08/12/2025
« Wopfuma uba mu kabare wiyumvira mu rusengero, aho kuba mu rusengero wiyumvira mu kabare »
Mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, hamaze imisi hibonekeza abaririmvyi benshi baririmba indirimbo mpimbaza mana mu ma karaoké. Mundwi iheze nari nagorobeje muri kamwe mu bubare gaherereye muburaruko bw’igisagara ca bujumbura. Hageze umwanya wa karaoké, nze mbona umucuraranzi afata micro atangura kuririmba imwe mu ndirimbo mpimbaza mana ikunzwe nabenshi mu Burundi. Ahejeje kuririmba aca avuga ati: « Wopfuma uba mu kabare wiyumvira mu rusengero, aho kuba mu rusengero wiyumvira mu kabare ».
Iryo jambo ryatumye nibaza ibibazo bikurikira: Kuberiki abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbaza mana mu ma karaoké ? Abantu bazakira gute? Mbega hoho kuririmba indirimbo mpimbaza mana muri ivyo bibanza ntibitesha agaciro ubutumwa buri muri izo ndirimbo ?
Inyishu kuri ivyo bibazo, ziri mu cigwa gitoyi nakoze kijanye nikoreshwa ry’indirimbo mpimbaza mana mu ma karaoké yo mubururaruko bw’igisagara ca Bujumbura. Muri ico cigwa, nabajije bamwe mubacuraranzi baririmba indirimbo bita iz’isi, indirimbo mpimbaza mana bita « gospel », hamwe n’abakunzi b’ umuziki wa karaoké baba muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Kuberiki abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbaza mana mu ma Karaoké ?
Iki cigwa kirerekana ko, ibice bigera kuri 67 kw'ijana vy'ababajijwe bavuze ko abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbaza mana mu ma karaoké kugira banezereze aba kiriya babo. Naho Ibice bigera kuri 33 kw'ijana bavuze ko ari ubundi buryo bwo kwamamaza inkuru nziza. Ivyo biharuro birerekana ko igice kinini c’ababajijwe bemeza neza ko abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbaza mana mu ma karaoké muntumbero yo kunezereza aba kiriya babo.
Ni gute indirimbo mpimbaza mana zakirwa mu ma karaoké ?
Ibice bigera kuri 84 kw’ijana vy'ababajijwe bavuze ko bakira neza izo ndirimbo mu ma karaoké. Naho ibice bigera kuri 16 bavuze ko batazakira neza. Ivyo biharuro birerekana ko igice kinini c’ababajijwe bakira neza izo ndirimbo muri ivyo bibanza kandi ko ata ngorane zibatera.
Mbega kuririmba indiribo mpimpaza mana mu ma Karaoké ntibitesha agaciro ubutumwa buri muri izo ndirimbo ?
Ibice bigera kuri 83 kw’ijana vy’ababajijwe, bavuze ko kuririmba indirimbo mpimbaza mana muma karaoké bidatesha agaciro ubutumwa buri muri izo ndirimbo ,ahubwo ko zikwiye kuvugirizwa ahantu hose hashoboka kugira ubutumwa bwiza bushikire abantu benshi, mu gihe ibice bigera kuri 17 kw'ijana bavuze ko kuririmba ndirimbo mpimbaza mana muri ivyo bibanza bizitesha agaciro kandi ko zikwiye kuvugirizwa mu bibanza vyazigenewe.
Gusozera
Mu gusozera, iki cigwa kirerekana ko abaririmvyi baririmba indirimbo mpimbaza mana mu ma karaoké babikora mu ntumbero yo kunezereza aba kiriya babo .Igice kinini c’ababajijwe bakira neza izo ndirimbo muri ivyo bibanza bakavuga ko ari ubundi buryo bwo gukwiragiza ubutumwa bwiza kugira bushikire abantu benshi. Ibi ushobora kutavyemera, ariko ibiharuro birerakana ko abantu batari bake biteguriye kwakira ubwo buryo bushasha bwo gukwiragiza ubutumwa bwiza biciye mundirimbo mpimbaza mana mubibanza bitari bimenyerewe.
Mugire ijoro ryiza !
Le 08/12/2025
Pierre Nyabenda
ifoto yakoreshejwe muri iyi nkuru: umuririmvyi wa karaoke @ justway Yesa Yesa