IrishuraTv

IrishuraTv IrishuraTv pour toutes vos Publicités

02/09/2026

Apôtre Vital nzubahimana aratera akamo abanye politike bose kurengera inyungu zabo mubihe vy'amatora twimirije ya 2027 kugira azogende neza ,bazirikane ko igihu c'uburudi ari impetso yacu twese,akaba yabivugiye munama umurwi w'igihugu CENI wari watunganije kuberwa nivyamatora bose muntumbero yo kubashikiriza ibibanza vyatororokanijwe bizoberamwo iyandikwa mu gihugu cose ry'abazokwitabira itora ry'Umukuru w'igihugu rya 2027.
Bijumbura Donatus Conference Center le 28 Aôut 2026

Bujumbura: Evelyne Butoyi, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru yaraye yakiriye urunani rw’ibimeny...
02/09/2026

Bujumbura: Evelyne Butoyi, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru yaraye yakiriye urunani rw’ibimenyeshamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, "Réseau des Médias en Ligne Enregistrés au Burundi-RMEBU #.

Kuri uyu wa 1 Nyakanga 2026, ni ho umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru, ._Evelyne_Butoyi, yakira mu biro iwe abaserukira "Réseau des Médias en ligne enregistrés au Burundi" ( ), mu ntumbero yo kumushikiriza ibikorwa bamaze kurangura kuva urwo runani rubayeho.

Muri uwo mubonano, uwurongoye , , ari kumwe n’abagize Komite nyobozi y’urwo runani, yarashikirije ibikorwa bitandukanye imaze kurangura mu guteza imbere uruhara rw’ibimenyeshamakuru mu buzima bw’igihugu.

Muri ivyo bikorwa, nk’uko uwo muyobozi yabisiguye, ngo harimwo ibiganiro bihuza ibinyamakuru bitandukanye, “Synergies des médias”, bimaze igihe bitunganywa mu ntumbero yo gutanga ubutumwa bukangurira abenegihugu kugira uruhara mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu, harimwo isuku n’isukura, gukangurira abenegihugu gukunda igihugu, hamwe n’ibindi bibazo vyerekeye iterambere n’ukubaka Burundi bwiza butuganisha kumbonakazoza y’Uburundi bwifashe mu 2040 buteye imbere mu 2060.

Harakozwe kandi ibikorwa vyo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru kugira babe imboneza mu gutanga amakuru atosoye ahimiriza kwiteza imbere no guteza imbere igihugu hatibagiwe kushishoza nimba inkuru ari yo canke igihuha.

Umushikiranganji Amb. Evelyne Butoyi yashimiye RMEBU n’ibimenyeshamakuru biyigize ku bikorwa bariko birarangura, mu gutanga amakuru no gukangurira abenegihugu ibikorwa vy’iterambere.

Yarashimye kandi kubona ibimenyeshamakuru vyagiye hamwe mu ntumbero yo gukunda no guteza imbere igihugu, ndetse no mu kurwanya ibihuha, hamwe n’imvugo zibiba urwanko.
Umushikiranganji yagiriyeko ashimangira ko agiye kubandanya gushigikira ibinyamakuru, harimwo n’ibinyamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi bihurikiye muri .


IGIKORANE CA KANDI KARYO
30/07/2026

IGIKORANE CA KANDI KARYO

08/07/2026

IGIKORANE CITIRIRIWE IVYUZUYE 7/7 CATEGUWE N'ISHENGERO SABAOTH CHURCH RIRONGOWE N'INTUMWA Y'IMANA # PROPHETE JOSHUA JOSHUA OF JESUS CARANZWE NOGUTAZIRA IMANA BE NINTAHE ZABO IMANA YAKIJIJE IKABAROKORA.

07/07/2026
09/05/2026

Uyumusi kwigenekerezo rya 9 rusama 2026 urunani APPADEDUBU Rwabakozi b'Imana bakorera mu mashengero yo muri komine nziza ya Ntahangwa barikumwe n'Indongozi nkuru z'urwo runani,bahuriye hamwe kw'Ishengero Eglise du Saint Esprit de Delivrance des Ames (E.S.E.D.A) rikorera mukinama hepfyo y'urushengero rwabakatolika mukinama ,aho bari baje kugira baganire uruhara rw'umukozi w'Imana mu gihugu inyifato yokwifata imbere yabo arongoye,nacane cane batibagiye gusengera igihugu be nindogozi zaco no gusengera amatora ya 2027 kugira ngo aze agende neza ivyo akaba arivyo ahanini vyari vyabakoranije uyu musi nkuko mugira mubikurikirane mwijambo ryashikirijwe na BISHOP INDEPENDACE.

09/05/2026

Rencontre d'Echanges de la CENI avec les Partenaires Electoraux sur l'Etat des lieux des Préparatifs de l'Election Présidentielle de 2027
Bujumbura, Donatus Conférence Center le8 Mai 2026.

02/05/2026

ahamagarira abakozi b'Imana bose bari murunani kuzokwitabira igikorane Kiriko kirategurwa kizoba kwigenekerezo rya 9 rusama 2026 guhera isaha zibiri zo mugitondo Ico gikorane kikaba kizobera muri komine Ntahangwa zone ya kinama karitiye ya bubanza kwibarabara rya 20 inomero 43 murahawe ikaze mwese.
.

✈️ Aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye, Prezida Evariste Ndayishimiye ahejeje gufata urugendo kuri uyu...
02/05/2026

✈️ Aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye, Prezida Evariste Ndayishimiye ahejeje gufata urugendo kuri uyu 2 Rusama 2026 yerekeza mu gihugu ca Gabon.

✍️ Umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo kwugurura icese ikibanza citiriwe "Démocratie" hamwe n’inama mpuzamakungu itegekanijwe kubera ejo ku wa 3 Rusama 2026 i Libreville mu gihugu ca Gabon.

Address

Bujumbura

Telephone

+25779591562

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IrishuraTv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to IrishuraTv:

Shortcuts

Share

Category