IrishuraTv

IrishuraTv IrishuraTv pour toutes vos Publicités

🛑Ibinyobwa biheruka guseswa n'abajejwe intwaro muri zone ya   na Zone ya   si ibinyobwa vya  .Ivyo ni ivyashikirijwe kur...
29/12/2025

🛑Ibinyobwa biheruka guseswa n'abajejwe intwaro muri zone ya na Zone ya si ibinyobwa vya .

Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 kigarama 2025 i Bujumbura, na Désiré D'amour HABONIMANA umuvugizi akaba n'umuyobozi w'ubudandaji muri societe Arise and Shine Burundi benshi bazi kw'izina rya , aho yariko arabeshuza ibimaze imisi bivugwa ko ibinyobwa vyasheshwe ari ibinyobwa bihingurwa na societe (FUNGUS).

Désiré D'amour amenyeshako atari izina rusangi ry'ibindi binyobwa bihingurirwa muburundi ahubwo ari izina ryatowe na societe nk'ikimenyetso c'ubudandaji bw'ibinyobwa bihahingurirwa aho twovuga nk'ibinyobwa bisosa, ibirimwo tangawizi, amazi n'ibindi...

Désiré D'amour agira ati🗣: " ikinyobwa cose muzobona kitakorewe muri naho coba gisusa n'ivyo duhingura, ntibigihindura , bisobanura gusa ibinyobwa vyahinguriwe muri ".

Yabandanije ahumuriza abihereza ikinyobwa ko batogira amakenga, bakabandanya kucihereza narirya ari ikinyobwa ciza gikozwe hisunzwe amategeko n'ubuziranenge bw'ikigo , aho yagiriyeko asaba abajejwe intwaro n'ikigo gukomeza ingendo yo gukurikirana abahingura ibinyobwa bitemewe n'amategeko.

Désiré D'amour asaba abihereza ikinyobwa gusuzuma neza ko ama resto fungus baba bagiyemwo aba ariko ivyapa vyanditseko , aca agirako agabisha abiyitirira izina muvyo badandaza ata masezerano bafitaniye ko bazokwitwarirwa kandi bongere bahanwe hisunzwe amategeko.

Umukuru w'igihugu cacu  , Mw'Ijambo yashikirije Ku musi wambere w'amasengesho yo gushimira Imana Ku vyiza yakoreye Uburu...
29/12/2025

Umukuru w'igihugu cacu , Mw'Ijambo yashikirije Ku musi wambere w'amasengesho yo gushimira Imana Ku vyiza yakoreye Uburundi n'Abarundi no kuyiragiza umwaka uza wa 2026 yatunganijwe n'umuryango w'umukuru w'igihugu.

Mw'ijambo ryiwe, umukuru w'igihugu yashimiye Imana kubw'ingabire y'igihugu ciza yahaye abarundi. Umukuru w'igihugu yasavye abarundi kumenya ko igihugu c'Uburundi kiri kw'isezerano. Nayo inyuma yo kwibutsa abaraho ivyashikiye bene isirayeri, umukuru w'igihugu yasavye abarundi ko vyobabera icigwa. Umukuru w'igihugu yibukije Abarundi kumenya ko bari mu gihugu c'amata n'ubuki ariko ko kiba igihugu c'amata n'ubuki kubakora kuko ngo " Imana ntiyaremye umuntu ngo asegerereze." Yabandanije kandi amenyesha ko kuba Uburundi butaratera imbere biterwa n'uko Abarundi badakora uko bikwiye. Yasavye abakozi ba Reta gukora nk'abikorera mugukorana umutima mwiza batidodomba, ngo batunganirize abo bajejwe kuko ngo amahera bahembwa ava mumakori, ayo nayo ngo atangwa n'abo bajejwe gutunganiriza. Yateye intege abahingura ivyo Imana yahaye u Burundi nk'itunga, kuko ngo nibo bateza imbere igihugu.

Yasozereye ashikiriza ko umwaka wa 2025 wabaye umwaka wo gutangura urugendo rutuganisha Ku Mbonakazoza ya 2040-2060.
. .

Hatanguye kuri uyu wa 29 Kigarama amasengesho yo gukengurukira Imana kuvyiza yakoreye Uburundi n'Abarundi muri uyu mwaka...
29/12/2025

Hatanguye kuri uyu wa 29 Kigarama amasengesho yo gukengurukira Imana kuvyiza yakoreye Uburundi n'Abarundi muri uyu mwaka wa 2025 ugiye kurangira no kuyiragiza umwaka wa 2026 tugiye gutangura, yatunganijwe n'umurango w'umukuru w'igihugu.

Ayo masengesho yatangujwe n'inkuka ya misa yabereye muri , yaherejwe n'umwungere mukuru wa Diyoseze ya Musenyeri .

Yishimikije igitabo c'ijambo ry'Imana, , yasangije abari ngaho inyigisho za Yohani aho yakoresheje aya majambo ngo:
"Yohani aratwigisha ikitumenyesha ko tuzimana ariyo twama dukenguruka igihe cose".

Mukubandanya inyigisho ziwe, yasavye kandi ko mu gukengurukira Imana umwe wese yoraba ko yakoze ivyo Imana imutegeka gukora mu kibano, mu muryango no mu gihugu.Acamenyesheje ko ukwemera nyakwo kurangwa n’ukugendera amabwirizwa y’Imana.

Umukuru w'igihugu cacu ciza c'Uburundi , mw'isengesho ryiwe akaba yasavye Imana kumuronsa inguvu n'ubwitonzi n'indongozi zose, kugira zishobore kuyobora igihugu neza.
Yasavye kandi ko yoronsa ikirere ciza Uburundi , kugira haboneke umwimbu mwiza.

Mwomenya ko ayo masengesho yitabwe n'indongozi zitandukanye uhereye k'umuryango n'umukuru w'igihugu, icegera c'umukuru w'igihugu, Umushikiranganji wa mbere wa reta y’Uburundi, uwurongoye inama Nkenguzamateka y’Uburundi, abashikiranganji ba reta y’uburundi, umukuru wa sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro, abashingamateka n’abakenguzamateka batandukanye hamwe naba Buramatari b’intara zitandukanye.

Twobamenyesha kandi ko aya masengesho yo gukengurukira Imana acaja kubandaniriza ku kibuga c'ishure ryisumbuye ry'ubuhinga rya Kamenge ( ), aho azorangira ku wa 31 Kigarama 2025.

Ndagusengera 2025 ivuyeyo ivaneyo n’iyo mpwemu mbi y’ukuburanirwa.            Tuzohure MUMAKESHA Y’MATEKA mw’Izina rya Y...
29/12/2025

Ndagusengera 2025 ivuyeyo ivaneyo n’iyo mpwemu mbi y’ukuburanirwa.
Tuzohure MUMAKESHA Y’MATEKA mw’Izina rya Yesu, dutangurane umwaka n’Imana.

Nitakuombea 2025 itapotoweka itoweke na iyo hewa cafu ya ukosefu.
Tutakutana MUMAKESHA kwa Jina la Yesu,
Tuanze Mwaka na Yesu.
G.O the Eagle Himself

27/12/2025

Amashimwe , amashimwe yo gukengurukira Imana kugihugu ciza c'Uburundi ko turangije umwaka mu mahoro.

Bonne Fête de Noël 2025
22/12/2025

Bonne Fête de Noël 2025

 ,     et     Ce 19 décembre 2025, Action pour le Bien-Être des Jeunes et des Femmes ( ), à travers le projet « Inclusio...
19/12/2025

, et
Ce 19 décembre 2025, Action pour le Bien-Être des Jeunes et des Femmes ( ), à travers le projet « Inclusion agricole et sécurité alimentaire des ménages Batwa dans la commune de », a procédé à la distribution de kits agricoles au profit de 42 ménages des collines Murago et Mugozi, en commune de , province de Burunga.
S’exprimant à cette occasion, Monsieur , Président et Représentant légal de l’Action pour le Bien-Être des Jeunes et des Femmes ( ), a souligné que cette initiative vise à promouvoir et accompagner les familles , à améliorer durablement leurs conditions de vie et à contribuer à l’avènement d’un monde paisible et prospère, propice à l’épanouissement de tous.
Cette action louable s’inscrit pleinement dans la vision nationale de promotion de l’inclusion sociale, de la sécurité alimentaire et de l’amélioration durable des conditions de vie des communautés vulnérables. L’Administration a salué l’engagement constant de l’Action pour le Bien-Être des Jeunes et des Femmes ( ), sous le leadership de Monsieur , en faveur de l’autonomisation des familles Batwa et du renforcement de leur résilience socioéconomique.
Tout en encourageant la poursuite de telles initiatives, l’Administration a réaffirmé sa disponibilité à accompagner et à soutenir toute action de développement visant le renforcement de la cohésion sociale, la consolidation de la paix et la promotion d’une prospérité partagée au sein de la commune de .
Par ailleurs, l’ensemble des parties prenantes invite les bénéficiaires à faire un usage responsable et rationnel des kits reçus, en les gérant en bon père de famille, afin d’en garantir un impact durable et une amélioration effective de leurs conditions de vie.

Prezida wa Amerika 𝗗𝗼𝗻𝗮𝗹𝗱 𝗧𝗿𝘂𝗺𝗽 ati :Ni umusi udasanzwe kuri Africa, cane cane bino bihugu 𝗥𝗗𝗖 🇨🇩 n'U𝗥𝘄𝗮𝗻𝗱𝗮 🇷🇼Yakomeje a...
04/12/2025

Prezida wa Amerika 𝗗𝗼𝗻𝗮𝗹𝗱 𝗧𝗿𝘂𝗺𝗽 ati :

Ni umusi udasanzwe kuri Africa, cane cane bino bihugu 𝗥𝗗𝗖 🇨🇩 n'U𝗥𝘄𝗮𝗻𝗱𝗮 🇷🇼

Yakomeje avuga kubibazo bihanze ibi bihugu bibiri ko bishobora kurangira biciye mu biganiro no mu masezerano.

🤝Hari mu birori vyo gusinyira amasezerano y’amahoro yabereye mugisagara ca Washington DC;

Prezida 𝗣𝗮𝘂𝗹 𝗞𝗮𝗴𝗮𝗺𝗲 w’Urwanda hamwe na 𝐅é𝐥𝐢𝐱 𝐓𝐬𝐡𝐢𝐬𝐞𝐤𝐞𝐝𝐢
wa Congo bose basinye baravyemeza.

N.B: Ivyo bikaba bibaye mu gihe Ishengero Israel church Burundi rirongowe na ryari rimaze imisi 40 y', igikorane ca Africa y'ibitangaza igira Incuro ya 12, aho bariko basengera Africa hamwe n'indongozi za Africa kugira amahoro n'umutekano bisasagare

'

04/12/2025

Africa y'ibitangaza igira Incuro ya 12 mwishengero Israël Church Burundi rirongowe na Apôtre Vital Nzubahimana

03/12/2025

Atelier de sensibilisation sur l'impact des violences Basées sur le Genre ( ) dans la consolidation de la paix.
Bujumbura du le 02 décembre 2025

Ishengero Israel church Burundi rirongowe na Apôtre Vital Nzubahimana ryaraye risozereye igikorane ca Africa y'ibitangaz...
01/12/2025

Ishengero Israel church Burundi rirongowe na Apôtre Vital Nzubahimana ryaraye risozereye igikorane ca Africa y'ibitangaza cari kimaze imisi 40 bariko basengera Africa hamwe n'indongozi zakino gihugu cacu ciza c'uburundi ,ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka na w' cacu ciza c'uburundi be n' wiwe ,hamwe na w'intara ya yagutse,tutibagiye n' ajejwe kurwego rw'igihugu

30/11/2025

Ibirori vyo gusozera igikorane ca Africa y'ibitangaza igira Incuro 12 mwishengero rya Israël Church Burundi rirongowe na Apôtre Vital Nzubahimana bafadikanije nabandi bakozi b'Imana barongoye inani z'amashengero rukristu yo ngaha mugihugu cacu ciza c'uburundi

Address

Bujumbura

Telephone

+25779591562

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IrishuraTv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to IrishuraTv:

Share

Category