Umecom Media TV

Umecom Media TV Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Umecom Media TV, Media/News Company, Burundi-Bujumbura, Rohero, Avenue de l'amitié, Rucsa Plaza Bureau G10, Bujumbura.

Sopebu iramesha ko bibujijwe gutonda aho batariko baratanga igitoro.... Vyose mubisoma muri iryo tangazo.
22/12/2025

Sopebu iramesha ko bibujijwe gutonda aho batariko baratanga igitoro.... Vyose mubisoma muri iryo tangazo.



Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afirika ryashize ahabona urutonde rw'abahagarikizi bazohagarikira Inkino z'igikomb...
25/11/2025

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afirika ryashize ahabona urutonde rw'abahagarikizi bazohagarikira Inkino z'igikombe c'ibihugu vy'afirika , CAN Maroc 2025 .Pacifique NDABIHAWENIMANA niwe murundi wenyene ari muri Urwo rutonde.

Mwomenya ko izonkino zizobera mu igihugu ca Maroc mu ukwezi kwa 12 ,kw'uno mwaka







Yitwa nde? Wa mumenye?
23/11/2025

Yitwa nde? Wa mumenye?

Abo bakinyi mubona nibo ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afirika rihejeje gushira ahabona bazorwanira agashimwe k'u...
22/10/2025

Abo bakinyi mubona nibo ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afirika rihejeje gushira ahabona bazorwanira agashimwe k'umukinyi w'umwaka wa 2025 w'Afrika.

Kubwawe musomyi, Ubona arinde azoronswa Ako gashimwe k'umupira w'inzahabu wa Afirika?


Uno musi igihe c'isaha 3 z'ijoro,hariya mu igihugu ca Gabon ,Uburundi buraza gukina urukino rwa nyuma rwo mumatsinda yok...
14/10/2025

Uno musi igihe c'isaha 3 z'ijoro,hariya mu igihugu ca Gabon ,Uburundi buraza gukina urukino rwa nyuma rwo mumatsinda yokurondera itike ryo kuja mu Igikombe c'isi ça 2026 kizobera mu ibihugu vya Amerika, Canada na Mexique. Uburundi buza gukina urwo rukino ataco rwiteze Ariko Gabon yoyo nkahamwe yotsinda urwo rukino Hama Côté d'ivoire igatsindwa na Kenya, Gabon yoca ironka itike yokoja mu Igikombe c'isi yose .






RIP MICHELInkuru iriko iravurwa cane hano mu Burundi, ni inkuru y'umubabaro ijanye n'urupfu rw'umukinyi w'umupira w'amag...
14/10/2025

RIP MICHEL

Inkuru iriko iravurwa cane hano mu Burundi, ni inkuru y'umubabaro ijanye n'urupfu rw'umukinyi w'umupira w'amaguru NGOI NGOSO MICHEL ,yarasanzwe akinira umurwi wa Bumamuru fc,ukina ihiganwa ry'icicaro ca mbere Primus league. Uwo mukinyi akaba yahitanywe n'indwara, inyuma y'imisi yaramaze Arwaye.

Turahejeje umuryango wiwe,umurwi wa Bumamuru fc hamwe n'abakunzi b'umupira w'amaguru muri rusangi.



INYUMA YA ASHRAF HAKIMI ,AKON NAWE UBUTUNZI BWIWE BWANDITSWE KURI NYINATomeka Thiam yahoze ari umugore wa Akon imyaka ha...
14/10/2025

INYUMA YA ASHRAF HAKIMI ,AKON NAWE UBUTUNZI BWIWE BWANDITSWE KURI NYINA

Tomeka Thiam yahoze ari umugore wa Akon imyaka hafi 30 yahuye nurwahuye na Hiba Habouk Uwahoze ari umugore wa Ashraf Hakimi

Tomeka Thiam yasavye gutandukana n'uwo muririmvyi afise amamukwo muri Sénégal agasaba sentare kumusabira imiriyoni 100 z'amadorari kuko nawe yagize ico aterera mw'iterambere mu vy'ubutunzi ry'uwo muririmvyi.

Sentare imaze gusuzuma ubutunzi bwa Akon basanze afise ibihumbi 10 gusa ayandi mafaranga yakekwakwo afise yanditse Kuri nyina amuvyara.

Uruyeri canke ukwicungera? Mukunzi wa UMECOM MEDIA TV ubivuzeko iki?



SIVYO BIG FIZZO NTIYAHURIYE MURI STUDIO NA DIAMONDImwe mu mafoto yahanahanwe murino ndwi ku mbuga ngurukana bumenyi niyi...
13/10/2025

SIVYO BIG FIZZO NTIYAHURIYE MURI STUDIO NA DIAMOND

Imwe mu mafoto yahanahanwe murino ndwi ku mbuga ngurukana bumenyi niyi foto ya Big Fizzo na Diamond wo muri Tanzania Aho benshi bagaruka ku ndirimbo boba bariko barakorana

UMECOM Media twaratohoje ivy'ino sanamu twasanze ari interanteranyo y'amafoto atatu .

Kimwe mu bimenyetso twotanga vyokorohera kubona ni ku maboko ya Big Fizzo i bumoso wegereje urabona ayafashe inyumvishamajwi (écouteur) ndetse n'ayandi ari hejuru yayo ariyo ya Big Fizzo.

Nubwo birukwo mu kiganiro Big Fizzo yakoranye na kimwe mu binyamakuru vyo mugihugu ca Tanzania yamenyesheje kwo mu baririmvyi babiri yifuza gukorana nabo murico gihugu harimwo umuririmvyi Diamond Platinum.





CEDRIC BANGY UYUNDI MURIRIMVYI W'UBURUNDI MU MAHIGANWA MPUZAMAKUNGUMu minsi iheze twarababwiye abaririmvyi babarundi bar...
11/10/2025

CEDRIC BANGY UYUNDI MURIRIMVYI W'UBURUNDI MU MAHIGANWA MPUZAMAKUNGU

Mu minsi iheze twarababwiye abaririmvyi babarundi bari mu mahiganwa mpuzamakungu nka Sat-B na Vania Ice murabo hiyongeyeko umuririmvyi Cédric Bangy agiye guserukira u Burundi mw'ihiganwa rya SICA rigiye kubera mu gihugu ca Guinée équatoriale mu kwezi kwa munyonyo

Tubibutse kandi kwo uwo asanzwe arongoye coopérative des musiciens du Burundi muri Kino gihe asanzwe aririmba indirimbo mpimbazamana Aho ndetse aheruka gutangaza umuzo w'indirimbo arikumwe na Crazy Bright asanzwe arongoye Amical des musiciens du Burundi abari bamaze igiye badacana uwaka bagiye guhurira mu gikorwa kimwe .

Mukunzi wa UMECOM MEDIA TV dufashe kwifuriza itsinzi umuririmvyi Cédric Bangy

Général Alexandre Muyenge ,asanzwe arongoye ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi ahejeje kwizerwa na FIFA Kuko yash...
08/10/2025

Général Alexandre Muyenge ,asanzwe arongoye ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi ahejeje kwizerwa na FIFA Kuko yashizwe mu rwengo rwa FIFA rujejwe gukurikirana ibibuga n'umutekano kw'isi.

Ku urundi ruhande narwo Jacqueline Ndimurukundo ajejwe igisata c'ubuhinga rw'abahagarikizi mu Uburundi,yizewe na FIFA ,atorwa mu rwengo rwabajejwe iterambere ry'umupira w'abigeme kw'isi.

Turabakeje






Abakinyi NIYUKURI Claus na BIZOZA Parfait ntibakibonetse mu Inkino zigiye guhuza Uburundi n'ibihugu vya Kenya na Gabon. ...
06/10/2025

Abakinyi NIYUKURI Claus na BIZOZA Parfait ntibakibonetse mu Inkino zigiye guhuza Uburundi n'ibihugu vya Kenya na Gabon. Bivuye Ku ikibazo c'imvune bagize .
Ivyo bikaba vyatumye umukinyi GAKWAYA Léonard atumwako .Nayo ubundi mu urutonde rwa mbere ntiyarimwo.




Ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi (FFB) rihejeje kumenyesha ko uno musi wa mbere igihe c'isaha imwe y'ijoro haza...
06/10/2025

Ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi (FFB) rihejeje kumenyesha ko uno musi wa mbere igihe c'isaha imwe y'ijoro haza kuba imyimenyerezo z'umurwi nserukirabmgihugu ( Intamba mu Rugamba officiel ) kuri Stade Intwari.Abantu Bose bipfuza kuraba Iyo myimenyerezo barahawe ikaze. Kwinjira ni ku ubuntu .
Mwomenya ko Uburundi buriko buritegurira urukino ruzobuhuza n'igihugu ca Kenya Ku umusi wa 4, igenekerezo rya 9/10/2025, Ku ikibuga ca Stade Intwari.




Address

Burundi-Bujumbura, Rohero, Avenue De L'amitié, Rucsa Plaza Bureau G10
Bujumbura

Telephone

+25779577719

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Umecom Media TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Umecom Media TV:

Share