03/11/2024
VINICIUS NGO YARIBWE BALLON D' OR?
Vinicius José Paixão yavukiye muri Bresil itariki 12 Mukakaro 2000 ahitwa São Gonçalo,akaba akinira umurwi nserukiragihugu wa Bresil,agakinira na Real Madrid.Mu myaka 3 gusa azoba amaze kwegeranya ama miliyoni 69 y' ama dollars akuye mu mupira w' amaguru.
Kuva hatanzwe umupira w' inzahabu ejo bundi aho hanze y' urugo rwawe umujinya ni mwinshi ku barengana ngo umwirabure mwenewabo yitwa Vinicius ngo ntibamuhaye Ballon d'or ngo kubera ari umwirabure ngo yazize urukoba rwiwe ngo abazungu baramwimye umupira w' inzahabu
(Ballon d'or).Hari ijambo abavuga ivyo bakoresha ijambo ngo: "...abazungu baratwanka!!!..."
Ukoze umwihwezo usanga abirabure bibereye mu ma domaines mato atanico avuze yo kunezereza abantu gusa mu ma medias n' ububare nko kwiruka muri athletisme,comedy,boxe,
imiziki,imipira y'amaguru,basket,nta birabure dufise muvya science na technologie ibi biri mu maboko y' abandi kiretse abanyafrika gusa na cane cane b' urukoba rwirabura.
Abirabure ntaco dukora ngo dukomere nk' abandi turi abanyantege nke baraho aho kuja muvya science na technologie,uburimyi n' ubworozi ngo twikomeze nk' abandi twishinga gusenga imana abakoroni batuzaniye mu bitabu bise ngo ni vyeranda imana zaremwe muri Moyen-Orient hamwe n' I Roma tukazisenga ngo zizodukorera ibitangaza aho twokuye amaboko mu mpuzu ngo turondere ivyo bitangaza twipfuza dukoresheje ubwonko bwacu n' amaboko yacu.
Iyo tubonye umuzungu turamusega amafaranga biciye mu ma associations canke tumubonye arenganye mw' ibarabara,hagati yacu nta bumwe dufise turatemana dupfa amazuru n'intara,umwirabure iyo agiye mu bihugu vy' abo bazungu abaye umu diaspora aho yobaye umutasi ngo arabe iryo terambere ry' abazungu arijane mu gihugu ciwe.
Usanga ari aho gusa aguma atukana ku ma reseaux sociaux yifata n' amafoto n' amareresi yerekana ko ari ahantu heza anywa n' imivinyu izimvye canke akibera umu homosexuel nk' abazungu bagenzi biwe,umwirabure ni umuntu atitwara mu buryo bwa discipline yama ashaka guhangana n' abajejwe umutekano mu mabarabara,iyo atowe naho araba inda yiwe kurusha abamutoye,n'ibindi vyinshi.
Ubwoko bw' abantu bameze uko ninde yobaha agaciro nabo ubwabo batakiha?abazungu sibo kibazo ikibazo ni twebwe abirabure imyitwarire mibi yacu.
Imbere yo kwuzura umubabaro ngo umuzungu aratwanka turakwiye kumenya ko ivyo barimwo ari ivyabo biyubakiye ayo ma stades,ayo ma televisions murabamwo imipira,ayo ma ballons d' or vyose nibo bavyubatse rero nibadufate uko bagomba nitwe tuvyitera aho kubabara twari dukwiye kwubaka ivyacu.
Mu gusozera,abirabure nimuze twihe agaciro niho n' amahanga azokaduha tugabanye kwama twiriza ngo turarenganywa iyo ni imyitwarire y' abana bato,tuje hamwe dusubire ku muzi wa ba sogokuruza ducagagure imigozi y' umukoroni ivy' amazuru,imbibe,ivya yezu na mariya na muhamad tuje muvya science na technologie uburimyi n' ubworozi,amahinguriro tube n' abantu bakunda gusoma ibitabu cane batishinga gusoma amacupa gusa canke iminwa y' abigeme maze twiyubakire iryo terambere tubona mu bazungu niho nabo batubonye bazoduha agaciro nkuko bagaha abashinwa,abayahudi,abayapani,aba slaves b'abarusiya,aba perses,abahindi.
Gwira,Gwira!!
Inkomoko y'isanamu: Manchester Evening News