23/06/2024
Umu City yaratangaje benshi mukuresha shebuja imbere y'abantu isinzi muburyo buzwi nka (demande en mariage) mugifaransa mbere nawe aramwemerera.
N'inkuru yabaye mugihugu c'ubuganda aho uwucungera umutekano muri bamwe bakunze kwita aba siti(City Security) yitoye atungura umwigeme w'umwigisha kuri kaminuza amusaba ko bokwubakana ibi abikorera mw'ibarabara ishengero rikoranye mbere n'uruja n'uruza rubanza no guhagarara, abantu babakomera amashi.
Ikinyamakuru Igbere kivuga ko abanyeshure bavuga ko uyu acungera umutekano yari asanzwe yajanywe gucunga urugo uyu mukenyezi w'umwigisha kuri kaminuza asanzwe abamwo, akaba yari ahamaze ikiringo kirenga imyaka ibiri.
Aba babandanya bavuga ko ukuntu uyu mu City yaganiriza uyu mukenyezi neza canke uko yamutera intege, ukuntu yamutwenza akamufyinatisha ndetse n'uko yamukorera utuntu twerekana urukundo ari vyo vyatumye uyu mwigisha akunda uyu acungera umutekano.
Nka kumwe abazungu babikora, aho umuhungu ashira ivi hasi imbere y'umukobwa, afise n'impeta muntoke hama akamusaba ishengero rikoranye ko bozobana nk'umugore n'umugabo niko n'uyu acungera umutekano yabikoze mbere uyu mwigisha wo kuri kaminuza nawe arabimwemerera mumunezero.
Ikinyamakuru Igbere kivuga ko uyu mwigeme yigisha kuri kaminuza yahavuye yemeza ko azosubiza kw'ishure uyu mugabo maze aheze azonamubere se w'abana biwe.
Inkomoko: https://igberetvnews.com/1446129/security-guard-proposes-university-lecturer-said-yes-photos/