
21/06/2025
🔴BIRAHIMBAYE!!Georgi Minoungou agendana ubumuga aho afise ijisho rimwe ribona yarakinye urukino rwiwe rwa mbere mu gikombe cisi cimirwi!🤩
Uno mukinyi yamuka muri Cote d'ivoire yavutse muri 2002 yagize akabazo agwara ijisho bararibaze ariko birangira rihumye!
Akinira umurwi wa Seattle Sounders wo muri reta zunze ubumwe za Amerika yash*tse muri kino gihugu akiri muto kugira arabe ko yoshika ku ndoto ziwe zo kuba umukinyi yabigize umwuga
Yarakinye urukino rwiwe rwa mbere muri rino higanwa aho umurwi wiwe washoboye gutsindwa na Atletico Madrid 3-1
Georgi avuga ko ata kibazo bimuteye gukina afise ijisho rimwe yipfuza no kugera kure agashika ku ndoto ziwe mbere akaba anaherutse gusinya amasezerano yimyaka ine muruno murwi
Abamugaye barabishobora nawe uko woba umeze kose gwanira indoto zawe!!🙌🏾
🗞️ Fabrizio Romano