Émission_HINDUKA

  • Home
  • Émission_HINDUKA

Émission_HINDUKA HINDUKA ni ikiganiro co guhindura Imitima y'abantu ngo Yesu-Kristo ayigarurire ; ize yinjire mu bwami bw'Imana ari myinshi.

19/08/2022
19/08/2022

INYIGISHO YO KUWA GATANU
LE19/08/2022

UBUSHOBOZI BWO KWIZERA.

Ukwizera kuri n' ubushobozi, Kuko Ukwizera gutuma ishikama. Ukagororokera Imana, Kandi Ukwizera Niko kwatumye tuba abana b'Imana, ( Yoh1:12, abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana, ni bo bizeye izina ryiwe ). Abamwizeye yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana kubwo kwizera. Ukwizera kurimwo ubushobozi budasanzwe, Ukwizera gutuma ibidashoboka bishoboka, Ukwizera gutuma abarwaye bakira , Ukwizera gutuma turema tukaronka amahoro mu mutima, Ukwizera gutuma twemerwa imbere y'Imana. YESU yaravuze Ukwizera, kenshi, yabariye abigishwa biwe ati Ni mwaba mufise Ukwizera ngo kungana na kabuto ka sinapi, ngo bwobwira umusozi ukabumvira, ( Mat17:20, arabishura ati n' Ukwizera kwanyu guke. Ndababwira ukuri: namba mufise Ukwizera kungana n' akabuto ka sinapi, mwobwira Kino gisozi, mut' imuka aha uje Harya, Kandi cokwimuka. kandi nta kitazobashobokera.) Niwaba ufise Ukwizera, uzoshobora guhagara udatsindwa nubugunge Bwa satani. Kuko igituma abantu benshi badahimbara Imana nuko atakwizera bafise: Iyo ugize Ukwizera uranesha Ibintu vyinshi ukaronka intsinzi, kubera uba wagize Ukwizera.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

18/08/2022

INYIGISHO YO KUWA kANE
LE18/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

YESU n'umuhuza w'Imana n'abantu. Hagati yacu n'Imana Hari Yesu. Nico gituma duca Kuri Yesu kugira dushike ku Mana. Iyo usenga mw'izina rya Yesu uba uciye kuri Yesu. Kandi amashimwe tuyaha Imana mw'izina rya Yesu, amasengesho yose, imitwaro yose tuyiha Imana mw' izina rya Yesu. Yesu Ni umuherezi mukuru, akaba n' umuhuza w'Imana n'abantu. Usenze mw'izina rya Yesu, amasengesho yawe arashika ku Mana. Twame dutanga ikimazi c' amashimwe, imisi yose, ( Heb13:15 ). Ico wame icitwararika kuko Imana irahimbarwa n' amashimwe Kandi irayakunda cane kuko ivyagira mu mashimwe, ( soma Zab 22:3 ). Kandi ico Imana ishaka Nuko dutanga ikimazi c' amashimwe, Nico mbuto z' iminwa ishima izina ryayo, (Heb13:16, kugira Ubuntu ntimukavyibagire, kukw' ibimazi bimeze bityo arivyo bihimbara Imana ). Kandi ntimwibagire kugira Ubuntu. Dusenge mw'izina rya Yesu, dutange amashimwe, tugire Ubuntu: ivyo nivyo bimazi bihimbara Imana Data wa twese, vyose tubikore mw'izina rya Yesu.

Uno musi turahejeje iy'inyigisho. Murakoze muhezagirwe.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

17/08/2022

INYIGISHO YO KUWA GATATU
LE17/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Yesu Kristo ico twatahura n' umuherezi mukuru, nukuvuga niwe yashoboye kwinjira, ahera cane ahavyagiye Imana Data wa twese. Kandi ni umuhuza w'Imana n'abantu, ( soma1Tim2:5 ). Iyo dusenga duca kur' Uyo. Kuko niwe nzira ukuri n'ubugingo, kandi ntawushika Kuri Data atamujanye ( Yoh14:6, Ni jewe nzira n'ukuri n'ubugingo : nta wushika kuri Data ntamujanye). Amasengesho yose uzosenga murindi Zina ntazoshika ku MANA naho ryoba iry' umumarayika canke umweranda canke abera, amasengesho yawe ntazoshika ku MANA Data wa twese. Rero dusenge mw'izina rya Yesu gusa. Usenga murindi Zina amasengesho yawe ntazoshika ku MANA, kandi ntazokwishurwa. Nimba naho uvuga yuko wishurwa s' Imana izoba ikwishuye. Kuko amasengesho yawe ashika Ku Mana, usenze mw'izina rya Yesu, Kandi ukaba waramwakiriye ngo akubere umwami n'umukiza mu bugingo bwawe. Amasengesho yawe ashika Ku Mana mugihe usenze atajwi rikwagiriza ica mbere (1), Yesu ari umwami n'umukiza wawe (2), ukamenya ko uri umuherezi(3). Hama ugasenga mw'izina rya Yesu. Aho amasengesho arashika ku MANA.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

16/08/2022

INYIGISHO YO KUWA KABIRI
LE16/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Yesu Kristo aradusengera rero dushire ubwoba, Iyo dusenga tumenye Yuko Yesu adusengera. Kandi yuko amasengesho asenzwe na Yesu ashika imbere y'Imana. Kuko Yesu we arazi Ibihwanye n'ubugombe bw'Imana. We wizeye Yesu nk' umwami n' umukiza mu bugingo bwawe aragusengera,( Soma,Heb7:25 ) Kandi yama imbere y'Imana adusengera. Igisabwa n' ukumwizera. rero dusenge mw' izina rya Yesu, umuhuza akaba umuherezi mukuru wacu . Aradusengera Kandi agatanga n' amasengesho yacu, canke amashimwe, canke imitwaro. Vyose Yesu arabitanga, Yama imbere y'Imana atanga amasengesho yacu ayaha Imana. Amasengesho Yesu atanze arishurwa. Ntidutinye dushire ubwoba kuko dufise umuhuza Yama adusengera imisi yose. Izere usenge mw'izina rya Yesu uzobona ivyo wasavye Imana. Iyo duciye kuri Yesu turashika ku MANA, Kandi ivyo dusavye tuzobibona, kuko Yesu arabikora, ( Yoh14:14, Ni mwagira Ico Musaba mw'izina ryanje, nzogikora, ).

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

15/08/2022

INYIGISHO YO KUWA MBERE
LE15/08/2022.

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Igihe usenga mw'izina rya Yesu, utahure Yuko amasengesho ashika Ku Mana. Ariko ntashika uko wayatanze, Yesu abanza kuyatunganya neza hagashika imbere y'Imana, ayahwanye n'ubugombe bw'Imana. Kandi Ibihwanye n'ubugombe bw'Imana birishurwa vyose, ( Soma, 1Yoh5:14,15 ), hatubwira Yuko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n' ubugombe bw' Imana, itwumva, Kandi Yuko itwumvise bitumenyesha Yuko duhawe ivyo dusavye. Uhejeje Gusenga umenye Yuko ubihawe, mugihe bihwanye n' ubugombe bw'Imana. Urashobora kwiyumvira ati none nomenya Gute? Ko bihwanye n' ubugombe bw'Imana. Ariko ico womenya, umuherezi mukuru wacu, arazi Ibihwanye n' ubugombe bw'Imana, Kandi niwe atanga amasengesho yacu. Amasengesho ash*tse imbere y'Imana yose arishurwa. Ariko igituma duteba ( Dutinda ), kubibona ibanza kudutegura kugira tuze tubironke, umutima uciye bugufi.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

12/08/2022

INYIGISHO YO KUWA GATANU
LE12/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Twebwe ntituzi Gusenga, ariko Yesu aradusengera. Bene Data kumva Yuko Yesu umwana w'Imana adusengera biratera intege. Twebwe Nubwo dushobora Gusenga mu ntege nke, Yesu we aradusengera imisi yose . Jewe maze kumenya Yuko Yesu umwana w'Imana yaremye ijuru n' isi ansengera birantera intege nkumva Yuko nkwiye Gusenga mvyiyumvamwo ntavyiyumvamwo, ndasenga, kubera Yesu aransengera. Rero tumenye Yuko Yesu adusengera imisi yose. Kandi ikindi Nuko amasengesho Yesu adusengera yose arishurwa. Ariko abo Yesu asengera n' abamwizeye nk' umwami n' umukiza mu bugingo bwabo, Abo nibo asengera. Kandi nibo amasengesho yabo ashika, imbere y'Imana, ( Heb7:25 Nico gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe, kuko na ntaryo yamaho gw' abasabire). Ariko amasengesho y' umunyavyaha ntashika Ku Mana. Nimba ushaka Yuko amasengesho yawe ashika Ku Mana, kandi yuko Yesu agusengera uramwakira nk' umwami n' umukiza mu bugingo bwawe.
( Ushaka umukozi w'Imana agufasha kwakira umwami Yesu Kristo mu bugingo bwawe uterefone kuri +257 76 75 81 87 ).

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

11/08/2022

INYIGISHO YO KUWA kANE
LE11/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Igituma amasengesho yacu aca Kuri Yesu, Nuko ari umuherezi mukuru, umuhuza w' abantu n'Imana. Kandi yoshoboye kwinjira ahera ha hera ( le lieu très Saint) . Ahavyagiye Imana yacu Dada wa twese. Amasengesho adaciye kuri Yesu ntashika Ku Mana. Kugira amasengesho ashike Ku MANA bica kuri Yesu umuherezi akaba n' umuhuza wacu n'Imana ( 1Tim2:5 ).Nico gituma ushobora Gusenga usaba ikintu ntukibone, Rero Yesu ashobora Kuba ya yakuyemwo ibidahwanye n' ubugombe bw'Imana. Kuko twebwe abantu ntituzi Gusenga nubwo woba umaze igihe kirekire mw' ishengero ntushobora Gusenga uko bikwiye. kuko Ijambo ry'Imana rivuga Yuko tutazi Gusenga, ( Rom8:26 ). Nimba usenga mw'izina rya Yesu amasengesho yawe arashika ku MANA kandi arishurwa. Iyo utevye kw' ishurwa ntibisigura Yuko atash*tse. Ariko aba yarash*tse imbere y'Imana Ariko Hariho Ico Imana ibanza gukora mubuzima bwacu kugira ivyo twayisavye bigaragara.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

10/08/2022

INYIGISHO YO KUWA GATATU
LE10/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU; kugira dushike ku MANA.

Yesu niwe atunganya amasengesho dutanze, kubera twebwe ntituzi Gusenga uko bikwiye,( soma, Rom8:26). Iyo usenze mw'izina rya Yesu, bisigura yuko winjiye ahera ha hera, aho Imana ivyagiye. Iyo uhejeje Gusenga mw'izina rya Yesu, wizere Yuko ivyo wasavye Imana vyayishikiriye. Ico womenya Nuko ibishikira Imana Ari ibikenewe gusa. Ibikenewe n' ibihwanye n' ubugombe bw' Imana. Kandi Iyo dusavye Ibihwanye n' ubugombe bw'Imana, iravyakira kandi iravyumva. Bimaze gushika imbere y'Imana bitumenyesha Yuko tubihawe, ( 1Yoh5:14,15, kandi' ubu Ni bwo bushizi bw'ubwoba dufise kuri yo n' ukwiye dusavye ikintu cose gihwanye n' ivy' igomba, itwumva, 15, kandi ko tuzi Yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha Yuko duhawe ivyo dusavye.) Ibirinze bishika imbere y'Imana vyose birishurwa. Urashobora kwiyumvira ati none ko nsaba Ibihwanye n' ubugombe bw'Imana sinishurwe. Ico novuga nuko mu masengesho yacu, duha Yesu umuherezi mukuru, nuko haba harimwo ibidahwanye n' ubugombe bw'Imana. Yesu niwe azi ubugombe bw'Imana. Rero Yesu Ayo masengesho abanza kuyatunganya akayakuramwo ibidahwanye n' ubugombe bw'Imana. Imana ikaronka ayahwanye n' ubugombe bwayo.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

09/08/2022

INYIGISHO YO KUWA KABIRI
LE09/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Umuherezi mukuru dufise ni Yesu. Ivyo tubitahure, kuko niwe yoshoboye kw' injira Ahera ha hera, kugira Aze yame ari umuherezi ibihe vyose. Rero dukwiye guca kuri Yesu Kristo. Kuko hariho abaca kubandi baba abamarayika. Ariko Yesu niwe wenyene yinjiye ahera ha hera kuko igihe yabambwa igitambara Cari gikinze ahera ha hera caciye gitabukamwo kubiri. Twebwe twari turonse uburenganzira, Bwo kw' injira Ahera ha hera ariko duciye kuri Yesu . Rero uno musi umuntu wese amasengesho yiwe arashika ahera ha hera, ahavyagiye Imana. Kubera Yesu yaduciriye inzira, Yesu niwe adushikana Ahera Cane. Ntawundi numwe Atari Yesu, Yesu niwe nzira. Imana Ica ibona Yesu. kuko niwe mugororotsi, ntawundi wumugoroeotsi ahari. Iyo Imana ikubonyeko amaraso ya Yesu ukubona ko uri umugororotsi ataruko uri umugororotsi ariko kubera amaraso ya YESU.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

08/08/2022

INYIGISHO YO KUWA MBERE
LE08/08/2022

UKO VYATEGUWE MW'IJURU: kugira dushike ku MANA.

Twebwe twese, baba abokozi b' Imana ( des pasteurs ). Ntituzi Uko dukwiye Gusenga. Naho wosenga wibaza Ko watondetse neza amajambo, imbere y'Imana ntuzi Gusenga ( soma, Rom8:26 ) Nico gituma Yesu abanza kuyatunganya kugira ashike ku MANA atunganye neza. Kuko twebwe ntituzi Uko dukwiye Gusenga. Urashobora kw' ibaza ati none ko nsenga mw'izina rya Yesu Ni gute ntazi Gusenga. Ico womenya twebwe ntituzi Uko dukwiye Gusenga kuko ntituzi ubugombe bw'IMANA, kuko twari dukwiye gusaba Ibihwanye n' ubugombe bw'IMANA. Rero ushobora Gusenga usaba ibidahwanye n' ubugombe bw'IMANA. Ariko yo iba ishaka amasengesho ahwanye n' ubugombe bwayo. Dusenga mw'izina rya Yesu kubera iyo udasenze mw'izina rya Yesu, amasengesho yawe ntabushozi ( imbaraga ) agira, kubera ayagira ubushobozi nayasenzwe mw'izina rya Yesu, umuherezi mukuru akaba n' umuhuza w'Imana n'abantu. Amasengesho aciye kuri Yesu niyo agira ubushobozi imbere y'Imana. Kandi ayarinze ashika Ku MANA yose arishurwa. Kubera ari Yesu umugororotsi ayatanze.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho ejo.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

07/08/2022

ITANGAZO

SHALOM SHALOM

Bakunzi b' inyigisho za Émission HINDUKA. Turabamenyesheje yuko Hariho inyigisho zica Muri groupe ya Émission HINDUKA. Guhera Ku musi wa mbere gushika Ku musi wa gatanu nyene, Kaze muhezagirwe.
Ushaka kuja muri groupe ya Émission HINDUKA. ushobora kwandika kuri iyi Numéro( +257 76 75 81 87 ).

NDIHO Abahezagire

By: Cédric Hakizimana.

05/08/2022

INYIGISHO YO KUWA GATANU
LE05/08/2022.

UKO VYATEGUWE MW'IJURU; kugira dushike ku MANA.

Yesu ni umuherezi mukuru w' ibihe vyose, bidashira. Atandukanye n' abaherezi bose bamwitangiye imbere. Abaherezi bamwitangiye imbere, mukuja ahera cane bagenda bajanye ibimazi vyogutangira ivyaha vyabo n' ivyabandi, Kandi rimwe mu mwaka. Ariko Yesu yama ahera ha hera imisi yose, ibihe vyose ( Heb7:24, Uyo we, kuko yamah' ibihe bidashira, afise ubuherezi budakurwaho. ), Yesu Ni umuherezi mukuru kuruta abamwitangiye imbere bose. Yesu Ni umuhuza w'Imana n'abantu. Ico dushaka cose duce kuri Yesu, niho tuzoronka ico dusavye. Kuko Yesu yama ahera cane kugira atange amasengesho yacu. Aho uba uri hose umwanya wose, Yesu umuhaye, amasengesho aca ayatanga, Kandi Yesu amasengesho ahaye Imana yose arishurwa. Ayo Yesu arinze atanga yose arishurwa. Ariko twebwe ntituzi Uko dukwiye Gusenga, ( soma, Rom8:26 ). Rero nimba tutazi Gusenga, amasengesho yacu ntashika yose, Yesu aca abanza, akayatunganya neza kugira ashike ku MANA amez neza. IMANA ishaka, amasengesho atagira akarohe ameze neza. Nico gituma yashizeho umuherezi mukuru Yesu, kugira ayakuremwo akarohe kose ashike Ku Mana atunganye neza rero nubwo wosenga utazi uko utondeka amajambo mu Gusenga. Yesu Ayo masengesho umuhaye arayatondeka, ico wavuze atarico akagikuramwo. IMANA ikaronka, amasengesho atagira akarohe.

Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho.

NDIHO Abahezagire.

By: Cédric Hakizimana.

Address


Telephone

+25776758187

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Émission_HINDUKA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share