Kora Magazine

Kora Magazine 📰 Média chrétien d’information et d’édification.
✝️ Foi • Société • Économie • Culture • Sport • Santé.
📢 Informer avec vérité, impacter avec foi.
(1)

Ku kibuga c'umupira kiri mu kigo kwa Johnson, igiteramo Hozanna Celebration, gitanguye isaha imwe y'ijoro mu gihe ubutum...
28/06/2026

Ku kibuga c'umupira kiri mu kigo kwa Johnson, igiteramo Hozanna Celebration, gitanguye isaha imwe y'ijoro mu gihe ubutumire bwari bwararikiye abantu kuhashika igihe c'isaha cumi n'imwe zo ku mugoroba.

Igiteramo gitanguye basenga, ariko bibahiye gusaba imbabazi abitavye igiteramo baje bava mu mihingo itandukanye y'igisagara ca .

Bamwe mubari aho baza batanguye kwidoga bati naho ari ivya gusa bari kubona ko bagize amakosa bagasaba imbabazi kuko bisa no gushengera ugataha uko.

Le Parlement burundais valide le rapport de la CVR sur le génocide des Hutu de 1972----------------------Ce mardi 16 jui...
16/06/2026

Le Parlement burundais valide le rapport de la CVR sur le génocide des Hutu de 1972
----------------------
Ce mardi 16 juin 2026, réunis en congrès pour des raisons d’intérêt national, les membres de l’Assemblée nationale et du Sénat ont suivi la présentation du rapport final de la Commission Vérité et Réconciliation (CVR) relatif au génocide perpétré contre les Hutu en 1972.

Avant la présentation officielle du rapport, le Président de la CVR, l’Ambassadeur Pierre Claver Ndayicariye, a remis aux parlementaires plus de trente ouvrages documentant les origines, la planification et l’exécution de ce drame qui a profondément marqué l’histoire du Burundi. Ces publications constituent le fruit de plusieurs années de recherches, de témoignages et d’investigations menées par la Commission.

Les élus du peuple ont également suivi un documentaire retraçant les enquêtes approfondies réalisées par la CVR afin d’établir la vérité sur les événements de 1972 et d’identifier les mécanismes ayant conduit à ces massacres.

Dans son exposé, l’Ambassadeur Ndayicariye a indiqué que près de 300 000 Hutu auraient été tués sous le régime du capitaine Michel Micombero. Selon les conclusions présentées, les victimes provenaient de diverses catégories sociales : intellectuels, commerçants, religieux, élèves, étudiants, militaires, gendarmes et agriculteurs. Le rapport décrit également les nombreuses formes de violences et d’exactions auxquelles ces populations ont été soumises.

À l’issue de cette séance, les députés et sénateurs ont salué la méthodologie scientifique et le travail de recherche accompli par la CVR. Ils ont adopté une déclaration approuvant le rapport présenté par la Commission sur le génocide des Hutu de 1972.

Cette étape est considérée comme un moment important dans la quête de vérité, de mémoire, de justice et de réconciliation nationale au Burundi.

📌 Source : Séance conjointe de l’Assemblée nationale et du Sénat du Burundi du 16 juin 2026 consacrée à l’examen du rapport de la CVR sur les événements de 1972.

‎📱 Abafise amakarata SIM y’imihora yo gutumatumanako amakuru bahamagarirwa gusubira kwiyandikisha bushasha‎-------------...
04/06/2026

‎📱 Abafise amakarata SIM y’imihora yo gutumatumanako amakuru bahamagarirwa gusubira kwiyandikisha bushasha
‎---------------------------
‎📄 Mw’itangazo ryasohowe n’ikigo kijejwe kugenzura ikoreshwa ry’itumatumanako kuri uyu wa 3 Ruheshi, ico kigo gisaba ibigo vy’itumatumanako hamwe n’abafise amakarata yo guhamagarana (SIM card) kwiyandikisha bushasha
‎
‎⚖️ Ico kigo kimenyesha ko iyo ngingo ishingiye ku ngingo nshikiranganji yo kuwa 13 Nzero uyu mwaka isaba iyandikwa rishasha ku bantu bose bakoresha imihora yo gutumatumanako amakuru
‎
‎📢 ARCT isaba ibigo vy’itumatumanako gutanga ubutumwa ku banywanyi bavyo kugira ntibarengerwe n’ikiringo cagenywe
‎
‎⏳ Abakoresha amakarata SIM basabwa kuba bahejeje kwiyandikisha bushasha bitarenze igenekerezo rya 25 Ruheshi 2026
‎
‎
‎

"Jewe ngomba dukore igikorwa c'Imana kabisa. Abana b'igihugu tubakure mw'ibarabara twumve ko ari abana bo mu muryango". ...
04/06/2026

"Jewe ngomba dukore igikorwa c'Imana kabisa. Abana b'igihugu tubakure mw'ibarabara twumve ko ari abana bo mu muryango".
----------------------------------------------

Ayo ni amajambo ava mu mutima w'impuhwe umukuru w'igihugu c'uburundi yeretse Abarongoye amashengero atandukanye, aho yari aramutse agiriranira nabo ikiganiro kuri uwu wa 03/06/2026 muri stade Ingoma iri mu murwa mukuru wa Politique i Gitega.

Kubwa Perezida, abo bana bariko barasanzara ni abo igihugu. Ahamagarira abarongoye amashengero kure kuvuga ngo ni igikorwa ca Reta kuko ataho bazohurira n'uwo Mugabo Reta.
Intererano y'ibihumbi icumi ( 10.000 Fbu) kuri buri Shengero niyo ntererano umukuru w'igihugu asaba buri shengero kugira ngo hubakwe irerero ry'abana batagira aho bakika umusaya, gutyo igihugu nk'umuryango kibaronse aho baba barerwe bakure.

Umukuru w'igihugu akagira ati : " Basi tuze tuve kuri iyi si, tuvuga tuti hari ikintu ciza twakoze : nta bana bo mw'ibarabara tugifise".

Abitavye ico kiganiro, barashimye ico gikorwa mbere bakavuga ko amafaranga ibihumbi cumi kw'i Shengero ari amafaranga make kubashaka gushigikira imigambi y'iterambere iriko ishirwa imbere n'umukuru w'igihugu.
Uretse mbere b'ishengero, n'abo bungere bamwe bashima kuzogira ico bakoze kugira uwo mugambi ukunde.

Tubamenyeshe ko hagiye gushirwaho compté bloqué kugira ngo amafaranga azojeko mu kiringo c'umwaka atawuyikorako maze baheze barabe aho uburyo buzoba bugeze, maze irerero ryubakwe.

Musomyi, nawe uriteguye guterera kugira twubake irerero ry'abana batagira aho bakika umusaya ?

  Gufatanya ama quartiers ya Tenga na Gasenyi: Umwitwarariko udasanzwe w'abenegihugu bo mw'i Tenga. Mu gihe igisagara ca...
03/06/2026

Gufatanya ama quartiers ya Tenga na Gasenyi: Umwitwarariko udasanzwe w'abenegihugu bo mw'i Tenga.

Mu gihe igisagara ca Bujumbura kiriko kiratera caguka, inzuzi nazo zishishikara gutandukanya ababa mu ma Quartiers yo mu Gisagara ca Bujumbura, cane cane muri Commune Ntahangwa. Yamara naho biri uko, umwete udasanzwe w'abajejwe intwaro muri Tenga uriko utuma ama quartiers atandukanywa n'inzuzi canke n'utwonga yegerana bivuye ku nguvu z'abenegihugu bariko biyubakira ibiraro vyiza.

Uyu musi twatembereye muri Tenga turaba uko bariko biyubakira ibiraro. Cellule Tenga Gikoma ubu irafise ijabukiro ryiza. Mu gihe umwenegihugu agomba kuja mu Gasenyi (ka Présidence) canke mu Gatunguru yahora arinda guca epfo kw'i kaburimbi, ubu arashobora kwinyavya agaca ku kiraro baherutse kwubaka gihuza Tenga na Gasenyi, ukagicako ujandajanda utikeka gutibukira muri .

Abo twayaze baba mw'i Tenga barashima ico gikorwa mbere bagasaba ko ivyo bikorwa vyoba intango yo gushiraho umugambi w'ibiraro vya kijambere bishobora no gucishwako imodoka kugira ngo vyoroshe imigenderanire na rirya iyo quartier iriko itera imbere ku murindi udasanzwe.

"Ubu abana bacu biraborohera kuja ku mashure batarinze kuzungutuka ngo bicwe n'uburuhe. Ariko naho biri uko".
Ariko naho biri uko, imiduga yo irinda kuzungutuka mu rya Bubanza. Abenegihugu bagasaba ko hoba ibarabara rikoze neza n'ibiraro kijambere bikomeye kugira Uwuva mw'i Tenga Gahwama, Ku nombe, Bushaka, ...ashobore kujabuka mu Gasenyi atarinze guca murya Bubanza.

Abenegihugu baranibutsa OBUHA ko bakirindiriye amabarabara meza bemerewe n'ico kigo mu ntumbero yo guteza imbere ako karere. Ni mu gihe ama bornes yashinzwe amwe amwe aza yararandutse, mbere bamwe bakaba banatanguye kwubaka barengera aho ayo ma bornes yari ashinzwe.

Tubibutse ko n'ibindi biraro biriko birakorwa mu buce butandukanye bwa Tenga kugira ngo imigenderanire yorohe, nayo abajejwe intwaro muri quartier bakaba birushiriza guhimiririza abenegihugu gukora ibikorwa rusangi kugira bateze imbere kandi basukure uburere babayemwo.

Musomyi, ni ubundi burere ubuhe ubona bukenewemwo ibiraro ?

Address

Bujumbura, Mukaza
Bujumbura

Telephone

+25779766352

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kora Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Kora Magazine:

Shortcuts

Share