FATA Média

FATA Média Journal en ligne d'informations générales sur le Burundi🇧🇮 et en particulier sur le monde entier🌍.
(3)

30/09/2025

:🇧🇮 Wari u*i ko yari Umukuru w'Umugambwe Cndd-Fdd muri 2005 kwari we yashikirije ya mbere Nyenicubahiro yashikirijeko ijambo Abarundi? Iyo podium akaba yar'ayihawe muri rusangi n' .

👉👉 Kore suivre ngaha kuri FATA Média wongere ukore partage kugira usangize abandi ino vidéo.

 : Ubukene bw’amazi burahungabanya abanyeshure 🔰 Bamwe mu banyeshure bo ku mashure yisumbuye afise uburaro yo mu gisagar...
30/09/2025

: Ubukene bw’amazi burahungabanya abanyeshure

🔰 Bamwe mu banyeshure bo ku mashure yisumbuye afise uburaro yo mu gisagara ca Gitega, bavugako bugarijwe n'ubukene bw'amazi meza kuko kuva umwaka w'ishure wa 2025-2026 utanguye bikora kenshi ku mazi yo ku bito canke imyonga biri hafi y'ayo mashure.

Abo banyeshure bavuga ko bakoresha ayo mazi kugirango bashobore kumesura impuzu zabo canke baronke amazi yo kwoga, ibiheza bikabahungabanya mw'itegurwa ry'ivyigwa. Bagasaba ishirahamwe Regideso ko ryoza rirabaronsa amazi kugira ngo boroherwe kandi bongere bikingire ingwara zituruka kw'isuku rike.

Bamwe mu bayobozi b’amashure y’uburaro adafise imodokari ibafasha kuvoma amazi, bavuga ko nabo nyene batorohewe kuko baca bikora ku bavoma amazi ku mitwe canke ku makinga aho ibido imwe y’amaritiro 20 bayigura hagati y’amafaranga 1000 n’1500.

Nayo abayobozi basanzwe bafise imodokari na bo nyene bavuga ko bitaborohera kuko baca bagira ikibazo c’ikena ry’igitoro bose bagasaba ishirahamwe Regideso kubaha amazi.

🔴  : Kubura amazi, umuyagankuba vyatumye abanyagihugu baja mu myiyerekano mi bice vyinshi bigize ico gihugu. 🙆‍♂️ Ubundi...
30/09/2025

🔴 : Kubura amazi, umuyagankuba vyatumye abanyagihugu baja mu myiyerekano mi bice vyinshi bigize ico gihugu.

🙆‍♂️ Ubundi mu bindi bihugu bimaze gutera imbere muri , iyo abanyagihugu bamaze kuja mu mabarabara basaba ibi canke biriya nuko ukwihangana kuba kwaheze kandi nta cizere baba bagifitiye intwaro zabo, ari nayo mpamvu muri ben'ivyo bihugu baca bihutira gutanga . Yamara muri Afurika n'ayandi.

Turi muri Madagascar, imyiyerekano ni myinshi imaze imisi 4 basaba kuronka amazi meza, umuyagankuba kubera ngo haciye igihe hibonekeza icikagurika ryavyo. Prezida yahise aca yirukana reta yose ahereye ku Mushikiranganji wa mbere.

🙆‍♂️ N'ubwo biruko, reta yarimaze igihe kinini iriko irahangana n'ubukene burangwa mw'ico gihugu, gufungura nabi, ibiza harimwo imyuzure,....

  yihuta Kuri FATA Média 🔴    : Uwahoze ari umushikiranganji w’uburimyi mu Bushinwa yaciriwe urubanza rw'urupfu azira ig...
29/09/2025

yihuta Kuri FATA Média

🔴 : Uwahoze ari umushikiranganji w’uburimyi mu Bushinwa yaciriwe urubanza rw'urupfu azira igiturire kingana na miliyoni 38 z’amadolari.

yabaye umushikiranganji w’Uburimyi n’Ibikorwa vy’amatongo kuva muri Kigarama 2020 gushika mu Kwezi kwa Ruheshi 2024. Inyuma y’amatohoza ku « guhonyanga bikomeye amategeko n’amabwirizwa », yirukanywe mu mabanga, aranakurwa mu mugambwe w’aba kominisite, hanyuma arafatwa ku mugaragaro.

29/09/2025

: 🇧🇮🇷🇼 Ijambo Paul yashikirije igihe yagire arahirire kuzorôngòra u ku ncuro yiwe ya mbere.

👉👉 Kore suivre ngaha kuri FATA Média na partage kugira ishikire abandi🙏🙏

🇮🇷🇷🇺 Umujinya mu bihugu vyo mu Burengero: Indege y’imizigo iremereye y’igisirikare c’ikirere c’Uburusiya yaragurukiye mu...
28/09/2025

🇮🇷🇷🇺 Umujinya mu bihugu vyo mu Burengero: Indege y’imizigo iremereye y’igisirikare c’ikirere c’Uburusiya yaragurukiye muri Irani, n’aho ibihano vyasubijweho na ONU bijanye n’ugutanga ibirwanisho kuri Irani vyatanguye gukurikizwa kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2025.

🔸Uburusiya n’Ubushinwa vyatangaje ko bitazokwemera ivyo bihano kandi ko bitazovyubahiriza.

🚨  🇵🇸 : 🇫🇷 Paris iriko iratahura uyu musi ivyo Sankara yavuze imyaka 41 ihezeKu wa 22 Nyakanga 2025, Emmanuel Macron yar...
28/09/2025

🚨 🇵🇸 : 🇫🇷 Paris iriko iratahura uyu musi ivyo Sankara yavuze imyaka 41 iheze

Ku wa 22 Nyakanga 2025, Emmanuel Macron yaradugiye ku rubuga rw’Inama Nkuru y’Umuryango w’Abiyunzekugira atangaze ko Ubufaransa bwemeje ku mugaragaro ko bwemera Leta ya Palestine. None Ubufaransa ntibwari bwemere ko Palestine coba igihugu cigenga !!?

Ibimenyeshamakuru vyo mu Burengero bivuga ko ari "ikintu cihariye mu mateka", ariko iryo tangazo nta kidasanzwe ririmwo. Ahubwo risa n’ugusubira inyuma, kiretse ko ari ukwemera kwari kwaratevye kuvugwa,ariko ukuri kw'ibihe vyose kwamye gushigikirwa n’ibihugu vyo mu bumanuko.

Kuva kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 1984, imbere ya ririya nama nyene y’Abiyunze, Perezida Sankara yaravuze ijambo rikomeye ati:

« Turi iruhande rw’Ishirahamwe ryo gukiza Palestina hamwe n’abanyagihugu bayo mu rugamba rwo kwemera reta yabo. »

Ubufaransa bw’ico gihe bwari bukiri mu rukino rw’intambwe zitariko zijayo, bukagendera ku vyifuzo vya Washington na Tel-Aviv. Ariko Burkina Faso, kubera ukwiyemeza kwa Sankara, bwabaye bumwe mu bihugu vya mbere vya Afrika vyemeye reta ya Palestine.

🚨 Nicolas Sarkozy ngo yoba yaciriwe gufungwa imyaka itanu , kandi bikavugwa ko azofungirwa mw’ibohero rya La Santé i Par...
28/09/2025

🚨 Nicolas Sarkozy ngo yoba yaciriwe gufungwa imyaka itanu , kandi bikavugwa ko azofungirwa mw’ibohero rya La Santé i Paris, mu gace kabitswemwo abapfungwa bafatwa nk’abatobato, kitwa QB4, kazwi nka “quartier VIP”, nkuko ikinyamakuru le Parisien kivyandika.

Uwo yahoze ari Umukuru w’igihugu ntazovangwa n’abandi bapfunzwe, kandi azohura gusa n’abari muri ako gace karinzwe. Azoba afise akabati kiwe konyene k’agasandugu k’imetero 9 gushika kuri 12, karimwo do**he n’ubwiherero, kandi ashobora kuriha kugira aronke tereviziyo canke firigo.

Uru*induko rwiwe ruzogabanirizwa ku gusohorwa gatatu mu ndwi, kandi umutekano wiwe uzorindwa cane: kugendesha aherekejwe, kwinonora umubiri yonyene, no kugumizwa mu ngiro z’ukurindwa guhurira n’abandi bapfunzwe.⛓️

🚨🇺🇲🇨🇴 Inkuru yihutirwa: Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwakuyeho   diplomatique y’umukur...
27/09/2025

🚨🇺🇲🇨🇴 Inkuru yihutirwa: Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu bwakuyeho diplomatique y’umukuru w’igihugu ca Kolombiya, , inyuma y’aho yifatanirije n’abari mu myiyerekano kuma barabara ya New York.

Petro, yari muri Amerika kugira yitabe Inama nkuru y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yasavye ibihugu vy’iburengero hamwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika guhagarika gushigikira Isiraheli. Yarongeye kandi asaba abasirikare ba Amerika kwanka amategeko no kwivumbura kuri Perezida Donald J. Trump🙆‍♂️

🔴[ ]:Microsoft yahagaritse bimwe mu bikorwa vya Azure na AI vyakoreshwa na Isiraheli💻 Sosiyete   yatangaje ko yahagarits...
27/09/2025

🔴[ ]:Microsoft yahagaritse bimwe mu bikorwa vya Azure na AI vyakoreshwa na Isiraheli

💻 Sosiyete yatangaje ko yahagaritse igice kimwe c'ibikorwa vyayo vya cloud hamwe na intelligence artificielle (AI) vyakoreshwa n’igisirikare ca Isiraheli, inyuma yo gutahura ko izo tekinoloji zakoreshejwe mu bikorwa vyo gucungera abanyagihugu ba Palestine ku buryo bukabije kandi butemewe n'amategeko.

🚨❗🇮🇱   : Igisirikare ca   catanguye gukoresha amakamyo arimwo indangururamajwi (haut-parleurs) mu mihana ya   🇵🇸 kugira ...
27/09/2025

🚨❗🇮🇱 : Igisirikare ca catanguye gukoresha amakamyo arimwo indangururamajwi (haut-parleurs) mu mihana ya 🇵🇸 kugira gisubiremwo ijambo yashikirije mw’ishirahamwe mpuzamakungu .Muri ico gihe, – isanzwe ikora mu bijanye n’ubutasi bwa digitale – yariko irungika iryo jambo mu buryo bwa ku materefone y’abanyagaza 🤨.

🟦 Ivyo bikorwa bigaragara nk’uburyo bwo gushira igitutu kubanye 🇵🇸, no kwerekana ububasha bwa 🇮🇱 mu gukwiragiza ubutumwa bwayo, mbere no mu bihe vy’intambara.

 : Yigeze kwandikira ikete Bwana Prezida Félix Tshisekedi ati:" Nyakubahwa, kwirigwa urazunguruka i Buraya na Amerika ub...
27/09/2025

: Yigeze kwandikira ikete Bwana Prezida Félix Tshisekedi ati:

" Nyakubahwa, kwirigwa urazunguruka i Buraya na Amerika ubasaba ngo bagufashe kurwanya umuhari M23, umena amabanga y'igihugu ntaco bivuze kuri bo ahubwo basigara baragutwenga, kuko nibo nyene barinyuma yirya ntambara kubw'inyungu zabo bungukiramwo, rero gikuru tahuka ukorere abenegihugu bawe urwane n'urya muhari utababarira uzurabe ko utazotsinda".

Igihugu cawe gifise ubutare bwinshi abo bazungu nyene bakeneye, ni gute wumvako bogushigikira kandi bashaka birya ufise?

Address

Avenue De L'université N°7
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when FATA Média posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to FATA Média:

Share