Journal Ncuti

Journal Ncuti Journal Ncuti

23/11/2024

mwiriwe bakunzi ba ncuti

  Office Burundais des Recettes  Inyuma y'iduzwa ry'ibiciro vyo gupanga amazu ku bacuruzi bacururiza mw'isoko rya Ruvume...
31/07/2023

Office Burundais des Recettes

Inyuma y'iduzwa ry'ibiciro vyo gupanga amazu ku bacuruzi bacururiza mw'isoko rya Ruvumera muri commune Mukaza zone Buyenzi, uyu munsi abacuruzi bazindutse bugaye amaduka yabo, barasaba ibiganiro na Leta kugira bagabanirizwe ayo mafranga kubera babadugirijeko bikomeye cane aho ibiciro vyaho bacururiza vyadugijwe n'imiburiburi incuro 6, aho usanga nk'abahora bakotesha ibihumbi 110 babashize ku bihumbi 610, gutyo gutyo.

21/07/2023

IKINYOMA KU KINDI

Generale Neva
Iyo igihugu camaze kwugarizwa nโ€™ibiturire munzego zose ntakindi kiba
gisigaye uretse ko aba ari ikimenyetso gihamagarira buri munyagihugu wese
guhaguruka akagwanya ubwo butegetsi. Kuko kubireka n'ukwemera ko
ubuzima bwawe n'abagukomokako buguma mu kaga kandi ukaba ubirekeye mu maboko yabariko
bakwiba bongera bakurihisha ikiguzi cโ€™uburenganzira bwawe. Kuko ku
ntwaro ya bene nkona igiturire cabaye inzira yo kuronka ico uhabwa n'amategeko. Ico gihe haba hageze ko Umunyagihugu akubitiza agatima
ร›mpembero, mu kumenyako gutangishwa igiturire ari nzira Reta yatoye yo
Gutungisha abategetsi.
Insiguro za ndayishimiye zose zuzuyemwo amarira y'ingona.
Ukugwa kw'ama Reta kwama gukomoka mu mishamirano ihera hagati
mu batwara, ikongera igakomoka ku kunanirwa kwa Reta mubijanye no
kuronsa abanyagihugu ivya nkenerwa. izo ngingo zibiri iyi Reta ya
Ndayishimiye irazikwije. Mugihugu hariho ingingo zibiri zama zikwega ayandi
mabi yose kandi izo ngingo zibiri imwe ikwega iyindi.
Izo nazo hari
umutekano muke canke
iyo ubutunzi bumeze nabi.
Iyo mu gihugu hari umutekano muke ivyo birashobora gutuma Reta isenyuka
mu bisanzwe umutekano uratandukanye cane n'agacerere. arinavyo abatware
bakunda kwihaya ngo mugihugu umutekano ni wose. ariko abantu barashobora guhora kubera ubwoba batewe n'ababatwara niho hava naya migani ngo:uwufise agatwe gato akarinda uruguma canke ngo uwufise ibijumbu agutwara imbwa.
Iyo basokuru nabo bavuze ngo harara inzara hakavyuka inzigo canke ngo
umuntu atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye nuko ata muntu numwe
yihanganira inzara naho rero abantu bokwihorera kubera gutinya
ntamutekano baba bafiseAbibuka kuntwaro ya Perezida Bagaza hari agacerere kenshi gose, mugabo
abarundi bari bafise ubwoba bw'ikiza c'i 1972, ivyo vyatumye abanyagihugu benshi naho bari bababaye bihorera. mugabo mwibukeko ico hari
impunzi zirenga ibihmbi300 hanze y'igihugu.
Mbere abatanguye nivy'umuhari palipehutu babitanguye hatwara
Bagaza..Perezida Bagaza yaje kumenya ko hari abamugwanya aje mugihugu
c'urwanda mu nama y'ibihugu bivuga igifaransa hagitwara Perezida
Havyarimana juvenari hari mu 1979 kubera amakete yo kumwiyamiriza
yakwiragijwe munzu yariko iberamwo Iyo nama. ivyo bintu ba Gahutu remy
bakoze nivyo vyabaye intandaro yo kwirukanwa mu rwanda maze agahungira
Tanzaniya. Agacerere ntaho gahuriye n'umutekano na cane cane mugihe bizwi
neza ko hari abarundi bari inyuma y'igihugu, hakaba za Red-tabara n'ibindi
n'ibindi
Iyo ubutunzi bwifashe nabi navyo nikimwe mubikwega akarambaraye.Urufi
mu kubora iyo ruhereye mu mutwe urwo rufi ntirukira.
Umukuru w'igihugu Ndayishimiye yatoye inzira yo gutwara mu guhakana ko
abanyagihugu bakenye. nico gituma bamwe abita ibinebwe abandi akabita
imihimbiri kumwe yavuze ko Rufyiri ata bwenge agira kubera avuze ingorane
z'igitoro.
Ariko kubera atawuhisha umwotsi inzu iriko irasha.ku ngingo yonyene yo
guhindura amahera gusa abarundi benshi cane gushika nubu ama banki ntarasubira gukora neza. abanyagihugu bo mu ntara hagati bobo nubu
benshi ntibarasubizwa utwabo. Iyo rero Umukuru atakimenya ingorane zabo
ajejwe canke ngo azemere ko zihari ntashobora nokubatorera umuti kuko
kuko ntamunyagihugu yihandura ihwa atabona..
Ukuvyuka kwama Reta no Kugwa kwayo sibishasha mur'iki gihugu cacu
mbere no kwisi na cane cane murikino kinjana ca 21. Igihanze Reta yacu
ya Ndayishimiye si ineza y'abanyagihugu ahubwo n'ingene
Ndayishimiye yokomeza ubutegetsi bwiwe..rimwe na rimwe aba bantu
baritiranya ivyo bita (Rivalite interne) Canke ubukeba bwo mu
mugambwe no Gukiza igihugu. Ndayishimiye ibintu akora n'ugukomeza
ubutegetsi bwiwe. Ivyo mukubikora abanza kuvuga nabi abo
bagendanye na cane cane abo ataba acizeye.

  UKWIBUKA NKURUNZIZA PeteroCndd fdd igerageza  kwubaka ishusho  y'igitangaza  ya nkurunziza mu vyiyumviro vy'abarundi ....
07/06/2023

UKWIBUKA NKURUNZIZA Petero

Cndd fdd igerageza kwubaka ishusho y'igitangaza ya nkurunziza mu vyiyumviro vy'abarundi ..Mugihe bizwi neza ko Abarundi benshi. Bafise amashusho menshi mabi ya Nkurunziza..aba dd bazibuka ko ariwe yatanguye kubacanishamwo mu mwaka wa 2007 igihe bakura Radjabu n'abandi bashingamateka 22..abandi ba dd biswe aba frondeur bamwibukira kukuntu yakoresheje igikenye ku kiringo kigira gatatu..Abandi barundi insinzi bamwibukira kubwicanyi bwaranzwe noguhohotera abariko biyamiriza ico kiringo kigira gatatu catumye hicwa bunyamaswa abarundi batari bake abandi bagahunga igihugu cabo
Iyi tariki yo kwunamira Nkurunziza..mugihe kiza izoba itariki yo gukora kw'itama Abazoba bakiriho bamukomokako...kanatsinda ibibi yakoreye abarundi n'uburundi ntibizokwigera vyibagiranwa.

   Barayamaze bati "๐€๐๐€๐†๐€๐๐Ž ๐๐€๐‘๐€๐‘๐˜๐€ ๐ˆ๐Œ๐๐–๐€ ๐๐€๐™๐Ž ๐™๐ˆ๐Š๐ˆ๐’๐‡๐”๐‘๐€"Ahafungiwe   UWAMAHORO mw'ibohero rikuru rya GITEGA ahamaze imi...
10/05/2023



Barayamaze bati "๐€๐๐€๐†๐€๐๐Ž ๐๐€๐‘๐€๐‘๐˜๐€ ๐ˆ๐Œ๐๐–๐€ ๐๐€๐™๐Ž ๐™๐ˆ๐Š๐ˆ๐’๐‡๐”๐‘๐€"
Ahafungiwe UWAMAHORO mw'ibohero rikuru rya GITEGA ahamaze iminsi 20 gusa yamaze kuba nk'abandi bantu basanzwe bafunganywe aho asigaye yihereza utuyoga tuzwi kw'izina ry'utuyuki, kurundi ruhande uwari sebuja nawe afunzwe neza cane aho uyu munsi yanahawe umukozi wo kumutekera ivyo kurya benshi bazi nk'umuboyi. Uwo mukozi akaba ari uwitwa MUSA batazira GIHANGA asanzwe ari umunyororo muriryo bohero nyene.
Itandukaniro rikomeye cane aho uwigize igitangaza akoreshwa amabi n'ubutegetsi birangiye ashizwe hamwe nabo yatoteje uwari mu bamutuma nawe agakomeza gufatwa nk'umwami aho afungiwe.

Ibi vyari bikwiye guha icigwa abakiri inyuma yaba DD ko impera n'imperuka bazobagira nk'abandi kandi birinde gukorera nabi abandi kubwo kunezereza abatware atakindi bazobashimira atari kubafunga canke kubica kuko navyo vyagaragaye Henshi aho abakoreshejwe mu mabi n'ubutegetsi babuzwe irengero burundu abandi bagafungwa abandi bagatorwa ibiziga.

   Tubahaye mwiriwe abanywanyi n'ikinyamakuru Journal Ncuti Iherezo ribaye umunyororo agiye gukorera mw'ibohero rikuru r...
08/05/2023


Tubahaye mwiriwe abanywanyi n'ikinyamakuru Journal Ncuti
Iherezo ribaye umunyororo agiye gukorera mw'ibohero rikuru rya NGOZI

Yabanje kurengutswa imbere y'umushikirizamanza mukuru wa Republika i Bujumbura
Munyuma ajanwa mw'ibohero rikuru rya Ngozi
Aho hose yari yambaye nkabandi banyororo bose yambaye impuzu z'icatsi k'ibisi, amapingu maboko asunagurwa n'abapolisi bamujanye.
Ageze mw'ibohero yashikijwe mu cumba c'abanyororo ca vip aho yahawe akamatera ko kwa muganga gato nta gitanda yahawe, yahawe hamwe n'intebe imwe.
Akaba yashikanywe muriryo bohero isaha cumi z'umugoroba 16h, mukumwinjiza babanje kwugarana abandi banyororo bose basanzwe.

Mu nkuru yacu igiye gukurikira tugiye kubacira uko igikorwa kijanye nifatwa rya bunyoni ryagenze kuva mu ntango kugeza agezwe mu munyororo aho tuzobabwira n'ibindi vyose vyanyegejwe mutamenye na cane cane ivyabereye aho yari yinyegeje ndetse no mwiperereza aho yarafungiwe tuzonababwira n'abamufashije kwinyegeza ubwambere ndetse n'ibindi bicocoro muri CNDD-FDD bitafashwe arko nubu bikimuhagaze inyuma bimwemera.

Komeza gukurikirana Ikinyamakuru Journal Ncuti

   ๐”๐ฆ๐ฎ๐ฌ๐ก๐ข๐ค๐ข๐ซ๐ข๐ณ๐š๐ฆ๐š๐ง๐ณ๐š ๐ค๐ข๐ณ๐ข๐ ๐ž๐ง๐ณ๐š ๐ฐ๐š ๐‘๐ž๐ฉ๐ฎ๐›๐ฅ๐ข๐ค๐š ๐š๐ซ๐š๐ฆ๐ž๐ง๐ฒ๐ž๐ฌ๐ก๐š ๐€๐›๐š๐ซ๐ฎ๐ง๐๐ข ๐ค๐จ ๐†๐ž๐ง๐ž๐ซ๐š๐ฅ ๐๐ž ๐๐จ๐ฅ๐ข๐œ๐ž ๐€๐ฅ๐š๐ข๐ง ๐†๐ฎ๐ข๐ฅ๐ฅ๐š๐ฎ๐ฆ๐ž ๐๐ฎ๐ง๐ฒ๐จ๐ง๐ข ๐š๐ซ๐ข ๐ฆ๐ฎ ๐ฆ๐š๐›...
23/04/2023



๐”๐ฆ๐ฎ๐ฌ๐ก๐ข๐ค๐ข๐ซ๐ข๐ณ๐š๐ฆ๐š๐ง๐ณ๐š ๐ค๐ข๐ณ๐ข๐ ๐ž๐ง๐ณ๐š ๐ฐ๐š ๐‘๐ž๐ฉ๐ฎ๐›๐ฅ๐ข๐ค๐š ๐š๐ซ๐š๐ฆ๐ž๐ง๐ฒ๐ž๐ฌ๐ก๐š ๐€๐›๐š๐ซ๐ฎ๐ง๐๐ข ๐ค๐จ ๐†๐ž๐ง๐ž๐ซ๐š๐ฅ ๐๐ž ๐๐จ๐ฅ๐ข๐œ๐ž ๐€๐ฅ๐š๐ข๐ง ๐†๐ฎ๐ข๐ฅ๐ฅ๐š๐ฎ๐ฆ๐ž ๐๐ฎ๐ง๐ฒ๐จ๐ง๐ข ๐š๐ซ๐ข ๐ฆ๐ฎ ๐ฆ๐š๐›๐จ๐ค๐จ ๐ฒ'๐ข๐ ๐ข๐ฉ๐จ๐ฅ๐ข๐ฌ๐ข

Ni mw'itangazo ryasohowe n'umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuruyu wa 23 Ndamukiza 2023, aho yavuga ibijanye n' isakwa ry'inzu za Bunyoni ndetse n'ifatwa ryiwe akuwe muri Bujumbura Rural.

Kurikirana uko ikete ribivuga

Kugira ngo mukomeze gukurikirana kumwanya kumwanya amakuru aca hano kuri Journal Ncuti Fyonda kuriyi lien https://www.fa...
22/04/2023

Kugira ngo mukomeze gukurikirana kumwanya kumwanya amakuru aca hano kuri Journal Ncuti Fyonda kuriyi lien https://www.facebook.com/Journalncuti

Hanyuma mukurikize inzira nkuko biboneka muraya masanamu ๐Ÿ‘‡

   Hari inkuru iriko iraca hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana Decret Prรฉsidentielle ikura mu gipolisi Gรฉnรฉ...
22/04/2023



Hari inkuru iriko iraca hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana Decret Prรฉsidentielle ikura mu gipolisi Gรฉnรฉral Bunyoni, iyo nkuru siyo kuko twayitohoje iryo tegeko ntirirasohoka ntawuzi ko riza ni gusohoka n'ugushikuza.

Iyindi nkuru Journal Ncuti yaronse ivuga ifatwa rya Bunyoni nuko ivyabaye atafashwe nkuko vyagumye bivugwa ko ahubwo ariwe yihamagariye iperereza riza kumufata, ivyo akaba yabikoze muntumbero yo kugira ngo aticirwa mu mpisho bagira ngo aracinyegeje.

Inkuru dukomeza gukurikirana
Pacifique Nininahazwe

   ๐Š๐”๐‘๐”๐˜๐” ๐Œ๐”๐‡๐ˆ๐๐†๐€๐Œ๐Ž ๐˜๐€๐…๐€๐’๐‡๐–๐„ ๐€๐‡๐Ž ๐˜๐€๐‘๐ˆ ๐˜๐ˆ๐๐˜๐„๐†๐„๐‰๐„Uwo ni General Alain Guillaume Bunyoni aho yari amaze iminsi havugwa ko y...
21/04/2023



๐Š๐”๐‘๐”๐˜๐” ๐Œ๐”๐‡๐ˆ๐๐†๐€๐Œ๐Ž ๐˜๐€๐…๐€๐’๐‡๐–๐„ ๐€๐‡๐Ž ๐˜๐€๐‘๐ˆ ๐˜๐ˆ๐๐˜๐„๐†๐„๐‰๐„

Uwo ni General Alain Guillaume Bunyoni aho yari amaze iminsi havugwa ko yabuzwe irengero inyuma yo kuja kumusaka iwe bakamubura

Nkuko twabibabwiye munkuru yacu y'ejo hahise ko amakuru yadushikira yatubwira ko ari mu micungararo ya Bujumbura, amakuru adushikiriye muri aka kanya avuga ko yoba ahejeje gufatwa akaba yafatiwe muri Bujumbura rural, tukaba turindiriye kumenya ikigiye gukurikira.

Turabandanya gukurikirana ifatwa ryiwe!

   Araye ijoro rya mbere mw'ibohero rikuru rya RumongeNkuko amakuru menshi yagiye abivuga ko Colonel Dรฉsirรฉ Uwamahoro yo...
20/04/2023



Araye ijoro rya mbere mw'ibohero rikuru rya Rumonge

Nkuko amakuru menshi yagiye abivuga ko Colonel Dรฉsirรฉ Uwamahoro yoba afungiwe mw'ibohero rikuru rya Bujumbura (Mpimba) amakuru adushikira yizewe nuko yoba ahubwo yajanywe mw'ibohero rikuru rya Rumonge (Minembwe) aho bamushikirije ahawenyene hazwi nko muri confinement.
Abegereye ahari kubera iryo bomborana bavuga ko Dรฉsirรฉ yagerageje kwisigura kuvyo yagirizwa arko bikaba ivy'ubusa kuko bamurahiye bakarengwa ko Bunyoni atabonetse aribo baja mu kibanza ciwe, vyagihe kurangira bemeje ko bamufunga hejuru y'imbabazi yariko arabasaba n'amarira hejuru.

19/04/2023



Inyuma yo kuvugwa ko hamwe na bafunzwe kandi barko barabazwa "Ivyo bikaba vyanemejwe n'umushikiranganji w'umutekano k'umuhingamo wuyu munsi" bakaba bikekwa ko bafashije gutoroka isakwa ryasa nkaho ariwe rirondera kuruta.
Hari amakuru "Ariko atavyemezo vyayo biraboneka" avuga ko atashoboye kugera i Tanzaniya nkuko vyavuzwe arko ko yoba yinyegeje mu micungararo ya Bujumbura, mu rwego rw'iperereza bakaba barko baramurondera hasi kubura hejuru.

N'inkuru tubandanya tubatohoreza!!

Address

209sh
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Journal Ncuti posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Journal Ncuti:

Share