
28/01/2025
: 🛜Umushikiranganji w'intwaro yo hagati iterambere rusangi n'umutekano yasavye abatwara imihora itanga internet mu Burundi uko ari itatu kuba yatanze mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru integuro y'ingene bagiye kwongereza umuvuduko wa internet mu no kunagura iminara n'ibibanza vy'ayo mashirahamwe bitari bigikora.
📌Hari mu nama yo kuri uyu wa kabiri yahuje umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n' umutekano ari kumwe na mugenzi we wo gutumatumanako amakuru bagiranye n'abarongoye amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru akorera mu Burundi ariyo , na Lumitel Burundi. 📡Mu gihe ayo mashirahamwe ngo afitanye na Reta amasezerano yo gukorera mu gihugu cose, yamenyesheje ko yasanze bakorera kubice nka 20% mu gihugu cose, ngo cane cane ku migwa mikuru y'intara n'amakomine.
📌Yaba umuyobozi mukuru wa , yaba icegera c'umuyobozi wa canke umuyobozi wa bavuga ko mubibitera harimwo ubukene bw'igitoro, Umushikiranganji Martin Niteretse akaba yishuye ko naho bavuga ikibazo c'igitoro ngo no mu bibanza birimwo amatara umuvuduko wa internet ni muto cane. 👉Ku kibazo naco c' uwurongoye Econet avuga ko bahiganwa n'abafise uburusho nabo atabwo bafise umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu akaba yamwishuye ko uburusho bwari bwarahawe imbere y'uko iryo shirahamwe rija hamwe na Econet, navyo ngo bituma Reta irifata nk'ishirahamwe rimwe akongerako ko ubwo burusho bakwiye kubusaba ari uko n'abanegihugu bariko bakorerwa neza
🔸 avugira umukuru w'igihugu yari muri iyo nama yongerako ko mu masezerano bagiranye na Reta atababuza gukora bataronse uburusho. Akavuga ko ku ruhande rwa Econet aribo batariko barashira mungiro neza ayo masezerano bafitanye na Reta.👮🏽♂️Icegera c'umugenduzi mukuru w'igipolisi general akabona ko iyo abenegihugu batariko batumatumanako amakuru neza bishobora kuba intambamyi mu kubungabunga umutekano.
⭕Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru akaba yasavye ba buramatari kwerekana ibice bikenewemwo cane imihora kugira bayishikaneyo, akanegura ko ayo mashirahamwe hari aho adashikana mu bushikiranganji arongoye impamvu zibabuza gukora neza. 🛜Ayo mashirahamwe akaba yiyemeje gukoresha ahanini umuyagankuba uva ku mishwarara y'izuba ku bibanza bidashikirwa n'umuyagankuba kugira bahangane n'ubukene bw' igitoro, Lumitel nayo ikavuga ko ikwiye mu gihugu hagati kurugero rwa 93% mu mezi atatu ari imbere naho ngo izotangura gutanga internet yo ku rugero rwa gatanu 5G.
📆Umushikiranganji w'intwaro yo hagati iterambere rusangi n'umutekano Martin Niteretse akaba yaciye abasaba ko mu kiringo c'indwi imwe boba bashikanye mu bushikiranganji bubijejwe integuro y'ukwo bagiye kwongereza umuvuduko wa internet no gusubira gukoresha ibibanza vyo gutanga imihora bitari bigikora.
Inkomoko: Radio Nderagakura