Burundi-News

Burundi-News Actualités du Burundi

 :Ministre wa Sport  Maidé hamid Lony arikumwe n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru@TchadTahir Oloy Hassan barak...
31/03/2026

:Ministre wa Sport Maidé hamid Lony arikumwe n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru@Tchad
Tahir Oloy Hassan barakiriwe kuri Aéroprt Meélchior Ndadaye igihe c'isaha 13h30 ejo n'umushikiranganji w'inkino@Burundi Madame Lydia Nsekera na Arcade Nimubona,icegera ca mbere c'umukuru wa FFB baje gushigikira umugwi wabo wa Tchad!!

Intumbero yabo kandi irumvikana nk'indongozi ni gushigikira Tchad mpaka bakuyemwo Burundi!!

31/03/2026
Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu arashimishwa n'umwimbu w'umuceri yiteze i GifugweItoni 66 z'umuceri ni zo zimbuwe mu m...
31/03/2026

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu arashimishwa n'umwimbu w'umuceri yiteze i Gifugwe

Itoni 66 z'umuceri ni zo zimbuwe mu murima wa hegitari 7 n'Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye kuri uwu wa 31 Ntwarante 2026 ku mutumba wa Gifugwe uri muri komine ya Mpanda mu ntara ya Bujumbura.

Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu akamenyesha ko ico gikorwa yagikoze mu gutanga akarorero ku bandi bakenyezi kugira imisi mikuru yabahariwe ntibe iyo kunywa, kurya no gutamba gusa ahubwo bibonekere no mu bikorwa na rirya ngo basanzwe bari mu kwezi kwabahariwe

Mu gihe muri ico gikorwa yari yaherekejwe n'umwana wiwe, Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu yamenyesheje ko uwo mwana yasavye ko bojana kuko yabaye uwa mbere mw'ishure kugira abe n'uwambere mu bikorwa.

Akavuga ko koba akarorero, ko abavyeyi bose bokundisha ibikorwa abana babo bakiri bato

Akamenyesha kandi ko umwimbu wagenze neza aho kw'ihegitari indwi yiteze itoni 66.
Ati: "ni ikimenyetso kitabanduka cerekana ko isi yacu y'Uburundi yahezagiwe kuko amaboko y'abantu aheruka arima Imana nayo igaca ihezagira. Niyo ituma biduga kandi bikera".

Yongeye ati: "ivyo vyose biza gushigikira icivugo c'abakenyererarugamba kivuga kiti: « twarazikenyeye, kandi zaragumye, ipfundo ririko n'akanoti karimwo». Nanje ndabonako akanoti karimwo no gufungura dufungure"

Agasaba ko ahantu hose hatarimye horimwa kugira inzara iranduranwe n'imizi.

🟣🔵Intamba murugamba tubonye uwu musi kuri Stade Intwari hariho icizere ko dushobora kuzorwanira itike ya Afcon2027 Uruki...
31/03/2026

🟣🔵Intamba murugamba tubonye uwu musi kuri Stade Intwari hariho icizere ko dushobora kuzorwanira itike ya Afcon2027

Urukino rwiza rurimwo ubwugarizi bumeze neza Défense ihagaze neza ikoresha ubwenge ukaca ugira na Gardien Jonathan ameze neza cane Aha Gardien na Defense amanota nu 8/10 duhagaze neza cane ✅

Milieux sinziza cane vyuzuye Igice cambere vyaboneka ko nubwo twari twatsinze Milieux yari hasi cane wabona Eldinho yari Top cane muri Milieux

Ukaca ugira Umukinyi mwiza nka Jordi Liongola azigukinisha attaque mugice cambere Assist zibiri amanota 7/10 kuriwe

Attaque yarigizwe na Kanakimana Bievenu uwu musore munkino zibiri yatweretse ko Occasion aronka idapfa ubusa afise Finition nziza cane azigutsinda amanota 8/10 kurukino rwiza akinye

Ukaca ugira Jean Claude biboneka ko mugice cambere yatera ikorosi ariko akazibirwa ariko igice cakabiri yavuruganye cane kandi anatsinda igitsindo cubuhinga ciza cane amanota 7/10

Twongeye kubona ryashusho ko abakinyi baba Legends bakirimwo bagifise vyinshi vyo gutanga Saido Ntibazonkiza nimero 10 yuzuye nurubu mu ntamba uwumusubirira ntawe ndabona yinjiye Milieux ica isubira gukomera Intamba irawutembereza

Twabonye Cedrick Amissi Legends kabisa Ballon mumaguru mubaya sana Assist nziza kuriwe akinye urukino rwiza ruteye ubwoba kumyaka yiwe aba ba Legends babiri amanota 6,5 /10 kabisa baracakenewe muri ekipe p*ee Imana ibahe bagume baronka umwanya mumirwi bakinira aha iwacu nabo kubitwaza bizoba vyiza no muri Argentine aba Legends nka Messi na Dimaria baracaherekeza Génération yabo kandi baracatanga ibikorwa Merci Amissi na Ntibazonkiza

✅✅Mwite Youssuf Nyange Technicien wa OGC Nice nawe yinjiranye naba Legends badukiniye umupira mwiza Milieux yabo mbonye ariyo ikomeye kurusha ba Petit frères babo bari batanguye Imana idufashe Nyange agume ahari atamvune yerekana urwego rwiburaya umupira usukuye urimwo Création yinyaburayi amanota 7/10 arayakwiriye p*e

Aba bagabo Nyange -Ntibazonkiza na Cedrick Amissi binjiye uburund

21/03/2026
21/03/2026

😭Kubakunzi b'agasinema, umukinyi rurangiranwa w'amareresiChuck Norris yaraye yitavye Imana.

17/03/2026

🔴🇧🇮BURUNDI: Les Banyamurenge demandent instamment un retour des forces burundaises, convaincus que leur présence est essentielle pour restaurer la sécurité et la paix. Ils dénoncent les accusations du Rwanda comme étant des fabrications politiques, visant à diaboliser le Burundi et à détourner l'attention des véritables problèmes de sécurité dans la région.

Les Banyamurenge, une communauté vivant principalement dans les hauts plateaux de la République Démocratique du Congo (RDC), expriment leur indignation face aux accusations répétées du Rwanda concernant des massacres attribués à l'armée burundaise. Lors d'une audience accordée par Son Excellence Evariste Ndayishimiye, président de la République du Burundi et président en exercice de l'Union Africaine, ce mardi 17 mars 2026, Charles Ntezi, représentant de l'organisation Banyamurenge Global Advocacy, a fermement défendu la présence de l'armée burundaise en RDC, affirmant qu'elle a joué un rôle crucial dans le rétablissement de la paix dans une région marquée par des conflits incessants.

Selon les témoignages des membres de la communauté, il n'y a eu aucun incident négatif causé par les forces burundaises depuis leur déploiement. Au contraire, ils soutiennent que la présence de l'armée burundaise a apporté une stabilité bienvenue, en particulier à Minenbue, où les habitants se souviennent d'une période de paix durant laquelle l'armée burundaise était présente. Ils soulignent que la situation a radicalement changé lorsque le M23 a pris le contrôle de la région, entraînant une augmentation des violences, des assassinats et des viols.

Les Banyamurenge demandent instamment un retour des forces burundaises, convaincus que leur présence est essentielle pour restaurer la sécurité et la paix. Ils dénoncent les accusations du Rwanda comme étant des fabrications politiques, visant à diaboliser le Burundi et à détourner l'attention des véritables problèmes de sécurité dans la région. Ces accusations, selon eux, ne font qu'aggraver les tensions et nuire aux efforts de paix.

La communauté banyamurenge appelle également à une reconnaissance internationale des efforts du Burundi pour maintenir la paix en RDC. Ils expriment leur gratitude envers le président Evariste Ndayishimiye et son gouvernement pour leur engagement à soutenir la stabilité dans la région, tout en appelant à une coopération continue pour garantir la sécurité des populations vulnérables.

Ils rejettent fermement les accusations du Rwanda, affirmant que la présence de l'armée burundaise est synonyme de paix et de sécurité. Ils appellent à une prise de conscience collective des réalités sur le terrain et à un soutien continu pour la restauration de la paix dans l'est de la RDC.
RDC-News InfosPlus RDC La Présidence RDC Habari RDC

Address

Bubanza
Bujumbura

Telephone

+25769363529

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burundi-News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Burundi-News:

Shortcuts

Share