Gospel Ndundi Yubahwe

Gospel Ndundi Yubahwe Urubuga Gospel Ndundi Yubahwe rwashinzwe muntumbero yo guteza imbere Ibikorwa vyabaririmvyi babarund

08/11/2024
🔴Amakuru yandi : Umuririmvyi Pasteur Lopez Nininahazwe yoba ariko arakundwa cane nabatari bake muri Gospel Ndundi akaba ...
08/11/2024

🔴Amakuru yandi : Umuririmvyi Pasteur Lopez Nininahazwe yoba ariko arakundwa cane nabatari bake muri Gospel Ndundi akaba yinjiye mumurwi muto cane warumaze imyaka myinshi ariwo uhurumbirwa muburundi cane cane mubijanye no kwumvirizwa bifatanye nokwitabwa namasinzi mubiteramo vyabo. Abo nabo akaba ari Dudu T. Niyukuri na Redemption Voice

Nakomeze aduge cane rero .

Mwirirwe neza

😄Shalom bagenzi!Imisi myinshi🔴 Ehe rero amakuru ndabazaniye ya Redemption Voice Canada aho uwo murwi uvukana na Redempti...
08/11/2024

😄Shalom bagenzi!
Imisi myinshi

🔴 Ehe rero amakuru ndabazaniye ya Redemption Voice Canada aho uwo murwi uvukana na Redemption Voice ejo aho bukera uzokora igiteramo citiriwe Yangiriye Neza igice kigira kabiri gikurikira icabereye ibujumbura mumpera za 2022.

yose yiyo concert yaraheze kumusi wagatatu ivyo rero nimboneka rimwe muri Gospel yo muri Canada aho umara ama ticket agurwa amahera ashika ama dollar 80$

🔴Ikindi ntanumwe muririmvyi wa Gospel muri Canada yari bwagire bimwe bita OneMan Show aho atamutumire wundi numwe aza atari nyene concert ivyo ni Redemption Voice ibigize ubwambere na Israel Mbonyi ntavyakorera murico gihugu kubantu babizi.

Vuba turabaha amakuru menshi kuri Gospel ya Canada isa niyigiye kuja hejuru .

🥰🥹😭 Wooooowwww!!!!! it’s official—SOLD OUT! We’re so grateful for each of you who’ll be joining us this Saturday🙏🏽. Counting down the days, and we can’t wait to worship with you all! See you this Saturday, and get ready for an unforgettable night! ♥️

🔥🔥🔥Question : ninde afise album nyinshi muri Gospel muburundi? Afise zingahe? Apollinaire Habonimana Dudu T. Niyukuri Re...
22/08/2023

🔥🔥🔥Question : ninde afise album nyinshi muri Gospel muburundi? Afise zingahe?

Apollinaire Habonimana Dudu T. Niyukuri Redemption Voice

Ntawogira amakuru ya   ???Iyi Award nkuko tubibona kurubuga rwa EAC LIVE SHOW hararonse Victorious ¤ team nkumu artiste ...
28/05/2023

Ntawogira amakuru ya ???

Iyi Award nkuko tubibona kurubuga rwa EAC LIVE SHOW hararonse Victorious ¤ team nkumu artiste populaire hama Redemption Voice ironka meilleur concert de l’année(Yangiriye Neza Concert) hama muri Gospel kandi Harumuntu yitwa Jaja Jeanine ngo niwe artiste Gospel de l’année kandi yahiganwa naba Dudu T. Niyukuri 😰😰😰 , mwodushirira muri commentaire izo ndirimbo ziwe zaranze umwaka tukazumva mwoba mugize neza!

Iyo award ntitwhuritse neza uravye bimwe bimwe muvyayivuyemwo!

Hari mariage yumu star wo muri Gospel yabaye womenga itegurwa ryayo ryakozwe mwibanga😀😎😃.
27/05/2023

Hari mariage yumu star wo muri Gospel yabaye womenga itegurwa ryayo ryakozwe mwibanga😀😎😃.

23/05/2023
♦️Amakuru ya Gospel muburundi1.Umuzo wa David Tresor muburundi inyuma yimyaka myinshi adahari: David aje gukora ibiteram...
23/05/2023

♦️Amakuru ya Gospel muburundi

1.Umuzo wa David Tresor muburundi inyuma yimyaka myinshi adahari: David aje gukora ibiteramo muburundi no murwanda ahazokorana nimirwi yindi yahano ifise igihagararo kinini cane muriyi myaka nka Redemption Voice na Victorious ¤ team

Zoé Saint Regis ari mubamwakiriye muga bimaze kugaragara ko Big zoé ariwe asigaye ameze nkuwuhagarikiye Gospel muburundi kuburyo ari nawe yakira misi yose abaririmvyi baje bava hanze agasa nkuwuhaye ishusho canke nkuwubaye inkingi yumuzo wabo baririmvyi.

2. Redemption Voice Canada basohoye indirimbo zibiri baziha izina rimwe ryitwa Yarankunze , muvyukuri iyi groupe nabo yamukako bo muburundi dukeneye ko bahishura ibanga ryabo kuko ubiravye ibikorwa vyabo biri kurwego rwo hejuru cane kandi bikunzwe cane muri Gospel muburundi, inyandiko , umuziki ama video , communication uyumurwi ukwiye kwigisha abaririmvyi bose ba Gospel uhereye kubakera cane! Raba iyo ndirimbo

https://youtu.be/mXgGCmcwUUc

Twibutse ko Burundi barikumwe nabavuye hanze bakoze igiteramo yangiriye neza caruse ica Israel Mbonyi mukwitabirwa kandi barihishije hafi cokimwe ! Eka mbere abandi bakanavuga uko canarengeye ivyo ba BruceMelodie bari baje gukora aha. Iyo nkuru tuzoyigarukako!

3. basohoye indirimbo Baraka , uyumurwi nukuwukeza kuko nawo ugir umare imyaka nkitatu uri hejuru nawone muri gospel mugisata twokwita nka Urban music canke umuziki wabakiri bato uyumurwi nitunga kuburundi hamwe nico bita diversité! Ivyo ntibikunda kugaragara nko murwanda aho bene uwo muziki muri Gospel udateye imbere nagato!

https://youtu.be/VJf2DamYO7c

Shalom bantu bimana😃Inyuma yigihe kinini tutabashikiriza amakuru ya Gospel music mu Burundi turagarutse! Dufis amakuru m...
03/04/2023

Shalom bantu bimana😃

Inyuma yigihe kinini tutabashikiriza amakuru ya Gospel music mu Burundi turagarutse!

Dufis amakuru menshi cane gose yo kubaha! Tunezerejwe nuko igihe twatanguza iyi page Gospel ndundi haraho yarigeze arikubu yarongerejeko gose umurindi irakora birashimwa , biriko bigenda neza!

Ehe irabire nawe ivyo I’pendo Sound ihejeje gukora https://youtu.be/Fes6I7fAqUI

Raba https://youtu.be/uLV-vBFjlm0 amateka iriko irandika atari bwanaboneke muri Gospel muburundi .

Vuba turabaha analyses nyinshi cane kuri Gospel muburundi uko ikirere kimeze!

ZION means SIYONI, SAYUNIProd by &Mixage: Director: : ProsperGuitar bass: ...

Haguruka mukunde ivyanyu hama ivyabandi mubirekere abandi nama media yabo,hama abaririmvyi babaurndi nabone bakore cane.
28/06/2022

Haguruka mukunde ivyanyu hama ivyabandi mubirekere abandi nama media yabo,hama abaririmvyi babaurndi nabone bakore cane.

Ni iki kirinyuma yumuvumbuko udasanzwe wa Redemption Voice mugikorwa cawo? Igihe twandika amakuru ajanye nuburongozi mur...
03/05/2022

Ni iki kirinyuma yumuvumbuko udasanzwe wa Redemption Voice mugikorwa cawo?

Igihe twandika amakuru ajanye nuburongozi muruwo murwi abadatahura neza intumbero ikinyamakuru candikamwo babiteye amabuye, ariko uyumusi uravye uko Redemption Voice iriko irakayangana ngira mwokwemeza ko kuvuga ukebura canke unegura nahone bifasha umuntu kwitunganya.

Redemption Voice rero ehe irabire namwe ibikorwa bibiri baherutse gusohora bifise ama views atandirimbo yabo nimwe kuva babaho yigeze ironka mumwanya muto nkuwo izo ndirimbo ziriko zirabikorerako.
Umutima wogukunda gukora ibintu vyiza muruwo murwi : Nkuko bivugiye muri radio Buja FM iyi vidéo yangiriye neza https://www.youtube.com/watch?v=FbCjld9ql1A baherutse gusohora yarabatwaye amahera agera ku miliyoni zitatu nigice zamarundi aha mwibuke ivyo duheruka kwandika tunegura video yasohowe nibihangange muri Gospel twizeye ko nabone bazoca bikebuka.
Amasengesho muruwo murwi: Uravye kurubuga Instagram rwuwo murwi baraye bayishizeko ibihe vyamasengesho bagize aho wumva basenga banayaga ijambo ryimana , none ubwo ivyo ntivyoba vyerekana impamvu womenga uwo murwi ahubwo wabaye mushasha? https://www.instagram.com/tv/CdEY6ynD7fK/?utm_source=ig_web_copy_link
Twibutse ko bavugiye mwi radio buja fm nyene ko bategekanya igiteramo kidasanzwe barikumwe nabagenzi babo bashobora kuva muri Canada, niburayi.
Management ya Redemption Voice: Uravye ibiganiro bamaze imisi bagira aha nahariya vyukuri harimwo ibindi biganza kubikorwa vyuwo murwi , ivyo bigatuma haboneka programma iboneka kandi itomoye ninguvu ziyiherekeza mubikorwa vyuwo murwi.
Ibi nibindi biracaza, duhe commentaire yawe na like na partager.

💒Amakuru ya Gospel yomuriyimisi iheze❇️ Duhere kundirimbo nshasha yagizwe nabaririmvyi rurangiranwa babarundi David Tres...
20/04/2022

💒Amakuru ya Gospel yomuriyimisi iheze

❇️ Duhere kundirimbo nshasha yagizwe nabaririmvyi rurangiranwa babarundi David Tresor Fabrice Nzeyimana W***y Uwizeye Dudu T. Niyukuri Fortran Bigirimana yitwa YARAZUTSE iraryoshe bikwiye muga ibinyamakuru muburundi ntibikwiye kwiyobagiza iyo bikenewe ko bivuga ukuri kugira bahanure bongere batumbereze ibikorwa muri excellence kuri générations ziri inyuma IRYA VIDEO IRATEYE ISONI muri 2022 , iri musi gose yibikorwa abandi baririmvyi ba gospel muburundi no mukarere bakora yirabe ngaha uraduha commentaire

https://youtu.be/MGv4zxX8Nkk

❇️❇️ Album ya Big zoe : Amakuru dufise nuko ari album iriko iratera iteka ryinshi BiG Zoé hafatiwe kuri commentaires zitangwa nabamaze kuyigura muriki gihe.

❇️❇️❇️ Album ya Pasteur Lopez Nininahazwe ni album yasohowe kumugaragaro mwiteka ryinshi nyeneyo ahagarikiwe nibihangange muri Gospel ndundi naba pasteur bakomeye bi bujumbura ikaba yasohowe kuri flash disk.
Aho twokwibutsa kwivyo gusohora album kuri flash muburundi vyatangujwe na Redemption Voice aho mumwaka wa 2020 basohoye album yabo Nashimwe kuri flash disk kuvubwo abenshi batanguye kwiga kuruwomugambi wo gusohora kuma flash.

❇️❇️❇️❇️ Duhereze kuri Eloge Irambona umuririmvyi yahoze muri aho ahejeje gusohora indirimbo iryoshe cane akaba yaramaze igihe abantu batabona neza ivyarimwo ugereranije nurwego abantu bari bamwitezeko ariko twokwizera kubu agiye guhaguruka agakora bigashimwa. Yirabe ngaha

https://youtu.be/ZxCXlQQ1YMY

Duhe commentaires zawe ugire na partage yamakuru tubaha

Address

ROHERO
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Gospel Ndundi Yubahwe posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share