Itahure TV

Itahure TV Chaîne de télévision basée a Bubanza

🇧🇮 : Ubushikiranganji bw’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, bufadikanije n’amashirahamwe y’abarimyi hamwe n’ayashigikira ...
04/09/2026

🇧🇮 : Ubushikiranganji bw’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi, bufadikanije n’amashirahamwe y’abarimyi hamwe n’ayashigikira igisata c’uburimyi, bwarateguye ihayanisha-gurisha hamwe n’inama y’abarimyi ku rwego rw’igihugu.

📅 Iryo hayanisha-gurisha ririko ribera i Gitega kuva kuri uno wa 3 gushika kuri uno wa 4 Nyakanga 2026. Ni ibikorwa vyatunganijwe ku civugo kigira giti:
« Ugutsimbataza uburimyi mu guteza imbere uruhererekane nyongeragaciro, twubahiriza ibidukikije kandi dushira imbere ivyimburwa k**a, kugira tugire ubwigenge burama mu vy’imfungurwa. »

✍🏻 Aha, kabaye akaryo keza ko guhanahana ivyiyumviro, kwungurana ubumenyi ku migambi itandukanye igamije gukomeza ubwigenge bw’Uburundi mu bijanye n’umutekano w’ibifungurwa. Ivyo bikorwa kandi bijanye no gushira mu ngiro Imbonokazoza y’Uburundi bwifashe mu mwaka wa 2040, n'igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060. Intumbero nyamukuru yari iyo guteza imbere igisata c’uburimyi mu Burundi biciye mu gushimangira uruhererekane nyongeragaciro, guteza imbere uburimyi bwubahiriza ibidukikije, hamwe no guha agaciro ifumbire n’imbuto bikorerwa mu Burundi.

🎙️Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa, , Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi (MINEAGRIE), yaramenyesheje abitavye ivyo bikorwa ko ubushikiranganji buzobandanya bushigikira abarimyi no kworohereza amashirahamwe akorera mu gisata c’uburimyi. Yarashimye kandi intambwe imaze guterwa muri ico gisata, ahamagarira abarimyi, aborozi hamwe n’abafatanyabikorwa bose kubandanya batanga intererano yabo kugira igisata c’uburimyi n’ubworozi kibandanye gitera imbere mu Burundi.

🛑INSBU:Mu ntumbero yo kugarukira kubaburiye ivyabo mu masanganya y'imiriro aherutse kuba mw'isoko ya Ngozi,Kinindo,Galer...
04/09/2026

🛑INSBU:Mu ntumbero yo kugarukira kubaburiye ivyabo mu masanganya y'imiriro aherutse kuba mw'isoko ya Ngozi,Kinindo,Galerie Le Parisien na Ndayizamba,rusansuma yatanguye kuri uyu wa 4 Nyakanga 2026.

📃Ivyo tubisanga mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n'umutekano kuri uyu wa 3 Nyakanga 2026.

📌Iyo rusansuma izomara imisi itatu uhereye kuri uyu wa 4 Nyakanga 2026,izobera ku kigo kijejwe kwegeranya ibiharuro kiri muri karitiye ,Zone impande ya ku baburiye ivyabo mw'isoko ya , na ,hamwe no ku cicaro gikuru c'intara ya ku baburiye ivyabo mw'isoko ya .

📒Ababuriye ivyabo muri ayo masoko,boza bibangikanije:
✅ Ivyangombwa vyose biharanga
✅Ibiranga ivyo badandaza
✅Abo basavye ideni
✅Ideni bari bafise uko ringana
✅N'aho bafise ubwishingizi.

🕦Kuri iyo misi yose,igikorwa gitangura isaha imwe n'igice z'igitondo(7h30) gushika isaha icenda n'igice z'umugoroba(15h30).

Woba nawe uri mubakozweko n'iyi miriro canke u*i uwakozweko?mwihute iyi sango ntibarengane.

  : Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu Gihugu, Iterambere rusangi n’Umutekano bwafashe ingingo 4 zo gukomeza umute...
04/09/2026

: Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu Gihugu, Iterambere rusangi n’Umutekano bwafashe ingingo 4 zo gukomeza umutekano mu masoko no mu bibanza vy’ubudandarizo, inyuma y’imiriro iheruka kwibonekeza.

🔺 Muri izo ngingo harimwo:

1️⃣Ukwisasumisha kw'abagize ibibazo kubera ikiza c'imiriro
2️⃣Ishirwaho ry'ububiko bw'intererano yo gusanura amasoko yahuye n'ivyo vyago
3️⃣Ishirwaho ry'ubuhinga bwo gucungera ivyo bibanza bukoresha ivyuma bifata amasanamu no gushiraho utwuma tumenyekanisha ko hadutse umuriro
4️⃣Gusuzuma ishirwa mu ngiro ry'ingingo ya gatatu

📅 Izi ngingo zamenyeshejwe mw’itangazo ryasohowe ku wa 3 Nyakanga 2026, ryateweko umukono n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano rikaba ryateweko umukono n'umushikiranganji arongoye ubwo bushikiranganji

03/09/2026

🇧🇮 Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagaragaye muri video anezerewe cane, ariko aravyina hamwe n’abasirikare b’Uburundi .

🟤 : Mu bigisha 1544 bakoze ikibazo co guhiganirwa akazi, 1000 ni bo bakenewe, abandi 4000 bazotorwa mu bigisha 22.728 ba...
03/09/2026

🟤 : Mu bigisha 1544 bakoze ikibazo co guhiganirwa akazi, 1000 ni bo bakenewe, abandi 4000 bazotorwa mu bigisha 22.728 bakoze mu mwaka uheze.

👆🏻Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa 3 Nyakanga 2026, ni igihe umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi , ari kumwe n'umushikiranganji mu vyo ajejwe hari mwo akazi , bari baramutse batanguza icese ikibazo co guhiganirwa akazi. Hari aho bagiye baraca, mu bibanza vya "ECOFO Stella Matutina" ya Komine na "CEREI Kigobe" yo muri Komine zo mu gisagara ca Bujumbura.

🎙️Mu vyo yashikirije, umushikiranganji Gabriel Nizigama yamenyesheje ko hakenewe abigisha 5000 mu Gihugu cose. Muri abo, 1000 bazova mu bakoze ikibazo uyu musi bagera ku 1544, abasigaye 4000 bazoce batorwa mu bakoze ikibazo mu mwaka uheze (liste d'attente) bangana na 22.728; amenyesha kandi ko ivyo vyose bizokorwa mu muco.

 :Umugwi w'Uburundi uhejeje gutakaza urukino rwa mbere.Mu nkino z'ihiganwa AfricaSchoolChampioship  ziriko zibera mu gih...
03/09/2026

:Umugwi w'Uburundi uhejeje gutakaza urukino rwa mbere.

Mu nkino z'ihiganwa AfricaSchoolChampioship ziriko zibera mu gihugu c'Urwanda,imigwi yaserukiye Uburundi mu bahungu no mu bigeme,ntanumwe urose amahigwe yo gutsinda urukino rwa mbere.
Abahungu batsinzwe na somalia ibitsindo 2-1,abigeme n'abo batsindwa na Uganda ibitsindo 3-0.

Abakinyi b'abarundi boba bazokwivyukiranya mu nkino zisigaye?

 : «Inzira ducamwo ni nyinshi, ariko ihangiro ni rimwe», mu ntumbero yo kugaragaza ishusho nziza y’igihugu c’Uburundi no...
03/09/2026

: «Inzira ducamwo ni nyinshi, ariko ihangiro ni rimwe», mu ntumbero yo kugaragaza ishusho nziza y’igihugu c’Uburundi no gushira mu ngiro imbonakazoza y’igihugu ya 2040, Uburundi bwifashe, hamwe na 2060, Uburundi buteye imbere.

📅 Kuri uyu wa Kane, igenekerezo rya 3 Nyakanga 2026, Amb. , asanzwe ari Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru, yabishikirije mu gutanguza umwiherero w’iminsi ibiri w’abakorera mu gisata co guhanahana amakuru.

🏛️ Uwo mwiherero uriko ubera ku murwa mukuru w’Intara ya , kuva kuri uyu wa Kane gushika kuri uyu wa Gatanu, ukaba witabwe n’abakorera mu Bushikiranganji bwo Kumenyesha Amakuru n’Ibimenyeshamakuru, abamenyeshamakuru, abarongoye ibimenyeshamakuru hamwe n’abandi bakorera muri ico gisata.

🎯 Mu gutanguza ibikorwa vy’uwo mwiherero, Amb. Evelyne Butoyi yamenyesheje ko igisata co kumenyesha amakuru gikwiye korohereza abanyagihugu kurangura ibikorwa vyabo mu bisata bitandukanye, harimwo n’ibisata vya Reta, kugira ngo amakuru abe inkingi yo guteza imbere igihugu.

📰 Umushikiranganji yashimye kandi ingene ibimenyeshamakuru biriko birakora muri kino gihe, ashimangira ko uwo mwiherero ari akaryo ko guhanahana ivyiyumviro no gusuzuma ingene ibikorwa vy’iki gisata biriko birarangurwa, hisunzwe imbonakazoza y’igihugu.

🇧🇮 Yibukije ko intumbero nyamukuru ari ugukorera hamwe mu guteza imbere ishusho nziza y’Uburundi no gutanga umusaruro mu gushikana igihugu ku Burundi bwifashe mu 2040 n’Uburundi buteye imbere mu 2060.

🇧🇮  : Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru yagendeye ubuyobozi bwo kumenyesha amakuru n'ibimenyesh...
03/09/2026

🇧🇮 : Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru yagendeye ubuyobozi bwo kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru mu ntara ya Bujumbura.

🏃🏻‍♀️Urwo rugendo rwakozwe na Amb . kuri uyu wa 2 Nyakanga 2026, mu ntumbero yo gusanga ku kivi abakozi bo mu ntara bakorera Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru.

 :Elysé Niyubahwe umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi   aragabisha abantu bigana imyambar...
02/09/2026

:Elysé Niyubahwe umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi aragabisha abantu bigana imyambaro y'umugwi nserukiragihugu bagakoresha ibimenyetso vya canke WANAW bakongera bakayidandaza hadakurikijwe amategeko.

Ivyo yabishikirije kuri uyu wa 2 Nyakanga 2026,igihe hari hahejeje kwerekanwa imyambaro mishasha y'umugwi nserukiragihugu w'Uburundi ikorwa n'ishirahamwe WANAW ryo mu gihugu ca Ethipia ifitaniye amasezerano n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi mu kwambika abakinyi b'umugwi nserukiragihugu .

Nk'uko Elysé Niyubahwe yabimenyesheje ,ngo vuba hazoshika imyambaro abakunzi b'umugwi nserukiragihugu bashobora kuzokwambara mu gushigikira umugwi wabo,ikaba izodandazwa mu bibanza bitandukanye kuburyo uwuyikeneye Wese ashobora kuyironka.

Yaciye asaba abashaka kuyidandaza,aho kuyigana no kuyidandaza hadakurikijwe amategeko,ko bokwitura ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi bakagiranira amasezerano,hama bakaja kuyidandaza mu bibanza bizwi hakurikijwe amategeko.

Aho uherereye imyambaro y'umugwi nserukiragihugu muhora muyironka vyoroshe?
📷:AKEZA SPORT

 :Ishirahamwe   ryo mu gihugu ca Ethipia ryambika abakinyi b'umugwi nserukiragihugu w'Uburundi ryongewe amasezerano y'im...
02/09/2026

:Ishirahamwe ryo mu gihugu ca Ethipia ryambika abakinyi b'umugwi nserukiragihugu w'Uburundi ryongewe amasezerano y'imyaka ibiri.

Kuri uyu wa 2 Nyakanga 2026, arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi kumwe n'uwaserukiye ishirahamwe ryambika abakinyi b'umugwi nserukiragihugu w'Uburundi basinye amasezerano yo kubandanya bakorana mu kiringo c'imyaka ibiri inyuma y'uko Bari bamaze ikiringo c'umwaka bariko bakorana.

Nk'uko Elysé_Niyubahwe umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi abimenyesha,ngo bimwe muvyatumye ayo masezerano yongerezwa ngo ni uko yashimye imyambaro iryo shirahamwe rikora,ugukorana neza hagati y'ayo mashirahamwe,kuronswa imyambaro ku mwanya nk'uko bayisavye,kuba iyo myambaro izimbutse,kuba ishirahamwe ryaremeye kubaha uturusho dutandukanye ndetse rigahinyanyura n'a tumwe tumwe mu tutari tumeze neza kuzo baheruka gukora.

Mu gusozera baciye berekana imyambaro mishasha umugwi nserukiragihugu ugiye gukoresha.

Mwakiriye gute iyo myambaro mishasha y'umugwi nserukiragihugu ?

Address

RN9 Commune Bubanza, Tele-Centre Bubanza
Bubanza

Telephone

+25769434860

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Itahure TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Itahure TV:

Shortcuts

Share

Category