21/07/2025
🇧🇮-🇺🇲 "Reta y'Uburundi ishira imbere ibiganiro, mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo co kwima ama Abarundi bipfuza kuja muri "
Ubwo ni ubutumwa bw'Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imigenderanire, bwatangaje kuri uyu wa 21/07/2025, ku rubuga rwayo rwa X (rwahoze rwitwa Twitter). Ubwo bushikiranganji buvuga ko ingingo yo kwima impapuro z'inzira (visa) Reta Zunze Ubumwe z'Amerika yafatiye Uburundi (twarabibayagiye hano: https://shorturl.at/OtgUR) ibabaje, kandi ikaba yafashwe ku mvo z'uko hari Abarundi babandanije kuba ku butaka bwa USA mu buryo budakurikije amategeko, mu gihe ikiringo cabo ca visa cari carangiye
Ubwo bushikiranganji buvuga ko bimaze kugaragara ko Abarundi atari bake bagerageza kugendera mu bihugu vyo hanze, haba abagiye kurondera ubuzi, kwiga, gutembera, n'ibindi, ibiheza bigakomeza imigenderanire hagati y'Uburundi n'amakungu. Kubw'ivyo, ubwo bushikiranganji busaba Abarundi kwitwararika kubwahiriza ingingo n'amategeko ajanye n'imigenderanire, no kuba ku butaka bw'ibindi bihugu
Ubwo bushikiranganji bwibutsa ko kuguma mu bihugu vyo hanze udafise ibipapuro bibikwemerera (visa), bitosekaza imigenderanire hagati y'Uburundi n'amakungu, ndetse bigashobora no kwicira amahigwe abari bipfuza kuja muri ivyo bihugu, mu bijanye no kuronka "visa"