Be chap tv

Be chap  tv RWARUKA TUJE HAMWE MU KUMENYEKANISHA ISHUSHO NZIZA Y'IGIHUGU CACU MU MAKUNGU BICIYE MUBIKORWA VYACU
(1)

17/10/2025

Asaba abobishobora kumufasha kuramira amagara y'ikibondo ciwe kigwaye amafyigo.
Bikaba bisabwa ko kugira akire aja kuvurigwa mumahanga mugihe nawe ataburyo bwo kuja kuvuza uwo mwana wiwe mumahanga afise . Uwo ni HICINTUKA Joselyne amaze umwaka agwarije imfura yiwe mubitalo Prince Régent Charles

17/10/2025

Hari abantu bakoresha nabi amazi Ya Regideso Bayavomereza Igazo n'amashurwe abandi bayakeneye
Mu gihe hamaze imisi havugwa ikiza ca choléra mu gisagara ca Bujumbura muganga arongoye ikigo kijejwe kugwanya ibiza mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu yarashikirije icirwa cotuma haba kurandurana n'imizi ico kiza mukurikire

16/10/2025

SE Evariste Ndayishimiye ati: "Harageze ko twivyukiranya kuko turi mu bihe vy'amahoro"

15/10/2025

:Abigisha bo kw'ishure nderabigisha barasaba reta ko yobadugiriza umushahara.
Ivyo vyavugiwe mu nama yahuje abigisha bo kuri aho bamenyesheje ko no kuronka abakutsa kivi bitiroshe gusa amahera yatangwa kuva igitangura nubu akiri yayandi nyene.



-CHAP-TV

🎓 Umusi mukuru wo gutanga ‘’certificats’’ wagenze neza! Dufashe akanya ngo tubasangize amajambo yahavugiweKw’itariki ya ...
15/10/2025

🎓 Umusi mukuru wo gutanga ‘’certificats’’ wagenze neza! Dufashe akanya ngo tubasangize amajambo yahavugiwe

Kw’itariki ya 10 Munyonyo 2025, ikinyamakuru BE CHAP TV catunganije ibirori vyo gutanga imenyashabumenyi ‘’certificats’’ ku rwaruka 10 rwigishijwe umwuga wo gufata, guhinyanyura amajwi n’amasanamu (Audiovisuel et Design) mu kiringo c’amezi atatu.

Mw’ijambo ryashikirijwe na NDATIMANA Chadrack umuyobozi mukuru w’shirahamwe BE CHAP COMPANY yamenyesheje ko uyu mugambi watunganijwe mu ntumbero zikurikira:
• Kwigisha urwaruka gufata no guhinyanyura amasanamu kugira ngo amashiramwe n'ibindi bisata bironke abantu bashobora gukora neza mu kumenyekanisha ibikorwa biciye ku mbuga nkurukanabumenyi hakoresjejwe amasanamu meza
• kwerekana ishusho nziza y'igihugu c'uburundi hakoreshejwe amasanamu meza y'ibikorerwa mu BURUNDI.
• Guterera mu kugwanya ubushomeri mu rwaruka biciye mu kubigisha uwo mwuga wo gufata no guhinyanyura amasanamu, ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi n’ubuhinga bwa none.

Ingorane nyamukuru twahuye n’uko ibikoresho ari bike, ivyo bigatuma twakira bake, mu gihe abavyipfuza ari benshi. Tugatera akamo abobishobora ko boduterera ivyuma nka Ordinateurs, appareils photo, camera n’ibindi kugira twakire abatwitura bose.

asanzwe atwara igisata co gutumatumanako no kumenyesha amakuru muri Kaminuza y'uburundi arico abatanguje BE CHAP TV bizemwo, amenyeshako atewe iteka no kubona bamwe mubanyeshure yigishije baragiye hamwe bagashinga imboneshakure ndetse bakaba bageze kurugero bafasha urundi rwaruka mu kubaha ubumenyi buzobafasha kwiyungunganya mu buzima bwa misi yose. Yarangije abasaba kuguma kukivi ndetse ngo babandanye bakora kugirango ishusho y'igihugu ibandanye isa neza kurusha.

yaserukiye abaronkejwe imenyeshabumenyi, arashimira cane abarongozi b'iyo mboneshakure yasavye ko bobandanya baha izo nyigisho n’urundi rwaruka.

IRANKUNDA RICHARD, yaserukiye abavyeyi b’urwaruka rwaronkejwe izo menyeshabumenyi, yarashimiye cane BE CHAP TV kubona abana babo bigishijwe umwuga uzobafasha kwiteza imbere no gutanga ishusho nziza y’Uburundi hakoreshejwe amasanamu meza y’ibikorerwa mu Burundi.

Nayo Aline Ndayishimiye arongoye RTLEBU, urunani iyi mboneshakure isanzwe ihurikiyemwo,yarateye intege abatanguje BE CHAP TV kuba bariyumviriye kwigisha umwuga urundi rwaruka, asaba ko bokomeza kuba ijisho ry’urwaruka mw’iterambere. Yahamagiriye izindi mboneshakure ko zoza ritatunganya iyindi migambi iteza imbere urwaruka hambavu y’ivyo kumenyesha amakuru. Akaba yanashimiye ikimenyeshamakuru Jumuiya TV cafashe mu mugongo BE CHAP TV itaratera imbere, akaba yasavye n’abandi gushigikirana.

Turashimiye abadufashe mu mugongo nka Kaminuza y’Uburundi, abafatanya bikorwa bacu, urunani RTLBu, abaduhaye sponsors, abigisha, na mwebwe mwese mwaje kudufata mu mugongo ku musi w’urubanza. Imana ihezagire ibikorwa y’amaboko yanyu.

BE CHAP TV "Ijisho ry'Urwaruka mw'iterambere"

14/10/2025

RYa shure ryasha Reta Y'Uburundi yarigarukiyeko biciye ku mushikiranganji w'indero kurikira impanuro

Turashimiye Dr Héléne MPAWENIMANA yaje kudushigikira mu birori vyo gutanga imenyeshabumenyi ku rwaruka rwigishijwe umwug...
13/10/2025

Turashimiye Dr Héléne MPAWENIMANA yaje kudushigikira mu birori vyo gutanga imenyeshabumenyi ku rwaruka rwigishijwe umwuga wo gufata no guhinyanyura amajwi, amasanamu muri Be chap tv

Mu birori vyatunganijwe n'iki kinyamakuru kuri uyu wa 11/10/2025 wari umunzero udasanzwe kuba twaratewe iteka na Dr Hèlène MPAWENIMANA arongoye igisata co gutumatumanako no kumenyesha amakuru muri kaminuza y'Uburundi (Département de Journalisme et Communication) ari naco gisata urwaruka rwatanguje BE CHAP TV rwizemwo muri ''Promotion'' yambere.

Si vyo gusa ninawe yatumye abagize BE CHAP TV bashika mw'iyihaganwa ryo gufotora ryabereye kuri Université Catholique de Murcie muri Espagne mu mwaka wa 2021. Gutahukana agashimwe mw'iryo higanwa ni kimwe mu vyaduteye intege bituma twipfuza no kuvyigisha urundi rwaruka. Twongeye no kumukengurukira ku mpanuro yama aduha imisi yose.

Kubwo ivyishimo n'umunezero abagize BE CHAP TV bakaba baramuhaye akaganuke ko kumukengurukira ku vyiza amaze kudukorera kuva tugitangura gushika n'ubu. Tukamusaba kubandanya ashigikira urwaruka muri rusangi nk'uko natwe yatwitayeho.

Imana ishishikare ku mugirira neza muri vyose na hose.

Woman tv merci beaucoup
12/10/2025

Woman tv merci beaucoup

Television Tanganyika turabakengurukiye cane
12/10/2025

Television Tanganyika turabakengurukiye cane

💔Turabakengurukiye cane namwe🥰
12/10/2025

💔Turabakengurukiye cane namwe🥰

Turakeje umumenyeshamakuru Ildephonse Mugisha, umwe mu bahurikiye muri Lahayi-royi choir Rohero , yaraye yemejwe na Be chap tv ko bamwigishije akanamenya ivyo gufata amasanamu n'amashusho ndetse na design, bakavyerekana mu kumuha "certificat".

Turizeye ko ubwo bumenyi yaronse bugiye kudufasha mu buryo butandukanye mu guteza imbere igikorwa c'Imana.

Woba wipfuza ubumenyi mu bijanye n'amasanamu n'amashusho n'ibindi? Muri barabigufashamwo.


🎓IBIRORI : Be chap  tv   yaraye ironkeje imenyeshabumenyi (certificat ) urwaruka rwigishijwe gufata no guhinyanyura amas...
12/10/2025

🎓IBIRORI : Be chap tv yaraye ironkeje imenyeshabumenyi (certificat ) urwaruka rwigishijwe gufata no guhinyanyura amasanamu.

💃🕺Wari umunezero udasanzwe ku rwaruka 10 rwaronkejwe imenyeshabumenyi (Certificats) zemeza ko bakurikiranye inyigisho zibijanye no gufata hamwe no guhinyanyura amasanamu ( formation en et ) mu kiringo c'amezi 3. Ivyo birori vyabaye kuri uyu 11 Gitugutu 2025 mu gisagara ca BUJUMBURA, muri Rohero, avenue source du Nil Nº25.

🤝Turakeje urwo rwaruka tunagwipfuriza gutera imbere mu mwuga wo guhinyanyura amasanamu.

💔Turashimiye abigisha, abadufashe mu mugongo, abavyeyi b'urwo rwaruka na mwebwe mwaje kudushigikira muri ibi birori.

Address

Bujumbura
5226BUJUMBURA

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Be chap tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Be chap tv:

Share