15/10/2025
🎓 Umusi mukuru wo gutanga ‘’certificats’’ wagenze neza! Dufashe akanya ngo tubasangize amajambo yahavugiwe
Kw’itariki ya 10 Munyonyo 2025, ikinyamakuru BE CHAP TV catunganije ibirori vyo gutanga imenyashabumenyi ‘’certificats’’ ku rwaruka 10 rwigishijwe umwuga wo gufata, guhinyanyura amajwi n’amasanamu (Audiovisuel et Design) mu kiringo c’amezi atatu.
Mw’ijambo ryashikirijwe na NDATIMANA Chadrack umuyobozi mukuru w’shirahamwe BE CHAP COMPANY yamenyesheje ko uyu mugambi watunganijwe mu ntumbero zikurikira:
• Kwigisha urwaruka gufata no guhinyanyura amasanamu kugira ngo amashiramwe n'ibindi bisata bironke abantu bashobora gukora neza mu kumenyekanisha ibikorwa biciye ku mbuga nkurukanabumenyi hakoresjejwe amasanamu meza
• kwerekana ishusho nziza y'igihugu c'uburundi hakoreshejwe amasanamu meza y'ibikorerwa mu BURUNDI.
• Guterera mu kugwanya ubushomeri mu rwaruka biciye mu kubigisha uwo mwuga wo gufata no guhinyanyura amasanamu, ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi n’ubuhinga bwa none.
Ingorane nyamukuru twahuye n’uko ibikoresho ari bike, ivyo bigatuma twakira bake, mu gihe abavyipfuza ari benshi. Tugatera akamo abobishobora ko boduterera ivyuma nka Ordinateurs, appareils photo, camera n’ibindi kugira twakire abatwitura bose.
asanzwe atwara igisata co gutumatumanako no kumenyesha amakuru muri Kaminuza y'uburundi arico abatanguje BE CHAP TV bizemwo, amenyeshako atewe iteka no kubona bamwe mubanyeshure yigishije baragiye hamwe bagashinga imboneshakure ndetse bakaba bageze kurugero bafasha urundi rwaruka mu kubaha ubumenyi buzobafasha kwiyungunganya mu buzima bwa misi yose. Yarangije abasaba kuguma kukivi ndetse ngo babandanye bakora kugirango ishusho y'igihugu ibandanye isa neza kurusha.
yaserukiye abaronkejwe imenyeshabumenyi, arashimira cane abarongozi b'iyo mboneshakure yasavye ko bobandanya baha izo nyigisho n’urundi rwaruka.
IRANKUNDA RICHARD, yaserukiye abavyeyi b’urwaruka rwaronkejwe izo menyeshabumenyi, yarashimiye cane BE CHAP TV kubona abana babo bigishijwe umwuga uzobafasha kwiteza imbere no gutanga ishusho nziza y’Uburundi hakoreshejwe amasanamu meza y’ibikorerwa mu Burundi.
Nayo Aline Ndayishimiye arongoye RTLEBU, urunani iyi mboneshakure isanzwe ihurikiyemwo,yarateye intege abatanguje BE CHAP TV kuba bariyumviriye kwigisha umwuga urundi rwaruka, asaba ko bokomeza kuba ijisho ry’urwaruka mw’iterambere. Yahamagiriye izindi mboneshakure ko zoza ritatunganya iyindi migambi iteza imbere urwaruka hambavu y’ivyo kumenyesha amakuru. Akaba yanashimiye ikimenyeshamakuru Jumuiya TV cafashe mu mugongo BE CHAP TV itaratera imbere, akaba yasavye n’abandi gushigikirana.
Turashimiye abadufashe mu mugongo nka Kaminuza y’Uburundi, abafatanya bikorwa bacu, urunani RTLBu, abaduhaye sponsors, abigisha, na mwebwe mwese mwaje kudufata mu mugongo ku musi w’urubanza. Imana ihezagire ibikorwa y’amaboko yanyu.
BE CHAP TV "Ijisho ry'Urwaruka mw'iterambere"