...
01/12/2025

🟡⚫UMUZIKI:WATU NA HARI IGIHE, INKURIKIRANE ZIBIRI ANDY MWAG YASHIZE HANZE.

Umudiho uryoheye ugutwi,amajambo aryoshe kwumva arimwo impanuro z'ubuzima,kubana neza n'abantu,urukundi n'ibindi nibwo butumwa bugaruka mu ndirimbo zigize inkurikirane Watu(Abantu) na Hari igihe zasohowe n'umuririmvyi André NDABANEZE.

Kuri uko wa Mungu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2025,Andy Mwag yeretse umuziki uteye igomwe,usukuye "live" abakunzi biwe,aho yashize ahanze inkurikirane zibiri Watu na Hari igihe.

Abantu bashajije ,VIP,nibo biri baje kwihera amatwi indirimbo zicuraranze mu midiho nka Funk-Reagge,Blues , Afro -Jazz ,Afro-Fusion ,Zouk...

Andy avugako vyamutwaye amezi atatu kugira akore izo ndirimbo,kuzandi,kuzicuraranga muri studio,guhinyanyura n'ibindi bijanye n'ubuhinga.

"Sinaryama,vyaraduhishije... ,ni kenshi nahatswe kubihagarika,ariko Manager wanje yagumwe amba hafi gushika tuziheze".Andy Mwag.

Andy Mwag asaba amashiramwe n'abarwizatungu kwitaba akamo kogushigikira abanyamuziki kuko ari akaryo ko kumenyekanisha ibikorwa vy'abo biciye mu biteramo ko mu masanamu.
Arashimira abitavye ico giteramwo n'abamushigikiye bise.

Ico giteramo cashigikiwe na ,Assurance # AGICO, , na Assurance .






🟡⚫IGITERAMO:ANDY MWAG YASHIZE HANZE INKURIKIRANE ZIBIRI.  na   n'izo nkurikirane (albums) z'indirimbo umuririmvyi André ...
01/12/2025

🟡⚫IGITERAMO:ANDY MWAG YASHIZE HANZE INKURIKIRANE ZIBIRI.

na n'izo nkurikirane (albums) z'indirimbo umuririmvyi André NDABANEZE yamenyekanye nka yashize ahabona.

Mu giteramo yise "Deux monde,une seule scène", cabaye kuri uno wa Mungu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2025,muri Resto Zanzi-Bar, iherereye mu gisagara ca Bujumbura,
Umuririmvyi ,umwanditsi akongera akaba n'umucuraranzi Andy Mwang niho yereka abakunzi biwe n'abakunzi b'umuziki inkurikirane z'ibiri zigizwe n'indirimbo 16 ,yise Watu(8) na Hari igihe(8).

Andy Mwang akaba amaze gukora inkurikirane zitanu (5 albums) zose akaba akunda kuzishira ahabona mu kwezi kwa cumi na rimwe.






🔴🏈"Abakinyi b'urukino rwa Rugby bageze ku rugero rwiza nk'uko Albert Havyarimana yabimenyesheje mu gosozera ihiganwa ry'...
01/12/2025

🔴🏈"Abakinyi b'urukino rwa Rugby bageze ku rugero rwiza nk'uko Albert Havyarimana yabimenyesheje mu gosozera ihiganwa ry'urwo rukino"

📌 Kur'uyu wagatandatu uheze italiki 29/11/2025, haraspzerwe ihiganwa ry'urukino rwa aho imirwi yashoboye guhiganwa mu mice ibiri y'abahungu n'abakobwa..

🏆Umurwi Youth Team wo mu Kamenge niwo watahukanye Igikombe Ku bahungu, umurwi Kiyenzi utahana igikombe ku ruhande rw'abakobwa...

🐐Bakaba bashimiwe mu kuronsa impene umurwi umwe umwe muyabaye iyambere, bakaba baciye basaba ko batozogurisha...bokwifata amasanamu bariko barazifungura....

🟡⚫CYCLISME:LA BURUNDAISE REMPORTE LA COUPE DU MEILLEUR CYCLISTE AFRICAIN.Le drapeau burundais s'illustre  dans le domain...
30/11/2025

🟡⚫CYCLISME:LA BURUNDAISE REMPORTE LA COUPE DU MEILLEUR CYCLISTE AFRICAIN.

Le drapeau burundais s'illustre dans le domaine du .

Odette NSENGIYUMVA, talentueuse cycliste burundaise, vient de décrocher la Coupe de la Meilleure Cycliste d’Afrique 2025, un titre prestigieux décerné lors de la compétition organisée par la Confédération Africaine de Cyclisme (CAC) au .

Cette performance n’est pas une surprise :Cette championne a déjà remporté plusieures compétitions nationales cette année.

Une véritable fierté pour les Burundaises et pour tout le .






🟡⚫ BUYENZI:ANABU NA REGIDESO MW'ISEKEZA RYOKUBONESHA ZONE.Kuri uno wa Gatandatu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2025,abarong...
30/11/2025

🟡⚫ BUYENZI:ANABU NA REGIDESO MW'ISEKEZA RYOKUBONESHA ZONE.

Kuri uno wa Gatandatu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2025,abarongoye ishirahamwe ry'imvukira za Zone *ANABU* bagendeye zone yabo barikumwe n'umuyobozi mukuru wa mu ntumbero yokubonesha iyo zone.

Igikorwa nyamukuru cari gusanura amatara abonesha mu bibanza rusangi vya Zone.




́

🟡⚫BURUNDI-RWANDA:HARI ICIZERE KO IMBIBE ZOBA ZIGIYE KWUGURURWA VUBA!?"Imbibe hagati y'u Burundi n'u Rwanda ntacotuma zug...
29/11/2025

🟡⚫BURUNDI-RWANDA:HARI ICIZERE KO IMBIBE ZOBA ZIGIYE KWUGURURWA VUBA!?

"Imbibe hagati y'u Burundi n'u Rwanda ntacotuma zugarwa zose kuko hariho n'ibihugu biterana amasase ariko imbibe zikaguma zuguruye". Vyashikirijwe n'Umushikiranganji

Mu misi 100 amaze aramutswa ubushikiranganji bw'Imigenderanire no gufanhanya n'ayandi makungu,umushikiranganji Édouard BIZIMANA yeshikirije ivyarangutse.

Hari kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 28 Munyonyo muri rwa rukurikirane rwo kwerekana ivyaranguwe mu minsi 100 iheze abagize reta bash*tseko,hari haramukiwe ubushikiranganji muvyo bijejwe harimwo imigenderanire.

Abarundi n'Abanyarwanda rero ngo ni "abavyara" kuko barabana, basangiye imipaka mbere n'imico.Ngo n'aho ibibazo bihari, ntacotuma imiryango yose yugarwa. Niko Édouard BIZIMANA asigura ku kibazo kijanye n'aho ibiganiro bigeze ku kibazo c'urubibe rw'u n'u rwugaye.

Uyu, amenyesha ko ibiganiro biriko biraba kandi ingorane zihari zizotorerwa inyishu. Ngo hariho n'abo usanga bariko baterana amasase ariko ugasanga inzira zozo ziguma zuguruye. Atera akamo ko abantu borema kuko ibiganiro biriko biraba ngo n'aho vyoba bidashemeye.

U Rwanda n'u Burundi ngo ni vyinshi basangiye, bahuriyeko uhereye no kuri kahise, akarere, eka mbere na kazoza ngo biragasangiye.

Édouard BIZIMANA avuga ko hari utwigoro twinshi twakozwe ngo ibiganiro bigende neza gusa yemeza ko ku ruhande rumwe hari ibitakozwe.





🔴Vital'O na Interstar, Urukino rushobora kuzokwuzuza ikibuga Stade Intwari...📌Ni Derby yo mu gisagara ca Bujumbura, bens...
29/11/2025

🔴Vital'O na Interstar, Urukino rushobora kuzokwuzuza ikibuga Stade Intwari...

📌Ni Derby yo mu gisagara ca Bujumbura, benshi bakunze kwita yo mu Burundi, n'imirwi ibiri ya kera yo mu gisagara ca Bujumbura, yaboneye izuba iyindi mirwi ikina ihiganwa igiye gutana mu mitwe italiki 30/11/2025...

✍🏾Hari haheze imyaka yababa itanu iyo mirwi yompi idahonyoza ikirato kuri Stade Intwari....., Ikaba igiye gusubira kuhakinira....

🗨️Y'aba abakunzi ba Vital'o f.c canke aba Interstar bose barahiye ko intsinzi ari rwabo, naho haburana babiri hagatsinda umwe...

✍🏾 Urukino ruhuza Vital'O f.c na Interstar rwama ar'urukino rutoroshe rufise Kahise gakomeye. na rirya rugiye gusubira kubera mu gisagara caho iyo mirwi isanzwe iba..

🔴Ibiciro vyo kwinjira :

Portour:5000Fbu
Tribune A&B:10.000Fbu
Vip:30.000fbu
Vivip:50.000fbu
Tickets sponsor :100.000fbu

✍🏾Urukino rukazotangura icese isaha icenda z'umuhingamo, tukabibutsa ko ari Interstar uzoba wakiriye, ukaba ariwo harishwe amafaranga imiriyoni zitanu kugira wakirire kuri Stade Intwari..

Bakunzi b'inkino urukino ruhuza Vital'O na Interstar murwiteze gute?

Adres

Kardinaal Mercierlaan 55
Heverlee
3001

Meldingen

Wees de eerste die het weet en laat ons u een e-mail sturen wanneer Isanamu Media nieuws en promoties plaatst. Uw e-mailadres wordt niet voor andere doeleinden gebruikt en u kunt zich op elk gewenst moment afmelden.

Contact

Stuur een bericht naar Isanamu Media:

Delen