08/11/2025
IMPANURO: URUGO NI ISHURE RIKOMEYE RY'UBUYOBOZI
Mu mateka y’Abarundi, ntivyari bisanzwe kubona umuntu aronka ibisata vy’ubuyobozi adafise urugo.
Ivyo si ku bw'ubwibone, ariko ni uko urugo rwama rufatwa nk’ishure ryo kwigiramwo uburongozi.
Iyo umuntu afise urugo, arahigira:
- Ukuntu atunganya ubuzima bw’abandi,
- Ukuntu atahura abamukikije,
- Ukuntu atanga impanuro zibereye,
- Ukuntu ashinga imirimo agatanga n’akarorero,
- Ukuntu yitangira abandi.
- Ukuntu ategura ejo h'imbonakazoza y'umuryango,
- Ukuntu atanga amategeko n'ishigwamungiro yayo
- ....
Nk’uko Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Général Major Evariste Ndayishimiye , aheruka kubishimangira, gukebura ubuyobozi bw’igihugu utabashije no gutunganya neza urugo, birerekana intege nke zitari nke.
Kuvuga ngo urakebura urwego rukomeye nka Présidence - République du Burundi , kandi urugo rwawe ata na rumwe rwigeze ruhagarara, ni nko kurondera gukosora inzu ituzuye wibagiye gushirako fondasiyo.
arongoye arenza imyaka 54 aho yavutse muri 1970 atarigera abona icitwa umugore, uwo mukebuzi yagiye ariyitirira kuba “Uwataho yegamiye mu vya politike” naho shwi ni igifyoti kitigeze gitwara n’umuryango w’abantu 3 gusa, ategerezwa kwitahura.
Birakwiye ko twubaha inzego z’igihugu, tukirinda gukebura bigoye abandi, canke kuvuga vyinshi tudafise vyinshi twishikanyeko.
Kuko urugo rukunaniye, igihugu nticogenda neza mu maboko yawe.
Umugabo ataco ategura, nta na kimwe atunganya.
Umuntu adatahura ingene abana barya, ntatahura ingene igihugu gitunganywa.
Ni co gituma Umukuru w’Igihugu yamubwiye ijambo rikomeye, ariko rifise isomo rikwiye: ni ukurondera kubanza kuba intwari muri bitoyi, kugira ubone uburenganzira bwo kuvuga ivy’igihugu.
Twese hamwe, duhagurukire kwubaha urugo, duhe agaciro ubuyobozi, twubake igihugu cacu twitondeye indero n’ishure ry’umuryango.
Uburundi bwacu bugire amahoro n’iterambere.
’igihugu
Burundi vers pays très prospère Chimamanda Moses Rosetta nkina nkebura Eric Nyandwi Nininahazwe Pacifique