05/10/2026
: Imyiyerekano y’abanyeshure bo mu mashure yisumbuye.
🇫🇷 Ubufaransa: Macron ahanganye n’imyiyerekano y’abanyeshure bo mu mashure yisumbuye — amashure 400 gushika kuri 500 yugaye, Leta ihakana ko hari uguhonyanga abari mu myiyerekano
Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 5 Gitugutu 2026, hagati y’amashure yisumbuye 400 na 500 yo mu Bufaransa yugaye burundu canke igice cayo, nk’uko vyatangajwe na Minisitiri w’Indero, Édouard Geffray. Mu karere ka Île-de-France, amashure arenga 160 ni yo arabwa n’ivyo bibazo.
Leta y’Ubufaransa irahakana ibirego vy’uko abajejwe umutekano bakoresha inguvu zirenze urugero. Minisitiri w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Laurent Nuñez, avuga ko inzego z’umutekano ziriko zirakingira abanyeshure, kandi ko atari uguhashagura urwaruka.
Kuva aho imyiyerekano itanguriye, abantu hafi 5.000 baramaze gufatwa n’abajejwe umutekano, muri bo hafi 85% bakaba ari abana batarashikana imyaka y’abakuze. Amashure 24 yarateweko umuriro canke arasamburwa, mu gihe abakozi 78 b’amashure bakomeretse. Abanyeshure bo mu mashure yisumbuye basaba ko amahera n’ibikoresho bihabwa Ubushikiranganji bw’Indero vyongerwa. Ku wa kabiri harategekanijwe imyiyerekano ku rwego rw’igihugu.
⁉️🎙 Gire ico ubivuzeko?