Agaseke.bi

Agaseke.bi Agaseke.bi est la voix des leaders engagés ds le développement du Burundi et de l'Afrique.
(2)

Imisi waruhijwe no gutonda imirongo muri OBR ugiye gutanga amatagisi ugiye kuyibagira mu misi mikeBiciye kuri   izwi kw'...
22/07/2025

Imisi waruhijwe no gutonda imirongo muri OBR ugiye gutanga amatagisi ugiye kuyibagira mu misi mike

Biciye kuri izwi kw'izina ry'ubudabdaji rya , igisata co guhanahana amafaranga biciye kuri terefone ngendanwa, abenegihugu bagiye kworoherezwa mu kuriha amakori n'amatagisi muri . Ivyo bisigura ko bazoshobora kuriha amakori n'amatagisi agera ku 64 yose batiriwe barava aho bari kuko bazokora ivyo vyose bakoresheje terefone ngendanwa zabo.

Kuri uyu wa 22 Mukakaro, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cakozwe mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro no gushira ahabona ivy'uyo mugambi, Jean D'Amour Kwizera, Umuyobozi mukuru w'iryo shirahamwe yahamagariye abarundi kwijukira gukoresha kugira berekane ko bikukiye kandi bashaka guterera bimwe biboneka mw'iterambere ry'igihugu. Ku bw'iwe kwikukira ntibigarukira ku burenganzira bwo kwiyunguruza gusa. Kuba amashirahamwe yose akora ivyo guhanahana amahera biciye kuri terefone akomoka hanze bituma inyungu nini isubira mu bihugu yaje akomokamwo. Ico rero ni co isumvya yose kuko yo yashinzwe n'umurundi anyotewe iterambere ry'Uburundi agakoresha inyungu mu kwubaka igihugu.

Aimé Patrick Manirakiza umuyobozi ajejwe ubudandaji no kwamamaza muri iryo shirahamwe yasiguye ko hambavu y'ico gisata c'amakori isanzwe ikorana n'amabanki be n'amamikorofinanse aho umunywanyi ashobora gubuza ikonti yiwe na nimero yiwe ya terefone maze bakaza arakwirikirana ikonte yiwe umwanya wose. Ikindi na co biciye kuri umunywanyi arashobora kubitsa, kubikura, kurungika amafaranga kwigurira ama , n'ibindi kandi and ukabikorera ku nimero z'imihora yose ikorerwa mu Burundi.

Mwomenya ko ushaka kwiyugururira Cashtel vyoroshe aho ufyonda *429 # maze ugakurikiza ivyo bagusaba. Nayo ugize ikibazo uhamagara ku nimero itariha 429 bakakwitaba haciye akanya isase.

Waribwo wiyumvire ko ukoresheje uba uterereye mu kwubaka igihugu? Mbega urayikoresha?

Cp:Akeza. Net




Mubitaro mpuza ntara vya gitega ntabarwayi bagitakaza ubuzima,biturutse kukubura umwuka witwa Oxigène  ufasha abarwayi b...
18/07/2025

Mubitaro mpuza ntara vya gitega ntabarwayi bagitakaza ubuzima,biturutse kukubura umwuka witwa Oxigène ufasha abarwayi bindembe kuko basigaye bawihingurira kur'ivyo bitaro .

Muganga Ndihokubwayo Eric atwara ivyo bitaro ,amenyesha ko kuva aho ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kurwanya Sida bufadikanije n'ishiramwe UNICEF bubaronkeje uruganda ruhingura uwo mwuka ,vyazanye akamaro mu gihe ubwambere baja kuwurondera ibujumbura ,vyahora bituma hari abatakaza ubuzima batari kubutakaza .

Muganga Ndihokubwayo asaba ko boroswa icuma bita transformateur, kuko urwo ruganda rukenera umuriro mwinshi, ni mu gihe bakoresha groupe électrogène ikoreshwa n'amazutu kandi ngo kuboneka haraho biba bitoroshe. Ku bwiwe ngo hamwe boronka umuriro mwishi boshobora no guhereza uwo mwuka ibindi bitaro bibanyi ku giciro kitavuna.

Tubamenyeshe ko naho bagikoresha iyo groupe électrogène, bahingura ku musi ku musi ibicupa 40 bimwe bita bomboni.




Mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, hararanguwe mu gice ca kane imigambi itari mike iga...
17/07/2025

Mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, hararanguwe mu gice ca kane imigambi itari mike iganisha kuri ya mbonakazoza y'igihugu

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru co kuri uyu wa 15Mukakaro, categuwe mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe mu gice ca kane c'umwaka w’ikoreshwa ry’amafaranga ya Reta y'umwaka w'2024 ushira uw’2025, Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba yamenyesheje ko imigambi yose yaranguwe muri ico gice ca 4 ijanye na ya mbonokazoza y’Uburundi bwifashe 2040 n'Uburundi buteye imbere mu 2060 hamwe na ya nteguro y'iterambere ry’igihugu isubiyemwo (Plan National de Développement Révisé).

Muri iyo migambi harimwo
abasirikare barenga 200 harimwo intwazangabo, ibisongerezi n’abasirikare bato bato bariko barakwirikirana imyimenyerezo y’igikomando, kugira bongereze abasirikare ba karuhariwe urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi

Ikindi kandi ngo igisirikare c'Uburundi kandi ngo cararonkejwe ibikoresho bishasha bimwe bimwe harimwo n’imoteri z’ubwato bw’abasirikare bakorera mu biyaga, be n’inyubakwa zitandukanye za gisirikare zasanuwe, harimwo n’inyubakwa ikoreramwo umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba.

Uwo mushikiranganji yavuze kandi ko mu bindi vyakozwe harimwo gutsimbataza umutekano, gufashanya mu vya gisirikare, inyigisho n’imyimenyerezo vya gisirikare, guteza imbere ibibanza n’inyubakwa vya gisirikare, gutunganya neza ibijanye n’ubutunzi, n’ibikoresho,...

Ku vyerekeye inyigisho n’imyimenyerezo ya gisirikare, Mutabazi yamenyesheje ko imigwi itandukanye y'abasirikare iriko irahabwa inyigisho za gikomando zaba izo kugarukana amahoro mu karere canke mu gihugu. Muri bo harimwo abasirikare umunani bakwirikiranye muri inyigisho zijanye no gutegura ya mitego iturika bita "Engins Explosifs Improvisés", mu ntumbero yo kurwanya neza ivyo biturika

Mwomenya ko uwo musi nyene ariho hinjirwa icese inyubakwa izokorera mwo uwo mushikiranganji



👨‍⚕️𝐌𝐮 𝐦𝐚𝐟𝐚𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚 𝟏𝟖𝟎.𝟎𝟎𝟎.𝟎𝟎𝟎 𝐲'𝐚𝐦𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐚𝐬𝐚𝐛𝐰𝐚 𝐤𝐮𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐲𝐢𝐯𝐮𝐳𝐞 𝐂𝐚𝐧𝐜𝐞𝐫 𝐚𝐦𝐚𝐳𝐞 𝐤𝐮𝐫𝐨𝐧𝐤𝐚 𝐢𝐛𝐢𝐜𝐞 2𝟎% 𝐧𝐨𝐧𝐞 𝐚𝐫𝐚𝐬𝐚𝐛𝐚 𝐮𝐛𝐮𝐟𝐚𝐬𝐡𝐚✅Uwo ni...
11/07/2025

👨‍⚕️𝐌𝐮 𝐦𝐚𝐟𝐚𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚 𝟏𝟖𝟎.𝟎𝟎𝟎.𝟎𝟎𝟎 𝐲'𝐚𝐦𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐚𝐬𝐚𝐛𝐰𝐚 𝐤𝐮𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐲𝐢𝐯𝐮𝐳𝐞 𝐂𝐚𝐧𝐜𝐞𝐫 𝐚𝐦𝐚𝐳𝐞 𝐤𝐮𝐫𝐨𝐧𝐤𝐚 𝐢𝐛𝐢𝐜𝐞 2𝟎% 𝐧𝐨𝐧𝐞 𝐚𝐫𝐚𝐬𝐚𝐛𝐚 𝐮𝐛𝐮𝐟𝐚𝐬𝐡𝐚

✅Uwo ni Obed Bizovugayesu, umwigisha murezi akomoka ku musozi wa Gasheke, Komine Bukinanyana, ubu akaba aba muri gisagara ca Bujumbura. Obed afise umugore n’abana babiri, yahuye n’indwara ya kanseri yo mu bwoko bwa (Chondrosarcome) ku kuguru neza na neza mu kirenge. Iyo ndwara yaturutse ku kuvunika kw’ukuguru igihe yari akiri umwana ariko yabifashe nk'imvune isanzwe. Inyuma y’aho, yahavuye atangura kuvyimba no kubabara cane agiye kwa muganga nikwo kumutora iyo ndwara.

🧐Naho abaganga b’Abarundi bakoze ibishoboka vyose baramubaga kabiri kose ariko ntivyakunda ko bamuvura iyo kanseri bakaba baciye bamubwira ko yoja kurondera uko avurwa hanze y'igihugu.

💸Ariko rero, amafaranga akeneye ni menshi cane: hafi n’imiriyoni 180 y’amarundi, aho ntiharimwo ibijanye no kubaho hamwe n'itike y'indege kuri we no ku mugwaza wiwe. Obed afise gusa 10% vy’ayo mafaranga. Ni co gituma asaba uwufise umutima w’urukundo kumufasha kugira abashe kuronka ubwo buvuzi bukenewe cane.

👇Nimba wipfuza kumushigikira, ukoreshe ibisabwa bikurikira:

- BCB: 21843180003
- KCB: 6690528669
- COOPEC GITEGA: 085160
- Lumicash: 69090410
- Izina: Bizovugayesu Obed
- https://gofund.me/8576c372
- Numero ya WhatsApp: 69090410

Ubufasha bwose, n’aho boba buto gute, burashobora kurokora Obed akaronka ubuzima.




💃🏽 Ejo aho bukera Umuririmvyikazi   agiye kuboneka muri concert   , iteguwe n’abafaratiri  b'aba   Iyo concert izobera h...
11/07/2025

💃🏽 Ejo aho bukera Umuririmvyikazi agiye kuboneka muri concert , iteguwe n’abafaratiri b'aba

Iyo concert izobera hafi y’ishengero Mont Sion Gikungu ahitwa kuri uyu wa 12 /7/2025 ikaba ari Concert irimwo umuziki w’ikibiriraho (Live Music) w’abaririmvyi , , n’abandi benshi.

👉🏿Iyo concert itunganijwe n’abafarataratiri b’umuryango w’aba Padiri b'aba Schonestatt ku ncuro ya mbere ,izohuza abanyempano batandukanye n’abakunzi babo mu kuryoherwana na bo muri ivyo birori vyo kunezerwa no kuruhurira umutwe .



Abarundi nibijukire kurima ikibonobono kuko ni inzahabu yerera hejuruDavid Tuyisabe yiyemeje guteza imbere igiterwa c'Ik...
10/07/2025

Abarundi nibijukire kurima ikibonobono kuko ni inzahabu yerera hejuru

David Tuyisabe yiyemeje guteza imbere igiterwa c'Ikibonobono akaba ari nawe yaraye atowe ngo arongore amakoperative yo mu ntara zitandukanye arima ikibonobono akagurisha imbuto akongera akagihinguramwo amavuta, niwe yabishikirije kuri uyu wa 3 mu nama yahuje abanywanyi b'ayo makoperative.

Uwo mugwizatunga yasiguye ko igiterwa c'Ikibonobono gishobora guhingurwamwo ibintu birenga 22, bikumvikana ko akamaro kaco ari kanini cane. Naho biri uko aha mu Burundi ngo bahosemwo kugihinguramwo amavuta. David ahamagarira abarundi kwijukira kurima ico giterwa kuko ngo cera kare mu mezi 5 iyo kirimwe ahantu ashushe, nayo kirimwe ahakanye ngo cera mu mezi 6. Iyo ceze rero abarimyi barabukura mu cibo kuko koperative ica ibashorera imbuto basoromye ku mafaranga ari hagati y'ibumbi 5 n'ibihumbi 10 ku kilo

Muganga Irambona Frédéric Faustin umwe mu bariko barateza imbere ico giterwa bahurikiye muri koperative Kibonobono avuga ko ico giterwa coroshe cane kurima kandi gisaba umwavu w'ikirundi uwo ari wo wose kandi ngo kirabana n'ibindi biterwa mbere kigatuma ubukoko butarya ivyo biterwa kuko bwose buca buza kuri ico kibonobono. Imbuto ngo ntigoye kuko ngo ku buringanire bwa hegitare imbuto ikenewe ni ibiro biri hagati y'ibiro 3 canke 4, kandi aho ngo uba wabiteye vyonyene. Aho rero ngo inyungu ivamwo ni nyinshi kuko ngo ashobora kwimbura hagati y'itoni 1 na 3.

Naho Abarundi batariko barahurumbira kurima ico giterwa, ngo amavuta ava muri co arazimvye kw'isoko mpuzamakungu kuko ilitiro imwe ishobora kugurwa ibihumbi 240. No ngaha mu Burundi amavuta yaco arazimvye kuko ilitiro imwe irashobora kugurwa hagati y'ibihumbi 90 n'ibihumbi 100

Ayo mavuta rero ngo afise akamaro kanini cane aho twovuga nko kuvura indwara zo kurukoba, kwoza mu nda, gukuza umushatsi, n'ibindi vyinshi bitandukanye.

Mwomenya ko Ikibonobono atari igiterwa kije vuba ahubwo catanguye kurimwa kuva ku ntwaro y'abakoroni naho abarundi bahavuy bagiheba. Gushika ubu rero hariho amakoperative 17 akorera mu ntara za kera.




*SAHL BANKING yash*tse mu Rumonge❕*Kw’igenekerezo rya 26 gushika kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi niho KCB Bank Burundi ibi...
08/07/2025

*SAHL BANKING yash*tse mu Rumonge❕*

Kw’igenekerezo rya 26 gushika kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi niho KCB Bank Burundi ibicishije mu gisata cayo ca Sahl Banking yateguye inyigisho mu gisagara ca Rumonge hamwe na Nyanza Lac, izo nyigisho zikaba zari zijanye na serivisi za Sahl Banking zisunga amategeko ya shariah agenga urudandazwa. Izo serivisi zikaba zigamije kworohereza abenegihugu bose muri rusangi, vy’umwihariko abahurikiye mu muryango w’abayisilamu.

Kari n’akaryo keza ko gusigura Ubucuruzi bushingiye ku mategeko y’idini ya Islamu, uburyo bwo kubika, kubikura, gusaba ingurane hamwe no gukora imigamni y’iterambere hisunzwe ukwemera kuziririza inyungu izira ( ariyo Riba).

Ibirori vyo gusozere ivyo bikorwa bikaba vyatewe iteka na Nyakwubahwa Buramatari w’intara ya Rumonge, icegera c’umuyobozi mukuru w’ibanki KCB Burundi, uwukuru w’inama nk’uru y’aba sheikh mu Burundi akaba n’umwe mu bagize komite mpanuzwajambo ya shariah muri KCB Bank Burundi hamwe n’uwurongoye uryango w’abayislamu mu Ntara yagutse ya Burunga.

Ni intambwe ikomeye mu gisata cama Banki, ku Gihugu na cane cane mu gushira imbere iterambere kuri bose atawusigaye inyuma.





Hariko harakorwa umukwabu ku bakozi bakoresha impapuro z'umutsindo z'amagendoVyashikirijwe na Venuste Muyabaga umushikir...
08/07/2025

Hariko harakorwa umukwabu ku bakozi bakoresha impapuro z'umutsindo z'amagendo

Vyashikirijwe na Venuste Muyabaga umushikiranganji w'abakozi n'akazi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Haramaze gufatwa 75 muri abo kandi n'abandi ngo bazofatwa, nayo abafashwe ubutungane bukaba buriko burabakorera amadosiye.

Venuste Muyabaga asaba abenegihugu gufasha mu kudomako urutoke uwo wese akoresha impapuro za magendo. Avunira akagohe kandi abakozi bari mu kurangiza ikiringo cabo mu mabanga kanaka bajejwe ko bokora batadebukirwa kuko ngo bavuye muri ayo mabanga ubuzi bugumaho. Kuri ivyo rero, abakoresha ngo barakwiye gukurikiranira hagufi bene abo bantu kugira abenegihugu botunganirizwe mu vyo barondera.

Cp:RTNB




Abanyeshure basabwa gukorana umutima mu nda ikibazo ca   batanguye gukora kuri uyu wa kabiri François Havyarimana, umush...
08/07/2025

Abanyeshure basabwa gukorana umutima mu nda ikibazo ca batanguye gukora kuri uyu wa kabiri

François Havyarimana, umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi yabishikirije kuri uyu wa 8 Mukakaro aho yatanguza icese ico kibazo kw'ishure ryisumbuye rya , mu ntara ya , ikibazo ca Reta giha abanyeshure barangije inyigisho z'inyuma y’ishure nshingiro uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza.

Uwo mushikiranganji yaciye kandi no ku mashure yo ku mugwa mukuru w'intara ya ya Mweya, lycée notre dame de la sagesse, ETP na école paramédicale .

Aho yaciye yasavye kandi abanyeshure kuzosaba kurenganurwa(réclamation ) kare mu gihe bazosanga hari aho bakosowe nabi.



Martin Niteretse asaba indongozi nshasha gukora neza ngo kuko si  ngombwa kiringo  igiherere aho cageneweHari mu nama yo...
08/07/2025

Martin Niteretse asaba indongozi nshasha gukora neza ngo kuko si ngombwa kiringo igiherere aho cagenewe

Hari mu nama yo kuri uyu wa 7 Mukakaro 2025 mugisagara ca yahuje aba Buramatari b'intara zitanu zishasha n'abahora muri ayo mabanga co kimwe n'abahoze ari ba Musitanteri mu kiringo giheze hamwe n'abanyamabanga nshingwabikorwa ba makomine 42 baherutse kugenwa n'umukuru w'ihugu.

Intumbero nyamukuru y'iyo nama kwari ukumenyesha ko hagiye gutunganywa intwaro hisunzwe indinganizo nshasha mu makomine no mu ntara hisunzwe indinganizo nk'uko bitegekanwa n'ibwirizwa ryo ku wa 16 Ntwarante 2023.

Uwo mushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu yibukije izo ndongozi kudahahamira ibiti kuko igihugu ari ica bose ahubwo ngo nibaje ku kivi bakore ku nyungu ya bose ahandi ho bobogozwa ikiringo ca bo kitarahera

Mwomenya ko mu vyizwe muri iyo nama harimwo kandi:

Itunganywa ry'inyubako za ma zone n'amakomine

Gukurikirana imigambi ya komine yahahora

Impapuro ndangamuntu zahora zitangwa mumakomine

Gutunganya ikoreshwa ry'amafaranga



Oya umutekero wa internet ugurwa 13000 ku muhora wa   uracariho ntaho wagiyeUkaba wipfuza kugura ama mega agurwa amafara...
05/07/2025

Oya umutekero wa internet ugurwa 13000 ku muhora wa uracariho ntaho wagiye

Ukaba wipfuza kugura ama mega agurwa amafaranga 13000 biracakunda naho benshi bagumye bavuga ko ubu ama mega make agurwa 18000

Fyonda*150 # kurya usanzwe uyagura hama 2 ukurikize 6 hanyuma 1 canke 2,canke 3 bivanye n'ivyo ukeneye, mu nyuma uca ufyonda 1 canke 2 canke 3. Uca ubona aho bakwereka ama Mega agurwa amafaranga 13000



Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Agaseke.bi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Agaseke.bi:

Share