Neema Tv

Neema Tv Neema TV est une chaîne de télévision chrétienne

21/08/2025

Iyi ndirimbo ya mushiki wacu mwayumvirije?
Jewe numvise yatuye ivyizigiro bizima.
Uretseko ko nsanzwe nkunda uturirimbo twiwe,aka nako numvise gatesa.Gaceko nawe wumve👇🏽👇🏽

https://youtu.be/H6rVmpGriyA?si=MsQFc4dM6doVsaHO

Ntiwibagire gusiga ufyonze j'aime na Subscribe,kumbure vyomutera intege,vuba akatwongera akandi,Imana ibimushoboje.

MUHEZAGIRWE!!

 : Ni vyo koko imisi irasa ariko ntingana!Uyu musi w’Imana igenekerezo rya 17 Myandagro wari umusi udasanzwe mw’  ububwi...
17/08/2025

: Ni vyo koko imisi irasa ariko ntingana!

Uyu musi w’Imana igenekerezo rya 17 Myandagro wari umusi udasanzwe mw’ ububwiriza bwa ,aho abera baryo bari bashagaje.

Vyogora gutahura tubivuze ariko abavyeyi bobitahura vuba tubabajije inyiyumvo bahora bagira iyo abana baje kubaramutsa hagaca hiyongerako iyo bahahwaniye n’abavyeyi babo. Ni kwo vyari vyifashe ubwo umurwi w’abaririmvyi (Chorale y’abakenyezi) bavuye mw’ishengero ruvyara ryo mu ,bari bahwaniye mu Kinama n’umurwi w’abaririmvyi (chorale ya 2) bavuye mu ,ububwiriza bwavyawe na Kinama.

Indirimbo zitandukanye ziruhura ndetse zikubaka umutima zasamiranye maze zikurikirwa n’ijambo ry’Imana.Umwigisha w’uno musi yabaye umubwiriza . Mu nyigisho ishingiye mu 2 Ngoma 2:2 yise ‘Kwemererwa n’Imana kuyikorera’,yamenyesheje ishengero ko abakorera Imana ari abazima kuko abarenganye bataba bakibishoboye.Muri iyo nyigisho ngufi y’iminota 15,yamenyesheje ko hamwe no gukorera Imana,inyungu ari iy’uwukoze kuko uretse kwunguka umugisha,bitanga no kuramba.

Hamwe n’umugambi wo kwubaka ingoro y’Imana yo mu ,hamwe n’umutima ubikunze ndetse ata gahato,ishengero ryakoreye Imana maze rishenguruka rinezerewe kubw’iryo teka ryatewe.

Mwonamenyako indirimbo n’ijambo ry’Imana vyaranze uyu musi mushobora kubikurikirana muciye ku rubuga rwacu rwa Youtube .


fans

  : Wari umunezero udasanzwe ku wa 9 Mukakaro 2025 ubwo Ishengero rya Pentekoti ububwiriza bwa   ryari riramutse rifise ...
11/08/2025

: Wari umunezero udasanzwe ku wa 9 Mukakaro 2025 ubwo Ishengero rya Pentekoti ububwiriza bwa ryari riramutse rifise umusi mukuru wo kwinjira iherutse kwubakwa n’abakristo bo kuri ubwo bubwiriza.

Iyo nyubakwa iteye igomwe ndetse inageretse rimwe,igizwe n’ivyumba 12,bibiri muri vyo bikaba mu nzu yo hejuru,iri ku mutumba wa Bugenyuzi,muri mu ntara ya ,yubatswe ku miriyoni 250 hadashizwemwo inguvu z’amaboko y’abakristo.

Mw’ijambo ryiwe, arongoye ubwo bubwiriza arashimira cane uburongozi bwa Misiyoni ya Kagari ku nama nziza babagiriye yo kwubaka iyo nyubakwa,arashimira kandi abajejwe intwaro ingene baborohereje mu vyari bikenewe vyo mu butegetsi,yamara vyumwihariko agashimira abakristo ku bwira,umwete no kwitanga berekanye mu kiringo c’imyaka itanu iyo nyubakwa yamaze iriko yubakwa.

Iyo nyubakwa nyubakwa Yataziriwe ,yuguruwe mu gihe hari hasanzwe hari igikorane c’imisi 4 cari gisanzwe kiriko kibera muri ubwo bubwiriza,ku civugo kigira giti ‘‘Nkoraniriza abantu, mbacurire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n'abana babo’’.

Ico gikorane cari gikoranije abantu batandukanye ndetse bava mu mihingo itandukanye :Abungere,Ababwiriza ndetse n’abaririmvyi batandukanye harimwo Chorale fanfare y’i Ngozi,Chorale ya 2 y’i Kabuye i Bururi mu ntara ya ,Chorale y’impunzi z’abanyekongo bo mw’ikambi ya Musasa ndetse na Chorale Terama yo muri ubwo bubwiriza.

Tworangiza tubamenyesha ko ubutumwa n’indirimbo vyagaburiwe ishengero muri ico gikorane mushobora kubisanga ku muhora wa Youtube wa .

TopFans

fans

11/08/2025

Mwipfuza kuyaga natwe kuri telefone mwokwifashisha iyi numéro +25762924265 (Appel & Whatsapp) canke +25779476307 (Appel & Whatsapp) ariko kandi mwonatwandiki...

28/07/2025

Rushiriza -Pasteur Protais NIBARUTA

 :Uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Mukakaro 2025 wari umusi udasanzwe mw’Ishengero rya Pentekoti   ni muri Komine  ,intara...
27/07/2025

:Uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Mukakaro 2025 wari umusi udasanzwe mw’Ishengero rya Pentekoti ni muri Komine ,intara ya . Abera baryo bazindukanye akamwemwe ko gukorera Imana mu mugambi wo kwagura ubwami,hakagurwa ikibanza co kwubakamwo urusengero rukomotse kuri ubwo bubwiriza.

Ijambo ry’uno musi ryagabuwe na ,umubwiriza wo muri .Yifashishije amajambo aboneka mu butumwa bwiza bwa Yesu Kristo uko bwanditswe na Mariko 12:28,no mu bindi vyanditswe nka 1 Yohana 3:13, 1 Abami 3:3,Itanguriro 22:9 yigishije abantu .

Muri iyo nyigisho,yigishije ko abantu bategerezwa gukundana kandi bakanakunda Imana.Aratangazwa cane n’abantu bitwa ko bakijijwe ariko bakankana,amenyesha ko abo ingero yabo yamaze kuboneka kuko ijambo ry’Imana rivuga ko umuntu nk’uwo ari umwicanyi.

Inyuma yo kwumva iryo jambo rizima bakaryakira,Ishengero ryahimbaje Imana riti’’Ntawuhwanye nawe’’ maze riraheza rikorera Imana rinezerewe.

Twobamenyesha ko ico gikorwa cari citabiriwe n'abash*tsi batandukanye, harimwo n'umurwi w'abaririmvyi bagize Korare ya mbere mw'Ishengero rya Pentekoti ububwiriza bwa V5.

22/07/2025
22/07/2025

Mwipfuza kuyaga natwe kuri telefone mwokwifashisha iyi numéro +25762924265 (Appel & Whatsapp) canke +25779476307 (Appel & Whatsapp) ariko kandi mwonatwandiki...

 :Uko umwaka utashe,umurwi w’abaririmvyi bahurikiye muri Korari ya 2 mw’ishengero rya   ububwiriza bwa   mw'  ry'i  ,ni ...
20/07/2025

:Uko umwaka utashe,umurwi w’abaririmvyi bahurikiye muri Korari ya 2 mw’ishengero rya ububwiriza bwa mw' ry'i ,ni mu ntara ya ,barategura ibihe vyo gushimira Imana,bagatunganya inyigisho zugururiwe bose nyuma yahoo abatumire bose bavyipfuza bakongera guhwanira n’abasangwa kugira ngo basangire ivyera vy’Imana mu ngoro yayo.
Uyu mwaka turimwo,ivyo bihe vyahuriranye n’amagenekerezo ya 19 na 20 Mukakaro 2025.

Ubwo abatumire batandukanye bari bakoraniye kuri uwo musozi harimwo n’umurwi w’abaririmvyi ba baje bava i Ngozi mu ntara ya ndetse na Karadiridimba ihurikiyemwo imvukira zikorera ibikorwa ahandi,Ivyera vy’Imana vyagabuwe.
Mw’ituze ntangere,abakristo bakurikiranye inyigisho,ukwo zashikirijwe n’abigisha bane Imana yateye iteka uyu musi.

Mu ntango,ashimikiye kw’ijambo riboneka mu cete Paulo yandikiye Abanyefeso 5:1, yigishije ko buri wese asabwa kugera ikirenge mu ca Yesu.Igikurikira ico,ni igikorwa co kubwira,buri muntu aho akorera,abo bakorana bipfuza kuja mw’ijuru,bagakora nk’uko babona ukora kuko nawe uzoba wiganye Yesu Kristo.

Inyigisho ya 2 yashikirijwe na ,aho yashimikiye ku vyanditswe biboneka muri Yesaya 41:10,Zaburi 118:6 na Mika 7:7.Mu nyigisho yiwe agira ati:’’Ntutinye”.Yashimangiye agira ati ntaco bitwaye imyaka umaze mu kigeragezo,n’ubwo yoba cumi,igikuru n’uko hari indemesho kanatsinda n’aho igiti cotemwa hari ivyizigiro vyo kwongera kunaga.

nawe inyigisho yiwe yari ishingiye muri Yesaya 54:11.Yigishije ishengero aritera intege ko hamwe n’inkubi zitandukanye umuntu ashobora guhura na zo mu rugendo rwo kuja mw’ijuru,igikuru ari ingene azitwayemwo.Yanamenyeshejeko hari inkubi karemano,inkubi zituruka ku mahitamwo,inkubi umuntu akwegerwamwo hamwe n’izindi nkubi zishobora kuva kw’ishure ry’Imana.

Mu kurangiza, ashimikiye ku majambo y’Imana aboneka muri Matayo 24:29,Matayo 10:16,Ivyakozwe n'intumwa 4:1,Ivyahishuriwe Yohana 2:8,Malaki 4:2,Ivyahishuriwe Yohana 1:19,yashizeko indunduro ya vyose igira iti inyuma y’amarushwa hazokurikira iduzwa ry’Ishengero.

Mwomenya ko ubwo butumwa buramvuye mushobora kubusanga ku rubuga rwa youtube.

17/07/2025

Mwipfuza kuyaga natwe kuri telefone mwokwifashisha iyi numéro +25762924265 (Appel & Whatsapp) canke +25779476307 (Appel & Whatsapp) ariko kandi mwonatwandiki...

On est à J-2.Mwibuke ko mwatumiwe ariko namwe mufise igikorwa co gutumira abandi.Erega bibacitse boba bahomvye!!
17/07/2025

On est à J-2.
Mwibuke ko mwatumiwe ariko namwe mufise igikorwa co gutumira abandi.
Erega bibacitse boba bahomvye!!

Address

Neemagospeltv@gmail. Com
Bujumbura

Telephone

+25762924265

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Neema Tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Neema Tv:

Share

Category