05/08/2022
INYIGISHO YO KUWA GATANU
LE05/08/2022.
UKO VYATEGUWE MW'IJURU; kugira dushike ku MANA.
Yesu ni umuherezi mukuru w' ibihe vyose, bidashira. Atandukanye n' abaherezi bose bamwitangiye imbere. Abaherezi bamwitangiye imbere, mukuja ahera cane bagenda bajanye ibimazi vyogutangira ivyaha vyabo n' ivyabandi, Kandi rimwe mu mwaka. Ariko Yesu yama ahera ha hera imisi yose, ibihe vyose ( Heb7:24, Uyo we, kuko yamah' ibihe bidashira, afise ubuherezi budakurwaho. ), Yesu Ni umuherezi mukuru kuruta abamwitangiye imbere bose. Yesu Ni umuhuza w'Imana n'abantu. Ico dushaka cose duce kuri Yesu, niho tuzoronka ico dusavye. Kuko Yesu yama ahera cane kugira atange amasengesho yacu. Aho uba uri hose umwanya wose, Yesu umuhaye, amasengesho aca ayatanga, Kandi Yesu amasengesho ahaye Imana yose arishurwa. Ayo Yesu arinze atanga yose arishurwa. Ariko twebwe ntituzi Uko dukwiye Gusenga, ( soma, Rom8:26 ). Rero nimba tutazi Gusenga, amasengesho yacu ntashika yose, Yesu aca abanza, akayatunganya neza kugira ashike ku MANA amez neza. IMANA ishaka, amasengesho atagira akarohe ameze neza. Nico gituma yashizeho umuherezi mukuru Yesu, kugira ayakuremwo akarohe kose ashike Ku Mana atunganye neza rero nubwo wosenga utazi uko utondeka amajambo mu Gusenga. Yesu Ayo masengesho umuhaye arayatondeka, ico wavuze atarico akagikuramwo. IMANA ikaronka, amasengesho atagira akarohe.
Murakoze muhezagirwe tuzobandanya iy'inyigisho.
NDIHO Abahezagire.
By: Cédric Hakizimana.