Nicko Bdi

Nicko Bdi Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Nicko Bdi, Media/News Company, Bujumbura.

ICUDASHAKA KOBAGUKORERA NTAKAGIKORERE UWUNDIHabaye inkende🐒 n'ingona  🐊 bikaba vyari abagenzi cane,vyimana itiro.Umusi u...
17/11/2025

ICUDASHAKA KOBAGUKORERA NTAKAGIKORERE UWUNDI

Habaye inkende🐒 n'ingona 🐊 bikaba vyari abagenzi cane,vyimana itiro.

Umusi umwe,mu muryango w'ingona harabaye urubanza,mushiki w'ingona ararongorwa,ya nkende iraza mu rubanza ariko ya ngona itabishaka,
Ingona ica yiga ubwenge bwo kwirukana ya nkende mw'ibanga,ya ngona ica yikebukanya izindi ngona zigenzi zayo,izibwira iti:
"Murabona ko ya nkende yaje mu rubanza rwacu,nashaka ndababwire uko tuyirukana,itariye ku mfungurwa zacu.
Ca musohora itangazo rivuga ko umutumire wese ari ngaha atera mu biganza nk'ingona adasangira nazo."

Rya tangazo riratangwa,inkende yiravye mu biganza ibona vy'ukuri irirabura,
Ya ngona yigenzi yayo ica iyibwira ko yotora isabuni n'igikunjuzo(ikinyukuzo) ikaja ku mwonga kwinyukura,irabe ko yokwera mu kiganza.

Ya nkende iragenda,iranyukura intoke zihakwa gucika,ariko ibona nta bucafu buvako,iragaruka kuzibwira ko vyanse ko yera mu kiganza.
Ingona zose zari aho zitwegera rimwe,
Inkende ica iratahura ko ya ngona yigenzi yayo yashatse kuyikumira ku rwenge,
Inkende irihangana irataha.

Inyuma ya rwa rubanza,ubugenzi bwarabandanije kwa kundi vyahora.
Haheze imisi,inkende nayo ironka ubutumire ko muvyara wayo azokora ubukwe,ingona nayo iravyumva,umusi ugeze vyose biraja muri rwa rubanza.
Bigezeyo,inkende ica yibuka ko ingona nayo yayimaramaje ku rubanza rwa mushiki wayo,
Inkende nayo ica yegera zigenzi zayo,izibwira zisohore itangazo ,naryo ryagira riti:
"Mush*tsi wese uri ngaha,ukaba udashoboye kwicara ku ntebe y'inyegamo(chaise) ntusangira n'inkende."

Ya nkende ica iraza ibwira ingona iti:"Mugenzi,ingo twicare tunywe rusose,umwansi rutunde,"
Ariko ingona biranka ko yicara kuri ya ntebe kuko umurizo waca uyihenura itaricara,
Ingona iragerageza kenshi biranka,
Inkende zari aho ziratwenga zirakumbagara,
Ya ngona ica itaha ishavu riniga.

Igeze muhira iwayo,ica ibwira umugore wayo n'abana iti:"Ubugenzi bwanje n'inkende buraheze,uyu musi ndayirya,
Ngira rero nipfishe,muce mutangura kwiririsha n'amosozi akoroke,inkende ije muyibwire ko napfuye,niyaza kungaragura iraba ko arivyo ,nca ndayicakira."

Ya ngona iripfisha,abana n'umugore bajako bararira,ntivyatevye ya nkende ica kwa ya ngona kuko vyabana hafi,isanga amarira yabaye amarira,inkende ibajije umugore ivyabaye ,yishura ko umugabo yaje amerewe nabi,akiryama aba arapfuye.

Inkende biyitera amakenga kuko yari yabonye ko ingona yari ikomeye,kandi yatahanye ishavu,inkende yibwira ko ari urwenge rw'ingona rwo gushaka kuyigirira nabi,
Ya nkende nayo ica yiga ubundi bwenge,
Inkende ica iraturikisha irarira cane,

Mu kurira ivuga iti:"Ariko ka ngona,ukuntu ariwe mugenzi nari mfise wenyene,ubwo urubahutse uragiye unsiga jenyene,oyaa ni ukuri nkaba novyemera ko wapfuye,aho hoho naje noca nshaka nkipfira tukajana."

Irasubira iti:"Jewe n'ubu sinemera ko wapfuye,ugapfa tudasezeranye? Enda hoho kugira nemere rwose ko ntagisubira kukubona,nyiganza ibirenge turabe ko wapfuye vya nyavyo."

Ya ngona iranyiganza ibirenge.

Inkende ica yongeza akaruru ko kurira iti:"Noneho karabaye nivyo yapfuye ndagowe,irya nyuma na nyuma nyiganza umurizo turabe."

Ingona iranyiganza umurizo.

Inkende ica yurira igiti,ivuga iti:"Huhuhuhuuu,egwe shaa ngo wapfuye!Warabonye uwapfuye anyiganza ibirenge n'umurizo?Naguhinyuye shaa ko ushaka kungirira nabi,ariko ivyo nakugiriye nakwitura ivyo nawe wangiriye wa musi."

Ingona ica iravyuka,iti:"Shaa,uyu musi ndaguhushije,hanyuma sinzoguhusha,nzoguma ndakurindiririye hasi,aho uzokwururukira tuzohigura."

Kuva ubwo,ingona n'inkende biba vyankanye uko,
Ariho havuye imvugo igira iti "Ukwiriza amosozi y'ingona" bivuze ko umuntu arira atarize,ari ukwigirisha.

ICIGWA: Mu buzima uze wirinde gukora inabi,kuko iyo bagusubirije mu nkoko birababaza,bikavyara inzigo y'akazikira.
Vyongeye,abo twibwira ko ari abagenzi bacu bashobora kuduhemukira umwanya uwo ariwo wose,ni akanya kataragera gusa. Kubwo ivyo rero ni ukwama uteguye umutima kugira uhemukiwe ntibiguhungabanye cane.

Twese Imana izoturinde ubuhemu:"Ameen."

Wibuke gufyonda J'AIME na Partager ugasabikanye n'abandi. Suivre nikintu cingenzi ntucirengagize kugira ntucikwe nizindinkuru nkizo

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Nicko Bdi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share