
22/07/2025
Imisi waruhijwe no gutonda imirongo muri OBR ugiye gutanga amatagisi ugiye kuyibagira mu misi mike
Biciye kuri izwi kw'izina ry'ubudabdaji rya , igisata co guhanahana amafaranga biciye kuri terefone ngendanwa, abenegihugu bagiye kworoherezwa mu kuriha amakori n'amatagisi muri . Ivyo bisigura ko bazoshobora kuriha amakori n'amatagisi agera ku 64 yose batiriwe barava aho bari kuko bazokora ivyo vyose bakoresheje terefone ngendanwa zabo.
Kuri uyu wa 22 Mukakaro, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cakozwe mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro no gushira ahabona ivy'uyo mugambi, Jean D'Amour Kwizera, Umuyobozi mukuru w'iryo shirahamwe yahamagariye abarundi kwijukira gukoresha kugira berekane ko bikukiye kandi bashaka guterera bimwe biboneka mw'iterambere ry'igihugu. Ku bw'iwe kwikukira ntibigarukira ku burenganzira bwo kwiyunguruza gusa. Kuba amashirahamwe yose akora ivyo guhanahana amahera biciye kuri terefone akomoka hanze bituma inyungu nini isubira mu bihugu yaje akomokamwo. Ico rero ni co isumvya yose kuko yo yashinzwe n'umurundi anyotewe iterambere ry'Uburundi agakoresha inyungu mu kwubaka igihugu.
Aimé Patrick Manirakiza umuyobozi ajejwe ubudandaji no kwamamaza muri iryo shirahamwe yasiguye ko hambavu y'ico gisata c'amakori isanzwe ikorana n'amabanki be n'amamikorofinanse aho umunywanyi ashobora gubuza ikonti yiwe na nimero yiwe ya terefone maze bakaza arakwirikirana ikonte yiwe umwanya wose. Ikindi na co biciye kuri umunywanyi arashobora kubitsa, kubikura, kurungika amafaranga kwigurira ama , n'ibindi kandi and ukabikorera ku nimero z'imihora yose ikorerwa mu Burundi.
Mwomenya ko ushaka kwiyugururira Cashtel vyoroshe aho ufyonda *429 # maze ugakurikiza ivyo bagusaba. Nayo ugize ikibazo uhamagara ku nimero itariha 429 bakakwitaba haciye akanya isase.
Waribwo wiyumvire ko ukoresheje uba uterereye mu kwubaka igihugu? Mbega urayikoresha?
Cp:Akeza. Net