12/10/2025
"URABA MUTO NTUBE IGITO."
Twese turazi ko inzuki ari udukoko dutoduto,woshira mu mugwi umwe n'amasazi,ariko tukaba dufise ibanga rikomeye mu gutunganya ubuzima bwazo,ku buryo usanga hari abantu zisumba.
Mu muzinga w'inzuki,umwamikazi niwe arondoka akongera agatanga amategeko inzuki zose zigirako.
Iyo umwamikazi apfuye,ibara riba riguye kuri izo nzuki,kuko uwo muzinga uba utakaje icizere co kubaho.
Ubuzima bwo mu gitiba butangura gucumbagira kuko atawutanga amategeko ariho,iyo atayandi magi ariko araboneka avamwo ibinyagu bivamwo inzuki nshasha,kazoza kaba gahagaze,ku buryo mu ndwi zike igitiba cose gishobora kuba cahonye.
Ariko igitangaje,inzuki ntizicika intege burundu,kandi ntizicara ngo zirindire ubufasha buvuye ahandi hantu,ahubwo zica zitangura kuja hamwe,zigakoresha ubwenge bwazo budasanzwe mu guhana ivyiyumviro,
Zigaca zitanguza igikorwa c'akayoberabahinga wisunze ko gikorwa n'udukoko duto cane.
Igikorwa gitangurira ku ngingo yo guhitamwo gusanzwe ariko gufise akamaro gakomeye.
Inzuki zitwa impingwe zijejwe akazi ko mu gitiba zirahitamwo ibinyagu bisanzwe vyovuyemwo impingwe zisanzwe,nta kidasanzwe biba vyaravukanye,ariko uko kuba bihiswemwo bica bihindura kazoza kavyo burundu .
Ivyo binyagu bihitwamwo kugira bitangure kuronka ingaburo idasanzwe yitwa "INGABURO Y'IBWAMI".
Ni imfungurwa zimbonekarimwe,zikorwa n'inzuki zijejwe kugaburira umwamikazi.
Izo mfungurwa ziba zirimwo ingaburo zidasanzwe muri ndemamubiri,ntanganguvu na nsanganyangaburo ,zituma uruyuki rusanzwe ruhinduka ntirube rukingana n'izindi.
Ico kinyagu kigaburirwa izo mfungurwa gusa,kica gihindura ingene gikura.
Mu misi mike,umubiri waco uba wahindutse,utakiri uw'uruyiki rusanzwe.
Ruba uruyuki runini,rukomeye,n'ikiringo co kubaho carwo ntikiba kikibaye nk'ico izindi nzuki,ruca rushobora kuramba incuro 20 kurusha izindi nzuki zisanzwe.
Nta kandi kazi urwo ruyuki rusubira gukora kiretse kurongora izindi nzuki hamwe n'uguta amagi azovamwo ibinyagu bivamwo inzuki nshasha.
Umwamikazi ntahitwamwo kubera amaraso yavukanye adasanzwe,ahubwo inzuki zisanzwe nizo zimugira umwamikazi kubwo imfungurwa zimuha.
Igitangaje muri vyose ni uko Umwamikazi hamwe n'izindi nzuki zisanzwe ari abakozi basanzwe bo mu gitiba baba ari bamwe kuko zimuhitamwo yari yiteze kuzoba umukozi asanzwe.
Uko guhitamwo uwo mukozi asanzwe,bakamugaburira imfungurwa zidasanzwe,akitabwaho bidasanzwe nivyo bituma yisanga yabaye Umwamikazi arongora abandi .
Uko guhitamwo umukozi asanzwe akaba Umwamikazi si amahirwe kuri uwo mukozi gusa,ni amahirwe ku gitiba cose kuko atabayeho ubuzima bw'izindi nzuki buca buhagarara kuko nta buzima bushoboka ata ndongozi igitiba gifise.
Iyo Umwamikazi yamaze gutegurwa neza,aca atangura guta amagi,agatanga amategeko mashasha,abakozi bakaja ku kivi,ubuzima bukabandanya.
ICIGWA : Inzuki zitwigisha zitavuze ko iyo dushikiwe n' ikibazo gikomeye,ukwihebura kudakwiye guhabwa ikibanza.
Hakenewe nyabuna ukuja hamwe,ukwiyumvira cane n'ugufata ingingo zikomeye.
Mu buzima bwazo,Umwamikazi ntavuka ariwe,ahubwo aboneka iyo hagize uruyuki rumwe murizo rushigikirwa,rukitabwaho,rukerekwa inzira .
Mu buzima bwacu bwa misi yose,uko wavutse sico gikomeye,ahubwo ingene wifata,intumbero wiha n'ingene wishigikira muvyo ushaka gushikako nivyo bikugira uwuhambaye.
Burya umugabo w'ijunja n'ijambo amenyekanira mu ngorane zikomeye,niho abantu baca babona ko ukwiye guhagarara imbere yabo ,ukabereka iyo baja bakakuyoboka.
N'aho hoba mu rugo,ushaka kuba Serugo w'iteka uvuga bakakwumva ntibitegwa n'umuryango uvukamwo canke ingene wavutse ,biterwa n'ingene witwara ubu wabaye umugabo.
Eka n'ukuba inarugo w'iteka biva ku cubahiro n'ubutwari bikuranga uwu musi.
Ibidukikije bihari kugira bitwigishe,ntituze turasumbwa ubwenge n'ibikoko kandi ari twebwe Imana yagize bakuru mu bindi biremwa.
Wibuke na usangize abandi .