Umurinzi News

Umurinzi News Information et Emission Véritablement fiable

🔴Imyaka 20 Iraheze Abantu Hafi 250.000 Bishwe Na   Ikomotse Ku Mikuba Y'Amazi Yaturutse Muri Indonésie !Iyo Tsunami Yaba...
26/12/2024

🔴Imyaka 20 Iraheze Abantu Hafi 250.000 Bishwe Na Ikomotse Ku Mikuba Y'Amazi Yaturutse Muri Indonésie !

Iyo Tsunami Yabaye Muri Aziya Y'Epfo No Mu Bindi Bice Vyo Muri Océan Indien.

Hari Itariki 26 Kigarama 2004 Ikaba Yaturutse Ku Kinyamugigima C'Ubushobozi (Magnitude) Bwa 9,1 - 9,3 Ku Gipimo (Échelle) Ca Catanguriye Muri Mu Gihugu Ca !.

Imikuba Irenza Metero 30 Uja Mu Kirere Yarateye Mu Bisagara Biri Hafi, Yonona Ibitari Bike, Yica Benshi Cane.

Ibihugu Bingana Na 14 Vyose Vyarakozweko N'Iyo Tsunami. Igihugu Ca Somalie Yo Muri Africa Nayo Yarashikiriwe.

Ivyabangamiwe Cane Ni Indonésie, Sri Lanka Na Thaïlande. Muri Indonésie Ho Nyene, Abantu Barenga 170.000 Nibo Bitavye IMANA. Intara Ya Niyo Yabangamiwe Cane.

Iyo Tsunami Ni Imwe Muzimaze Guhitana Abantu Benshi Mu Mateka Y'Isi Kuva Muri Kahise.

Uyu ni   umushikiranginji wo muri Guinnée   ariko aravugwa mu binyamakuro vyose kubera ubushurashuzi.Hasohotse VIDEO 400...
05/11/2024

Uyu ni umushikiranginji wo muri Guinnée ariko aravugwa mu binyamakuro vyose kubera ubushurashuzi.
Hasohotse VIDEO 400 zimwerekana ariko arashurashura:
1.N'umugore w'uwujejwe Protocole yiwe
2.N'umugore w'umushikiranganji wambere
3.N'Umugore w'uwujejwe iperereza
4.N'abagore bataribake b'aba DG
5.N'Umugore wa pasitori wiwe
6.N'umugore wa mwenewabo
7.
8.

Abagore 200 muri rusangi nibo bashurashuranye na Barutazaro

200Femme/1H🤦‍♂️

Barutazaro🛑🛑🛑🙉🙉

🏁 Umudereva w'umukenya arabica bigacika mu kwiruka bitangaje muri rya siganwa mpuzamakungu ry'imiduga ririko mu ntara ya...
21/09/2024

🏁 Umudereva w'umukenya arabica bigacika mu kwiruka bitangaje muri rya siganwa mpuzamakungu ry'imiduga ririko mu ntara ya Ngozi

🇧🇮 Valery Bakera, Umurundi agendesha imodoka ya Subaru Impreza, yahimbaye abarorerezi isinzi bakoraniye i Shango muri komine Ngozi

👥 Uno munsi harimwo Umukenya, Umuganda n'Abarundi 10

🥳 Abarorerezi bati "Ibirori nk'ibi vyari bikenewe kenshi". Umushingamateka wo muntara ya Ngozi nawe ati: "Ni iteka ku gihugu kandi akanoti karinjira mu ntara ya Ngozi"

🛑Uganda: Yoweri Kaguta Museveni yaramenyesheje ko agiye guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yimirije muri...
21/09/2024

🛑Uganda: Yoweri Kaguta Museveni yaramenyesheje ko agiye guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yimirije muri 2026.
Umuhungu wiwe, Muhoozi Kainerugaba yari yamaze kwemeza ko azitoreza kuri uwo mwanya akaba yamenyesheje ko atacitoje ahubwo ko azoca ashigikira se wiwe.

Museveni akaba ari ku butegetsi kuva mu 1986 aho muri 2000 yamenyesha ko adategekanya kwumira k'ubutegetsi.

🏀   baraye birahiye   mu mukino wa 3 wa final ya   🔸 Ku rukino rugira 3 rwabahuje ejo igenekerezo rya 20 Nyakanga 2024 k...
21/09/2024

🏀 baraye birahiye mu mukino wa 3 wa final ya

🔸 Ku rukino rugira 3 rwabahuje ejo igenekerezo rya 20 Nyakanga 2024 ku kibuga Département des Sports mu gusagara ca , vyarangiye ku ntsinzi y' ku kinyurane c'amanota 7 (64-57)

✌️Rukaba rubaye urukino rugira kabiri umugwi w'Urunani wironkera intsinzi mu nkino 3 bamaze guhura muri ino final ya playoffs muri basketball. nayo ikaba imaze gutsinda urukino rumwe

🧏🏾‍♂️ Tubibutse ko umugwi uzotsinda inkino 4 muri 7 bashobora gukina ariwo uzoca utwara igikombe

❓ Ushigikiye Urunani canke Dynamo?

"Dukurikije uko igihugu kizoba kigabuye mu ntara, ubushikiranganji buzoba bugizwe n'abahinga batunganya imigambi bagaca ...
21/09/2024

"Dukurikije uko igihugu kizoba kigabuye mu ntara, ubushikiranganji buzoba bugizwe n'abahinga batunganya imigambi bagaca bayirungikira intara zikayishira mu ngiro", PEREZIDA EVARISTE NDAYISHIMIYE.


Kumusi wejo Evariste Ndayishimiye niwe yatanguje ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga (Rallye2024) ryitabwe n’ibihugu 4Mu nt...
21/09/2024

Kumusi wejo Evariste Ndayishimiye niwe yatanguje ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga (Rallye2024) ryitabwe n’ibihugu 4

Mu ntara ya ngozi, kumusi wejo wa 20/09/2024 hatangujwe icese ihiganwa ryo gusiganwa n'imiduga (Rallye), iryo higanwa ryatangujwe n’Umukuru w’Igihugu, Evariste Ndayishimiye, iryo higanwa rikaba ryitabwe n’imiduga 12 iva mu bihugu 4 ari vyo Uburundi, Kenya, Zambia na Uganda, rikazomara imisi 3 gushika ku wa 22/09/2024.

Abatari bake bakaba bari bitabiriye ivyo birori ngarukamwaka bidasanzwe, abategetsi batari bake bakaba bari bishikiye aho i Ngozi.

Musomyi witeguriye gute uyumusi mu birori nyezina ?

Ikiringo c’indwi zibiri nico gitangwa n’ihinguriro ry’isukari SOSUMO kugira isukari rihingura izobe yasubiye kuboneka mu...
19/06/2024

Ikiringo c’indwi zibiri nico gitangwa n’ihinguriro ry’isukari SOSUMO kugira isukari rihingura izobe yasubiye kuboneka mu gihugu. Umuyobozi mukuru w’iryo hinguriro yabishikirije, kuri uyu wa kabiri, ariko aratanguza isekeza rigira 36 ryo guhingura isukari. Ku bw’ivyo, Aloys Ndayikengurukiye asaba reta kubaronsa igitoro gikwiye kugira iryo sekeza rizorangire neza.

Umuyobozi w’uburimyi muri iryo hinguriro avuga ko biteze guhingura amatoni ibihumbi 20. Jean Claude Ntwari abona ariko ko kugira umwimbu uduge ihinguriro rikwiye kwagurwa. Aha, umuyobozi mukuru wa SOSUMO yamenyesheje ko mu migambi ya kazoza harimwo kuyagura kugira haboneke umwimbu ugera ku matoni arenga ibihumbi 30.

IYI NKURU TUYIKESHA ABAGENZI BACU B'IKINYAMAKURU Agaseke.bi Umukuru w'inama nkenguzamateka yaraye asavye ko imoto zokwem...
19/06/2024

IYI NKURU TUYIKESHA ABAGENZI BACU B'IKINYAMAKURU Agaseke.bi

Umukuru w'inama nkenguzamateka yaraye asavye ko imoto zokwemererwa gushika aho zahoze kugira zifashe muri ikil gihe c'ibibazo vy'igitoro.
Emmanuel Sinzohagera, arongoye inama nkenguzamateka yabajije ku mushikiranganji w'ubudandaji umushikiranganji, Chantal Nijimbere impamvu ubushikiranganji buguma mu gacerere kandi abanyagihugu bari mu bibazo bikomeye vyo kwiyunguruza. Hari ku munsi w'ejo hahise 17 Ruheshi aho uwo mushikiranganji yari mu batumire b'inama nkenguzamateka.

Emmanuel Sinzohagera ababazwa n'uko abanyagihugu, akarorero mu gisagara ca Bujumbura, basigaye barihishwa 2.500 Fbu kuri bus nahonyene bakabata aho bashatse na 30.000 Fbu kuri taxi ariko ubushikiranganji ukamengo siho buri.

"Nk'ubushikiranganji bujejwe ivy'ibiciro vyo kwiyunguruza, nta nyishu mubona ?duheberane, namwe umengo siho muri canke namwe ubwanwa bwarapfutse umunwa ?....".

Uwo arongoye inama nkenguzamateka avuga ko yababajwe no kwumva ko hari abanyeshure bacerewe gukora ikibazo kubera ikibazo co kwiyunguruza.

Mu nyishu Emmanuel Sinzohagera yatoje uwo mushikiranganji w'ubudandaji ni uko yovugana na mugenziwe w'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano kugira barekure imoto zifashe kwunguruza abantu. Ku bwiwe, ngo ivyo vyomirira amate abanyagihugu.

Inkomoko: Agaseke.bi

Kuva muri 2025 ntahinguriro rizosubira gushingwa rikora inzoga bita ama rikere(liqueurs )canke imivinyu=================...
19/06/2024

Kuva muri 2025 ntahinguriro rizosubira gushingwa rikora inzoga bita ama rikere(liqueurs )canke imivinyu
==================================================
Ivyo vyashikirijwe n'umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudandaji, Marie Chantal Nijimbere, kuri uyu wa 18 ruheshi 2024 yishura ku bibazo vy 'abakenguzamateka mu gihe yari umutumire.
Umushikiranganji akaba yavuze ko iyo ngingo yafashwe kugira babanze bakurikirane ibijanye n'ubuziranenge kuzihasanzwe, kuzishira mu macupa manini hamwe nokutadandarizwa ahariho hose kuko babonye zisinzikaza ubuzima bw 'abenegihugu bazihereza.

Namwe muramaze kubona ko hari inzoga ziriko zirasinzikaza amagara y'abazihereza ?

🛬😳 Uku Niko Umwami   III w'imyaka 56 arongoye Ubwami bw'igihugu ca Eswatini yaraye ageze kukibuga c'indege c'igisirikare...
19/06/2024

🛬😳 Uku Niko Umwami III w'imyaka 56 arongoye Ubwami bw'igihugu ca Eswatini yaraye ageze kukibuga c'indege c'igisirikare kirwanira mukirere ca Waterkloof Mubirori vyo kwimika Cyril Ramaphosa Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo.

📌 III avukana n'abana bagera Kuri 15 na we wa 16.

🥃 Ikinyobwa Sapor nubwo kitarenza ubukare bwa 16% kigiye gushirwa mu mugwi w'inzoga zikaze bita "liqueur"---------------...
18/06/2024

🥃 Ikinyobwa Sapor nubwo kitarenza ubukare bwa 16% kigiye gushirwa mu mugwi w'inzoga zikaze bita "liqueur"
-----------------
🎙Mu gihe yariko yishura ku bibazo vy'abakenguzamateka ( Sénat Burundi) kuri uyu wa 18 Ruheshi 2024, Umushikiranganji w' Nijimbere Marie Chantal amenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'ibipimo vyakozwe n'ikigo (Bureau Burundais de Normalisation et contrôle de la qualité) basanze ico kinyobwa coshirwa mu murwi w'inzoga zikaze bita liqueur

🏭 Umushikiranganji asigura Ko ihinguriro rihingura ikinyobwa Sapor ryasavye uruhusha rivuga ko inzoga Sapor ari umuvinyu "Vin " ukozwe cane cane mu vyamwa. Isuzumwa ryakozwe ryerekanye ko urugero rw'ivyamwa birimwo ari ruto cane uretse icamwa kimwe gisanzwe gifasha mu guhingura inzoga zikaze mu bindi bihugu

🍾 Uko gushirwa mu mugwi wa "liqueurs" bikazoshobora gutuma ico kinyobwa gihindurirwa icupa kandi ntikidandarizwe ahariho hose

🤷🏿‍♂️ Umushikiranganji amenyesha kandi ko Uburundi buri mu masoko rusangi. Ku bwiwe nubwo hohagarikwa ibinyobwa nk'ivyo bihingurirwa mu Burundi ibiva hanze ngo vyoguma vyinjira kubera hari amasezerano yo guhanahana ibidandazwa.......

Address

Bujumbura

Telephone

+25779074315

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Umurinzi News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Umurinzi News:

Share