
01/08/2025
Burundi: "Twipfuza ko n'ayandi mashirahamwe ko yorondera imigambi ituma igihugu giter'imbere mu kuronsa urwaruka ico rukora."
Vyashikirijwe na Patrick Paggio NIYONKURU ,aserukira imbere y'amategeko iradiyo PJ CLASSIC FM aho kuri uyu wa 1 Myandagaro yari aramutse asinya amasezerano y'ubufatanyabikorwa hagati y'iradiyo PJ CLASSIC FM n'ishirahamwe Limitel mu ntumbero yo kwamamaza ibikorwa vyo gutigira hakoreshejwe ubuhinga 1TBET.
Patrick agakenguruka utwigoro Ishirahamwe Lumitel rimaze kugira mu kuronsa akazi urwaruka rutari ruke biciye mu bikorwa risanzwe rikora.
Nayo uwaserukiye Ishimwe Lumitel yamenyesheje ko Lumitel ati:"Ntidukora urudandazwa gusa turaterera no mw'iterambere ry'igihugu." Kuko ngo urwaruka rugera Ku 550 arirwo rumaze kuronswa inyigisho zo gukoresha 1TBET,mw'abo harimwo bakuru bakuru 20, n'abandi 530 basanzwe(Agents). Lumitel ikiyemeza kuzobandanya ikarihiriza ubwenge urwo rwaruka. Ngo itumbero yo kwiyumvira 1TBET n'uko abantu benshi bakoresha telefone ibikorwa bisanzwe kandi woyifashisha no mu gukorera amahera biciye mu gutigira(1TBET).
Yamara n'aho biri uko,urukino rwo gutigira hakoreshejwe 1TBET ngo rwemerewe ahantu' bafiye imyaka cumi n'umunani n'iyirenga (18 ans et plus).