
07/09/2025
: Mu ntumbero yo kwitegurira umwaka w'ishure wa 2025-2026 buca utangura, Umuryango w'Umushingamateka yatowe afise imyaka mike gusumvya abandi akaba ari imvukira y'intara ya yatanze ingabire igizwe n'amakaye, amakaramu,.... kuba banyeshure bangana 375 bava mu miryango ifise amikoro make yo muri zone baronkejwe iyo ngabire kuri uyu wa 6 Nyakanga 2025.
🎤 Umwe mubaronkejwe ivyo bikoresho yashimiye cane kuwo mutima w'urukundo baberetse aho yari yuzuye umunezero kubera abavyeyi biwe vyahora bibagora kuronka ivyo bikoresho.
🎤 Musitanteri wiyo komine yakengurukiye cane uwo muryango kugikorwa c'iteka bakoze mbere agahamagarira n'abandi kugira umutima mwiza wo gufashanya nakare urwaruka nibwo Burundi bw'ejo. Yasozereye asaba urwo rwaruka kwigana umwete batahukane umwimbu ushimishije nayo abavyeyi bagaheza bagakurikirana abana babo ku mashure ntibajane nyabahururu bongere babahe n'umwanya wo kwiga.
🎤 Umushingamateka mugushikiriza ivyo bikoresho yamenyesheje ko intumbero yico gikorwa ari uko ata mwana numwe atokwiga ngo yabuze ibikoresho vyo kwiga. Yatanze impanuro k'urwo rwaruka ko rwokwiga rushize umutima mu nda, rugakunda ishure maze rukazoheza narwo rugatera imbere maze ruze rubasubirire muri kazoza bageze muzabukuru. Yasozereye ashimira indongozi mu ntwaro zo zateye iteka ico gikorwa uhereye kuri Musitanteri, uwutwara zone hamwe nabajejwe intwaro ku mitumba uko ari 12 bo bitanze mukuraba neza abana bakwiye gushigikirwa akaba yemeye ko igikorwa yatanguye azoguma akibandanya.