20/07/2025
:Uko umwaka utashe,umurwi w’abaririmvyi bahurikiye muri Korari ya 2 mw’ishengero rya ububwiriza bwa mw' ry'i ,ni mu ntara ya ,barategura ibihe vyo gushimira Imana,bagatunganya inyigisho zugururiwe bose nyuma yahoo abatumire bose bavyipfuza bakongera guhwanira n’abasangwa kugira ngo basangire ivyera vy’Imana mu ngoro yayo.
Uyu mwaka turimwo,ivyo bihe vyahuriranye n’amagenekerezo ya 19 na 20 Mukakaro 2025.
Ubwo abatumire batandukanye bari bakoraniye kuri uwo musozi harimwo n’umurwi w’abaririmvyi ba baje bava i Ngozi mu ntara ya ndetse na Karadiridimba ihurikiyemwo imvukira zikorera ibikorwa ahandi,Ivyera vy’Imana vyagabuwe.
Mw’ituze ntangere,abakristo bakurikiranye inyigisho,ukwo zashikirijwe n’abigisha bane Imana yateye iteka uyu musi.
Mu ntango,ashimikiye kw’ijambo riboneka mu cete Paulo yandikiye Abanyefeso 5:1, yigishije ko buri wese asabwa kugera ikirenge mu ca Yesu.Igikurikira ico,ni igikorwa co kubwira,buri muntu aho akorera,abo bakorana bipfuza kuja mw’ijuru,bagakora nk’uko babona ukora kuko nawe uzoba wiganye Yesu Kristo.
Inyigisho ya 2 yashikirijwe na ,aho yashimikiye ku vyanditswe biboneka muri Yesaya 41:10,Zaburi 118:6 na Mika 7:7.Mu nyigisho yiwe agira ati:’’Ntutinye”.Yashimangiye agira ati ntaco bitwaye imyaka umaze mu kigeragezo,n’ubwo yoba cumi,igikuru n’uko hari indemesho kanatsinda n’aho igiti cotemwa hari ivyizigiro vyo kwongera kunaga.
nawe inyigisho yiwe yari ishingiye muri Yesaya 54:11.Yigishije ishengero aritera intege ko hamwe n’inkubi zitandukanye umuntu ashobora guhura na zo mu rugendo rwo kuja mw’ijuru,igikuru ari ingene azitwayemwo.Yanamenyeshejeko hari inkubi karemano,inkubi zituruka ku mahitamwo,inkubi umuntu akwegerwamwo hamwe n’izindi nkubi zishobora kuva kw’ishure ry’Imana.
Mu kurangiza, ashimikiye ku majambo y’Imana aboneka muri Matayo 24:29,Matayo 10:16,Ivyakozwe n'intumwa 4:1,Ivyahishuriwe Yohana 2:8,Malaki 4:2,Ivyahishuriwe Yohana 1:19,yashizeko indunduro ya vyose igira iti inyuma y’amarushwa hazokurikira iduzwa ry’Ishengero.
Mwomenya ko ubwo butumwa buramvuye mushobora kubusanga ku rubuga rwa youtube.