05/09/2023
Icubahiro ni kibe ica Messia https://www.facebook.com/photo.php?fbid=847439460085682&set=a.247313773431590&type=3&sfnsn=mo&mibextid=6aamW6
🔴 Hari uwipfuza gushimira umumenyeshamakuru Jérôme Niyonzima.
Twaronse ubutumwa tutamenyereye bw'uwipfuza gushimira uwamugiriye neza. Bugira buti :
"Mutama, hari umuntu yankoreye iciza gitangaje, narabuze uko nomushimira, mugabo Imana izomuhemba. Ni umumenyeshamakuru Jérôme Niyonzima. Nahoze ndi umukozi wo mu gikoni iwe, aranshira mw'ishure guhera mu mashure matomato kugeza muri kaminuza y'abigenga. None itariki 5/8/2023 yaraye ankoreye ubugeni. None nshimye kubivuga kuko beshi mu Burundi usanga batitanaho.
Igitangaje, jewe mva i Ngozi, nawe ava i Bururi. Ni ukuvuga amfashije imyaka 18, aho mparuriye hamwe iyo namukoreye n'iyo yanyigishije. Sinumva uko nomushimira. Kumbure buno butumwa bwanje buzofasha abandi gukora iciza."
🔴 Mugenzi, woba ufata gute umukozi wawe wo mu gikoni ?
Buno butumwa burahambaye cane. Hari benshi bakoresha abakozi bo mu nzu bakabafata nk'abaja. Hari n'ababaheranira bikarangira bagiye kubapfungisha. Hari abakoresha abana bato cane badakwiriye gukora akazi aho kubajana mw'ishure. Hari abafata ku nguvu abakozi babo b'abigeme, bamwe bakabatera inda bakaca babirukana. Hari ababahemba intica ntikize ariko mu buzi barimwo bakidoga ko badahembwa neza. Hari abatigera batanga umusi wo kuruhuka kandi bagakoresha umukozi wabo amasaha y'umurengera (kuva isaha cumi n'imwe z'ubuca kugeza isaha zitanu canke zitandatu z'ijoro) ariko ukabasanga bari mu masendika nabo bisabira uburenganzira ku kazi.
Kano karorero ka Jérôme Niyonzima ndipfuza ko kokwigisha abandi benshi. Ese ingene biryoshe kubona uwagukoreye nawe ateye imbere ! Sintangaye kubona Jérôme Niyonzima yarakoze ibintu nk'ibi. Ndamuzi nk'umuntu w'iteka kuva kera.
Mpora mbona Umukuru w'Igihugu aha ubushimwe abakoze neza. Vyonezera kano karorero ka Jérôme Niyonzima gahawe umudari w'igihugu, maze kakaba umushinge wo kwubahiriza agateka k'abakozi bo mu nzu mu Burundi.
(Kuri iyo foto, Jérôme Niyonzima niwe atangura. Uwo yagiriye neza ni uwo afise micro).