Umecom Media

Umecom Media Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Umecom Media, Media/News Company, Burundi-Bujumbura, Rohero, Avenue de l'amitié, Rucsa Plaza Bureau G10, Bujumbura.

Abo bakinyi mubona nibo ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afirika rihejeje gushira ahabona bazorwanira agashimwe k'u...
22/10/2025

Abo bakinyi mubona nibo ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afirika rihejeje gushira ahabona bazorwanira agashimwe k'umukinyi w'umwaka wa 2025 w'Afrika.

Kubwawe musomyi, Ubona arinde azoronswa Ako gashimwe k'umupira w'inzahabu wa Afirika?


Uno musi igihe c'isaha 3 z'ijoro,hariya mu igihugu ca Gabon ,Uburundi buraza gukina urukino rwa nyuma rwo mumatsinda yok...
14/10/2025

Uno musi igihe c'isaha 3 z'ijoro,hariya mu igihugu ca Gabon ,Uburundi buraza gukina urukino rwa nyuma rwo mumatsinda yokurondera itike ryo kuja mu Igikombe c'isi ça 2026 kizobera mu ibihugu vya Amerika, Canada na Mexique. Uburundi buza gukina urwo rukino ataco rwiteze Ariko Gabon yoyo nkahamwe yotsinda urwo rukino Hama Côté d'ivoire igatsindwa na Kenya, Gabon yoca ironka itike yokoja mu Igikombe c'isi yose .






RIP MICHELInkuru iriko iravurwa cane hano mu Burundi, ni inkuru y'umubabaro ijanye n'urupfu rw'umukinyi w'umupira w'amag...
14/10/2025

RIP MICHEL

Inkuru iriko iravurwa cane hano mu Burundi, ni inkuru y'umubabaro ijanye n'urupfu rw'umukinyi w'umupira w'amaguru NGOI NGOSO MICHEL ,yarasanzwe akinira umurwi wa Bumamuru fc,ukina ihiganwa ry'icicaro ca mbere Primus league. Uwo mukinyi akaba yahitanywe n'indwara, inyuma y'imisi yaramaze Arwaye.

Turahejeje umuryango wiwe,umurwi wa Bumamuru fc hamwe n'abakunzi b'umupira w'amaguru muri rusangi.



INYUMA YA ASHRAF HAKIMI ,AKON NAWE UBUTUNZI BWIWE BWANDITSWE KURI NYINATomeka Thiam yahoze ari umugore wa Akon imyaka ha...
14/10/2025

INYUMA YA ASHRAF HAKIMI ,AKON NAWE UBUTUNZI BWIWE BWANDITSWE KURI NYINA

Tomeka Thiam yahoze ari umugore wa Akon imyaka hafi 30 yahuye nurwahuye na Hiba Habouk Uwahoze ari umugore wa Ashraf Hakimi

Tomeka Thiam yasavye gutandukana n'uwo muririmvyi afise amamukwo muri Sénégal agasaba sentare kumusabira imiriyoni 100 z'amadorari kuko nawe yagize ico aterera mw'iterambere mu vy'ubutunzi ry'uwo muririmvyi.

Sentare imaze gusuzuma ubutunzi bwa Akon basanze afise ibihumbi 10 gusa ayandi mafaranga yakekwakwo afise yanditse Kuri nyina amuvyara.

Uruyeri canke ukwicungera? Mukunzi wa UMECOM MEDIA TV ubivuzeko iki?



SIVYO BIG FIZZO NTIYAHURIYE MURI STUDIO NA DIAMONDImwe mu mafoto yahanahanwe murino ndwi ku mbuga ngurukana bumenyi niyi...
13/10/2025

SIVYO BIG FIZZO NTIYAHURIYE MURI STUDIO NA DIAMOND

Imwe mu mafoto yahanahanwe murino ndwi ku mbuga ngurukana bumenyi niyi foto ya Big Fizzo na Diamond wo muri Tanzania Aho benshi bagaruka ku ndirimbo boba bariko barakorana

UMECOM Media twaratohoje ivy'ino sanamu twasanze ari interanteranyo y'amafoto atatu .

Kimwe mu bimenyetso twotanga vyokorohera kubona ni ku maboko ya Big Fizzo i bumoso wegereje urabona ayafashe inyumvishamajwi (écouteur) ndetse n'ayandi ari hejuru yayo ariyo ya Big Fizzo.

Nubwo birukwo mu kiganiro Big Fizzo yakoranye na kimwe mu binyamakuru vyo mugihugu ca Tanzania yamenyesheje kwo mu baririmvyi babiri yifuza gukorana nabo murico gihugu harimwo umuririmvyi Diamond Platinum.





CEDRIC BANGY UYUNDI MURIRIMVYI W'UBURUNDI MU MAHIGANWA MPUZAMAKUNGUMu minsi iheze twarababwiye abaririmvyi babarundi bar...
11/10/2025

CEDRIC BANGY UYUNDI MURIRIMVYI W'UBURUNDI MU MAHIGANWA MPUZAMAKUNGU

Mu minsi iheze twarababwiye abaririmvyi babarundi bari mu mahiganwa mpuzamakungu nka Sat-B na Vania Ice murabo hiyongeyeko umuririmvyi Cédric Bangy agiye guserukira u Burundi mw'ihiganwa rya SICA rigiye kubera mu gihugu ca Guinée équatoriale mu kwezi kwa munyonyo

Tubibutse kandi kwo uwo asanzwe arongoye coopérative des musiciens du Burundi muri Kino gihe asanzwe aririmba indirimbo mpimbazamana Aho ndetse aheruka gutangaza umuzo w'indirimbo arikumwe na Crazy Bright asanzwe arongoye Amical des musiciens du Burundi abari bamaze igiye badacana uwaka bagiye guhurira mu gikorwa kimwe .

Mukunzi wa UMECOM MEDIA TV dufashe kwifuriza itsinzi umuririmvyi Cédric Bangy

Général Alexandre Muyenge ,asanzwe arongoye ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi ahejeje kwizerwa na FIFA Kuko yash...
08/10/2025

Général Alexandre Muyenge ,asanzwe arongoye ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi ahejeje kwizerwa na FIFA Kuko yashizwe mu rwengo rwa FIFA rujejwe gukurikirana ibibuga n'umutekano kw'isi.

Ku urundi ruhande narwo Jacqueline Ndimurukundo ajejwe igisata c'ubuhinga rw'abahagarikizi mu Uburundi,yizewe na FIFA ,atorwa mu rwengo rwabajejwe iterambere ry'umupira w'abigeme kw'isi.

Turabakeje






Abakinyi NIYUKURI Claus na BIZOZA Parfait ntibakibonetse mu Inkino zigiye guhuza Uburundi n'ibihugu vya Kenya na Gabon. ...
06/10/2025

Abakinyi NIYUKURI Claus na BIZOZA Parfait ntibakibonetse mu Inkino zigiye guhuza Uburundi n'ibihugu vya Kenya na Gabon. Bivuye Ku ikibazo c'imvune bagize .
Ivyo bikaba vyatumye umukinyi GAKWAYA Léonard atumwako .Nayo ubundi mu urutonde rwa mbere ntiyarimwo.




Ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi (FFB) rihejeje kumenyesha ko uno musi wa mbere igihe c'isaha imwe y'ijoro haza...
06/10/2025

Ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi (FFB) rihejeje kumenyesha ko uno musi wa mbere igihe c'isaha imwe y'ijoro haza kuba imyimenyerezo z'umurwi nserukirabmgihugu ( Intamba mu Rugamba officiel ) kuri Stade Intwari.Abantu Bose bipfuza kuraba Iyo myimenyerezo barahawe ikaze. Kwinjira ni ku ubuntu .
Mwomenya ko Uburundi buriko buritegurira urukino ruzobuhuza n'igihugu ca Kenya Ku umusi wa 4, igenekerezo rya 9/10/2025, Ku ikibuga ca Stade Intwari.




VANIA ICE UYUNDI MURIRIMVYI W'I BURUNDI MU MAHIGANWA MPUZAMAKUNGUInyuma y'umuririmvyi Sat B ari mu mahiganwa ya AFRIMA,V...
01/10/2025

VANIA ICE UYUNDI MURIRIMVYI W'I BURUNDI MU MAHIGANWA MPUZAMAKUNGU

Inyuma y'umuririmvyi Sat B ari mu mahiganwa ya AFRIMA,Vania Ice nawe agiye kuboneka mu mahiganwa ya AFRICA ARTS ENTERTAINMENT AWARDS aho yashizwe mu mice ine ry'iryo higanwa kubw'indirimbo ziwe zibiri aheruka gusohora C'ÉTAIT MOI NA VAS Y zivuga ku guhemukirwa mu rukundo.

Tumwifurize amahirwe mur'ayo mahiganwa






Ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Uburundi (FFB) rihejeje gushira ahabona urutonde rw'abakinyi umumenyereza w'intamba mu...
29/09/2025

Ishiramwe ry'umupira w'amaguru mu Uburundi (FFB) rihejeje gushira ahabona urutonde rw'abakinyi umumenyereza w'intamba mu rugamba,Sangwa Patrick azokwifashisha Ku Inkino 2 zigiye guhura n'ibihugu vya Kenya na Gabon muri uku kwezi kw'icumi kugiye gutangura,Ku magenekerezo ya 9/10 na 14/10 / 2025.

Ico mwomenya ni ukwo Urukino ruzohuza Uburundi na Kenya ruzobera kukibuga ca Stade Intwari.








UMURUNDI YASHIMIWE MUBUFARANSAUmwanditsi w'ibikino nyuramuco w'Umurundi Freddy Sabimbona ari mubategura ibikino nyuramuc...
28/09/2025

UMURUNDI YASHIMIWE MUBUFARANSA

Umwanditsi w'ibikino nyuramuco w'Umurundi Freddy Sabimbona ari mubategura ibikino nyuramuco vya Buja sans Tabou Ku wa 25 Nyakanga i Bujumbura niho yahabwa mu maboko y'umuhanuzi wa mbere mu buserukizi bw'ubufaransa mu Burundi agashimwe kitiriwe CHEVALIER DES ARTS ET DES LETTRES

Akwo gashimwe gatangwa n’igihugu c’Ubufaransa biciye mu bushikiranganji bw'imicokama bw'ico gihugu ku bantu bagize uruhara rudasanzwe mu guteza imbere imico n'akaranga vy’Ubufaransa, haba imbere mu gihugu canke mu mahanga.

Ako gashimwe kakaba kagizwe n'inyenyeri y'amashami 8 ikagira ibara ry'icatsi kibisi ryanditseko RÉPUBLIQUE FRANÇAISE

Kugira uhabwe akwo ga gashimwe nukwo uba ufise imyaka 30 y’amavuko canke irenga ,Kuba umaze imyaka 5 ukora ibikorwa vy’ubuhinga canke imicokama : nk’umwanditsi, umuririmvyi, umukinyi w'ivyese, umuhinyanyuzi, n’ibindi ariko kandi bikagusaba kuba waragize uruhara rugaragara mu guteza imbere imico n'akaranga canke mu kumenyekanisha umuco w’Ubufaransa

kugira uje kurutonde rw'abakaronka haba hakenewe icifuzo canke itorwa rikorwa n’abandi bantu canke inzego

Bamwe mubamaze kuronka akwo gashimwe twovuga nka Richa Chadha Umuhinyanyuzi w’ama filime w’Umuhindi, Simon Porte Jacquemus Umuhinga mu bijanye n’imideri w’Umufaransa, Imran Qureshi Umuhinga w’Umupakistani,Etienne Charles Umuririmvyi wa jazz wo muri Trinidad n'abandi.

Mukunzi wa UMECOM MEDIA TV nakahe kajambo wobwira Freddy Sabimbona

📷Buja sans Tabou

Address

Burundi-Bujumbura, Rohero, Avenue De L'amitié, Rucsa Plaza Bureau G10
Bujumbura

Telephone

+25779577719

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Umecom Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Umecom Media:

Share