Agasumo News

Agasumo News Informer, divertir à un temps réel c'est notre mission.

 : Mu ntumbero yo kwitegurira umwaka w'ishure wa 2025-2026 buca utangura, Umuryango w'Umushingamateka  yatowe afise imya...
07/09/2025

: Mu ntumbero yo kwitegurira umwaka w'ishure wa 2025-2026 buca utangura, Umuryango w'Umushingamateka yatowe afise imyaka mike gusumvya abandi akaba ari imvukira y'intara ya yatanze ingabire igizwe n'amakaye, amakaramu,.... kuba banyeshure bangana 375 bava mu miryango ifise amikoro make yo muri zone baronkejwe iyo ngabire kuri uyu wa 6 Nyakanga 2025.

🎤 Umwe mubaronkejwe ivyo bikoresho yashimiye cane kuwo mutima w'urukundo baberetse aho yari yuzuye umunezero kubera abavyeyi biwe vyahora bibagora kuronka ivyo bikoresho.

🎤 Musitanteri wiyo komine yakengurukiye cane uwo muryango kugikorwa c'iteka bakoze mbere agahamagarira n'abandi kugira umutima mwiza wo gufashanya nakare urwaruka nibwo Burundi bw'ejo. Yasozereye asaba urwo rwaruka kwigana umwete batahukane umwimbu ushimishije nayo abavyeyi bagaheza bagakurikirana abana babo ku mashure ntibajane nyabahururu bongere babahe n'umwanya wo kwiga.

🎤 Umushingamateka mugushikiriza ivyo bikoresho yamenyesheje ko intumbero yico gikorwa ari uko ata mwana numwe atokwiga ngo yabuze ibikoresho vyo kwiga. Yatanze impanuro k'urwo rwaruka ko rwokwiga rushize umutima mu nda, rugakunda ishure maze rukazoheza narwo rugatera imbere maze ruze rubasubirire muri kazoza bageze muzabukuru. Yasozereye ashimira indongozi mu ntwaro zo zateye iteka ico gikorwa uhereye kuri Musitanteri, uwutwara zone hamwe nabajejwe intwaro ku mitumba uko ari 12 bo bitanze mukuraba neza abana bakwiye gushigikirwa akaba yemeye ko igikorwa yatanguye azoguma akibandanya.


 : Abarimyi bashoye   mu ma Coopérative n'  hamwe n'  muri   ngo ntibarahembwa ibiriko bituma babura uko bitegurira kuru...
06/09/2025

: Abarimyi bashoye mu ma Coopérative n' hamwe n' muri ngo ntibarahembwa ibiriko bituma babura uko bitegurira kurungika abana kw'ishure no kugombora ifumbire.

👀Aho umwanditsi wa mu ntara ya Butanyerera yaca kw'isoko nkuru ya Kayanza kuri uyu wa 5/09/2025 ,abadandaza ibikoresho vy'ishure nk' w'ishure batubwiye ko abenegihugu bazana abana bakipima gusa ntibagure kuko ngo batarahembwa kw' no muri . Muri iyo soko ibiciro vyari uku gukurikira: n' 40.000, n 30.000, mu myaka ya 5 na 6 nazo 30.000,mu wa 3 n'uwa 4 naho 20.000 munsi y'aho 18.000 mu mafaranga y'amarundi, umukenyezi wo muri zone kabuye komine umwe mu bayaze na yavuzeko yotuma agurana mu mashirahamwe gushika abana b'iwe 2 bige n'ubwo ngo atari icoroshe kuko yibaza ko abategetsi boba batazi ingorane abashoye ikawa n'ibigori bafise muri iki gihe.

📞 za Coopérative yegeranya " " yo muri zone Rukere k'umutumba muri komine bavugako mu banwanyi 914 bashoye muri iyo Coopérative uruhusha rwo guhemba ari urwo abatarenga 95 kandi ko amafaranga ahari gusa itarabemerera guhemba bose ivyatumye babangira guhemba kuko abandi bohava bavuga ko barenganijwe mu gihe muri ODECA ngo bababwira ko bariko barabitunganya kugira n'abandi bahembwe, uwurongoye iyo Zone asaba abashoye kurindira bihanganye ko vuba azobimenyesha abamukurira.

📞 K'uruhande rwa , umugenzuzi(Superviseur) arahumuriza abashoye ko umwanya n'umwanya bahembwa kandi ko des données ari abo muri bazisohora izo ntonde zigahabwa gutyo ama na Usine akaja gutora amafaranga muri Banki abarimyi bagahembwa kandi ko atawuzoyahabwa mu ntoke nk'uko itegeko ribivuga azoca ku na .

 : Umwaka w'ishure uzotangura igenekerezo rya 15 Nyakanga 2025 nk'uko biri mw'itegeko nshikiranganji ryateweko n'ubushik...
05/09/2025

: Umwaka w'ishure uzotangura igenekerezo rya 15 Nyakanga 2025 nk'uko biri mw'itegeko nshikiranganji ryateweko n'ubushikiranganji w'indero Prof François Havyarimana.


 : Kwiyunguruza mu gisagara hari ababigira amananizaHari ubutandukane buri muvyo Kwiyunguruza ubajije utaronka uwuguha i...
04/09/2025

: Kwiyunguruza mu gisagara hari ababigira amananiza

Hari ubutandukane buri muvyo Kwiyunguruza ubajije utaronka uwuguha inyishu.

Raba akarorero: Ville-Mirango ni 700FBu muri bus ariko COTEBU-Mirango ni 1000FBu.

Vyoba biva kuki ngo kure harihishwe make ariko hagufi barihishe menshi?

  : Indongozi n'ikimenyetso c'ubumwe bw'abantu,rero musitanteri niwe kimenyetso c'ubumwe bw'abantu uno munsi.Ibi vyashik...
03/09/2025

: Indongozi n'ikimenyetso c'ubumwe bw'abantu,rero musitanteri niwe kimenyetso c'ubumwe bw'abantu uno munsi.

Ibi vyashikirijwe na umukuru w'igihugu c'Uburundi kuri uyu wa 3/09/2025 mu birori vyo gushikiriza abenegihugu Pascal musitanteri wa komine . Muri ivyo birori Umukuru w'igihugu yamenyeshejeko indongozi itazi kurongora abantu ngo ibe imboneza yabo idashobora guteza imbere akarere irongoye ko indongozi ifata iyambere mu kwerekeza abo irongoye mw'iterambere.

Mwomenyako inyuma y'ivyo birori , Umukuru w'igihugu yagendeye ahateragiye ivoka za aca arugurura n'inyubakwa y'ivuroro ritoyi rya .

  :Ikibira k'uruhande rwa Komine Kayanza caraye cadutsemwo umuriro Imana irakinga barawuzimya.Ni muri Zone Nkonge aho um...
01/09/2025

:Ikibira k'uruhande rwa Komine Kayanza caraye cadutsemwo umuriro Imana irakinga barawuzimya.

Ni muri Zone Nkonge aho umuriro wadutse mw'ijoro ryo kuri uyu wa 31/8/2025 ariko ku bwo inguvu n'ugukorera hamwe kw'abenegihugu barawuzimije urazima.

Inyuma yo kwishikira kuraba uko vyifashe kuri uyu wa 1/09/2025 musitanteri w'iyo komine yaganiriye na n'umwanditsi w' mu ntara ya Butanyerera aho yamenyeshejeko umuriro woba waturutse ku bahakura inzuki mu bitiba kuko aho wahereye hariho n'inzuki biboneka ko zahahiriye. Iyo ndongozi yasavye abajejwe gucungera ikibira kwama bacungera abagihungabanya kuko ngo ari itunga ry'igihugu aca asaba n'abarima hafi y'ico kibira kudahirahira ngo baturire ivyatsi ahubwo nyabuna vyoja ku mikobeko bikaba ifumbire.

 : Abanyeshure bava mu miryango ifise amikoro make ukwo umwaka w'ishure utanguye bama baronswa imfashanyo.Umuryango wa C...
01/09/2025

: Abanyeshure bava mu miryango ifise amikoro make ukwo umwaka w'ishure utanguye bama baronswa imfashanyo.

Umuryango wa Colonel de Pol. hamwe n'umupfasoni wiwe umushingamateka yatowe mu ntara ya GITEGA barashikirije amakaye abana 257 harimwo 84 bo mu bwoko bwa batwa bava ku mitumba yose igize zone komine ya .

🖋️Uwo muryango washikirije ivyo bikoresho vy'ishure waratanze impanuro kuri urwo rwaruka aho barwibukije akamaro k'ishure bakabasaba kwigana umwete mwinshi kugira baze batahane amanota meza.

📌Abavyeyi babo bana nabo bahamagarirwa kubarerana umutima w'urukundo, kubakundisha ishure no kugira isuku ryo ku mubiri,kuvyambarwa hamwe n'imiryango yabo batibagiye gukomeza ibikorwa vy'iterambere no kwijukira ama koperative y'uburimyi n'ubworozi gutyo bakomeze baterera mu mbonakazoza y'igihugu cifashe 2040 hamwe n'igihugu giteye imbere muri 2060.

🎤Indongozi mu ntwaro hamwe nabaronkejwe ivyo bikoresho barakegurukiye cane uwo muryango ukwo wama uterera mwiterambere ry'iyo zone na cane cane mu gisata c'indero.

Mwomenya ko uyu mwaka ugira gatanu uwo muryango uronsa ibikoresho abana bava mu miryango ifise amikoro make.



 : Inyuma yaho amwandikiye ivyo benshi bise ko bitabaho kuri attestation de bénévolat, twaciye tubaza amategeko ico avug...
31/08/2025

: Inyuma yaho amwandikiye ivyo benshi bise ko bitabaho kuri attestation de bénévolat, twaciye tubaza amategeko ico avuga kuri ivyo uwo muyobozi yakoze.

Emmanuel Dushimirimana ni umuyobozi w'ishure ryisumbuye rya muri komine y'indero ya (mu ntunganyo ya kera).

Mniriho Médard nawe ni umukutsa kivi kuri iryo shure Emmanuel arongoye.
Inyuma yaho Médard aboneye ihamagarwa ry'abarondezi b'akazi mu gisata co kwigisha, hakaba havugwamwo ko uwahora afasha ahabwa urupapuro ruvyerekana navyo bigaca bigira ico bifashije ku murondezi w'akazi, urupapuro yahawe ntirwahumuriza bivanye nivyo uwo muyobozi yanditseko, ivyo bamwe na bandi babona ugutandukanye.

Taciye twikora ku gitabu kigenga akazi mu Burundi aho mu ngingo yayo y'161 iratomora neza ko ku rupapuro ruhabwa uwakoze akazi ico bita ko atakintu kitari ciza kijako ahubwo hajako igihe uwo mukozi yatanguriye akazi hamwe n'ico yakora.

Uwo muyobozi yoba yabikoze atasomye iryo tegeko canke yabigize atabizi?


 :Bararajwe ishinga n'uko   y'ibigori izoboneka.Abenegihugu bo muri komine Kayanza y'intara ya Butanyerera bavugako n'ub...
31/08/2025

:Bararajwe ishinga n'uko y'ibigori izoboneka.

Abenegihugu bo muri komine Kayanza y'intara ya Butanyerera bavugako n'ubwo ifumbire iriko iraboneka batabona uko bazoronka y'ibigori bazoteragira mu gihe c'agatasi.

yahoze arongoye Zone Kabarore ubu itwarwa muri komine Kayanza yahoze muri komine Kabarore avugako mu biraje ishinga umwenegihugu ari n' ariko batazi ko imbuto y'ibigori izoboneka,aho atanga uturorero ko mu myaka iheze bakiri mu makomine aherutse guhindura abarimyi bahabwa iyo mbuto na Leta ku giciro kitavuna kirenga gato 4000 ku kiro ku bigori vya na _Bazooka ariko ubu batazi ko bazobironka mu gihe iyo mbuto kw'isoko iriko iragurwa amafaranga 70.000 kuri kw'ishashi irimwo ibiro 2 hamwe na 15000 ku kiro c'ivyo bita .

Abenegihugu baganiriye n'umwanditsi wa mu ntara ya Butanyerera kuri uyu wa 6 basaba ko Leta muvyeyi wabo yokora ibishoboka vyose nk'uko iriko ibikora kw'ifumbire bakaronka nayo kuko atari uko bazohava basanga n'iyo fumbire ibananiye kuvyaza umusaruro narirya ngo n'ibigori vya kera vy'amasega n'ubwo babitazira jujuta bisigaye bigoye kuronka imbuto.

 : Umugabo wese wo mu Burundi abirizwa kuba nk'umusirikareMu gihe hariko hahimbazwa imyaka 20 Umugambwe Cndd-Fdd umaze u...
31/08/2025

: Umugabo wese wo mu Burundi abirizwa kuba nk'umusirikare

Mu gihe hariko hahimbazwa imyaka 20 Umugambwe Cndd-Fdd umaze urongoye igihugu hamwe n'umunsi mukuru wahariwe Imbonerakure ariwo , Umukuru w'igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye yibukije ko azokora ibishoboka kugira umugabo wese wo mu abe nk'umusirikare kurya kwa kera kugira ntihazogire n'umwe asubira kwononera igihugu.


 : Yasavye urupapuro rwerekana ko yakoreye ubushake   mu kwigisha ariko ntivyoroshe ivyo bamwandikiye.
30/08/2025

: Yasavye urupapuro rwerekana ko yakoreye ubushake mu kwigisha ariko ntivyoroshe ivyo bamwandikiye.

 : Inyuma y'ukwugurura ihimbazwa ry'imyaka 20 habanje kuba urugendo rwa kinyange, Ibiswi vy'inkona navyo biriko biragira...
30/08/2025

: Inyuma y'ukwugurura ihimbazwa ry'imyaka 20 habanje kuba urugendo rwa kinyange, Ibiswi vy'inkona navyo biriko biragira défilé aho berekana ubushobozi bwabo.


Address

Bujumbura, Ntahangwa Q Ngagara, Boulevard D'Afrique N°1
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Agasumo News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Agasumo News:

Share