KC sports news

KC sports news Football updates

🔴BIRAHIMBAYE!!Georgi Minoungou agendana ubumuga aho afise ijisho rimwe ribona yarakinye urukino rwiwe rwa mbere mu gikom...
21/06/2025

🔴BIRAHIMBAYE!!Georgi Minoungou agendana ubumuga aho afise ijisho rimwe ribona yarakinye urukino rwiwe rwa mbere mu gikombe cisi cimirwi!🤩

Uno mukinyi yamuka muri Cote d'ivoire yavutse muri 2002 yagize akabazo agwara ijisho bararibaze ariko birangira rihumye!

Akinira umurwi wa Seattle Sounders wo muri reta zunze ubumwe za Amerika yash*tse muri kino gihugu akiri muto kugira arabe ko yoshika ku ndoto ziwe zo kuba umukinyi yabigize umwuga

Yarakinye urukino rwiwe rwa mbere muri rino higanwa aho umurwi wiwe washoboye gutsindwa na Atletico Madrid 3-1

Georgi avuga ko ata kibazo bimuteye gukina afise ijisho rimwe yipfuza no kugera kure agashika ku ndoto ziwe mbere akaba anaherutse gusinya amasezerano yimyaka ine muruno murwi

Abamugaye barabishobora nawe uko woba umeze kose gwanira indoto zawe!!🙌🏾

🗞️ Fabrizio Romano

🛑🚨 OFFICIAL!!BARCELONA YEMEJE KO YASINYISHIJE UMUNYEZAMU JOAN GARCIA!!Uno munyezamu aguzwe avuye muri Espanyol Barcelona...
18/06/2025

🛑🚨 OFFICIAL!!BARCELONA YEMEJE KO YASINYISHIJE UMUNYEZAMU JOAN GARCIA!!

Uno munyezamu aguzwe avuye muri Espanyol Barcelona ku miriyoni 25 zama ero!!

Yasinye amasezerano azoshika muri 2031

🔥🔥

🔴TAYARI!!Stade INTWARI yatanguye gushirwako umusezero wa kijambere!!Bivugwa ko izokugururwa mu kwezi kwa Ruheshi!Urukino...
13/03/2025

🔴TAYARI!!Stade INTWARI yatanguye gushirwako umusezero wa kijambere!!

Bivugwa ko izokugururwa mu kwezi kwa Ruheshi!

Urukino rwa mbere Intamba zizokinira kuri kino kibuga rukazoba mu kwezi kwicumi

Aho bazohura na Kenya!AKEZA SPORTS
📷(AKEZA SPORTS)

🔴Ku kibuga cimyimenyerezo ca Barcelona imbere yuko imyimenyerezo itangura habaye akanya ko kwibuka Carles!Uyu Carles aka...
09/03/2025

🔴Ku kibuga cimyimenyerezo ca Barcelona imbere yuko imyimenyerezo itangura habaye akanya ko kwibuka Carles!

Uyu Carles akaba ari umuganga wa Fc Barcelone yaraye yitavye Imana ku musi wejo!

Ibi vyatumye urukino bari gukina na Osasuna ejo rusiba

Runo rupfu rwuno mugabo rukaba rwateye umubabaro abatandukanye kwisi yose na cane cane abakinyi nabagize Fc Barcelone muri rusangi!

🔴 NTIBISANZWE!!Abate umumenyereza wa Ternana yaraye yirukanywe ku mpamvu yatangaje benshi!!🙄😂Uyu murwi ukina icicaro ca ...
08/02/2025

🔴 NTIBISANZWE!!Abate umumenyereza wa Ternana yaraye yirukanywe ku mpamvu yatangaje benshi!!🙄😂

Uyu murwi ukina icicaro ca gatatu mu butaliyano ukaba ubarizwa mu kibanza ca kabiri aho urushwa numurwi wa mbere amanota atatu

Uno mumenyereza akaba yirukanywe inyuma yo kudakinisha umwana wa nyene umurwi aho atamushize ku rutonde rw'abakinyi agiye kwifashisha mu rukino

Ivyashavuje abakinyi buno murwi bagiye gusaba uno arongoye uno murwi kugarukana uno mumenyereza!

Uyu Abate akaba ari umukinyi wa kera wa Ac Milan.

🛑Rodri yishura ku majambo yavuzwe na Cristiano Ronaldo 🗣️:"Vyaratangaje kubona yavuze ko ntakwiye kano gashimwe....arazi...
02/01/2025

🛑Rodri yishura ku majambo yavuzwe na Cristiano Ronaldo

🗣️:"Vyaratangaje kubona yavuze ko ntakwiye kano gashimwe....arazi ivya kano gashimwe ingene bimeze ningene gategurwa

Abamenyeshamakuru bantoye nibo bari bamutoye igihe nawe agatahakuna

Vyongeye yaranagatahukanye incuro zitari zike kandi ico gihe cose ntiyigeze avuga ko ari ubusuma"

🛑NTIBISANZWE!!Umurwi wa Barbastro watangaje ku mbuga zawo ko wasinyishije Dani Olmo😂😭Ibi babikoze mu gutwenga Barcelona ...
01/01/2025

🛑NTIBISANZWE!!Umurwi wa Barbastro watangaje ku mbuga zawo ko wasinyishije Dani Olmo😂😭

Ibi babikoze mu gutwenga Barcelona inyuma yaho bayankiye gusinyisha Dani Olmo

Ubu tuvugana Olmo akaba yafuswe mu bakinyi ba Barcelona ❌

Tubibutse ko uno murwi uzohura na Barcelona mu gikombe ca Copa Del Rey

Noeli nziza kuva kuri bamwe mu bakinyi mukunda hamwe nimiryango yabo🎄🎊Turipfurije abadukurikirana bose imihezagiro muban...
25/12/2024

Noeli nziza kuva kuri bamwe mu bakinyi mukunda hamwe nimiryango yabo🎄🎊

Turipfurije abadukurikirana bose imihezagiro mubandanye muroranirwa mu miryango yanyu. Imana ibazigame🙏🏾♥️

🔴 OFFICIEL!!Umukinyi wa Atalanta hamwe n'umurwi nserukiragihugu wa Nigeria ariwe ADEMOLA LOOKMAN atahukanye umupira w'in...
16/12/2024

🔴 OFFICIEL!!Umukinyi wa Atalanta hamwe n'umurwi nserukiragihugu wa Nigeria ariwe ADEMOLA LOOKMAN atahukanye umupira w'inzahabu wo ku mugabane wa Afrika!!👏🏾🎖️🎉

Well deserved👏🏾

🔴BIRAHIMBAYE!!Umukinyi akinira Stade de Reims yo mu bufaransa yamuka muri Zimbabwe azwi kwizina rya Marshall Munetsi yar...
13/12/2024

🔴BIRAHIMBAYE!!Umukinyi akinira Stade de Reims yo mu bufaransa yamuka muri Zimbabwe azwi kwizina rya Marshall Munetsi yaronkejwe 30000 vyama ero(€) vyo gufasha aho avuka!

Mu masezerano yiwe yarashizemwo akantu kavuga yuko muri buri rukino agize ikirometero kimwe azoba yinjije ama ero 100€

Ivyo yabigize kugira amahera azoronka biciye murubwo buryo aze arafasha mu gisagara avukamwo!

Shoot out to him!!🤩👏🏾

🔴BIRATANGAJE!!Umwana akiri muto akinira Leicester City yo mu bwongereza yaraye  atsinze igitsindo ciwe ca mbere muriryo ...
04/12/2024

🔴BIRATANGAJE!!Umwana akiri muto akinira Leicester City yo mu bwongereza yaraye atsinze igitsindo ciwe ca mbere muriryo higanwa!🔥

Mu rukino bariko bakina na West Ham El- Khannous yakinye yambaye ama sogisi(socks) ya mugenziwe bakinana Jamie Vardy

Vyarangiye atsinze igitsindo yongera anatanga umupira wavuyemwo igitsindo awuhereza Jamie Vardy nyene ku munota wa kabiri wurukino

Bamwe bati ayo masogisi yamuteye amahirwe kuko arayo umukinyi akomeye kandi yanditse amateka

Urukino rwaheze ari 3 vya Leicester kuri 1 ca West Ham.

🔴Nico Williams avuga kuri Lamine Yamal:"Twari mu nzira tuja ku kibuga tugiye gukina n'Ubufaransa mu gice ca kabiri gishi...
30/11/2024

🔴Nico Williams avuga kuri Lamine Yamal:

"Twari mu nzira tuja ku kibuga tugiye gukina n'Ubufaransa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma(demi final) c'igikombe c'iburaya(Euro 2024)

Tuza tubona Lamine ariryamiye urya mwana arasara!

Ni gute ushobora gutora itiro ugiye gukina urukino nka rurya kandi hanasigaye umwanya muto urukino rube!?"

Urwo rukino vyarangiye Lamine Yamal arutsinzemwo igitsindo😂

̃a

Address

Avenue Bwakiro
Bujumbura

Telephone

+25777563916

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when KC sports news posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to KC sports news:

Share