09/12/2025
Mwari muzi ko mu ndirimbo zo gihimbaza Imana mu gitabo cantiques gikunze gukoreshwa ahenshi mu mashengero y'abaporoti harimwo indirimbo yanditswe ikongera igatunganirizwa ijwi n'umurundi? ?
Mu nkuru yanditswe n'ikinyamakuru yo kuwa 5 Kigarama 2025 baragarutse ku murundi yanditse indirimbo yongera aratunganya amajwi yayo. Iyo ndirimbo ni indirimbo 105 mu Ndirimbo zo guhimbaza Imana (cantiques) ivuga ngo " 'Imana_butangaje.
Nkuko tubandanya tubibwirwa n'ico kinyamakuru uwo murundi ni Pasteur Emmanuel Thierry Sibomana wo mw'ishengero Baptiste. Yavukiye ku mutumba wa muri zone Butaganzwa muri komine mu ntara ya hakaba atari kure cane ya Misiyoni ya aho icicaro c'ishengero ry'aba Baptiste kiri aho abazungu b'abamisiyonari bashikiye. Emmanuel T Sibomana rero akaba yavutse mu mwaka wa 1917 yitaba Imana muri 1985 mu . Iyo ndirimbo ikaba yagiye ahabona kuwa 1946 mu nyuma iraheza ihindurwa mu congereza n'uwitwa Rosemary Guillebaund yitwa "O How the Grace of God Amazes Me" ica ishirwa no muzindi ndirimbo zogihimbaza Imana nyinshi.
Emmanuel Thierry Sibomana ntiyakoze ico gikorwa c'iteka gusa, yarafashije no gushira izo zindi ndirimbo zo gihimbaza Imana hamwe na Bibiriya mu rurimi rw' ilkirundi biva mu rurimi rw'icongereza.Yaranditse kandi n'igitabo c'Imigani y'ikirundi(Imigani y'ikirundi yegeranijwe na Sibomana hamwe n'Imvugo Mpinyanyuro (Grammaire du Kirundi) nkuko ico kinyamakuri kibandanya kibitumenyesha.
Igitangaje rero nuko Emmanuel T Sibomana atagiye mu mashure nk'ayo tumenyereye, ariko kunwo inyigisho yagiye arahabwa n'abamisiyonere no gukarisha ubumenyi yagiye aragira hanze y'igihugu yari umuhinga mu kuvuga indimi z'igifaransa n'icongereza.
Naho tutagiriwe amahirwe yo kwandikwa mu bitabo vyinshi ngo tumumenye nk'intwari muvyo gukwiragiza ubutumwa bwiza , turabona ko uruhara rwiwe atari urwo kwirengegiza ngo rwibagiranwe mu muryango w'abizera Kristo.