31/10/2025
Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe yifadikanije n'abagumyabanga b'i mu masengesho arangiza ukwezi kwa Gitugutu 2025. Ayo masengesho yari ashimikiye ku civugo: "Incungu z'Uburundi ntizatinya urukamvye, natwe nta mpamvu iriho yodutesha urugamba rwo kwubaka igihugu".
Umukuru w'igihugu yahamagariye abenegihugu gukora cane kugira hatuzwe ubukene ngo kuko ata mworo azoja mw'ijuru. Aha akaba yisunze ijambo ry'Imana rivuga ngo:"nari shonje ntiwangaburira, nari nyotewe ntiwampa ivyo nywa,...". Ngo none umworo yoronka ivyo atanga abikuye hehe adakoze?
Yagabishije umuntu wese yitamboka imbere y'umugambi w'interambere w'igihugu ko atazihanganirwa. Umukuru w'igihugu yavuze ko mu rugendo rw'iterambere ari kugira umutima wemera kandi wihangana.
Yamenyesheje kandi abenegihugu ko Umukuru w'igihugu ari umurundi, ari co gituma aho ageze hose aba ari iwabo, ari co gituma ngo agiye kwubaka ikirimba muri komine Nyanza impande y'ikiyaga Tanganyika nkuko hari ibirimba mu yindi mihingo nka Muyinga, Gitega n'ahandi.
Mwomenya ko ayo masengesho yabereye ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Nyanza; yitabwe n'izindi ndongozi zitandukanye z'igihugu, harimwo Umunyamabanga Mukuru akaba n'Umuvugizi wa Reta y'Uburundi, Abashingamateka n'Abakenguzamateka batowe mu ntara ya Burunga, Buramatari w'intara ya Burunga, n'abandi.
Agence Burundaise de Presse