Itahure TV

Itahure TV Chaîne de télévision basée a Bubanza

03/11/2025

Kurikirana impanuro nziza zubaka haba kubavyeyi no k'urwaruka.



03/11/2025
03/11/2025

Une de mes publications a obtenu plus de 1 000 réactions la semaine dernière. Merci à tout le monde pour votre soutien ! 🎉

🇧🇮🇹🇿 Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yafashe indege mu rugendo rumushikana   mu Gihugu ca  .🧑🏻‍💻Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ...
03/11/2025

🇧🇮🇹🇿 Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yafashe indege mu rugendo rumushikana mu Gihugu ca .

🧑🏻‍💻Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu bimenyesha ko Nyen'icubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, yafashe rutem'ikirere yerekeza mu gisagara ca , kuri uyu wa 03 Munyonyo 2025, aho yitavye ibirori vyo kurahira kwa Perezida Samia Suluhu Hassan

🗳️ Samia Suluhu yatsinze amatora yo ku wa 29 Gitugutu 2025 n’amajwi 97,6%, n’aho ayo matora yagiye yamirizwa na bamwe bavuga ko abatavuga rumwe na Reta batashoboye kuyitabira mbere bikavugwa ko hanabaye na yegereyegere.

✍️Tubibutse ko Samia Suluhu yari asanzwe arongoye igihugu kuva mu 2021 mu buryo bw’imfata kibanza, aho yari yasubiriye Prezida John Pombe Magufuli, yitavye Imana muri Ntwarante 2021 atararangiza ikiringo ciwe ca kabiri catanguye mu 2020, ubu hakaba hagiye kubandanya hatwara uwo mu Prezida w'umukenyezi.

🔵Ishirahamwe "Fondation Denise Nyakeru Tshisekedi" ryafashije impunzi z'Abanyekongo ziri ku mutumba  .🧺Iyo mfashanyo yat...
02/11/2025

🔵Ishirahamwe "Fondation Denise Nyakeru Tshisekedi" ryafashije impunzi z'Abanyekongo ziri ku mutumba .

🧺Iyo mfashanyo yatanzwe yari igizwe n’ibifungurwa ku mpunzi z’Abanyekongo ziba ku kibanza ca Musenyi, mu Ntara ya , ikaba yari igizwe n'ibiharage, ifu y’ibigori, umuceri, isukari n’umunyu mu ntumbero yo gushigikira imiryango yahunze iri mu buzima bugoye.

👉🏻Ibi bikorwa bijanye n’ico "Fondation Denise Nyakeru Tshisekedi" yiyemeje ngo izokwame iruhande y’abantu bafise ingorane, no gushigikira impunzi z’Abanyekongo ziri muri ako karere.

🌍 : Imbere y'uko mwihengeka, banza mutereze amaso ku makuru y'ikirere c'ejo, ku wa Mungu wa 2 Munyonyo 2025. 🌤️Ejo mu gi...
01/11/2025

🌍 : Imbere y'uko mwihengeka, banza mutereze amaso ku makuru y'ikirere c'ejo, ku wa Mungu wa 2 Munyonyo 2025.

🌤️Ejo mu gitondo haritezwe ikirere kirimwo izuba hamwe n'ibicu bike bike mu Ntara zose zigize Igihugu c'Uburundi bwa Ntare. Haritezwe kandi imvura ivanze n'ibihe vy'izuba mu gice ca .
Ahazoba hakanye gusumba ahandi azoba ari i , aho ibipimo vy'ubushuhe bizoba biri kuri 13°c.

🌦️Ku muhingano haritezwe imvura hose mu Gihugu ariko hakazoza hacamwo n'ibihe vy'izuba kiretse mu bice vya , , hamwe na hitezwe izuba hamwe n'ibicu bike bike. Mu ni ho hazoba hashushe kurusha ahandi, ibipimo vy'ubushuhe bizoba biri kuri 30°c.

🕤Bitegekanijwe ko izuba rizoseruka igihe c'isaha cumi n'imwe n'iminota mirongo itatu n'icenda (05:39') rirenge igihe c'isaha cumi n'imwe n'iminota mirongo itanu n'itatu z'umugoroba (17:53').

▪️Inkomoko: Ikigo

⛽🚘Ubu ntibigikenewe ko mwirirwa mutondeye igitoro, ngaya ama stasiyo yaronse igitoro co mu bwoko bwa   kuri uyu wa 1 Mun...
01/11/2025

⛽🚘Ubu ntibigikenewe ko mwirirwa mutondeye igitoro, ngaya ama stasiyo yaronse igitoro co mu bwoko bwa kuri uyu wa 1 Munyonyo 2025.

.

01/11/2025


🔵🦅 : Abenegihugu bo muri komine   mu Ntara ya Butanyerera bahamagarirwa kuvyara abo bashoboye kurera ngo na kare Imana y...
01/11/2025

🔵🦅 : Abenegihugu bo muri komine mu Ntara ya Butanyerera bahamagarirwa kuvyara abo bashoboye kurera ngo na kare Imana yabahaye ubwenge kugira ngo babukoreshe.

☝🏻Ako kamo bagatewe ku muhingamo wo kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 31 Gitugutu 2025, na Musitanteri w'iyo komine, aho ari kumwe n'umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine bari barongoye umugwi w'abagumyabanga wari ugiye gukeza umuryango uherutse kwibaruka ubushuri ku mutumba Migende muri Zone .

🎙️Mw'ijambo ryiwe, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine Matongo Benjamin Ndayizeye yamenyesheje ko bashize mu ngiro rimwe mu mahangiro uwo mugambwe wihaye iryo naryo rikaba rijanye no gushigikirana, mu gihe Janvière Kanyana, Musitanteri wa Komine Matongo yaciye yibutsa ko Imana yabahaye ubwenge kugira ngo tubukoreshe, aca asaba abanya Matongo muri rusangi kuvyara abo bashoboye kurera.

🔙Imbere y'ico gikorwa co gushigikirana, abagumyabanga b'umugambwe CNDD-FDD muri Komine Matongo bakaba bari bahuriye ku mutumba wa Gikungere Zone Ninga ahari haramutse hatangurizwa igikorwa co gushira amashami ya Ruhere ku mivyaro y'ivoka iherutse kuhaterwa, aha umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri Komine Matongo akaba yamenyesheje ko ico gikorwa kigiye kubandanya na rirya ngo bategekanya gukwiza ivoka za ruhere zingana na 1 100 000.



💫 Weekend Nziza!Turifurije abakunzi bacu ba Itahure TV  indwi irangire irimwo amahoro, akanyamuneza n’ugushimira Imana k...
01/11/2025

💫 Weekend Nziza!

Turifurije abakunzi bacu ba Itahure TV indwi irangire irimwo amahoro, akanyamuneza n’ugushimira Imana ku vyiza vyose yabakoreye!

🎉 Nimuruhuke neza, mwishimire umwanya wo kuba m'umuryango n'inshuti, kandi mwame mwibuka ko tubashigikiye kandi tubakunda cane!

📺 Stay tuned kuri – Vivons la réalité de chez nous!

🇧🇮 Umwuga Award 2025 –   yitwaye neza cane!Mu mahiganwa yitwa   yabaye Edition ya 3, yateguwe n’Ubushikiranganji bw’Inde...
31/10/2025

🇧🇮 Umwuga Award 2025 – yitwaye neza cane!

Mu mahiganwa yitwa yabaye Edition ya 3, yateguwe n’Ubushikiranganji bw’Indero n’Ubushakashatsi (MENRS) bushigikiwe n’umugambi ujejwe iterambere, biciye muri Projet ni , abarerwa mu bigo vyigisha imyuga mu makomine yose y’Uburundi barahiganijwe.

🏆 Amahiganwa yabaye mu myuga 9:
- Couture (kudoda)
- Soudure (gusudira)
- Menuiserie (ukubaza)
- Maçonnerie (kwubaka)
- TIC (ubuhinga ngurukanabumenyi)
- Carrelage (gutera ama carreaux)
- Vannerie (kujisha udusimbo)
- Cordonnerie (gukora ibirato)
- Electricité (umuriro)

Abari bahiganwa bari 56, baserukiye amakomine yose, aho buri umwe yahagarariye ishure ry’imyuga riri mu komine yiwe.

🎉 ikaba yaritwaye neza cane:
- na mu mwuga wo kwubaka (Maçonnerie)
- mu mwuga wo ukubaza (Menuiserie)

🎙️ Umuyobozi wa CEM Bubanza, , yashimiye ubushikiranganji bw’indero mu kwitanga bukora mu guteza imbere amashure y’imyuga no kurondera abaterera mw’iterambere ryayo.

📝 irabaye incuro ya Gatatu yikurikiranya ironka ikibanza cambere mu kwubaka, kandi ni irya kabiri yikurikiranya ironka uwambere mu kubaza.




🟠 : Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD Martin Nivyabandi yarifadikanije n'abagumyabang...
31/10/2025

🟠 : Umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD Martin Nivyabandi yarifadikanije n'abagumyabanga bo mu Ntara ya Bujumbura mu masengesho yo ku wa Kane irangiza ukwezi yariko araba kuri uyu wa 30 Gitugutu 2025, mu ngoro nkuru y'uwo mugambwe iri muri Zone .

📖Pasteur Innocent Nibigira, yishimikije ryo mw'ijambo ry'urufatiro riri mu gitabu ca mu kigabane ca Kane yasiguye ko abagumyabanga bakwiye kwubaka bagavye nk'uko abubaka uruzitiro rw'i Yerusalemu bari bagavye kubera ko igihe cose umuntu ariko arubaka abansi batigera babura kandi ngo bakore ibikorwa vy'iterambere bizobashikana ku Burundi bipfuza.

🎙️Martin yasavye abagumyabanga kwizer'Imana no gufashanya mu bikorwa vy'iterambere ry'Igihugu no gushigikirana muri vyose, ngo banaterere mu nyubako ziriko zubakirwa abahoze ku rugamba. Yarangije akebura abagumyabanga bishinga ikoreshwa ry'imbuga ngurukana bumenyi nka Whatsapp ko bokwikebuka maze bagakora vyinshi gusumba kuko ngo Igihugu gitegerezwa guter'imbere vyanka vyakunda kandi abagumyabanga nibo bafata iya Mbere mu bikorwa vy'iterambere.

-FDD

Address

RN9 Commune Bubanza, Tele-Centre Bubanza
Bubanza

Telephone

+25769434860

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Itahure TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Itahure TV:

Share

Category