15/01/2025
🔵🔴Abahagarikizi 17 b’abarundi harimwo babiri ba Beach Soccer nibo bemewe na FIFA nk’abahagarikizi mpuzamakungu muri uno mwaka wa 2025.
==========================
⏺️Uko umwaka utashe ishirahamwe ry’Umupira w’amaguru kw’isi FIFA, rirasohora urutonde rw’abahagarikizi ba buri gihugu baba bemerewe guhagarikira inkino mpuzamakungu “arbitres internationaux”.Intonde z’uno mwaka mushasha wa 2025 zikaba zasohotse kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14/01/2025.
⏺️Kuruhande rw’Uburundi,abahagarikizi 17 harimwo 2 b’Umupira w’amaguru wo ku musenyi (Beach Soccer) bakaba aribo batoranijwe.Muri abo 15 b’umupira w’amaguru usanzwe,dusangamwo 6 bo hagati mu kibuga (arbitres centraux) na 9 bo ku Mpande (arbitres assistants) abagabo 9 n’abakenyezi 6.Muri Beach Soccer hoho ni umugabo umwe n’umukenyezi umwe.
⏺️Abahagarikizi bo hagati (arbitres centraux)
1.Bigirimana Rodrigue,yatanguye muri 2023
2.Gatogato Georges,yatanguye muri 2015
3.Iratunga Suavis,yatanguye muri 2014
4.Manirakiza Bertrand,yatanguye muri 2023
5.Ndabihawenimana Pacifique,yatanguye muri 2013 (arakora na VAR)
6.Nsabimana Joselyne,yatanguye muri 2024
⏺️Abahagarikizi bo kumpande z’ikibuga (arbitres assistants)
7.Bangurambona Fidès, yatanguye muri 2016
8.Bizumuremyi Rénovat, yatanguye muri 2022
9.Iradukunda Alida, yatanguye 2016
10.Kakunze Hervé, yatanguye muri 2013
11.Ndimunzigo Pascal,yatanguye muri 2013
12.Nduwayo Hervé, yatanguye muri 2023
13.Nibogora Olivier,yatanguye muri 2023
14.Niyokindi Anitha,yatanguye muri 2024
15.Niyongabo Emery,yatanguye muri 2019
⏺️Abahagarikizi ba Beach Soccer
🔷Ishimwe Cynthia,yatanguye muri 2022
🔷Ndayisaba Ramadhan,yatanguye muri 2022.
Cc: Akeza Sports