Agence Burundaise de Presse

Agence Burundaise de Presse L'agence burundaise de presse(ABP) est organe de presse étatique créée depuis 1976. Elle a ses c

  Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe yifadikanije n'abagumyabanga b'i   ...
31/10/2025

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe yifadikanije n'abagumyabanga b'i mu masengesho arangiza ukwezi kwa Gitugutu 2025. Ayo masengesho yari ashimikiye ku civugo: "Incungu z'Uburundi ntizatinya urukamvye, natwe nta mpamvu iriho yodutesha urugamba rwo kwubaka igihugu".

Umukuru w'igihugu yahamagariye abenegihugu gukora cane kugira hatuzwe ubukene ngo kuko ata mworo azoja mw'ijuru. Aha akaba yisunze ijambo ry'Imana rivuga ngo:"nari shonje ntiwangaburira, nari nyotewe ntiwampa ivyo nywa,...". Ngo none umworo yoronka ivyo atanga abikuye hehe adakoze?
Yagabishije umuntu wese yitamboka imbere y'umugambi w'interambere w'igihugu ko atazihanganirwa. Umukuru w'igihugu yavuze ko mu rugendo rw'iterambere ari kugira umutima wemera kandi wihangana.

Yamenyesheje kandi abenegihugu ko Umukuru w'igihugu ari umurundi, ari co gituma aho ageze hose aba ari iwabo, ari co gituma ngo agiye kwubaka ikirimba muri komine Nyanza impande y'ikiyaga Tanganyika nkuko hari ibirimba mu yindi mihingo nka Muyinga, Gitega n'ahandi.

Mwomenya ko ayo masengesho yabereye ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Nyanza; yitabwe n'izindi ndongozi zitandukanye z'igihugu, harimwo Umunyamabanga Mukuru akaba n'Umuvugizi wa Reta y'Uburundi, Abashingamateka n'Abakenguzamateka batowe mu ntara ya Burunga, Buramatari w'intara ya Burunga, n'abandi.


Agence Burundaise de Presse

  Ubushikiranganji bw'akazi, abakozi no gutunganiriza kazoza keza abakozi bwatunganije kuva kuri uyu wa 30 Gitugutu 2025...
30/10/2025

Ubushikiranganji bw'akazi, abakozi no gutunganiriza kazoza keza abakozi bwatunganije kuva kuri uyu wa 30 Gitugutu 2025 muri Komine uruganda rw'iminsi ibiri mu ntumbero yo guhimiriza ku bijanye n'amabi, icinyizwa hamwe n'itotezwa rikorerwa mu mashure. Urwo ruganda rukaba rwatunganijwe ku barongoye igisata c'indero bo muri Komine na mu ntara ya .

Umuyobozi ajejwe intwaro mu kazi n'imigenderanire hagati y'abakoresha yamenyesheje ko mu cirwa cakozwe mu ntara 5 za kera arizo , , , na vyaragaragaye ko ayo mabi ahari n'aho atandikwa kandi ko ayo mabi ngo adashobora gutuma akazi kagenda neza, ntanashobora kuzana imigenderanire myiza hagati y'abakoresha n'abakozi ahubwo atuma ibintu biyangara mu kazi. Intumbero yindi y'urwo ruganda akaba ari iyo kugerageza gukinga kugira ivyabaye bisezererwe.

yavuze ko inyuma y'igikorwa c'ihimiriza hazokurikira gushiraho ama clubs 5 ku mashure 5 yacaguwe. Yasavye abayobozo b'indero kudomako urutoke uwo wese yoba yakoze amabi ayariyo yose.


Agence Burundaise de Presse

  Amavuriro 210 niyo azoronswa umuyagakumba uvuye ku mishwarara y'izuba biciye mu mugambi w'igihugu wiswe   mu gice cawo...
30/10/2025

Amavuriro 210 niyo azoronswa umuyagakumba uvuye ku mishwarara y'izuba biciye mu mugambi w'igihugu wiswe mu gice cawo kigira 2. Nayo amashure ari muri uwo mugambi akaba agera ku 400.

Vyashikirijwe mu ruganda uwo mugambi wagirishije abajejwe intwaro mu makomine, bari kumwe n'abarongoye amashure n'amavuriro afashwe mu mugongo n'uwo mugambi mu ntara ya kera ya . ajejwe gukurikirana uwo mugambi mu mashure, yashikirije ko babakoranije kugira barabe aho ibikorwa vy'uwo mugambi bigeze.

Akaba yavuze ko mu gisata c'indero, ibibanza vyo guteguriramwo ibifungurwa bigera 226 hamwe n'amaziko 226 bimaze kwubakwa mu gice ca 1. Muri kino gice kigira 2 naho, ibibanza vyo guteguriramwo imfungurwa bigera 144 biramaze kwubakwa ku mashure hamwe n'amaziko 522. Reta ngo yariyumviriye kandi no guha umuyagankuba uva ku mishwarara y'izuba abenegihugu.

Mu gisata c' amagara y'abantu, muganga ajejwe igisata c'amagara y'abantu muri uwo mugambi nawe yashikirije ko bizotuma ubuvuzi bugenda neza kuko bakorera ku mavuriro ari mu bice bitarimwo umuyagankuba. Mu ntara ya kera ya , amavuriro 34 akaba ariyo azoroswa ibikoresho vy'umuyagankuba w'imishwarara y'izuba.

Ku ruhande rw'abajejwe intwaro mu ntara ya , ajejwe igisata c'ubutunzi mu ntara ya arashima akarusho k'uwo mugambi ku buzima bw'abanegihugu haba mu gisata c'indero n'ic'amagara y'abantu. Akaba yasavye amashure n'amavuriro ari muri uwo mugambi, kuzobibungabuga bakabikoresha nk'uko ari rwabo ngo kuko bizotuma umwimbu wiyongera.


Agence Burundaise de Presse

  Umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine   mu ntara ya Burunga,   ari kumwe n’abandi bategetsi bo ku rwego rwa komine, ...
30/10/2025

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine mu ntara ya Burunga, ari kumwe n’abandi bategetsi bo ku rwego rwa komine, yagendeye Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 29 Gitugutu 2025, zone aho yakiriye abash*tsi baturutse mu gihugu c’Ubudagi, bafatanya n’ishirahamwe Project Human Aid Burundi , risanzwe rifasha mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere.

Iryo shirahamwe riserukiwe na Patiri , arongoye Paruwase , rikaba rifise uruhara runini mu bikorwa vyo kwubaka amashure, ibitaro, amasoko, amatara yo mu karere hamwe n’ibindi bikorwa bifasha abanyagihugu

Urwo rugendo rwabaye kandi akaryo ko gutembereza abo bash*tsi mu nyubakwa zitandukanye za zone , aho umunyamabanga nshingwabikorwa yerekanye ibikenewe bikirindirijwe, harimwo inyubakwa zikeneye kurangizwa, bikoresho nkenerwa mukazi kamisi yose n’ibindi vyofasha kugira zone ikomeze gutera imbere.

Abo bash*tsi baturutse mu Budagi barashikirije ko bashimishijwe n’intambwe zone imaze gushikwako, bongera bemera ko bazoshishikara gushigikira ibikorwa vy’iterambere muri iyo zone, kugira bigire akamaro ku banyagihugu.

Uwo munyamabanga nshingwabikorwa komine Rutana yarashimiye uwo mushigikizi hamwe n’abash*tsi baje kumwe na we ku rukundo bagaragarije abanyagihugu. Asaba ko ubwo bufasha bwokomezwa kugira zone Kivoga ironke iterambere rirama.


Agence Burundaise de Presse

  Abafise amamashine asya ibinyantete, yaba ayasya ibigori, inyumbati n'umuceri mu gisagara ca   babwirizwa kwitegurira ...
30/10/2025

Abafise amamashine asya ibinyantete, yaba ayasya ibigori, inyumbati n'umuceri mu gisagara ca babwirizwa kwitegurira kuyimurira mu kibanza bazokwerekwa mu .

Musitanteri wa komine yabishikirije kuri uno wa 29 Gitugutu 2025 mu nama yagiranye n'abafise amamashine asya ibinyantete, abafise ibibanza vyogerezwamwo imiduga, hamwe n'abafise ibibanza vyo gusudiriramwo. Akaba yashikirije ko ifu riva kuri izo mashine hamwe n'umuhindo wazo ngo birabangamira amagara y'abahegereye, b**atuma n'isuku ry'igisagara ribangamirwa.

Muri iyo nama, musitanteri wa komine yavuze ko n'abogereza imiduga mu mabarabara babwirizwa kurondera ibindi bibanza bayogerezamwo. Ikindi basabwa ni uko bwokwimba ibinogo bibika amazi bakoresheje kugira ntantembe kuko ashobora kugira ivyo yononye. Eka, n'abasudira, ngo birabujijwe ko ibikorwa nk'ivyo bibandaniriza mu mabarabara.

Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha abahagarika imiduga minini minini mu kibanza cerekeza ahari ikirimba c'umukuru w'igihugu mu gisagara ca ko ico kibanza kitemewe guhangarikwamwo imiduga, ahubwo ko borondera ahandi bazihagarika mu maguru masha. Akibutsa kandi ko ingingo zigiye gufatwa ku bantu badakurikiza amabwirizwa y'isuku ry'ibibanza baranguriramwo imirimo.


Agence Burundaise de Presse

  Musitanteri wa Komine     asaba abenegihugu arongoye kwirinda akaborerwe. Musitanteri yibutsa Abo arongoye ko umuntu w...
29/10/2025

Musitanteri wa Komine asaba abenegihugu arongoye kwirinda akaborerwe.

Musitanteri yibutsa Abo arongoye ko umuntu wese ategerezwa kuzindukira ku mirimo aho kuzindukira ku marigara. Abibutsa kandi ko buri wa kane ari umusi wahariwe bidukikije. Rero mu ntumbero yo kubikingira, abahamagarira guca imikobeko mu kugwanya inkukura y'isi ndimwa kugira ntite akanovera.

Nayo abafundi b'indimo ku mitumba abahamagarira gukurikirana imirima y'abenegihugu kuko hakenewe iterambere rishimikiye ku burimyi. Musitanteri ahimiriza abarongoye gushira mu ngiro umugambi wo gutera amavoka ya kijambere urugo ku rundi. Ikindi abatumirira ni ukugira isuku aho babaye hamwe n'isuku ryo ku rukoba.


Agence Burundaise de Presse

🔴   Abenegihugu bo ku mutumba wa Rukoba muri zone Rutegama yo muri komine n'intara ya Gitega baremeza amakuru avuga ko k...
29/10/2025

🔴 Abenegihugu bo ku mutumba wa Rukoba muri zone Rutegama yo muri komine n'intara ya Gitega baremeza amakuru avuga ko kuri uwo mutumba hari umwana yariwe n'imbwa ziramumara. Ayo makuru aremezwa kandi n'uwurongoye Zone Rutegama Richard Nzosabimana.

Inyuma y'amakuru yavuzwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntango z'indwi iheze ko hari umwana yiriwe n'imbwa zo mw'ishamba ku mutumba wa Rukoba ziramumara, Umumenyeshamakuru w'itororokanirizo ry'amakuru mu Burundi akorera mu ntara ya yarishikiye ahabereye iryo bara kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Gitugutu 2025.

Abenegihugu baganiriye nawe baremeza ko ayo makuru ari yo mbere ko hatowe umutwe wiwe gusa, ko nawo wahambanwe iteka ku munsi wa Kane igenekerezo rya 23 Gitugutu 2025 mw'itongo ry'abapfuye ryo ku mutumba Rukoba hafi y'isengero ya Katorika yo kuri uwo mutumba.

avuga ko uwo mwana yariwe n'izo mbwa ari umusengezana wiwe ati :"Izo mbwa zarariye koko uwo mwana kandi twarishikiye ku kibanza zamuririyemwo dusanga impuzu yagiye yambaye zuzuyeko amaraso ariko nta n'igufa na rimwe twasanzeho ariko bukeye dusubiyeyo twasanze amagufa izo mbwa zayagarukanye imirundi isataguye nka kurya kw'imisigati".
Amenyesha kandi ko bahize muri iryo shamba ryose ahantu bokura umutwe barabura ariko ko haciye iminsi 2 batoye umutwe w'uwo mwana mu bice vyo kw'ibuka aho bakomye izo mbwa ngo ziriko zirawufyeta. Asigura ko bazihize ariko ko ata n'imwe gushika ubu barica, ariko ko ari mbwa nini.

asigura ko abenegihugu bitanze canke kugira izo mbwa zituzwe aho urugo rwose rwatanze amafaranga 1000 kugira bagure inyama bashira hejuru y'ibinogo bimvye mu bice bitandukanye kugira barabe ko izo mbwa zogwayo ariko ko ata n'imwe iragwayo. Asaba ko abajejwe intwaro n'umutekano ku nzego zo hejuru boja hamwe bakiga ico kibazo bibaye ngombwa ngo zikaraswa kuko ngo n'inyuma yaho ziramaze guhatsa kurya abantu batari bake nawe nyene arimwo.

wo kuri uwo mutumba nyene nawe nyene aremeza ko ayo makuru ari yo. Asigura ko izo mbwa zamuriye agiye kw'ishure i Bwoga avuye kwa Inakuru i Rukoba. Asigura ko uwo munsi batigeze bamenya ivyabaye, bibaza ko yagiye kw'ishure nyina ararindira ko ataha arabura, bukeye ngo nyina yararondeje arabura baraheza bagira iciyumviro co kuja kurondera muri iryo shamba ko atariwe n'imbwa maze baraheza batora impuzu yari yambaye, mu nyuma naho batora mutwe nk'uwuja kw'ibuka. Ati : "Umutwe wiwe barawuzanye barawutwereka aho kwa Inakuru. Bamuhamvye umutwe wonyene ku munsi wa Kane w'indwi iheze".

nawe nyene asaba ko izo mbwa zohigwa zikicwa kuko ngo n'abandi zishobora kubarya na rirya ngo zigenda mu bigwi aho ari nke usanga ngo ari nka 5. Aremeza ko nawe nyene zamuhakije kumurya agiye guca ibihunda, ko yakingiwe n'uko yazibonye zikiri kure agaca yiruka. Yemeza ko hari n'uwundi mukenyezi zakubaguye ariko ko yakijijwe n'isuka yari afise aca arazikubita.

nawe nyene aremeza ayo makuru. Asigura ko uwo mwana imbwa zariye ari umwishwa w'umugabo wiwe (umwana wa mushiki w'umugabo wiwe). Sabushimike ati : "Imbwa zaramuriye kweli ziramumara, si igihuha". Asigura ko nyina w'uwo mwana inyuma yo kubona umwana adatashe yaje kubaza nyina wiwe ariwe Inakuru w'uwo mwana ko ataraye iwe nawe aramuhakanira araheza arataha ariko ko bukeye baciye batangura kwihereza amashamba kugira barabe ko batotora basi ikiziga. Ngo bakaba batoye impuzu yari yambaye n'udukandambiri ariko ko haciye imisi 2 ariho babona imbwa nyinshi ziriko zirafyeta umutwe w'uwo mwana baca barazitesha baca batora wa mutwe bawujana kwa Inakuru. Asigura ko abajejwe intwaro bahash*tse hanyuma batanga uruhusha rwo kumufubana iteka aho yahambwe ku munsi wa Kane.

aremeza ko izo mbwa baguma bazibona. Nawe nyene abona ko hoba isekeza ryo kuzihiga zikicwa kugira ntizirye abandi. Akaba afise amakenga ko zishobora gutegera n'abana bavuye kw'ishure zikabarya kuko ngo ni nini kandi zigenda mu kigwi ari nyinshi.

N'ubwo uwurongoye umutumba wa atashimye kugira ico ashikirije kuri ayo makuru, Umukuru wa zone aremeza nawe nyene ko uwo mwana yariwe n'imbwa. Asigura ko n'abenegihugu bo ku mitumba ya na bamaze kumumenyesha ko bamaze kubona imbwa ziyerereza. Ku bwiwe ngo ikibazo c'izo mbwa barakizi kandi bari ku kivi kugira zituzwe. Akaba asaba abenegihugu batunze imbwa kuzizirika kandi ko imbwa yose yiyerereza yokwicwa.


Agence Burundaise de Presse

  Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yatanguje umwaka w'uburimyi ku gihe c'agatasi, kuri uyu wa 27 Gitugutu. Ico gi...
27/10/2025

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yatanguje umwaka w'uburimyi ku gihe c'agatasi, kuri uyu wa 27 Gitugutu. Ico gikorwa cabereye ku mutumba , zone , Komine mu ntara ya . Imbere yuko atanguza umwaka w'uburimyi, Umukuru w'igihugu yabanje gusengera imbuto z'ibiraya.

Izo mbuto baciye bazitera mu murima uri ku mutumba ufise uburinganire bwa hegitari 1,5. Ico gikorwa kirangiye, Umukuru w'igihugu yaciye aha impanuro abenegihugu. Yamenyesheje ko Imana yaremye umuntu ngo ahingure isi. Yaba uwize canke uwutize ategerezwa gukora ico yaremeye.

Umukuru w'igihugu yamenyesheje kandi ko uyu mwaka ari uwa mbere wo gushira mu ngiro imbonakazoza. Gutyo rero, umwe wese, atumirirwa kugwana n'ikibazo c'inzara, ivyatsi bitaribwa babihinguremwo ibiribwa. Yarangije agira ati : "Turi mu rugendo rugana mu gihugu giteye imbere ariko kugira tubishikeko ni ugukora n'inguvu zose".


Agence Burundaise de Presse

  Abarimyi b'ipampa bo mu makomine ya   na  , mu ntara ya   basaba Reta ko yobadugiriza igiciro ku kiro c'ipampa.Abayaze...
27/10/2025

Abarimyi b'ipampa bo mu makomine ya na , mu ntara ya basaba Reta ko yobadugiriza igiciro ku kiro c'ipampa.

Abayaze n'itororokanirizo ry'amakuru mu Burundi bipfuza ko ikiro c'impampa Reta yabaguriye ku mafaranga 1000 umwaka uheze, yokiduza kuri 2000 canke 3000. Ku bwabo, basigura ko ibikorwa vy'ipampa ari vyinshi, kandi bitwara amafaranga menshi. Akarorero, bafatira ku giciro c'impembo y'umukozi wo ku munsi kigeze ku mafaranga 10.000, aho ata myaka iheze umukozi wo mu murima ahembwa amafaranga 3000. Ni mugihe ngo uwukurikirana neza umurima w'ipampa, inyuma y'itera, abagara gatatu, agapompa gatatu, hanyuma akagera gusoroma, igikorwa kimwe cose kigasaba ayo amahera.

na bavuga ko kare bahora batanga ipampa, babandikiye kw'ifishi amahera, vyongeye iryo pampa niryo ryabafasha kurungika abana ku mashure, kuko ryagurwa muri Mukakaro. None uno munsi benshi bazoritanga muri Munyonyo, amahera yo ngo ntibazi igihe bazoyaronkera. Abo barimyi basaba ko amafaranga y'ipampa boyaronswa vuba, kuko ngo bafashe amadeni mu kurungika abana ku mashure.

Uwurongoye ishirahamwe rijejwe ipampa mu karere k'Imbo avuga ko vyose biri mu minwe ya Reta. Ahamagarira ariko abarimyi b'ipampa mu karere k'Imbo, kongereza inguvu zo kurikurikirana, kugira umwimbu waryo wiyongere. Ngo ni mu gihe uno mwaka umwimbu w'ipampa biteze, wagabanutse bagereranije n'umwaka w'imbere, aho baribaronse itoni 1632 ry'ipampa ( coton graine).


Agence Burundaise de Presse

 : Ishure rya   ( ) riri muri zone  , komine   y'intara ya  , ryatunganije, kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 26 Gitugutu...
26/10/2025

: Ishure rya ( ) riri muri zone , komine y'intara ya , ryatunganije, kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 26 Gitugutu 2025, ibirori vyo gutanga impamyabumenyi, impamyabushobozi n'impapuro z'umutsindo ku mikangara irenga 65 irangije ivyirwa vy'inyuma y'ishure shingiro kuri iryo shure.

, umuyobozi w'iryo shure, yamenyesheje ko abarerwa 61 kuri 67 bari barungitswe gukora ikibazo ca Reta (Examen d'Etat) aribo baronse amanota yo kubandanya kaminuza, n'ukuvuga 91,4%. Mu gisata ca 'Bio-Chimie et Science de la Terre', 23 kuri 24 baratoye ikibazo; mu gisata c'ivyigwa bijanye n'imibano (Sciences Sociales et Humaines) 4 kuri 6 baramenye; mu gisata co kuramura abigisha (Pédagogie) 23 kuri 26 baramenye; hamwe no mu gisata c'Ibiharuro-Ibiharuro mfatirwako mw'iterambere ry'igihugu (Maths-Statistiques) 11 bamenye bose, muri bo hakaba harimwo yaronse 150/150 mu cigwa c'ibiharuro.

yashimiye abarezi ku kuntu bitanze kugira uwo mwimbu uboneke; akanabatera intege ngo bakomeze kwitanga kugira bazoshike aho bamenyesha 100 kw'100. Yashimiye kandi abavyeyi b'abana bahiga ku kuntu bakorana. Yaciye agirwako atanga ubushimwe bugizwe n'ibahasha ku banyeshure baronse amanota menshi hamwe n'uwaronse 150/150 mu biharuro, ku barezi no ku baserukira abavyeyi. Eka n'abafashe amajambo bose bakeje umuyobozi w'iryo shure ngo kuko yicisha bugufi kandi bakorana neza mu muco ku neza y'abanyeshure.

Uwo muyobozi yasavye abo baronse impapuro z'umutsindo kubandanya amashure bagere kure hashoboka bazoje no kunonosora mu makungu ngo kuko igihugu kirakeneye intererano zabo mw'ishirwa mu ngiro ry'imbonakazoza ya 2040 na 2060.

Mwomenya ko iryo shure ubu ryigako abanyeshure baba mu buraro bwaryo bagera kuri 653 hamwe n'abagera kuri 40 bo mu gisata c'ivyigwa bijanye c'imibano b**a bataha. asaba Reta kubashigikira kugira abanyeshure bose baze bariga baba aho nyene maze baronke umwimbu mwiza.

  Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe bifadikanije kuri uyu w'Imana Igenekerezo rya 2...
26/10/2025

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe bifadikanije kuri uyu w'Imana Igenekerezo rya 26 Gitugutu 2025 n'abakristu bo muri Paruwase yo muri komi'e muri Diyoseze nkuru ya mu nkuka ya misa.

Umukuru w'igihugu akaba yasavye Abarundi kubandanya bagira ubumwe bongere babutsimbataze mu kubandanya urugendo rwo kwubaka igihugu. Yabasavye kandi kureka kwidodomba ahubwo bakomeze kugwanya ukugwanya ubukene mu gukora kugira bose bagane imbonakazoza. Ati : " Umwenegihugu wese nakore ibiteza imbere igihugu, ha kuguma yidodomba".

Patiri akaba yashimiye Umukuru w'igihugu ku bikorwa vyiza akora vyo gushigikirana no kwigisha inzira nyayo abenegihugu bakwiye gufata kugira bashike kw'iterambere rirama. Akaba yasavye abakristu, yishimikije ijambo ry'Imana ryavuye muri Luka 18:9-14, gusenga mu kuri imbere y'Imana n'abantu bicishije bugufi kuko Imana bituma ibishura bakanagabana kuko ngo igisabisho c'umworo kirumvirwa kandi kiratobora ijuru. Akaba yabahamagariye kandi gukora ibikorwa vyiza mu mibereho yabo.


Agence Burundaise de Presse

  Inyigisho zo gutsimbataza amahoro n'ikibano ciza zikwiye gutsimbatazwa mu rwaruka maze zikarubera inzira y'iterambere....
26/10/2025

Inyigisho zo gutsimbataza amahoro n'ikibano ciza zikwiye gutsimbatazwa mu rwaruka maze zikarubera inzira y'iterambere.

Ivyo vyashikirijwe, ku munsi wa Kane na patiri mukuru wa paruwase mu kiyago gishimikiye mu gutsimbataza amahoro n'ikibano ciza ikigo muvyo kijejwe harimwo ugukinga amatati categuye ku murwa mukuru w'iyo ntara ku rwaruka rwo mu migambwe itandukanye, indongozi mu mashengero, n'ahandi.

Rumwe mu rwaruka ruturuka mu migambwe itandukanye ng'aho mu ntara ya , rwashinze intahe rwemanga ko ivyarutandukanya mu myaka iheze bifatiye kuri poritike vyarangiye, ubu rukemeza ko rwahujwe n'amakoperative rusanzwe ruhurikiyemwo.

Ingendo nk'iyo rero n'iyo gushigikira na cane cane ko igihugu cihaye ihangiro ryo gutera imbere. Aha yaserukiye umugambwe Cndd-Fdd aho i agasigura avuga ko umu CNL canke uwundi munywanyi w'umugambwe kanaka iyo ateye ivoka canke agakora ibindi bikorwa vy'iterambere, bidasoromwa n'umu CNDD-FDD canke Umuporona, ahubwo ko bimugirira akamaro n'umuryango wiwe igihugu naco nyene kigashikirwa, arico gituma atakwikumira mw'iterambere.

Ni mu gihe patiri mukuru wa paruwase we abona ko inyigisho nk'izo zotsimbatazwa. Ku bwiwe, kahise k'igihugu abantu bogakuramwo icirwa kibashikana mw'iterambere aho abahamagarira kwishimikiza ijambo ry'Imana mu guhinduka na rirya igihugu co nyene cashize Imana imbere.

Mu gihe rero ngo hokwaduka amatati, umuyobozi muvyo ajejwe harimwo intwaro mu biro kwa Buramatari w'iyo ntara ahamagarira abenegihugu kwama bitura indongozi aho baherereye mu kubahuza batitaye ku vy'imigambwe basanzwe barimwo, kuko, nk'uko yabisiguye, uwo wese yatowe abwirizwa gutunganiriza bose.


Agence Burundaise de Presse

Address

Burundi/Bujumbura/Q. Asiatique
Bujumbura
2870

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Agence Burundaise de Presse posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Agence Burundaise de Presse:

Share