25/08/2022
⚖️Imiryango 4 itandukanye isaba ubutungane ko bwokweza ababo 4 bapfungiwe mw'ibohero rikuru ry,Ibujumbura kuko barenganywa.
________________
⚖️Abo bapfunzwe uko ari bane bose n'abakozi b'ishirahamwe nabo akaba ari: Juvenal NTAHOMVUKIYE,
Jacques NDAYISHIMIYE, Fabien NIYONGABO ,hamwe na Vincent HATUNGIMANA.
👉🏼Intandaro ya vyose ngo n'uwitwa yaje gutondera igitoro n,imodoka kuri station nshasha yo mugisagara ca Bujumbura vyavugwa ko yagira itange igitoro ico gihe naho ngo bitarivyo.
🎤Ngo Fabrice abonye batevye gutanga ico gitoro , ngo yaciye aha urupfunguruzo rw'imodoka yiwe uwitwa yari kw,izamu uyo musi ngo arihuse kurubaza ruguru ; ngo uyo musi hari kumusi wagatanu ahashira nk,isaha zitanu z,umurango.
📌 Jacques ngo yahavuye agomborwa n'abandi basangiye akazi nk,uko bisanzwe murako kazi ko gucunga umutekano ngo urupfunguruzo bararuhanahana .
🚌kumusi wa gatandatu mw,ijoro Ngo kubera ko iyo modoka yari muzindi zitonze ngo kandi yari inyuma y,uruzitiro eka mbere itari yanditswe mugitabo c,ibikoresho bicunzwe, ngo hoba haraje umuntu abaca muryahumye batabiciye n,ikanda aratwara ya modoka akoresheje urundi rupfunguruzo ngo kuko urwo Fabrice yari yasize bari barufise.(ninde yatwaye iyo modoka)?
🪶Niho muri iryo, joro ryo nyene ahashira nk,isaha zitandatu z,ijoro uwiyita nyenimodoka Fabrice yaza ngo aje gutora imodoka aho yari yayisize arayibura ariko urupfunguruzo rwayo ngo bari barufise.
📌Uwo Fabrice aca yitura igipolice ,abo bane bose uko baruhererekanye bose baba binjiye mukaga kuko baciye bapfungwa mugipolisi kumvo z'amatohoza.
👨🏼🦯Murayo matohoza na nyen'imodoka ntibamusiginyuma kuko mugipolise babona ko bishoboka ko Fabrice yoba yarasize imodoka agahava akayitora akoresheje urundi rupfunguruzo, munyuma akagaruka kuyibaza uwo yayihaye ngo gutyo abe abinjije mukaga mukubagiriza ko bamwivye.
👉🏼Inyuma y,imisi itanu amatohoza akibandanya , nyene kwibwa ariwe Fabrice yavuze ko imodoka yabonetse ariko itagira amapine.
Ngo kuko abo basuma birutse barabasiga.
Agasaba rero ko bomuha amahera yayo mapine ngo nayo yakoresheje muri iyo dossier ,nabo bati ntituriha ivyo tutatwaye vyongeye ayo ni Amayeri .
Ubu rero bakaba bapfungiwe mw,ibohero rya mpimba ibujumbura.
Imiryango yabo bapfunzwe isaba ubutungane ko bworenganura abo bantu bagasubizwa mumiryango yabo kuko baguye mumutego Fabrice yabateze.
Ibi bintu wewe uvyumva gute?