
13/09/2023
:Hodi hodi iwacu Inyanza~Lac, tugire amahoro umutekano n'iterambere rirama muntara na Commune yacu nziza ya Nyanza~Lac.
Uno musi tubazaniye inkuru nziza cane dusabe uwuzakuyironka wese ayisangize na mugenzi we! Iyo nkuru nayo siyindi ni kubamenyesha ko Ishirahamwe: EAST AFRICAN COMMUNITY ENGLISH AND SWAHILI AGENCY(EACESDA)ryuguruye imiryango yo kwiga inyigisho z'icongereza muri Commune Nyanza~Lac.
Iyandikwa kuri abo bose bakeneye kumenya kuvuga neza icongereza ririko rirabandanya kuri NEW DISCIPLE TECHNICAL SCHOOL iri kwibarabara rya kabiri I bukeye.
Murazi ko twebwe inyanza~Lac igiswahili ntabwo ari kibazo, ariko Icongereza turagikeneye kugira bifashanye nigiswahili tuzi.
Icongereza giswanzwe gikoreshwa cane mubisata nkavyose mubihugu vyinshi uhereye mubihugu vyo muri Afrika y'ubuseruko ndetse nibindi vyinshi biri kw isi yose.
Abarundi murikino gihe turakeneye kumenya izo ndimi kugira dushobore gukora business canke ubuzi butandukanye nabantu benshi batandukanye gutryo imiryango yacu detse n'igihugu cacu bibone gutera imbere.
Nimuriyo ntumbero abanye nyanza mwese muhawe kaze kuza kwiyandikisha no kwiga urwo rurimi rw'icongereza mumwanya muto kandi bitakuvunye canke ngo bihagarike ibikorwa vyawe vya misi yose.
Harico ukeneye kubaza akura kuri 61249482 canke 69851854. Menya neza iyandikwa rizorangira kwigenekerezo rya 17,9,2023 isaha 17h z'umugoroba.
Murakoze cane. .