Burundi vers pays très prospère

Burundi vers pays très prospère "🇧🇮 Suivez l’élan d’un nouveau ! Infos, initiatives & actions pour un avenir prospère, uni et sécurisé. "

IMPANURO: URUGO NI ISHURE RIKOMEYE RY'UBUYOBOZIMu mateka y’Abarundi, ntivyari bisanzwe kubona umuntu aronka ibisata vy’u...
08/11/2025

IMPANURO: URUGO NI ISHURE RIKOMEYE RY'UBUYOBOZI

Mu mateka y’Abarundi, ntivyari bisanzwe kubona umuntu aronka ibisata vy’ubuyobozi adafise urugo.
Ivyo si ku bw'ubwibone, ariko ni uko urugo rwama rufatwa nk’ishure ryo kwigiramwo uburongozi.
Iyo umuntu afise urugo, arahigira:

- Ukuntu atunganya ubuzima bw’abandi,
- Ukuntu atahura abamukikije,
- Ukuntu atanga impanuro zibereye,
- Ukuntu ashinga imirimo agatanga n’akarorero,
- Ukuntu yitangira abandi.
- Ukuntu ategura ejo h'imbonakazoza y'umuryango,
- Ukuntu atanga amategeko n'ishigwamungiro yayo
- ....

Nk’uko Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Général Major Evariste Ndayishimiye , aheruka kubishimangira, gukebura ubuyobozi bw’igihugu utabashije no gutunganya neza urugo, birerekana intege nke zitari nke.

Kuvuga ngo urakebura urwego rukomeye nka Présidence - République du Burundi , kandi urugo rwawe ata na rumwe rwigeze ruhagarara, ni nko kurondera gukosora inzu ituzuye wibagiye gushirako fondasiyo.

arongoye arenza imyaka 54 aho yavutse muri 1970 atarigera abona icitwa umugore, uwo mukebuzi yagiye ariyitirira kuba “Uwataho yegamiye mu vya politike” naho shwi ni igifyoti kitigeze gitwara n’umuryango w’abantu 3 gusa, ategerezwa kwitahura.

Birakwiye ko twubaha inzego z’igihugu, tukirinda gukebura bigoye abandi, canke kuvuga vyinshi tudafise vyinshi twishikanyeko.

Kuko urugo rukunaniye, igihugu nticogenda neza mu maboko yawe.

Umugabo ataco ategura, nta na kimwe atunganya.
Umuntu adatahura ingene abana barya, ntatahura ingene igihugu gitunganywa.

Ni co gituma Umukuru w’Igihugu yamubwiye ijambo rikomeye, ariko rifise isomo rikwiye: ni ukurondera kubanza kuba intwari muri bitoyi, kugira ubone uburenganzira bwo kuvuga ivy’igihugu.

Twese hamwe, duhagurukire kwubaha urugo, duhe agaciro ubuyobozi, twubake igihugu cacu twitondeye indero n’ishure ry’umuryango.

Uburundi bwacu bugire amahoro n’iterambere.

’igihugu


Burundi vers pays très prospère Chimamanda Moses Rosetta nkina nkebura Eric Nyandwi Nininahazwe Pacifique

Kur'uyu wa kane igenekerezo rya 6 Munyonyo 2025, igihugu ca Maroc cahimbaje isabukuru y'imyaka 50 y'urugendo rw'amahoro(...
07/11/2025

Kur'uyu wa kane igenekerezo rya 6 Munyonyo 2025, igihugu ca Maroc cahimbaje isabukuru y'imyaka 50 y'urugendo rw'amahoro( 50eme anniversaire de la glorieuse marche verte) rwatunganijwe mu mwaka wa 1975.

Kuganira no kurabira hamwe n'abamenyeshamakuru ireresi yerekana ingene ubwami bwa Maroc bwatanguje urugendo rw'amahoro rwabaye mu mwaka wa 1975 rwagenze, biri mu vyaranze isabukuru rigira 50 y'ubwami bwa Maroc yabereye I Buja.

Abdelouahhab Makhtari ajejwe igisata c'ibikorwa mu buserukizi bw'ubwami bwa Maroc mu Burundi amenyesha ko urwo rugendo rw'amahoro rwo mu 1975 ico bise marche verte mu rurimi rw'igifaransa rwatumye haba ugushiraho amasezerano y'amahoro hamwe n'abanyaespagne no gushimangira ubwigenge bw'ubwami bwa Maroc.

Ngo ubwami bwa Maroc bukaba buriko buratera imbere mu buryo buboneka muvy'ubutunzi , mu nyubako za kijambere no mu bisata bitandukanye bigize ubwami bwa Maroc.

Mwomenya ko ubwami bwa Maroc rero buterera no mw'iterambere ry'uburundi mubisata vy'indero n'ibindi bitandukanye bigize ubuzima bw'igihugu .

🇲🇦 الاحتفال بخمسين عامًا من المسيرة الخضراء المجيدة في  #بوجمبورا: إحياءً لذكرى انتفاضة وطنية لا تُنسى 🇧🇮يوم الخميس، 6 ن...
07/11/2025

🇲🇦 الاحتفال بخمسين عامًا من المسيرة الخضراء المجيدة في #بوجمبورا: إحياءً لذكرى انتفاضة وطنية لا تُنسى 🇧🇮

يوم الخميس، 6 نوفمبر 2025، استضافت سفارة المملكة المغربية في بوروندي () عرضًا لفيلم وثائقي مؤثر يروي مسيرة المسيرة الخضراء المجيدة، بمناسبة الذكرى الخمسين لانطلاقها.

🕊️ تذكير بمنعطف سلمي

أشار رئيس البعثة الدبلوماسية المغربية في #بوروندي، الدكتور عبد الوهاب مختاري، إلى أنه في 6 نوفمبر 1975، سار 350 ألف متطوع مغربي، بقيادة الملك الحسن الثاني، سلميًا نحو الصحراء المغربية لتأكيد سيادة المغرب، مسلحين فقط بالقرآن الكريم والعلم الوطني.

⚖️ ملحمة سياسية ودبلوماسية

من اعتراف محكمة العدل الدولية بالروابط التاريخية عام ١٩٧٥، إلى قرار مجلس الأمن الدولي رقم ٢٧٩٧ (٣١ أكتوبر ٢٠٢٥)، الداعم لخطة الحكم الذاتي المغربية، حوّل المغرب هذه المسيرة إلى انتصار دبلوماسي كبير.

🌍 دعم أفريقي ودولي

يُظهر افتتاح أكثر من ٣٠ قنصلية أفريقية في العيون والداخلة، بما في ذلك القنصلية البوروندية التي افتُتحت عام ٢٠٢٠، الدعم القاري الواسع لخطة الحكم الذاتي للمملكة، التي تُعتبر الآن الحل الأكثر مصداقية واستدامة لنزاع الصحراء الغربية.

💫 رمز للوحدة والأمل

بعد خمسين عامًا، لا تزال المسيرة الخضراء رمزًا للسلام والوحدة الوطنية والولاء للعرش، ولا تزال تُلهم أجيالًا من المغاربة والأفارقة في سعيهم نحو السيادة والاستقرار.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'uburundi Burundi1stlady  asanzwe arongoye ikigo "fondation bonne action Umugiraneza"...
04/11/2025

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'uburundi Burundi1stlady asanzwe arongoye ikigo "fondation bonne action Umugiraneza", yafashe urugendo kuri uyu wa 4 Munyonyo 2025 , yerekeza igihugu c'ubuhindi, akaba agiye mu nama yo guhanahana ivyiyunviro k'ubuvuzi bushimikiye kw'irondoka rijanye n'amagara meza, Angéline Ndayishimiye akazogendera ahari ibitaro bijejwe ico gikorwa hamwe no mukigo gikoregwamwo ubushakashatsi citwa "Calicut"caho murii co gihugu.
NellyNat Burundi Simbizi Wa Semavumba Présidence - République du Burundi

04/11/2025

  :Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye  yafashe rutemikirere imushikana mu Gihugu ca   mu gatondo ko kuri uwu wa 3 m...
03/11/2025

:Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe rutemikirere imushikana mu Gihugu ca mu gatondo ko kuri uwu wa 3 munyonyo 2025, aho agiye mu birori vyo kwimika umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan aheruka gutsinda amatora

Présidence - République du Burundi Simbizi Wa Semavumba NellyNat Burundi Burundi1stlady

⭕️MURI IZI INDIRIMBO ZASAJIJE ABANTU MURI 2025 ZIKAGERA MU GICE CA 2 GISHIRA ICA NYUMA MW’IHIGANWA «SUPER BEAT AWARD» SA...
02/11/2025

⭕️MURI IZI INDIRIMBO ZASAJIJE ABANTU MURI 2025 ZIKAGERA MU GICE CA 2 GISHIRA ICA NYUMA MW’IHIGANWA «SUPER BEAT AWARD» SAKARA NA SUPERBAT, NI IYAHE WOHA AMAHIRWE?

1. AHA NIHE YA KIRIKOU AKILI
2. BIBA BIPFUYE YA EL PRO, B-FACE, D-ONE NA LINO-G
3. CUTAMBA YA D-ONE FT. MICO THE BEST
4. GANGSTER YA MELODICA SD
5. HOZANA YA ADRICK AKIM Ft. ADRICK AKIM
6. I DO BY SAMMY MELODY
7. KOMSA YA SIJI
8. KU KANYUMA YA MADIBA DA CLASSIC
9. KURUTARE YA ALVELLA MUHIMBARE
10. MATATA YA MASTERLAND
11. MI VIDA YA WIZ DESIGN
12. NAWE YA ESTHER NISH
13. NIWEWE YA YANICK UTTAR
14. NTAGASO YA DOUBLE JAY, KIRIKOU AKILI NA B-FACE
15. PAPA YA VICTORIOUS TEAM
16. SAMBOLELA YA DRAMA T
17. SELAVI BY LINO-G FT. MONIA FLEUR
18. TAKEN YA GYNA GYNELLA
19. UMUTIMA YA YM MUZIK
20. VAS-Y YA VANIA ICE

🎯Mu gutora, nyobanyoba kuri page Facebook ya SUPERBAT BURUNDI, urabe video y’ururirimbo ukunda, uheze uyisangize abandi benshi. Ca kuri uyu mugozi👇👇:
https://www.facebook.com/share/1Coj3CLs3e/

🚗Agashimwe gakuru ni imodokari y’isugi, amasezerano yo guserukira SUPERBAT umwaka wose hamwe n’amabahasha ku bazoshika mu gice ca nyuma.




Simbizi Wa Semavumba NellyNat Burundi Kirikou Enterage Kirikou akili Burundi vers pays très prospère Mr. Tubane Neza

Ntibikiri ibanga, nubwo bakinda bagaramwe, Umukuru w’igihugu yahora ayobora Tanzaniya asubiye kwizerwa kugitwara.Wawundi...
01/11/2025

Ntibikiri ibanga, nubwo bakinda bagaramwe, Umukuru w’igihugu yahora ayobora Tanzaniya asubiye kwizerwa kugitwara.

Wawundi ati ntawubuza imbwa kubweja kuko biri muri kamere kazo, uwabize yabivuze neza.

Nyenicubahiro umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yamaze gukeza mugenziwe nyuma yo gutahukana intsinzi mu matora y’Umukuru w’Igihugu ca Tanzania 🇹🇿 ✊🏿

Akarere gahagaze bwuma.
Amahoro tuyashigikire tugwanye icoyahungabanya

31/10/2025

Indongozi nziza ni iyikunda igihugu kndi akakivuga hose aho ageze hose.

Imbwa kubweja ni kamere kazo....
Ukubweja kw'imbwa ntikubuza umuntu gukora

Tega amatwi impanuro zuyu mukozi wImana
#𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶 Chimamanda Moses Eric Nyandwi Nininahazwe Pacifique

IMPANURO KU BANA B’UBURUNDI BABA MU MAKUNGU: NI VYIZA KUGAYA, ARIKO VYIZA KURUTA NI UKWUBAKABavukanyi bacu baba mu mahan...
30/10/2025

IMPANURO KU BANA B’UBURUNDI BABA MU MAKUNGU: NI VYIZA KUGAYA, ARIKO VYIZA KURUTA NI UKWUBAKA

Bavukanyi bacu baba mu mahanga nka Nininahazwe Pacifique Chimamanda Moses , Rosetta nkina nkebura n’abandi:

Ntidushoboye kubuza umuntu kugira ico avuga, ariko turashoboye kubaza ico aherako avuze.
Igihe umuntu afise uburenganzira bwo kwiyumvira, arabwirizwa kandi gutahura ingaruka z’ivyo avuga, aho cane cane abivugira ku mbuga nkoranyambaga zisomwa n’amahanga yose.

🙆‍♂️Kwama uvuga nabi igihugu cawe ni ukwica icizigiro c’abagikeneye.

Mu myaka 20 iheze, kuva CNDD-FDD ifashe ubutegetsi, hari aho tugeze.
Abazi aho twavuye barabibona. Abavyibagiye tubibutse:

- Amahoro:
Ubu ntiturima ijoro, ntidutera ijoro, ntitubagara ijoro, mbere ntitunasarura ijoro kugira twikingire amasasu.

- Umutekano:
Ubu turaryama tugasinzira, abana bacu bariga amahoro, turavyara ataco twinona, ntitukirarana ubwoba.

- Ubuzima:
Abana ntibakirwara indwara zidasobanutse ziva kw'isuku rike mbere ubu bavurwa ku buntu

- Intwaro rusangi:
Igisirikare n’igiporisi ubu ni vy’abana b’igihugu bose, ntibikiri ivy’abo mu ntara kanaka canke ubwoko kanaka.

- Iterambere: Inyubako zirimwo ibitaro, amashure, amabarabara, amatara n’amazi meza, vvyarabonetse kubwinshi.

☝️👏🫵None mwibaza ko ivyo vyose vyakozwe na nde?

Ni abarundi ubwabo, bayobowe n’intwaro ya CNDD-FDD. Si uko vyagenze neza ku rugero 100%, ariko harakozwe ibiboneka, kandi biguma vyiyongera.

🫵✅Kuvuga nabi igihugu utari muri bwo si ubuhinga bwo kugikunda.
Ugukebura neza urimwo, urashobora ku gihindura. Ariko kukigaya uri kure, uvuga amajambo y’umwikomo, ugaha amajwi abansi baco, si ubutwari.

🙏👇Impanuro:


1. Nimukunde igihugu cabibarutse.
Umwana agaya umuvyeyi wiwe ku mugaragaro aba yisuzuguje ubwiwe.

2. Nimuvuge ivyubaka, mwifashishe amakuru y’ukuri.
Gutuka igihugu ni ukurwanira abatagishaka.

3. Nimwifatanije n’abandi mu guteza imbere igihugu.
Imvugo mbi ntizokwubaka ibitaro canke amashure.

👏👏Twese turashima Imana kuko twavuye kure.
Twarabohowe mu vyiyumviro, mu mutekano no mu buzima. Ibi vyose birakwiye gushimwa, ahubwo twongere tugire ico dufashije kugira Burundi buronke ico bukeneye.

🤏Nimube intumwa z’amahoro, ivyiza n’iterambere, aho muri hose.

Uburundi ntibwubakwa n’amajambo y’amagume, bwubakwa n’imitima ikunda.

✅🫵👏 Nimuze twubake.

Eric Nyandwi Burundi vers pays très prospère NellyNat Burundi Simbizi Wa Semavumba Mr. Tubane Neza Cndd-Fdd

"Ukunda Igihugu cawe? Reka Kugityoza, Tangura Ucishamwo Ico Cagukoreye"Mu buzima bw’igihugu, nk'uko no mu buzima bw'umun...
29/10/2025

"Ukunda Igihugu cawe? Reka Kugityoza, Tangura Ucishamwo Ico Cagukoreye"

Mu buzima bw’igihugu, nk'uko no mu buzima bw'umuntu, ntaco cose kigenda nk’inyuma y’urugero. Ariko ukuri kuguma ari uko igihugu ni co kimenyetso cacu ca mbere, aho twavukiye, aho amaraso yacu afise imizi, kandi aho dufise uburenganzira buruta ahandi hose kw’isi.

Nico gituma, umwana w’Igihugu – yaba ari mu gihugu canke hanze yaco – yokwibaza ati: "Nkunda gute igihugu canje?" Nkunda gute aho navukiye, abavukanyi banje, amateka yanje, umuco wanje?

Turashima abarundi baba mu mahanga benshi baguma barangwa n’iteka ry’igihugu, bagashigikira ivyiza vyaco, bagakora ibishoboka vyose kugira Uburundi butere imbere – mu bikorwa canke mu majambo.

Ariko turabona hari abandi, nka Nininahazwe Pacifique Rosetta nkina nkebura Chimamanda Moses Eric Nyandwi,... bavuga ivy’igihugu cacu gusa mu ndinganizo mbi, bakaraba ibintu n’amaso atava ku kibi gusa. Ntibavuga amahoro arangwa mu gihugu, ntibavuga umutekano abarundi bose bishimira, ntibavuga ibikorwa vy’iterambere biri hirya no hino: amabarabara, inyubako z’amagara y’abantu, amashure, amahoteri, amashirahamwe y’urwaruka n’abakenyezi, imigambi y’iterambere n’ishirwa mu ngiro rya Vision 2040–2060.

Ntibavuga ukuntu abenegihugu bakorana n’indongozi zabo mu mwidegemvyo, mu biganiro, mu bikorwa rusangi n’inyigisho zubaka.

Ukunda igihugu ni ukurangura ico ushoboye kugira utere akoyoko kiza. Si ukurondera amajwi canke ishimwe mu gutyoza igihugu cawe ku mbuga ngurukanabumenyi.

Turakeje abarundi baba mu gihugu no hanze yaco baguma bamenya ko iciza c’Uburundi ari co ciza cacu twese, kandi ko ico dukora ni co kizotuma ejo hacu haba heza.

Uburundi burakomeye, burateye imbere, buratunze kandi bufise intumbero. Ukububona uhereye kure si co kukumenya.

🏛️ Gukunda igihugu si ugushimagiza abasambura ubutegetsi bwemewe: Inyishu ku mvugo za Chimamanda Moses Mu gihe ku rubuga...
28/10/2025

🏛️ Gukunda igihugu si ugushimagiza abasambura ubutegetsi bwemewe: Inyishu ku mvugo za Chimamanda Moses

Mu gihe ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Chimamanda Moses abandanya ashimagiza ibikorwa vy’uruhande rwa M23 mu bice yafashe muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC), avuga ko bashoboye gutanga amatara, amazi n’ukwemerera abanyagihugu gukora amasaha yose, agereranya ivyo bikorwa n’ukubura ubushobozi kwa Reta ya RDC mu myaka irenga 70. Ntivyahereyeko, yaciye yerekeza urutoke n’u , avuga ko n’iyo imaze imyaka 20 ku butegetsi, itarabishikako.

Ariko muga, iyo mvugo irimwo ukuri?

🎯 Ivy’ukuri ku bikorwa vya Reta ya RDC

Ku bantu bashobora kubona kure, birasanzwe ko mu bihe vy’intambara n’umutekano muke, Reta ihura n’ibibazo vyinshi. Ariko ntiwovuga ko ata na kimwe yakoze mu myaka 70.

- Reta ya RDC iriko irubaka ibikorwa remezo vyo kwiteza imbere nk’amabarabara, amashure, ibitaro, n’ugushigikira amasoko yigenga.
- Ubutegetsi bwa Tshisekedi bwatanguje intumbero nshasha y’uguteza imbere intara za kure biciye mu mishinga nk'“Initiative Présidentielle pour le Développement Local”.

Ibikorwa navyo vyerekana ko CNDD-FDD atari umugambwe w’amajambo gusa ni vyinshi, kandi iterambere rirama ririko rirumvikana mu buzima bwa misi yose bw’umurundi.

🚫 Gushimagiza imihari y’iterabwoba si wo mugambi w’ukuri

Ahandi hose kw’isi, imihari yitwaje ibirwanisho ifata igice c’igihugu si “abasuku b’iterambere”, ahubwo ni abagomba gusambura igihugu no kwigarurira amatungo yaco biciye mu nzira zitemewe n’amategeko.
Kuvuga ko M23 ikora ivyiza gusumba Reta ya RDC, ni ugupfovya igikorwa cabo ca kinyarucari.

🛡️ Intumbero y’u Burundi ni iyo guteza imbere abenegihugu

Ubutumwa bukomeye bushikirizwa na Reta y’u Burundi ni uko iterambere rirama rishingiye ku mahoro, ubutungane, ukwiyumvamwo igihugu no gukorera hamwe.
CNDD-FDD yagarukanye ituze mu gihugu, irashigikira umutekano, uburezi, amagara y’abantu, n’iterambere ry’abakenyezi n’urwaruka.

Nico gituma guca intege ibikorwa vy’igihugu gishingiye ku ntwaro y’abanyagihugu bifise aho bish*tse.
Aho gutyo, Chimamanda Moses yokwiye gushigikira imigambi yubaka aho gukwiza ivyiyumviro bidafise ishingiro, bishobora gusambura ibihugu vyacu vy’Afrika.
- Hamwe hari aho M23 yashize amatara, twibuke ko izo n’ishirahamwe zifise inyungu zabo zishingiye ku bucuruzi canke ku bikorwa vyo guhuma amaso, ntibisubirira ibikorwa vyemewe vy’Igihugu.

Ibituruka ku bikorwa vya M23 si ivy'iterambere rirama. Gufata agace ka Reta mu buryo butemewe n’amategeko, gutera ubwoba abanyagihugu no kubangamira umutekano si intambuko z’iterambere, ahubwo ni inzira z’ugusambura igihugu.

🇧🇮 Iterambere ry’u Burundi riri mu ntoke z’abavyipfuza

Mu Burundi naho, aho Chimamanda Moses avuga ko “ Cndd-Fdd itigeze itunganiriza abenegihugu”, ivy’ukuri birivugira:

- Ubwigenge bw’ifungurwa: Reta yashize imbere imigambi y’uburimyi no gukingira ibidukikije nka ’“Ewe Burundi Urambaye” hamwe n’ugutanga imbuto ku barimyi kugira igihugu kihagije mu biribwa.
- Ubuvuzi: Ibitaro vya Komine vyarubatswe hirya no hino, hamwe n’ubushikiranganji bw’ubuzima bushiraho amavuriro y’ibanze hafi y’abanyagihugu.
- Uburezi: Imigambi nk’“École pour Tous” yatumye abana benshi b’abakene bashobora kwiga, kandi amashure menshi ya reta n’ayigenga yarubatswe.
- Umuyagankuba: Imigambi nk’ubwubatsi bw’ingomero za Jiji na Mulembwe, hamwe no gushira amatara mu bisagara bikuru biriko birarangurwa. Mbere Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye aheruka kurivumera ko centres zose zigiye kuroswa amatara ku buryo abarundi bose biteza imbere bakoresheje uyo muyagankuba.

Uburundi bwarahinduye isura, buriko burubaka, si ngombwa ko bushimagizwa n’ibirundirundi, abanyamahanga canke imitwe irwana, ahubwo n’abarundi ubwabo barabibona, barabikora, kandi barabikenguruka.
Iterambere ntiryizana mu ntoke z’imbunda, riza biciye mu gukunda igihugu.

Mumubwiye iki?

Eric Nyandwi Mr. Tubane Neza

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burundi vers pays très prospère posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Burundi vers pays très prospère:

Share