Ikaze Magazine

Ikaze Magazine Journalisme

13/05/2026

🧖‍♀️🤵‍♂️Umugore mwiza umufasha mwiza ninde yo mubona ? Umviriza zimwe mumpanuro zirimwo impanuro zidasanzwe twahawe n'abahinga batandukanye z'ukuntu wotora uwomuzorushinga canke wokomeza urugorwawe 🤷‍♀️

🥂💸  :Umurezi Yaraye aciwe amande y'ibihumbi cumi n'abitanu kubera akaborerwe📝 Nk'uko biboneka ku gitasi cahawe uwo mwigi...
12/05/2026

🥂💸 :Umurezi Yaraye aciwe amande y'ibihumbi cumi n'abitanu kubera akaborerwe

📝 Nk'uko biboneka ku gitasi cahawe uwo mwigisha saruvatori wo muri komine Rumonge, uwo mwigisha yafashwe mu gatondo ko kuri uyu wa 11 Rusama 2026, afatwa yaborewe kandi mu masaha y'akazi araheza acibwa iryo hadabu

⁉️ Musomyi ngaho mukibano iwanyu hari abarezi bagitonda kukazi agakanwa kakibariko 🤗?

🚨🚨 Abaririmvyi nka i   wo muri Nigeria 🇳🇬 ,  Katty , Future Lisa na Anitta bo muri Amerika  nibo bashizwe k'urutonde rw'...
11/05/2026

🚨🚨 Abaririmvyi nka i wo muri Nigeria 🇳🇬 , Katty , Future Lisa na Anitta bo muri Amerika nibo bashizwe k'urutonde rw'abaririmvyi bazoririmba mu gikombe k'Isi ca 2026

Rema azoririmba itariki 12 /7/ 2026, kurukino ruzohuza na , rukazobera i Los Angeles muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mwomenya kandi ko Rema abaye umuririmvyi wa kabiri wo muri azoririmba murizo nkino, inyuma y'umuririmvyikazi Tyla ( wo muri Afurika y'epfo )


🔥😢 Agahinda ni kenshi mw’isoko ya Kinama!📅 Kuva mu gitondo co kuri uyu wa 07 Rusama 2026, isoko ya Kinama yahindutse nk’...
07/05/2026

🔥😢 Agahinda ni kenshi mw’isoko ya Kinama!

📅 Kuva mu gitondo co kuri uyu wa 07 Rusama 2026, isoko ya Kinama yahindutse nk’ikibuga c’amarira n’akajagari inyuma y’umuriro wadutse ugatangura gutongora amaduka n’ibidandazwa vy’abadandaza.

🙆🏽‍♀️ Hari abariko barira, abandi bakagwa igihumura babonye utwabo turiko turasha, mu gihe bamwe birukira mu muriro bashaka kurokora n’agace gato k’ivyo bari bafise. Ni ibihe biteye ubwoba cane ku bantu benshi bari aho.

🚒 Abapolisi, kizimyamwoto hamwe n’abenegihugu baciye baza kuzimya uwo muriro. Kizimyamwoto zine, harimwo n’iyo ku kibuga c’indege, zakoreshejwe mu gutera amazi menshi kugira ngo umuriro ntukwire hose.

😟 Muri ako kavuyo, hari n’abasuma bagerageza kwikika mu kiza ngo basahure ibidandazwa bitari bwashikirwe n’umuriro. Ariko kandi hari abandi bantu benshi berekanye ubuntu n’urukundo, bafasha abadandaza kurokora ivyo bashoboye.

🔥 Igice cari kibangamiwe cane ni ahadandarizwa ibifungurwa n’amavuta yo kwisiga, ariko amakuru mashasha avuga ko umuriro uriko uragabanuka buhoro buhoro.

✍🏾 Naho vyifashe gutyo, benshi mu badandaza basigaye mu gahinda gakomeye, bibaza ingene bagiye gusubira guhaguruka inyuma y’iyo mpanuka.

06/05/2026
Julius Malema umwe mubashingamateka atavuga rumwe n'umugambwe uri kubutegetsi muri Afirika y'epfo yagize ico avuga kubij...
04/05/2026

Julius Malema umwe mubashingamateka atavuga rumwe n'umugambwe uri kubutegetsi muri Afirika y'epfo yagize ico avuga kubijanye n'abanyamahanga baba muri icogihugu bariko baraburabuzwa aho yavuze ati 👇:

🗣️Ku vyerekeye urwanko rw’abanyamahanga, urwanko rw’abanyafrika muriko murakora ngaha muri Afrika y’epfo. Ntimuvuga y’uko abanya Nigeria, abanya Zimbabwe babatwara ubuzi? Murakubagura abantu kuberako babatwaye ubuzi

Murugara imangazine ihemba abantu. None muca mwugurura imangizine zingahe inyuma yo kubakugura no kubirukana?

Abantu ata bumenyi bagira, ata bushobozi na bukeyi bafise nibo bavuga ko babatwaye akazi. Sinshaka amajwi yanyu nimba mwitwara uko. Murayagumya.

Gukumira mw’ishure umunyafrika dusa , sinzokwigera ndabikora. Murashobora kugumya amajwi yanyu. Murandeka mpfe, umutima utekanye

Sinzokwigera nankira umugore akomoka muri Afrika kwibarukira mu bitaro vyo muri Afrika y’epfo. Ntibishoboka

🗣️Julius Malema, opposant & député Sud-africain, leader de l’EFF


🛑🚟Inkuru nziza mubijanye no kwiyunguruza  mugisagara ca Bujumbura Hagiye kuza   🚊( Bus ishobora gutwara abantu 300 kandi...
30/04/2026

🛑🚟Inkuru nziza mubijanye no kwiyunguruza mugisagara ca Bujumbura

Hagiye kuza 🚊( Bus ishobora gutwara abantu 300 kandi kumuvuduko munini ) , abahinga biriwe kuraba aho zizoca kuko zizisangiza amabarabara 👏🏾👇🏾🇧🇮

Hagiye gutangura umugambi munini w’imihora ya “tramway” mu ntumbero kworohereza abiyunguruza

🏗️ Reta y’Uburundi iriko irategura umugambi munini wo kwubaka imihora ya kijambere y’amabisi ya tramway mu gisagara ca Bujumbura, mu ntumbero yo gutuma kwiyunguruza birushiriza kugenda neza.

🌍 Uwo mugambi uri mu murongo w’imbonakazoza y’igihugu "2040-2060" nk'uko bishikirizwa na Ir Aaron Niyungeko, arongoye ishirahamwe ANOB ryahawe isoko ryo kwubaka amabarabara ya Tramway, azoca mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, agahurira hagati mu gisagara.

🔎 Kuri uyu wa 24 Ndamukiza 2026, ANOB ifatanije n’inzego zitandukanye za Reta yaratanguje igikorwa co gusuzuma aho ayo mabarabara azoca. Igikorwa cabandanije no kuri uyu wa 28 Ndamukiza 2026.

🏛️ Muri ico gikorwa, ANOB yari kumwe n’abaserukira ibigo vya Reta nka ARB, REGIDESO, ONATEL hamwe n’abo mu ntwaro muri Komine Mukaza, mu ntumbero yo kwerekana aho amahuriro y’umuyagankuba, intsinga za internet, hamwe n’inyubakwa zojana n'uwo mugambi zikwiye gushirwa.

🚉 Tramway iteganijwe gusahiriza mu gukosora izo ngorane :

Hategekanywa ko mu ntango hazobanza hakubakwa zibiri : iya mbere izova Carama igashika mu Kanyosha (17 km)

Iya kabiri, Mirango (Rond-Point) gushika Kajaga (17 km)

Iya gatatu izokwubaka mu nyuma yova mu gisagara hagati ija ku kibuga c’indege (+4 km)

🚋 Buri modoka ya tramway izoshobora gutwara abantu bashika 300, ifise uburebure bw'imetero 33, kandi ikazogenda ku muvuduko uri hagati y'ibirometero 50 na 70 km/h. Izokoresha umuyagankuba utangwa na REGIDESO.

📸 Iris


‎🇧🇮🦟  Nkuko bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ngo Abenegihugu barenga imiriyoni 5 bararwaye marariya m...
27/04/2026

‎🇧🇮🦟 Nkuko bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ngo Abenegihugu barenga imiriyoni 5 bararwaye marariya mu mwaka wa 2025. Muri abo, hafi imiriyoni 2 bari abana bari munsi y'imyaka itanu

‎✍️ Ngo ivyo vyerekana ko hakiriho ibitari bike vyo gukorwa ata n'umwe avuyemwo. Ubishikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko bugiye gukomeza ingingo zo kwikingira no kuvura marariya; kubandanya gutunganya ubuvuzi kuri bose ata n'umwe avuyemwo; guhimiriza abantu bose kwijukira uburyo reta yategekanije bwo kurwanya marariya

‎📝 Vyashikirijwe mw’itangazo ry'ubushikirangaji bwo kubungabunga amagara y'abantu, aho Ku wa 25 Ndamukiza buri mwaka, Uburundi bwifatanya n'amakungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya marariya. Uyu mwaka uwo musi ukaba wahimbajwe ku civugo : « Turandurane n’imizi indwara ya marariya, birashoboka. Tuyihagurukire »



Inkuru itangaje y'ikinyamukuru BBC News y'umwana yahejeje kaminuza kumyaka icenda gusa iriko ibonwa ugutandukanye aho be...
26/04/2026

Inkuru itangaje y'ikinyamukuru BBC News y'umwana yahejeje kaminuza kumyaka icenda gusa iriko ibonwa ugutandukanye aho benshi bariko bavuga ko ari ikinyoma ☹️.

Ngo bimeze gute ? nkuko vyiganwa n'icokinyamakuru 🗣️

✍️Umwana yitwa Laurent Simons ubu arangije kaminuza afite imyaka icenda gusa.

Simons ngo vyamutwaye umwaka umwe kurangiza umwaka wa mbere w'amashuri abanza kimwe n'abandi ariko imyaka ayakurikiye yarihuse bidasanzwe.

Ku myaka itandatu bahise bamushyira mu mashuri yisumbuye, ivyo yagombaga kwiga mu myaka itandatu 'yabigotomeye' vuba mu mezi 18 gusa.

Ikiruhuko

Ku myaka umunani yagiye mu kiruhuko cy'amezi atandatu, agaruka gukomeza kaminuza none ubu ari mu banyeshuri barangije.

Musomyi iyinkuru nawe uyakiriye gute ?


Politike 🛑Evariste Ndayishimiye niwe asubiye kwizerwa ngo azoserukire umugambwe CNDD FDD nkumu candida mu matora y’2027 ...
26/04/2026

Politike

🛑Evariste Ndayishimiye niwe asubiye kwizerwa ngo azoserukire umugambwe CNDD FDD nkumu candida mu matora y’2027

Nkuko vyavuye mw’ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe Cndd-Fdd ryabereye ku mugwa mukuru wa poritike i Gitega , kuri uyu wa 26 Ndamukiza 2026. Ibindi vyavugiwe muri iryo koraniro ntibiratangazwa.


Address

UEA
Bujumbura
61398

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ikaze Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Ikaze Magazine:

Share