Eldis tv

Eldis tv Express Yourself - Express your Dreams

Intamba mu Rugamba umurwi w'abigeme uhejeje gutsindwa na Uganda 4-1, ni mu gihe wari umaze gutsinda Djibouti n'Urwanda w...
05/06/2022

Intamba mu Rugamba umurwi w'abigeme uhejeje gutsindwa na Uganda 4-1, ni mu gihe wari umaze gutsinda Djibouti n'Urwanda wanaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Bose bavyifashemwo neza : Intamba mu Rugambawww.eldistv.eklablog.netUmurwi nserukiragihugu w'UBURUNDI, Intamba mu Rugamb...
05/06/2022

Bose bavyifashemwo neza : Intamba mu Rugamba
www.eldistv.eklablog.net

Umurwi nserukiragihugu w'UBURUNDI, Intamba mu Rugamba, haba uw'abigeme canke uw'abahungu, bose baravyifashemwo neza muri iyi ndwi dusozereye, mu nk'ino z'amahiganwa barimwo, aho Umurwi w'abigeme watsinze DJIBOUTI, urongera utsinda URWANDA; uw'abahungu ku musi wa gatandatu hari ejo ukaba waranganije na NAMIBIYA, mu gukurayo igitsindo wari watsinzwe, ugikurayo mu minota ya nyuma y'urukino kandi uwu murwi ukaba warerekanye ko urusha uwo bariko barahura, naho watahanye ikarata itukura.

Intamba mu Rugamba irahanye UrwandaAbigeme b'Intamba mu Rugamba z'UBURUNDI, ziranyagiye Amavubi wo mu RWANDA, ibitsindo ...
03/06/2022

Intamba mu Rugamba irahanye Urwanda

Abigeme b'Intamba mu Rugamba z'UBURUNDI, ziranyagiye Amavubi wo mu RWANDA, ibitsindo 2 kuri 1 mu rukino ruriko rubera mu Buganda, ni inyuma yo gutsinda umurwi wa Djibouti akaba ari mw'ihiganwa CCAFA women Challenge Cup z'abigeme, Intamba ukaba uciye uba uwa 1 mu murwi A, uronse guca mu gice ca kabiri gishira ica nyuma kizobera hariya muri MAROC.

Umukinyi Sandrine akaba yifashe neza kuva mu ntango gushika urukino ruheze. Abakinyi bakinira muri Tanzaniya bakaba ari bo Intamba zari zihagazeko. Uwundi yavyifashwemwo neza ni Bukuru Joƫlle n'abandi. Urukino rukaba rwitabiriwe n'abarorerezi benshi ikigaragaza ko umupira w'amaguru ku bigeme utanguye gufata ikibanza ciza.

03/06/2022

Bujumbura - VIDEO

Bujumbura, Umurwa mukuru w'Ubudandaji w'Uburundi, iterambere ry'iki gisagara uriravye uharuye kuva imyaka 15 iheze uribona gute? Ubona igisagara ca Bujumbura kizoba kigeze he nko mu myaka 15 iri imbere? Ivyihutirwa mu vyokorwa vyoba ibihe?

Abakenyezi bo mu KANYOSHA barondera ukwo bokwibeshaho, ubuzima bwaboInyuma yo kutuganirira ibibazo bahura mu rudandazwa ...
02/06/2022

Abakenyezi bo mu KANYOSHA barondera ukwo bokwibeshaho, ubuzima bwabo

Inyuma yo kutuganirira ibibazo bahura mu rudandazwa ruto rwo ku buzembure harimwo n'abagabo b'ivyigenze babafatira mu bukene barimwo bibaza ko ari indaya, aba bakenyezi ngo naho baba ntibiboroheye na gato. Ngo birashika uwo upangiye akakwirukana iyo aronse uwumupangira ashoboye kuriha ayarengeye ayo umuriha, canke akakuziza ko abana bamugora n'utundi twinshi. Ngo ushima ko yakwirukanye naho umuha ayangana gute nta kwemerera avuga ko akeneye inzu gusa ata kindi. Na yo ngo abana babo barahura n'ingorane nyinshi iyo bo bari kubaronderera ico bafungura, muri zo harimwo amasanganya, guturubikwa n'ababanyi n'ibindi.
-----------------------------------
ICO BASABA

Basaba Leta mvyeyi ngo n'abantu bose bafise umutima wo gufasha kubongerereza agatahe ngo kuko ukora iciza ukagisanga imbere, ngo kwemera kuja kwirirwa biyanikiye ku ruzuba canke bakanyagirwa n'imvura ni mu ntumbero yo kutimaramaza canke ngo bamaramaze igihugu mu kuja gusegerereza mu gisagara.

Ku bwawe izi nsiguro zirahagije? Hari ivyiyumviro wobaha nk'intererano?

Umurwi nserukiragihugu w'Uburundi mu mupira w'amaguru w'abigeme INTAMBA wavyifashemwo neza mu gutsinda DJIBOUTI ibitsind...
01/06/2022

Umurwi nserukiragihugu w'Uburundi mu mupira w'amaguru w'abigeme INTAMBA wavyifashemwo neza mu gutsinda DJIBOUTI ibitsindo 3 ku busa aho Djibouti yanaronse ikarata itukura. Iyi ntsinzi uyakira gute?

Ntituri mu buzima bw'INDAYA kuko tubukunzewww.eldistv.eklablog.netMu gihe umwuga w'ukwigurisha ku bigeme n'abagore bamwe...
31/05/2022

Ntituri mu buzima bw'INDAYA kuko tubukunze
www.eldistv.eklablog.net

Mu gihe umwuga w'ukwigurisha ku bigeme n'abagore bamwe bamwe uterwa ivyatsi n'ibihugu bigishigikiye imico n'akaranga vyiza, bamwe mu bawukora mu gisagara ca BUJUMBURA, ngo ntibawukora kuko bawukunda ahubwo ubuzima bugoye burabibatuma, nkuko babituganiriye; tugiye kubabwira ubu buzima bw'ukwidandaza babwinjiyemwo, ingorane bahagirira n'ingene bicuza bagasaba abigeme batarabijamwo kutarota babwinjiramwo ngo kuko kubujamwo vyoroshe ariko kubuvamwo kikaba ikibazo gikomeye cane.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Eldis tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Eldis tv:

Share

Category