22/06/2023
Mukirundi ngo:"Wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nkayo" Biratangaje cane kubona umuvyeyi yambika umwana wiwe impuzu ziteye isoni (ngufi,impenereza) akiri muto, akumva ko ahimbawe. Ariko uyo mwana yamara kugera mubigero akagira ibimugerageza biturutse kukamenyero yahawe n'uwamwibarutse ko kwambara izuba, umuvyeyi agashaka kuruta ataco akihatora. Akaba nkawawundi yibuka gutora ingegene (injugunjugu)imisure yagurutse canke akamera nkawawundi yibuka kwifuka bukeye. Muraraba neza ko ingeso urwaruka rugenderamwo iyo rwayikuye. Burira ntibuteba guca.