Niyokwizera Samuel Rbn

Niyokwizera Samuel Rbn Journaliste producteur et animateur des émissions en rapport avec la société,la santé,la lutte contre les VBG,l'étude biblique et autres

 Ishengero rihindutse rikwiye guhindura n'ikibano.Hari umu pasteur umwe twariko turaganira arambwira ati : "sintahura ka...
18/03/2026



Ishengero rihindutse rikwiye guhindura n'ikibano.

Hari umu pasteur umwe twariko turaganira arambwira ati : "sintahura kandi ndananegura ingene urusengero ruba rujererenze neza n'amakaro arimwo ariko abarusengeramwo bagenda n'amaguru ata n'udukambabiri bambaye". Ico atongeyeko nuko abo bakirusu nyene aribo baba batanze izo noti.Naje sindabitahura kandi ndabinegura😀 bon,reka tuvyihoze..

Ariko hari ikibazo c'ubukene bw'intebe kimaze imisi cibonekeza mu mashure ,abanyeshure ugasanga kugira bicare biragorana,abandi bakicara ari benshi ku buryo kwiga bidaheza ngo bi borohere.

Bon,jewe iyo mba ndi umu pastori ,Canke musenyeri, apôtre n'abandi ,nokwigoye nkafata imisi ya Mungu 2 Canke 3 imperezwa n'ibigiracumi zitanzwe muri iyo misi tukayagura intebe tugashira mu mashure atwegereye ,canke tugaha abajejwe indero mu ntara Canke muri commune izo ntebe bakazitanga aho zikenewe🤣.None hari ico vyoba bitwaye,si igikorwa c'Imana,hari ico vyokwica uretse ico vyokiza?Abana bahiga si abana basengera muri ayo mashengero nyene?

None imiduga izimvye yoyo ntibirirwa barayigura muri izo mperezwa,amazu bubaka ,ama étages ku mashengero nta birebire aba ariko arafasha🤷.Erega ico kiba ari ca gikorwa co gufasha ipfuvyi n'abapfakazi gikozwe mu bundi buryo.Je niko ndabibona ,kandi aboba abamaze kubikora bahezagirwe cane.

Reka nirenganire,dukomeze gukorera Imana uko umuntu wese abikunze mu mutima tunezerewe.

 Ese ukuntu ari vyiza ko abavukana babana nyakubana,...Kuri uyu w'Imana le 15/03/2026 naragiriwe Ubuntu budasanzwe nk'ab...
17/03/2026



Ese ukuntu ari vyiza ko abavukana babana nyakubana,...

Kuri uyu w'Imana le 15/03/2026 naragiriwe Ubuntu budasanzwe nk'abandi bose bakunda indirimbo, mugusangira imigisha na bene Data biciye mu ndirimbo mu giteramo (concert) co gushira ahabona indirimbo (live recoding)zitari nke cari catunganijwe n'umurwi w'abaririmvyi (Unit of Pentecostal Students and elders for Evangelical mission in Mugara).Uretseko zari indirimbo ziryoshe cane ,kubera amajambo arimwo ashobora gufasha umuntu wese mu buryo bw'impwemu,eka mbere n'ubuhinga bwinshi bwarimwo.Ariko ikintu cari kiryoshe muri ico kibanza harimwo abakristo benshi bo mw'ishengero rya Pentecôte batandukanye nibaza ko bava mu ntara zose z'igihugu,ibitamenyerewe muri ino misi aho bamwe bose bakorana bivanye naho abungere babo bababwiye kuja.😀

Mvuze ngo bava mu ntara zose z'igihugu ni ikintu gikomeye cane tutokwirengagiza cane muri kino gihe ishengero rya Pentecôte rirangwamwo ukudahuza hagati y'ama misiyoni 15 agize iryo shengero.
Twibukanye ko gushika uyu musi muri iryo shengero hibonekeza ibice bibiri ivyo bise G5 na G10. Muri ivyo, Misiyoni ya Mugara ari nayo uwo murwi wegukira ihurikiye mu mugwi witwa G5.Ariko naho biri ukwo iyo chorale irarekuriwe kuririmbwamwo n'uwariwe wese wo mw'ishengero rya Pentecôte avyipfuza nico gituma abaririmvye bashika 200 bayiririmbamwo bava mu ma misiyoni atandukanye ya Pentecôte.

Muri ico giteramo rero naranezerejwe n'ivyariko birahabera,umunezero n'ubumwe bwaranga abaririmvyi n'abari bari muri ico kibanza,ariko ku rundi ruhande narababaye bintera kwibaza ibibazo vyinshi bitandukanye:

✅Bigenda gute ngo abaririmvyi bobo bumve bohuza umutima n'inama bagakora igikorwa c'iteka gituma abantu buzura salle hasi no hejuru,bakoranijwe no gusangira ivy'impwemu n'umunezero no kuvugishwa mu gihe abungere b'ayo mashengero bo badashobora kwicarana ngo basangire ivy'i Mpwemu?

✅Ubwo abo bakirusu iyo bamenyesha abungere babo ,bakabasaba impusha bavuze iyo bagiye bari kuzibaha n'umutima ubikunze?Ubwo nta bari babikunze kuja muri ico giteramo arako batagiye kubera batinya ko Pasteur yobahana?

✅Uno musi abungere b'ayo mashengero barategura ibikorane mu ma misiyoni yabo ariko bikanka ko bahahuri bose ngo basangire uwo munezero kubera ibice biri muri bo?Mbega iki giteramo, abaririmvyi n'abakirisu bakigiyemwo ntobobaha icirwa bakabona ko bobo bakinyotewe bwa bumwe bwamye bubaranga maze nabo bakikubita agashi,izo zindi nyungu zituma birema ibice atari iza kristo bakazireka?

✅Ndasubiye gukeza urwo rwaruka ruhurikiye muri n'abarongozi babo babonye ata rubibe ruhari ,ko muri kristo Yesu ari bamwe ,atacotuma badasangira ivy'impwemu kandi ari Yesu bagize umwe.

✅Ndizeye ko urwo rwaruka nirwakomereza ngaho,ruzokomokamwo umunago mushasha wubakiye kuri kristo Yesu burya bakazosenyura igisika gituma abungere b'ishengero rya Pentecôte birema ibice maze bagasenyera ku mugozi umwe,bagafatana amaboko bagasanasana igicaniro c'Imana.

Reka ngeze ngaha abakunzi b'idini ntibankubite ,urazi ko bankarira ariko umuhinga umwe yitwa Paul Watzlawick yavuze ngo : "On ne peut pas ne pas communiquer ".🤣🏃

🎶...dufane amaboko dusanasane igicaniro c'Imana,🎶...n'igihe co kuraba neza bene Data ko duhagaze neza mukwizera...🎶.

 Cherchons-nous à gagner des âmes ou à courir après l'argent ?Aussi longtemps que nous irons à l'église pour nous montre...
12/01/2026



Cherchons-nous à gagner des âmes ou à courir après l'argent ?

Aussi longtemps que nous irons à l'église pour nous montrer aux dirigeants, pour prouver que nous ne sommes pas absents, pour exhiber nos styles vestimentaires ou les voitures que nous avons achetées, et que nous appelons tout cela des bénédictions divines — peu importe leur provenance — nous resterons toujours éloignés de notre véritable mission en tant que chrétiens.

Aujourd’hui, les critères pour reconnaître un "vrai chrétien" se limitent souvent à sa capacité à contribuer financièrement aux activités de l’église. Ce glissement montre à quel point l’église s’est éloignée de sa mission, en se concentrant presque exclusivement sur la collecte d’argent. C’est d’ailleurs la raison pour laquelle celui qui possède des ressources financières se voit accorder toute l’autorité au sein de l’église.

Les valeurs chrétiennes sont complètement bafouées. La recherche des brebis égarées, qui devrait être la priorité, est désormais reléguée au second plan, au profit d’une course effrénée à l’argent.

Qui sauvera l’Église de Jésus Christ ?

 Mwari muzi ko mu ndirimbo zo gihimbaza Imana mu gitabo cantiques gikunze gukoreshwa ahenshi mu mashengero y'abaporoti h...
09/12/2025



Mwari muzi ko mu ndirimbo zo gihimbaza Imana mu gitabo cantiques gikunze gukoreshwa ahenshi mu mashengero y'abaporoti harimwo indirimbo yanditswe ikongera igatunganirizwa ijwi n'umurundi? ?

Mu nkuru yanditswe n'ikinyamakuru yo kuwa 5 Kigarama 2025 baragarutse ku murundi yanditse indirimbo yongera aratunganya amajwi yayo. Iyo ndirimbo ni indirimbo 105 mu Ndirimbo zo guhimbaza Imana (cantiques) ivuga ngo " 'Imana_butangaje.

Nkuko tubandanya tubibwirwa n'ico kinyamakuru uwo murundi ni Pasteur Emmanuel Thierry Sibomana wo mw'ishengero Baptiste. Yavukiye ku mutumba wa muri zone Butaganzwa muri komine mu ntara ya hakaba atari kure cane ya Misiyoni ya aho icicaro c'ishengero ry'aba Baptiste kiri aho abazungu b'abamisiyonari bashikiye. Emmanuel T Sibomana rero akaba yavutse mu mwaka wa 1917 yitaba Imana muri 1985 mu . Iyo ndirimbo ikaba yagiye ahabona kuwa 1946 mu nyuma iraheza ihindurwa mu congereza n'uwitwa Rosemary Guillebaund yitwa "O How the Grace of God Amazes Me" ica ishirwa no muzindi ndirimbo zogihimbaza Imana nyinshi.

Emmanuel Thierry Sibomana ntiyakoze ico gikorwa c'iteka gusa, yarafashije no gushira izo zindi ndirimbo zo gihimbaza Imana hamwe na Bibiriya mu rurimi rw' ilkirundi biva mu rurimi rw'icongereza.Yaranditse kandi n'igitabo c'Imigani y'ikirundi(Imigani y'ikirundi yegeranijwe na Sibomana hamwe n'Imvugo Mpinyanyuro (Grammaire du Kirundi) nkuko ico kinyamakuri kibandanya kibitumenyesha.

Igitangaje rero nuko Emmanuel T Sibomana atagiye mu mashure nk'ayo tumenyereye, ariko kunwo inyigisho yagiye arahabwa n'abamisiyonere no gukarisha ubumenyi yagiye aragira hanze y'igihugu yari umuhinga mu kuvuga indimi z'igifaransa n'icongereza.

Naho tutagiriwe amahirwe yo kwandikwa mu bitabo vyinshi ngo tumumenye nk'intwari muvyo gukwiragiza ubutumwa bwiza , turabona ko uruhara rwiwe atari urwo kwirengegiza ngo rwibagiranwe mu muryango w'abizera Kristo.

 Abakoresha bari kune bari gutanu ariko umukoresha yipfuza ko uwo akoresheje ashika kw'iterambere niyubahwe. 📌Hari umuko...
15/11/2025



Abakoresha bari kune bari gutanu ariko umukoresha yipfuza ko uwo akoresheje ashika kw'iterambere niyubahwe.

📌Hari umukoresha agukoresha agakunda ivyo ukora kuko biba biriko biratuma inyungu ziwe zija imbere. Uwo aragushira hejuru akagiha n'ubu chef yisunze uko inyungu ziwe zitera imbere, aranabivuga no mu bandi ko afise umukozi mwiza, ariko mu bijanye n'impembo ntiyigere akwereka ubwo butwari agushima kuko we avuga ati nkamuhemba bivanye nuko ankorera azogaheba aje muvy'iwe mbe ndamuhomvye.Muri make uwo naho akwemera, ntagukunda akunda inyungu ziwe.

📌Hari uwundi mukoresha aba azi neza ko ivyo ukora ari vyiza , bimushimisha ariko ntabikwereke haba mu majambo canke mu mpembo ariko ahubwo nivyo ukora akagerageza kukwereka ko harimwo udukosa kugira ntucutse n'agatima ko kumusaba kuduza impembo. Azomenya ko yakunda ivyo ukora niyo wahava , aguma akwirukako ngo garuka ndaguhe ayo uriko urakorera aho wavuye.

📌Hari n'uwundi atigera ashima ivyo umukozi akora bivanye n'iyo uva , umuryango, ubwoko n'ibindi. Uwo naho wokwita ku rutare gute,ngo umushimishe azoguma agucinyiza mpaka akweguye.

📌Hari uwundi mukoresha yama yumira ku nyungu ziwe (kenshi uyu ntaba ari nyene uruganda, société...) uyu rero naho woba ukora neza ukita kurutare ngo akazi kagende neza nyene ibikorwa aterimbere.Ibidahuye n'inyungu ziwe vyose aravyica naho vyoba vyagomba guteza imbere akazi.Hako ubandanya ukwo yopfuma akwirukana canke akakugirira nabi ukamuvira mu rubuga.

📌Uyu wundi mukoresha arakunda gushima umukozi yisunze ico yakoze ,akanatera intege umukozi akora neza mu majambo no mu mpembo.Araguhimiriza kandi ko nawe wokora imigambi yokwiteza imbere kugira ubandanye wisununura.Ntibiba bikenewe ko umuhisha ivyo urimwo ahubwo aranakubaza ko biriko biratera imbere.Uwo umusavye n'ingurane arayiguha.Akazi urakagumamwo canke ukamusezera nawe akaguherekeranya urukundo akakwereka ko wamukoreye neza nawe yabibonye kandi yabihaye agaciro.

Uretse uyu wanyuma akenshi abo abandi bose muvanye harigihe no kukuramutsa batakuramutsa muhuye ko ivyo bari bagukundira cari ico ubakorera gusa.

Sinzi ko nawe abo bakoresha umaze kubabona canke hari abandi batandukanye n'abo wotubwra.

.

 "Umwana wanje ntumukoreko mureke yonone , amenagure ivyo ashaka uraza kumpa facture ndaza kuriha" Ukwo vyoba kwose,naho...
10/11/2025



"Umwana wanje ntumukoreko mureke yonone , amenagure ivyo ashaka uraza kumpa facture ndaza kuriha"

Ukwo vyoba kwose,naho womenya ubwenge,naho wotunga gute,naho woba uvuga ibifaransa n'ivyongereza vyinshi cane, indero ni karahara mu ruganda ntibacura.

Ivyo tukija mw'ishure barabitwereka cane bakabitubwiriza , umwigisha turi mu mashure y'intango wigize ibiró biteze yaraguhana , aho bidashoboka yatumako umuvyeyi wawe akaguhanira ku mugaragaro, mu yandi ma jambo abo bantu 2(umuvyeyi n'umwigisha)ntaco bahishanya hagati yabo kubijanye n'indero y'umwana.Mu mashure yisumbuye hoho vyari bitomoye cane , ugize échec mu ndero, ibifaransa, n'ivyongereza, ibiharuro n'ibindi naho waba ubishoboye waca ubitahana kwa so no nyoko, ivyo kumenya mw'ishure ntiwirirwa urabaza.Bibaye ngombwa bakubwira ko ata n'uruhusha rwo gusubira kwiga kuri iryo shure.

Ivyo ubu bisigaye bibonwa nk'indoto kuko amafaranga yananiwe na bike. Ubu ntaco bitwaye ko umunyeshure aturira ibiro vy'umuyobozi w'ishure, ibikoresho vyo mu biro, amadirisha akamenagurwa, urumogi rukanyobwa, abigisha bagatukwa n'ibindi ariko vyose bikitwa ibisanzwe, abanyeshure bakaguma kw'ishure.( Mbe none baba bakeneye kwiga burya?)Ariko ivyo ntibiba hose bivana n'igiceri kuko hari abamuye amavoka y'ishure mw'ijoro(ntawuzi ko bari banahaze) barirukanywe burundu, hari n'abafatanywe amanyanga yo kwiba amanota nabo barirukanywe burundu. None ko umengo ku mwana wa nyarucari nta mbabazi.

Naho biri uko ico umuntu abivye nico yimbura. Hari abana barezwe ataco bashobora gukena , ico asavye cose agihabwa , uwo ntaco abuzwa nta kirazira kibaho iwe. Uwo rero biragoye kwitega ko yoja kw'ishure ukamwima umwidegemvyo hanyu ngo avyemere,, umuvyeyi nawe kubera igiceri atari ingorane agira ati mureke ivyo yonona ndariha. Ntaco vyari bitwaye , ariko none inyuma y'ishure adakoze muri compagnie ya se azoca akora hehe? Ninde azomuha amategeko ngo ayemere.?

Erega burya igituma tuja mu buzi tukubaha abaturongoye, tukubahiriza n'uburangamutima bw'imyuga tuba dukora ku buzi ni kubera irya ndero twahawe kuva mu ntango.None turiko twitegurira ikibano kimeze gute ,ubwo indero iracari ya yindi?

Reka nigire ndeke kugorana 😂. Ariko hariho imigane yo kurendegera bahora baca, canke ngo : " Usembereza umusore akagusohora", " Urera nabi ugatukwa n'abakwe".. (ariko ngira abakwe ntibagitukana🤫).Abanyagiceri, abarerwa n'abigisha ntimunkubite ndahoze🤫.

06/10/2025



Ibi bintu vy'ukwo abaporoti ico biyumviriye cose imbere y'ishengero baca bacita ukuri kandi ari amarangamutima yabo si vyiza kandi ntibizobura ivyo vyonona nimba bitamaze kuconona.

Kuvugira imbere y'ishengero amajambo jewe nokwita ayo gutebura si vyiza: ngo utarakwiza amafaranga yo kugura inzu ngo yarye, ngo nta kamaro ko kuyaziganya?Kuziganya kuva na kera bamye baziganya,umurimyi yaramara igihe atariko ararya uduharage yabitse imbuto kuko azi niyo yateragira azokwimbura vyinshi bizomuhaza , bikamutunga ukwo nyene. N'ibigori nuko, yarasonzona inkanya z'ibigori bidashika na 30 kuko abitse imbuto ariko nti yaca abirya ngo ni bikeya kuko yaziga niyabibangira azoronka umwimbu ushimishije.

Abo batunzi bose tubona, hari ibihe baraye batariye umunyu bariko baraziganya kugira bazotere imbere mu migambi yabo gutyo bashobore kugera aho bageze uyu musi.Kubwira abantu bari mu rusengero rero amajambo nkayo a utabanje kwiyumvira ko bafise ingeso n'amarangamutima atandukanye,hashobora kuba harimwo abahora basesagura uburyo bidakenewe ahubwo bari bakeneye éducation ngo bashobore kuziganya ushobora kuba ubagiriye nabi.

Ukwo biri kwose umuntu aziganya(naho vyose bitama vyera ngo dé)arafise ico asumvya uwuziganya kandi kinini.None umuntu aziganya kuko afise menshi?Nagira uziganya make make akarwira? Turakwiye kumenya neza ko ivyo twiyumvira canke ukwo tumeze atari imisi yose kuba ari ukuri. Umuntu agiriwe amahirwe akaja imbere y'ishengero akwiye kwisunga ijambo ry'Imana mu buryo bwimbitse.Nimba ari impanuro atanga akisunga ivyiyumviro rusangi,atiari ivyo ku giti ciwe.
Nariko ndarengana🤷‍♂️

 Ese iyo izo nguvu zikoreshwa n'aba pastori mu kwemeza abantu ko Imana igira ibanige kuko badatanze amafaranga yo kugura...
04/10/2025



Ese iyo izo nguvu zikoreshwa n'aba pastori mu kwemeza abantu ko Imana igira ibanige kuko badatanze amafaranga yo kugura itongo ry'Imana, arizo zokoreshwa mu kubwira Yesu abataramumenya; Imitima myinshi yokira pe!

https://www.facebook.com/share/v/167MgT79Aq/

Aya majambo ari muri iyi audio arerekana ingene abantu bitiranya kamere k'Imana n'umuntu. None vy'ukuri hagati y'amafaranga n'umutima wihanye ukuzera Yesu Kristo nk'umwami n'umukiza wiwe, ni igiki Imana ikeneye cane? Kuko nimba Imana yihanganira abakozi bayo yari yatumye kurondera intama zayo zazimiye ntibanigure kandi barataye intumbero basigaye bahanze amaso k'umafaranga kugeza n'aho uwuyatanze yigoye agakora ico umutima umubwiye ariko ntibatinye kumubwira ko amahera azanye ari make nkaho umengo ni umutahe baguhaye ukaba uzanye inyungu nke. None Imana yonigura umuntu ngo ntayihaye amahera ariyo iyamuha?

Mbega none uwutanga amahera ku Mana siwe abifisemwo inyungu gusumba Imana? Gutanga bizana umugisha bisumba guhabwa, naho twokorera kuri ico gusa , atakwirirwa turatera ubwoba abantu bokora mbere bagakora vyinshi gusumba ukwo umuntu yovyibaza. Mbega none abakozi b'Imana ntiboha umwanya n'ikibanza igakoresha abantu bayo batarinze kuyibeshera batera ubwoba abantu?

 Ikuntu cose iyo kikubayeko canke ugiciyemwo canke mbere iyo ukibonye ntikibura inyigisho kigusigira, iba mbi canke nziz...
29/09/2025



Ikuntu cose iyo kikubayeko canke ugiciyemwo canke mbere iyo ukibonye ntikibura inyigisho kigusigira, iba mbi canke nziza.

Bon, yaba umu Pentecôte, yaba n'uwundi mukirisu wese ntawokwirengagiza,zuguru zuguru muri Pentecôte, urwanko kurabana ay'ingwe n'ibindi bidahwanye n'ivyo twari twibaza ko vyoba, canke inyifato nk'iyo ko yoba kubarongoye ayo mashengero,arivyo vyari bimaze imisi muri iryo shengero. Twizere ko izo mvururu zaraye ziheze inyuma y'ishirwaho ry'inzego zitandukanye. Tushimira inzego z' igihugu ko zafashije mugukora neza ivyo zijejwe, nakare ahari abagabo ntiharwa ibara. Hasigaye igikorwa co mu mitima naco n'ic'Uhoraho kuko niwe ahamvya imitima.

Naho biri ukwo hari ivyagiye birigisha twebwe abakirisu bato bato:

📌Umuntu arasoma bibiliya akigisha ubutumwa bwiza akabwira abandi kwihana,kwezwa,kugira imbabazi n'ibindi ariko mu mutima wewe afise ibindi vyiyumviro.

📌Amahera iyo abaye menshi canke make aratuma umuntu ahinduka

📌Iyo mw'ishengero amafaranga abaye umushinge wokubakirako , hahungabana vyinshi n'imitima idasigaye inyuma.

📌Mu bijanye n'agakiza biragoye kumenya uwurusha inkomezi uwundi ico mwoba muri cose.

📌Intege nke zishikira bose.

📌Abakristo barakwiye kugishwa inama kubigira bikorwe kw'ishengero kuko biba bibaraba cane gusumba uwubarongoye. Kuko batahari ntiryoba riciswe ishengero.

📌Abarongozi b'amashengero ni vyiza ko biyumvira ko abo barongoye nabo bafise ubwenge, bashobora kwiyumvira mbere no kubarusha kandi bakabaha n'impanuro.

📌Abarongoye amashengero bakwiye kumenya ko naho amashengero ari aya kera, urunganwe ruyarimwo atari urwa kera. Ubu ibinyegezwa si vyinshi, kuko imbuga hwaniro zirafise ivyo zahinduye mu mubereho ya twese. Ivyanditswe n'ibivugwa ntibigitakara birabikwa.

📌Hambavu y'intambara kanaka uriko urarwana,gusenga kutagira uburyarya gukwiye kuza umbere.

📌 Kurwana canke guhangana n'igeragezwa uhoze bifasha vyinshi gusumba kuvuga amajambo menshi.

📌Guhagararira ukuri ntibisaba gusigura mvyinshi.Nta kindi kirwanishwa umukristo akwiye gukoresha atari ugusenga no kuvuga ukuri mu kubahiriza amategeko mu gihe ahari.

📌Intambara canke igeragezwa uciyemwo birafise ico bigusigira canke ukwo bigusiga imbere y'Imana canke imbere y'abo urongoye.Imbere y'abo bose icubahiro kirashobora kwiyongera canke kikagabanuka.

Reka ngeze ngaha,hari abahava bankubita😂,nariko ndirenganira.Ese Imana yodufasha bikarama,birabishe kumva indyane nkazirya mu bakozi b'Imana.Nawe muri commentaire niwaba hari icirwa wahakuye ukidusangize.

 Burya uri mu gisagara ca    uze uricungera ntumenya aho abasúma bazanana .Ku musi wa mbere,ndiko ndirenganira hari mu m...
06/07/2025



Burya uri mu gisagara ca uze uricungera ntumenya aho abasúma bazanana .

Ku musi wa mbere,ndiko ndirenganira hari mu masaha ya 12h,ndiko nca harya mw'ikabirimbi riri musi ya _Regina_Mundi retera ribandanya mu kigo ca no ku bureau vya .Nza numva umukenyezi akoma induru ngo: "téléphone yanje" ngize ndahindikira nsanga twari duhejeje guhura ariko arungika aka audio kuri whatsapp.Muti none yayibwe na bande?.

Yemwe nagiye mbona Moto iriko abagabo babiri nibo bayimupapuye.Niho rero naza numva umugabo yariko arengana nkanje avuze ngo: '' kandi iyo moto yagumye izunguruka itumbereye uwo mukenyezi".

Muze murarikanura aho muciye hose,murumva ko abagomba kurya badakoze ari benshi.Aho hantu ntawokwibajije ko hari uwohibiwe hakoreshejwe abagenda na Moto.

03/07/2025



Inama nkenguzamateka ihejeje kwemeza ababuramatari bashasha b'intara 5:

(1) BUHUMUZA: Mme Denise NDARUHEKEYE;

(2) BUJUMBURA: Gnl Major Aloys NDAYIKENGURUKIYE

(3) BURUNGA: Hon.Parfait MBONINYIBUKA

(4) BUTANYERERA: Gnl de Brigade de Police Victor SEGASAGO

(5) GITEGA: M.Liboire BIGIRIMANA

Turabakeje kuri ayo mabanga bajejwe.

 Abatama,abakurambere inararibonye ...ni vyiza mbere ni ngombwa tububahe.Abatama, abakurambere, inararibonye ni vyiza ko...
26/06/2025



Abatama,abakurambere inararibonye ...ni vyiza mbere ni ngombwa tububahe.

Abatama, abakurambere, inararibonye ni vyiza ko tububaha,kuko nkuko ayo mazina avyerekana baba bazi vyinshi,babonye vyinshi twebwe tutaravuka.Mugabo rero ico ntashobora kwemera ni ukwibaza ko ivyo bavuze vyose kuba ari ukuri ku buryo tubishira mu ngiro ata kwiyumvira canke ngo duhwebuze.Barihenda nk'abandi bose.

Erega mbere mvuze ko n'ibibazo vy'indyane igihugu cagiye kiracamwo abo batama nabo nyene babifisemwo uruhara sinoba nihenze kanini.None nta batama baroze umuzi w'amacakubiri abana babo mukubabwira ko ubwoko bunaka ari abansi babo kuburyo bahuye ari ukwivuna umwansi?Jewe ndazi abahungu canke abigeme babwiwe n'abo batama ko uwuzorongora canke azorongorwa n'uwo badasangiye ubwoko azoba ahumanije umuryango no kumuvuma bazoca bamuvuma.None ivyo ni ukuri?Mbega ukwo si ukurwiza urwanko n'amacakubiri kandi ata shingiro bifise?Ngaho rero aho mvuga nti naho inararibonye yoba iguhanuye woshiramwo akenge ukiyumvira.Uruhara rwawe ruguma ari nta ngere mu gushira mu ngiro iyo mpanuro no gufata ingingo.

Reka ndakwibutse ko abo batama,bakurambere ari nabo baducira ya myibutsa ngo: "Umugabo ni uworya utwiwe n'utwabandi","Igisuma ni igifashwe", "umwonga umwe wonza inyoni" bagaca bawishimikiza mu kurenga ibigo)n'iyindi.Hamwe norera umwana wanje ndamubwira ko ivyo mvuze vyose nzoba mvuze ukuri,ko ntihenda ko atobanza kuvyiyumvirako bibaye ngombwa akanabihakana.Ntaco noba ndamufashije na gato.Ntawutihenda ntibikunda.N'urya bavuga ko atihenda ni ikinyoma cambaye ubusa🤣.

Address

Gihosha
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Niyokwizera Samuel Rbn posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share