01/05/2025
🚨🚨Stade Intwari irashajije ku rwego rushimishije, ni yo iriko ihimbarizwamwo umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n'akazi
Ni kuri uyu wa 1 Rusama 2025, aho abarundi n'amakungu bariko barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n'akazi. Ku rwego ry'igihugu c' Uburundi , umunsi mukuru uriko ubera ku kibuga c'umutonore ari co "Stade Intwari" ndetse abatari bake bakaba bariko barishimira ukuntu ico kibuga gisayangana, naho ibikorwa bitararangira neza
Nk'uko vyama, uwo munsi mukuru watangujwe n'idefire ndende cane y'abakora ubuzi butandukanye. Ndetse ibirori bikaba vyatewe iteka n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n'umutambukanyi