B A A Media

B A A Media Official Page of Burundi Alumni Association Media oficcial page of toussaint richman burundian actor
(2)

⚠️Kumara nk'imyaka itanu tu*inanye ,atanaka numéro kanje ufise,ugaca uhengera ngo nuko ugire ukore ubukwe ugaca umbaza n...
01/08/2025

⚠️Kumara nk'imyaka itanu tu*inanye ,atanaka numéro kanje ufise,ugaca uhengera ngo nuko ugire ukore ubukwe ugaca umbaza ngo nje muri service na Bride ngo njemwo ivyo bintu tubinegure.
--------------------------------------------------------------------
🤔 Hano iwacu hariharajwe ingeso sinzi namwe ko birababako ,ugasanga umuntu mumaranye iminsi myinshi,mbere ugasanga nuwo mu miryango iwanyu,ugasanga ntakuvugisha kiretse muhuriye nko mu manza z'imiryamgo,yahengera yimirije urubanza ukazubona numéro ikwandijiye ngo karibu cane nzogira urubanza kandi nashaka uzoje muri service mu bazonfasha gu serva.

🤷Muri ico gihe kenshi usanga ari wew wirihira ivyuzambara(Imvutano),niwe wirihira kwiyunguruza kugira ushike iyo urubanza rubera,narirya Ubu ivyukwiyunguriza bigoye.

👤Umwigeme K(izina ryitijwe) twaganiriye yadushingiye intahe ati:"Ahubona ibintu bisigaye bigoye,umukobwa umwe wo mukibano bisa naho twakuranye ,Twese tuvuka Ku gatumba Ariko twahavuye tumanuka mu gisagara naagiye mbona yinamura anyandikiye ngo sinzii aho nkuye numéro yawe nari narayibuze,ngo nashaka kukubwira kandi ko mfise urubanza mu kwezi kuza ngo kandi nashaka uzoje mubakobwa bazomfasha muri service. Singiye muri iyo groupe,nza mbona urubanza ruzobera mu kinanira nanje nataha mu carama, kandundura nza numva ngo Imvutano ni muri galerie kanaka ngumwe wese azirihira.

✅Murabizi namwe kenshi ko Dot zubu ziba bwije,mukuza nta bus uronka ugize Imana ukaronka taxi cangacanga nturiha munsi y'inoti ya bitanu Aho ni gushika ville,mugushika hamwe mu kinanira taxi y'ibihumbi 7 ,gutaha ucusanga ari nkicuro zibiri z'ivyo.

🥲😏Icambabaje rero magingo nariko ndataha,Ndiko ndatambuka mukurindira ko ndonka ikinyunguruza,baba banteye aho nyene mba mbuze epfo na ruguru namwe ya bus barayiba aga téléphone mba ndasezeye ,Imana n'iyo yahankuye kugira nshike Muhira kuko narimfise numéro kumutwe y'imuhira.

⏩Bukeye nibuka ko numwe nagira Ku rubanza tutamenyeranye ntanuko nomubwira ngwagire icamfasha, hari n'aho n'urwanje atazorumara ncanumva umengo nagiye gutambira nyaringa.None bakobwa bene wacu ,tegura neza urubanza upfume uronka n'ayo kuriha Imvutano zabagufasha mu rubnza hama muze muragira abagenzi mudahuzwa n'imanza gusa kuko uba u*i neza ko uzotinda ukabakenera"

Musomyi muhire nawe biramaze kugushikira??

"Niwaba uri buramatari ukaba atakintu nakimwe ufise c'akarorero bakwigane , ubwo bu buramatari uzobumara mwo umwanya uru...
01/08/2025

"Niwaba uri buramatari ukaba atakintu nakimwe ufise c'akarorero bakwigane , ubwo bu buramatari uzobumara mwo umwanya urume rumara . Ntuzobuza abandi ama ligala nawe wamayo , muhurira ku ma comptoirs. Mwebwe Ndongozi nimwe mubwirizwa kurwanya abohungabanya umutekano , akarenganyo , abarundi barangana muri vyose . Mwebwe nzego zose ni mwe bishigikizo vya Buramatari mu ntara iwe , mubwirizwa kumufasha gutunganiriza abenegihugu. "

Impanuro zikomeye cane umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije buramatari w'intara ya GITEGA hamwe n'abamushigikira mu nzego zose gushika ku gacimbiri .

Mugihe yari ahejeje kumushikiriza icese , umukury w'igihugu c'uburundi Evariste NDAYISHIMIYE yaramuhanuye agirako amumenyesha ingene azokwitwara nk'uwumuseru...

31/07/2025

🤝🏿 Gélase Daniel Ndabirabe yatowe n'abashingamateka 109 kuri 111 bari bitabiriye (109 bishikiye, 2 barungika intumwa) amatora y'uburongozi bw'iyo nama yabereye kuri uyu wa 31 Mukakaro 2025 mu Ngoro y'amakoraniro mu Kigobe, ni ukuvuga ko bamutoye ku bice 98,1%. Amajwi 2 yabaye impfagusa,

🗳️   : Gélase Daniel Ndabirabe niwe atowe ngo yongere kuyobora Inama Nshingamateka, nayo Umushingamateka Fabrice Nkurunz...
31/07/2025

🗳️ : Gélase Daniel Ndabirabe niwe atowe ngo yongere kuyobora Inama Nshingamateka, nayo Umushingamateka Fabrice Nkurunziza atorwa ngo abe icegera .
-------------------------------------------------
🤝🏿 Gélase Daniel Ndabirabe yatowe n'abashingamateka 109 kuri 111 bari bitabiriye (109 bishikiye, 2 barungika intumwa) amatora y'uburongozi bw'iyo nama yabereye kuri uyu wa 31 Mukakaro 2025 mu Ngoro y'amakoraniro mu Kigobe, ni ukuvuga ko bamutoye ku bice 98,1%. Amajwi 2 yabaye impfagusa

🥇 Ndabirabe akaba yatowe mu ntara ya .

🤝🏿 mu kibanza c'icegera , Umushingamateka Fabrice Nkurunziza niwe atowe n'abashingamateka 110 kuri 111, ni ukuvuga ko atowe ku bice 99,1% ngo abe icariho ca Gelase Daniel Ndayirabe .

✍🏿 Nkurunziza nawe ni mushingamateka yatowe mu ntara ya .

🗳️ Mwomenya ko yaba Umukuru w'inama nshingamateka n'icababa ciwe , nta numwe yari afise uwo bahiganwa.

Turyite ihiganwa?

𝐈𝐧𝐬𝐩𝐢𝐫𝐢𝐧𝐠 𝐘𝐨𝐮𝐭𝐡 𝐄𝐦𝐩𝐨𝐰𝐞𝐫𝐦𝐞𝐧𝐭 𝐓𝐡𝐫𝐨𝐮𝐠𝐡 𝐒𝐡𝐚𝐫𝐞𝐝 𝐄𝐱𝐩𝐞𝐫𝐢𝐞𝐧𝐜𝐞 On July 30, 2025, the   , in partnership with  ,  , and Share-Net,...
30/07/2025

𝐈𝐧𝐬𝐩𝐢𝐫𝐢𝐧𝐠 𝐘𝐨𝐮𝐭𝐡 𝐄𝐦𝐩𝐨𝐰𝐞𝐫𝐦𝐞𝐧𝐭 𝐓𝐡𝐫𝐨𝐮𝐠𝐡 𝐒𝐡𝐚𝐫𝐞𝐝 𝐄𝐱𝐩𝐞𝐫𝐢𝐞𝐧𝐜𝐞

On July 30, 2025, the , in partnership with , , and Share-Net, conducted a field visit to three youth-focused organizations in Bujumbura:
🔹 SEMERERA, a youth-led initiative,
🔹 ADL Youth Center in Kinama,
🔹 and the Burundi Alumni Association (BAA).

🧭 The aim of the visit was to learn from existing youth empowerment models and draw inspiration from successful initiatives that have transformed young lives with the hope of replicating and scaling up what works best.

At Burundi Alumni Association, the delegation explored the three main components of the organization:
💼 BAA Center a vibrant space for youth innovation and learning,
🎙 BAA Media ; a platform that educates and inspires through storytelling, entrepreneurship and opportunity sharing .
💻 Leader’s Corner ; a strategic space for coworking, networking and idea exchange.

🙏 The visitors were warmly welcomed by Jean Berchmans Siboniyo, the General Secretary of BAA, who guided them through the organization’s programs, milestones, and long-term vision. He highlighted how BAA has become a vital hub for young people to access opportunities, mentorship, and high-speed Starlink internet unlocking new possibilities in learning, networking, and innovation.

💡 The visit served as a powerful reminder that investing in youth and fostering collaboration across organizations can spark meaningful change.

𝐔𝐤𝐮𝐧𝐲𝐰𝐚𝐧𝐚 𝐤𝐰'𝐚𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐛𝐚 𝐡𝐚𝐧𝐳𝐞 𝐲'𝐮𝐛𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 , 𝐮𝐦𝐮𝐠𝐚𝐧𝐝𝐚 𝐤𝐰'𝐢𝐭𝐞𝐫𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐫𝐲'𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 . Mu gusozera rya huriro ry'abarundi bab...
30/07/2025

𝐔𝐤𝐮𝐧𝐲𝐰𝐚𝐧𝐚 𝐤𝐰'𝐚𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐛𝐚 𝐡𝐚𝐧𝐳𝐞 𝐲'𝐮𝐛𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 , 𝐮𝐦𝐮𝐠𝐚𝐧𝐝𝐚 𝐤𝐰'𝐢𝐭𝐞𝐫𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐫𝐲'𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 .

Mu gusozera rya huriro ry'abarundi baba mu mahanga , Professeur Athanase BAKUNDA yatanze icirwa nkora mutima ku kunywana kw'abarundi baba hanze y'igihugu kugira bifashe nk'umushinge uzoshikana igihugu kw'iterambere .

Yunganiwe na Gabriel RUFYIRI , yamenyesheje ko ubumwe , ibikorwa , ukunywana , ugukunda igihugu hamwe n'uguhindura ivyiyumviro ari nk'urufunguruzo rwugurura umuryango ugana iterambere .

Yarangije asaba abo barundi baba mu mahanga kwama na ntaryo basenyera ku mugozi umwe mu gushigikira no kurangura imigambi itandukanye izoshikana igihugu kw'iterambere .

Uwo mwiherero w'iminsi ibiri ukaba wabereye mu gisagara ca Bujumbura mu nyubakwa z'i Hotel Club du Lac Tanganyika mu ntumbero yo guhimbaza indwi yahariwe abarundi baba bakarangurira n'imigambi hanze y'igihugu ku ncuro y'icenda ku civugo :«ABARUNDI BAKORERA MU MAHANGA TUJE KU KIVI MUGUSHIRA MU NGIRO IMBONAKAZOZA Y’UBURUNDI BWIFASHE MURI 2040, N’UBURUNDI BUTEYE IMBERE MURI 2060»

⚠️UMUZIKI W’UBURUNDI KU RUNDI RWEGO?🎁AKANDI KAGANUKE?😉MURI IYI SUMMER HASOHOTSE INDIRIMBO ZITAMBITSE ZITARI ZIKE.HAGEZE ...
30/07/2025

⚠️UMUZIKI W’UBURUNDI KU RUNDI RWEGO?

🎁AKANDI KAGANUKE?

😉MURI IYI SUMMER HASOHOTSE INDIRIMBO ZITAMBITSE ZITARI ZIKE.

HAGEZE MU CI HABA HITEZWE INDIRIMBO NYISHI,HABA HITEZWE N’IBITERAMO BITARI BIKE.

☺️IRI CI RYARANZWE N’INDIRIMBO NKA YA , BY -ONE N’IZINDI N’IZINDI..

🥹KEFA?

NI UMURIRIMVYI NAWE NYENE WAMARASO ASHUSHE ,AJE ATAVYOROSHA MURI UYU MUZIKI NDUNDI,INYUMA YO KUDUHA IYO YISWE BY NAYO NYENE YARI ITAMBITSE CANE,AHEJEJE KUDUTERA IRINDI TEKA ATUJABUKANA INYUMA Y’IMBIBE MU KUDUHA IYINDI YISWE

🙈YIRABE UCIYE KURI IYO LINK
https://youtu.be/i52xxksXJWM?si=Go4tpdFK4ivHFWjR

🥳✌️𝗞𝗮𝗻𝗱𝗶 𝗻𝗸𝘂𝗯𝘂 𝘄𝗼𝗯𝗮 𝘂𝗯𝗮 𝗜 𝗕𝘂𝗷𝘂𝗺𝗯𝘂𝗿𝗮 𝘂𝗸𝗮𝗯𝗮 𝘂𝘁𝗮𝗿𝗮𝗺𝗲𝗻𝘆𝗮 𝗺𝘂𝗿𝗶 𝗟𝗲𝗮𝗱𝗲𝗿'𝘀 𝗰𝗼𝗿𝗻𝗲𝗿.Woba uhora wipfuza ahantu hatuje,hasa neza ,Ha...
30/07/2025

🥳✌️𝗞𝗮𝗻𝗱𝗶 𝗻𝗸𝘂𝗯𝘂 𝘄𝗼𝗯𝗮 𝘂𝗯𝗮 𝗜 𝗕𝘂𝗷𝘂𝗺𝗯𝘂𝗿𝗮 𝘂𝗸𝗮𝗯𝗮 𝘂𝘁𝗮𝗿𝗮𝗺𝗲𝗻𝘆𝗮 𝗺𝘂𝗿𝗶 𝗟𝗲𝗮𝗱𝗲𝗿'𝘀 𝗰𝗼𝗿𝗻𝗲𝗿.

Woba uhora wipfuza ahantu hatuje,hasa neza ,Hari connexion nziza ya starlink🥳.Uhora ubura canke abagenzi bahora babura aho bakorera anniversaire🤷🤔, Rencontre bitandukanye n'ama formations??

Kaze muri Leader's corner🥳Vyose muzobisangayo.Abumvise akamo baratanguye kuza ,begere babacire agace🤌🥳

Muyisanga muri Rohero1,Av Source du Nil, numéro 25 kazeeee🥳🥳

's Corner

🇧🇮"𝗚𝘂𝗰𝗮 𝗶𝗵𝗮𝗱𝗮𝗯𝘂 𝗮𝗯𝘂𝗻𝗴𝘂𝗿𝘂𝘇𝗮 𝗮𝗯𝗮𝗻𝘁𝘂 𝘀𝗶𝘄𝗼 𝗺𝘂𝘁𝗶 𝘄'𝗶𝗻𝗴𝗼𝗿𝗮𝗻𝗲 𝘇𝗶𝗿𝗶 𝗺𝘂 𝗸𝘄𝗶𝘆𝘂𝗻𝗴𝘂𝗿𝘂𝘇𝗮. 𝗥𝗲𝘁𝗮 𝗻’𝗶𝘀𝗵𝗶𝗿𝗲𝗵𝗼 𝗶𝗯𝗶𝘁𝗼𝗿𝗼..."👆🏿 Ivyo vyashiki...
30/07/2025

🇧🇮"𝗚𝘂𝗰𝗮 𝗶𝗵𝗮𝗱𝗮𝗯𝘂 𝗮𝗯𝘂𝗻𝗴𝘂𝗿𝘂𝘇𝗮 𝗮𝗯𝗮𝗻𝘁𝘂 𝘀𝗶𝘄𝗼 𝗺𝘂𝘁𝗶 𝘄'𝗶𝗻𝗴𝗼𝗿𝗮𝗻𝗲 𝘇𝗶𝗿𝗶 𝗺𝘂 𝗸𝘄𝗶𝘆𝘂𝗻𝗴𝘂𝗿𝘂𝘇𝗮. 𝗥𝗲𝘁𝗮 𝗻’𝗶𝘀𝗵𝗶𝗿𝗲𝗵𝗼 𝗶𝗯𝗶𝘁𝗼𝗿𝗼..."

👆🏿 Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 30 Mukakaro 2025 na Faustin Ndikumana, umuyobozi w'ishirahamwe , aho abona ko mu gihe hamaze iminsi ikibazo co kwiyunguruza, kuba abaporisi bafata abunguruza abantu, bakabafatira ingendeshwa bongera babaca ihadabu vyerekana ko Reta iriko irwana intambara zitari zo kuko igitoro kibonetse ivyo bapfa bitosubira kuboneka

🚎 Ndikumana agira ati: "Ukwiyunguruza ni umurimo ntahara, hariho n'abantu babuze ingene biyunguruza ubu*ima buca buhagarara."

⁉️ Yibaza ati: "None boja ku mashure, ku mirimo, kwivuza, gusuma, canke ibidandazwa vyotembera gute? Bazoreka kuja guhamba ababo, bazoreka kuja mu manza? Ntibishoboka"

⛽️ "Kumara iminsi 3 canke 7 ku ma Station humye, ntivyobura ingaruka. Iritiro igeze ku 30.000FBu. Ubu hari abaheze ruguru, bataza ku mirimo kubera ukubura ukwiyunguruza, aho n'uwuronse ingene amanuka usanga ariha 80.000 canke 90.000FBu. Nk'akarorero, hari abakozi bo ngaha baheze ruguru"

🚍 "None ko Reta idafise igitoro gituma abantu biyunguruza ku buryo bukwiye, ko idashiraho ama bisi yayo afashe abantu kwiyunguruza no kwunguruza ibintu narirya yo vyoyorohera kuronka igitoro maze bakagabanya ibiciro? "

👥 Nireke abunguruza abantu biyumvikanire n'abiyunguruza, kuko guhangana n'abunguruza abantu n'ibintu bihagarika n'ubwo uburyo budafashe bwo kwiyunguruza bwari buhari kuko ababikora bashima kubihagarika"

🙆 "Ibura ry'ibitoro n'izo ngingo ziguma zifatwa zishobora kuba ziva ku bategetsi babona ko baronka igitoro vyoroshe maze bakaguma biyunguruza vyoroshe, bakaguma bivugira bati 'none abandi bo babura gute ingene biyunguruza? '"

⚖️ "Inyishu kuri ibi bibazo ni ukureka igitoro kikinjira, kuko kubaca ihadabu no kubahana mu gihe igitoro kitaraboneka ntaco bija guhindura mu vyo kwiyunguruza"

💰 Asozera ati: "Hama hasiguwe ko tubura amafaranga y'agaciro (devise) kubera dushora hanze bike tukinjiza vyinshi, bigatuma tubura ayo kuzana ibitoro. Nta gihugu na kimwe muri Afrika kidashora hanze bike cane ugereranije n'ivyo kihagurira gutyo, ariko nta bibazo nk'ibi bihavugwa. Ahubwo dukwiye kwicara tukaraba ingene ayo mafaranga y'agaciro make turonka ariko aratunganywa, hama twironde n'abo bantu bihariza amasoko yo kuzana igitoro kandi batabishoboye"

🤗 Musomyi, ubivuzeko iki?



Source:jimbere magazine

𝗕𝗜𝗥𝗜𝗛𝗨𝗧𝗔🔴🔴:𝗕𝗮𝗺𝘄𝗲 𝗯𝗮𝗵𝗼𝗿𝗮 𝗯𝗮𝗱𝗮𝗻𝗱𝗮𝗿𝗶𝘇𝗮  𝗸𝘂𝗺𝗽𝗮𝗻𝗱𝗲 𝘇'𝗮𝗺𝗮𝗯𝗮𝗿𝗮𝗯𝗮 𝗮𝗸𝗶𝗸𝘂𝗷𝗲 𝗮𝗵𝗮𝗵𝗼𝘇𝗲 𝗶𝘀𝗼𝗸𝗼 𝗻𝗸𝘂𝗿𝘂 𝘆𝗮 𝗕𝘂𝗷𝘂𝗺𝗯𝘂𝗿𝗮 𝗯𝗶𝗿𝗮𝗯𝘂𝗷𝗶𝗷𝘄𝗲,𝗸𝘂𝘃𝗮 𝗸𝘂𝗿𝗶...
30/07/2025

𝗕𝗜𝗥𝗜𝗛𝗨𝗧𝗔🔴🔴:𝗕𝗮𝗺𝘄𝗲 𝗯𝗮𝗵𝗼𝗿𝗮 𝗯𝗮𝗱𝗮𝗻𝗱𝗮𝗿𝗶𝘇𝗮 𝗸𝘂𝗺𝗽𝗮𝗻𝗱𝗲 𝘇'𝗮𝗺𝗮𝗯𝗮𝗿𝗮𝗯𝗮 𝗮𝗸𝗶𝗸𝘂𝗷𝗲 𝗮𝗵𝗮𝗵𝗼𝘇𝗲 𝗶𝘀𝗼𝗸𝗼 𝗻𝗸𝘂𝗿𝘂 𝘆𝗮 𝗕𝘂𝗷𝘂𝗺𝗯𝘂𝗿𝗮 𝗯𝗶𝗿𝗮𝗯𝘂𝗷𝗶𝗷𝘄𝗲,𝗸𝘂𝘃𝗮 𝗸𝘂𝗿𝗶 𝘂𝘆𝘂 𝘄𝗮 𝟯𝟬 𝗠𝘂𝗸𝗮𝗸𝗮𝗿𝗼 𝟮𝟬𝟮𝟱

✍️Nkuko tubisanga mw'itangazo ryaraye risohowe kuri uyu wa 29 Mukakaro n'uburongonzi bwa komine Mukaza, buramenyesha ko kuva uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 30 mukakaro ibikorwa vyo kudandariza kumpande z'amabaraba akikuje ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bibujijwe.

📝Muri iryo tangazo kandi baramenyesha ko bibujijwe gushira ikintu icarico cose mu bibanza vya reta biri muri iyo komine ataruhusha bahawe n'uburongonzi bwa komine Mukaza. Hambavu yivyo kandi ubwo burongonzi kandi buributsa abarangurira imirimo muri iyo komine kwubahiriza ibiciro vyashinzwe na reta na cane cane kubidandazwa vya Brarudi, isukari n'ibindi.

⏩Ivyo bikaba bikozwe mu ntumbero yo kwubahiriza ingingo z'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati iterambere rusangi n'umutekano zerekeye kwubahiriza umutekano w'abenegihugu n'ivyabo hamwe n'isuku muri iyo komine.

🤔 Iyo ngingo muyumva gute?

🇧🇮👍 𝐈𝐯𝐲𝐚𝐯𝐮𝐲𝐞 𝐦𝐮 𝐦𝐚𝐭𝐨𝐫𝐚 𝐲'𝐀𝐛𝐚𝐤𝐞𝐧𝐠𝐮𝐳𝐚𝐦𝐚𝐭𝐞𝐤𝐚 𝐚𝐡𝐞𝐫𝐮𝐤𝐚 𝐤𝐮𝐛𝐚 , 𝐧𝐢 𝐧𝐭𝐚𝐛𝐚𝐧𝐝𝐮𝐤𝐚.✅Kuri uyu wa 29 Mukakaro 2025, Sentare yubahiriza...
30/07/2025

🇧🇮👍 𝐈𝐯𝐲𝐚𝐯𝐮𝐲𝐞 𝐦𝐮 𝐦𝐚𝐭𝐨𝐫𝐚 𝐲'𝐀𝐛𝐚𝐤𝐞𝐧𝐠𝐮𝐳𝐚𝐦𝐚𝐭𝐞𝐤𝐚 𝐚𝐡𝐞𝐫𝐮𝐤𝐚 𝐤𝐮𝐛𝐚 , 𝐧𝐢 𝐧𝐭𝐚𝐛𝐚𝐧𝐝𝐮𝐤𝐚.

✅Kuri uyu wa 29 Mukakaro 2025, Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro irongowe na Valentin Bagorikunda yaremeje icese ivyavuye mu matora y'abakenguzamateka yabaye igenekerezo rya 23 Mukakaro 2025mu makomine yose agize igihugu .

📄Isasa rya mbere ry'iyo nama Nkenguzamateka rikaba ritegekanijwe kw'igenekerezo rya 4 Myandagaro 2025, nk'uko biri mw'itegeko ryatewe ko umukono n'Umukuru w'Igihugu ku wa kabiri, igenekerezo rya 29 Mukakaro 2025.

👆Iyo nama izokoranira mu ngoro y'amakoraniro y'i Gitega, aho Inama Nkenguzamateka isanzwe ifise icicaro. Ni kuva igihe c'isaha zitatu z'agatondo (9h) irongowe uwurusha abandi imyaka. Uyu nawe akaba ari umupfasoni Joséphine Nyiraneza afise imyaka 66 yavutse mu 1959.

✍Mwomenya ko inama nkenguzamateka 2025-2030, izoba igizwe n'abakenguzamateka 10 bose bakaba bava mu mugambwe Cndd-Fdd , bagizwe n’abahutu 5 n’abatutsi 5. Abakenyezi akaba ari 5 n’abagabo 5 . Kuri abo 10 hiyongerako abatwa 3 , bagizwe n’umukenyezi umwe , n’abagabo 2, nk'uko bitegekanywa n'ibwirizwa nshingiro ry' , ingingo y'185 agaca ka 2, n'Ibwirizwa rigenga amatora ingingo y'142, agace ka B

🇧🇮🔴𝗧𝘂𝗿𝗶 𝗞𝘂 𝗺𝘂𝗻𝘀𝗶 𝘂𝗴𝗶𝗿𝗮 𝗸𝗮𝗯𝗶𝗿𝗶 𝘄'𝗶𝗯𝗶𝗸𝗼𝗿𝘄𝗮  𝘃𝘆'𝗜𝗻𝗮𝗺𝗮 𝗻𝘀𝗵𝗶𝗻𝗴𝗮𝗺𝗮𝘁𝗲𝗸𝗮 𝗔𝗿𝗶𝗸𝗼 𝗻𝘂𝗯𝘂 𝘂𝗯𝘂𝗿𝗼𝗻𝗴𝗼𝘇𝗶 𝗯𝘄𝗮𝘆𝗼  𝗻𝘁𝗶𝗯𝘂𝘀𝗵𝗼𝗯𝗼𝘆𝗲 𝗴𝘂𝘀𝗵𝗶𝗻𝗴𝘄𝗮.🎤Mu...
29/07/2025

🇧🇮🔴𝗧𝘂𝗿𝗶 𝗞𝘂 𝗺𝘂𝗻𝘀𝗶 𝘂𝗴𝗶𝗿𝗮 𝗸𝗮𝗯𝗶𝗿𝗶 𝘄'𝗶𝗯𝗶𝗸𝗼𝗿𝘄𝗮 𝘃𝘆'𝗜𝗻𝗮𝗺𝗮 𝗻𝘀𝗵𝗶𝗻𝗴𝗮𝗺𝗮𝘁𝗲𝗸𝗮 𝗔𝗿𝗶𝗸𝗼 𝗻𝘂𝗯𝘂 𝘂𝗯𝘂𝗿𝗼𝗻𝗴𝗼𝘇𝗶 𝗯𝘄𝗮𝘆𝗼 𝗻𝘁𝗶𝗯𝘂𝘀𝗵𝗼𝗯𝗼𝘆𝗲 𝗴𝘂𝘀𝗵𝗶𝗻𝗴𝘄𝗮.

🎤Mu Inama Nshingamateka kuri uyu wa 29 Mukakaro 2025 mu ngoro y'amanama mu Kigobe, abashingamateka bashasha bahejeje kwiga no kwemeza impinyanyuro y'integuro y'amategeko agiye kubagenga mu kiringo c'imyaka 5.

🤷Ariko rero nubu ntaco barashikako .Mu vyabagoye harimwo ingingo ya 14, mu gace kayo ka mbere,ivuga iti: "ibiro vy'Inama Nshingamateka bitegerezwa kuba bigizwe n'imigambwe irenze umwe"

✍️Gélase Daniel Ndabirabe yahora arongoye inama nshingamateka akaba yaciye ashikiriza ko iryo tegeko ryosubirizwa nirivuga riti:"Ibiro biserukira abashingamateka bose bashashe mu Nama Nshingamateka"

👤Yashimangiye ko ibitabaye ivyo, vyoba bisa no kwitega imitego, kuko ngo vyogorana kuronka uwundi mushingamateka ava mu wundi mugambwe mu gihe ata matora yitezwe ubu vuba.

✅Inyuma yo kwemeza iyo Ntererano nkuko yemejwe n'abashingamateka ,Iryo tegego rica rirungikwa muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kugira barabe ko ryubahirije ibwirizwa Shingiro.

✍️Mwomenya ko Iyo ngingo niyemezwa,Umunsi wejo azoba arugutora indongozi zizoyobora inama Nshingamateka mu myaka itanu bazomara.

Address

Rohero I Avenue Source Du Nil No 25
Bujumbura
1234

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when B A A Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category