21/07/2023
IKINYOMA KU KINDI
Generale Neva
Iyo igihugu camaze kwugarizwa nโibiturire munzego zose ntakindi kiba
gisigaye uretse ko aba ari ikimenyetso gihamagarira buri munyagihugu wese
guhaguruka akagwanya ubwo butegetsi. Kuko kubireka n'ukwemera ko
ubuzima bwawe n'abagukomokako buguma mu kaga kandi ukaba ubirekeye mu maboko yabariko
bakwiba bongera bakurihisha ikiguzi cโuburenganzira bwawe. Kuko ku
ntwaro ya bene nkona igiturire cabaye inzira yo kuronka ico uhabwa n'amategeko. Ico gihe haba hageze ko Umunyagihugu akubitiza agatima
รmpembero, mu kumenyako gutangishwa igiturire ari nzira Reta yatoye yo
Gutungisha abategetsi.
Insiguro za ndayishimiye zose zuzuyemwo amarira y'ingona.
Ukugwa kw'ama Reta kwama gukomoka mu mishamirano ihera hagati
mu batwara, ikongera igakomoka ku kunanirwa kwa Reta mubijanye no
kuronsa abanyagihugu ivya nkenerwa. izo ngingo zibiri iyi Reta ya
Ndayishimiye irazikwije. Mugihugu hariho ingingo zibiri zama zikwega ayandi
mabi yose kandi izo ngingo zibiri imwe ikwega iyindi.
Izo nazo hari
umutekano muke canke
iyo ubutunzi bumeze nabi.
Iyo mu gihugu hari umutekano muke ivyo birashobora gutuma Reta isenyuka
mu bisanzwe umutekano uratandukanye cane n'agacerere. arinavyo abatware
bakunda kwihaya ngo mugihugu umutekano ni wose. ariko abantu barashobora guhora kubera ubwoba batewe n'ababatwara niho hava naya migani ngo:uwufise agatwe gato akarinda uruguma canke ngo uwufise ibijumbu agutwara imbwa.
Iyo basokuru nabo bavuze ngo harara inzara hakavyuka inzigo canke ngo
umuntu atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye nuko ata muntu numwe
yihanganira inzara naho rero abantu bokwihorera kubera gutinya
ntamutekano baba bafiseAbibuka kuntwaro ya Perezida Bagaza hari agacerere kenshi gose, mugabo
abarundi bari bafise ubwoba bw'ikiza c'i 1972, ivyo vyatumye abanyagihugu benshi naho bari bababaye bihorera. mugabo mwibukeko ico hari
impunzi zirenga ibihmbi300 hanze y'igihugu.
Mbere abatanguye nivy'umuhari palipehutu babitanguye hatwara
Bagaza..Perezida Bagaza yaje kumenya ko hari abamugwanya aje mugihugu
c'urwanda mu nama y'ibihugu bivuga igifaransa hagitwara Perezida
Havyarimana juvenari hari mu 1979 kubera amakete yo kumwiyamiriza
yakwiragijwe munzu yariko iberamwo Iyo nama. ivyo bintu ba Gahutu remy
bakoze nivyo vyabaye intandaro yo kwirukanwa mu rwanda maze agahungira
Tanzaniya. Agacerere ntaho gahuriye n'umutekano na cane cane mugihe bizwi
neza ko hari abarundi bari inyuma y'igihugu, hakaba za Red-tabara n'ibindi
n'ibindi
Iyo ubutunzi bwifashe nabi navyo nikimwe mubikwega akarambaraye.Urufi
mu kubora iyo ruhereye mu mutwe urwo rufi ntirukira.
Umukuru w'igihugu Ndayishimiye yatoye inzira yo gutwara mu guhakana ko
abanyagihugu bakenye. nico gituma bamwe abita ibinebwe abandi akabita
imihimbiri kumwe yavuze ko Rufyiri ata bwenge agira kubera avuze ingorane
z'igitoro.
Ariko kubera atawuhisha umwotsi inzu iriko irasha.ku ngingo yonyene yo
guhindura amahera gusa abarundi benshi cane gushika nubu ama banki ntarasubira gukora neza. abanyagihugu bo mu ntara hagati bobo nubu
benshi ntibarasubizwa utwabo. Iyo rero Umukuru atakimenya ingorane zabo
ajejwe canke ngo azemere ko zihari ntashobora nokubatorera umuti kuko
kuko ntamunyagihugu yihandura ihwa atabona..
Ukuvyuka kwama Reta no Kugwa kwayo sibishasha mur'iki gihugu cacu
mbere no kwisi na cane cane murikino kinjana ca 21. Igihanze Reta yacu
ya Ndayishimiye si ineza y'abanyagihugu ahubwo n'ingene
Ndayishimiye yokomeza ubutegetsi bwiwe..rimwe na rimwe aba bantu
baritiranya ivyo bita (Rivalite interne) Canke ubukeba bwo mu
mugambwe no Gukiza igihugu. Ndayishimiye ibintu akora n'ugukomeza
ubutegetsi bwiwe. Ivyo mukubikora abanza kuvuga nabi abo
bagendanye na cane cane abo ataba acizeye.