Isôko Fm-Rbdc

Isôko Fm-Rbdc Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Isôko Fm-Rbdc, Radio Station, Rohero I, Avenue Pierre Ngendandumwe, Central Building No 302B, Bujumbura.
(1)

✅ 👊 Official page of
📻Radio Isôko Fm 🇧🇮 Ijwi ritungisha

▪️Mudukurikiranira kuri 100.4Mhz ku bari i Bujumbura no mu gihugu hagati.

▪No kuri www.isokofm.com ku bari hanze y'igihugu


Contact +25765478000

07/07/2026

CRISTIANO ROLADO VYANKIYE HE: Zimwe mumvo zatumye Portugal isezererwa harimwo uguhabwa umwanya munini kuri Cristiano Ronaldo....

Ni umwe mubaririmvyikazi batuma igitsina gore giserukirwa mumudiho wa  **e muburundi. Indirimbo yiwe   wayakiriye gute? ...
07/07/2026

Ni umwe mubaririmvyikazi batuma igitsina gore giserukirwa mumudiho wa **e muburundi.

Indirimbo yiwe wayakiriye gute?

niwe mutumire wacu mukiganiro cuyu munsi. Ntimucikwe !!



07/07/2026

CRISTIANO RONALDO VYANKIYE HE?: Zimwe mumvo zatumye Portugal isezererwa harimwo uguhabwa umwanya munini kuri Cristiano Ronaldo....

 : Ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri Kaminuza catanguye kuri uyu wa 07 mukakaro.Ico kibazo catangujwe ...
07/07/2026

: Ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri Kaminuza catanguye kuri uyu wa 07 mukakaro.

Ico kibazo catangujwe icese n'umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana kuri "Lycée étoiles des montagnes d'Ijenda".

Abanyeshure bategekanijwe gukora ico kibazo bangana 53.840, bagizwe n'abigeme bababa 31000. Ibice 40 kw'ijana vyabariko barakora ico kibazo ni abahejeje amashure y'imyuga.

Uwo aramutswa ubushikiranganji bw'indero asaba abo banyeshure gukora batekanye kugira bazoronke umwimbu ushimishije.


 : Ibanki nkuru y'igihugu   irabeshuza ibihuha bivuga ko inoti z'ibihumbi 10 niza 5 zakozwe mu mwaka wa 2025 ari iza mag...
07/07/2026

: Ibanki nkuru y'igihugu irabeshuza ibihuha bivuga ko inoti z'ibihumbi 10 niza 5 zakozwe mu mwaka wa 2025 ari iza magendu.

Ayo makuru atariyo yatanguye guhanahanwa Ku mbuga ngurukana bumenyi kuri uyu wImana, ko imikono iri ku noti z'ibihumbi 10 zakozwe mu mwaka wa 2025 zidasa nizakozwe mu mwaka wa 2022.

Mwitangazo ryasohowe n'ibanki nkuru y'igihugu BRB kuri uyu wa mbere rivuga ko ivyo ari ibihuha. Edouard Normand Bigendako umuyobozi mukuru wa BRB avuga ko izo noti zose ari izukuri kandi zasohowe n'ibanki nkuru. "Kuba inoti zakozwe mu myaka itandukanye canke ziriko imikono itandukanye y'abarongozi bakuru b'ibanki nkuru ni ibisanzwee".

Bigendako amenyesha kw'iryo tandukaniro ryerekana umwaka zakoreweko hamwe hamwe n'imikono yabari barongoye ibanki nkuru igihe zakorwa. Ivyo navyo ntaco bihindura Ku bubasha bwizo noti.

Muri iryo tangazo kandi, uwo arongoye BRB yibutsa ko mu gusuzuma neza inoti hadakoreshwa gusa imikono n'amagemekerezo inoti zasohoreweko, ariko hakoreshwa ibimenyetso ntiganwa nk'ikimenyetso cumvikana gufasha abagendana ubumuga bwo kutabona, akanyuzi gashasha kari hagati mu noti gasa nakagenda karacikagurika karimwo umutwe w'inka nivyandiko "BRB" biri mw'ibara risa n'umunyota bihindagura ikibanza binyaruka iyo inoti ihengetse.

Ikindi ikimenyetso ngo ni ihindagurika ry'amabara iyo inoti ihengetse, hamwe n'ikimenyetso kigizwe n'umuzingi uca ibibatsi wiyunguruza inoti uyihindukije. Kikaboneka mwishusho y'igiseke Ku noti y'ibihumbi 5 hamwe no mwishusho y'ingoma Ku noti y'ibihumbi 10. Ikindi ikimenyetso ni isanamu y'umugamwa Rudoviko Rwagasore ku noti y'ibihumbi 10 hamwe nishusho ya président Melchior Ndadaye ku noti y'ibihumbi 5. Ayo masanamu akaboneka mu gihe iyo noti uyirabiye ku muco nkuko uwo arongoye BRB abimenyesha.


07/07/2026

AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 07/7/2026

 : Abandaza b'inyama muri commune   basabwa kubahiriza ibiciro bishasha.Mwitangazo ryasohowe na musitanteri wiyo commune...
07/07/2026

: Abandaza b'inyama muri commune basabwa kubahiriza ibiciro bishasha.

Mwitangazo ryasohowe na musitanteri wiyo commune kuri uyu wa mbere, ryerekana ko ikiro c'inyama y'umusoso w'inka kigurwa amafaranga ibihumbi 25 (25.000BIF) nayo ikiro ca cangacanga kikagurwa ibihumbi 23 (23.000BIF).

Iryo tangazo nyene rikavuga ko ikiro c'inyama zo mu nda igurwa amafaranga ibihumbi 20 (20.000BIF) nayo inyama z'impene zikazogurwa amafaranga ibihumbi 25 Ku kiro (25.000BIF).

Amos Ndavyizeye, musitanteri wa commune Gisuru agasaba abadanza b'inyama gushira mu ngiro ivyo biciro, uwitazivtubahiriza nawe akazobihanirwa.


‎🎉 Thank You for 10,000 Followers‎‎Turashimiye bivuye ku mutima mwebwe mwese mudukurikira, mudushigikira kandi mukaduter...
06/07/2026

‎🎉 Thank You for 10,000 Followers

‎Turashimiye bivuye ku mutima mwebwe mwese mudukurikira, mudushigikira kandi mukadutera intege.

‎Isôko FM 100.4 MHz – Ijwi riturungisha.

🚨 UMUSTAR wa Ba Star na BuBet… ASHOBORA KUBA ARI WEWE! 🤔 Woba ufise impano yo gutamba. Ingo utwereke ivyo ushoboye! 🎥 Sh...
06/07/2026

🚨 UMUSTAR wa Ba Star na BuBet… ASHOBORA KUBA ARI WEWE!

🤔 Woba ufise impano yo gutamba. Ingo utwereke ivyo ushoboye!

🎥 Shira videwo yawe uriko uratamba indirimbo dai dai ya Shakira na Burna Boy kuri TikTok

📲 Tague .

🌟 winjire mu banyempano bandi bari mw’ihiganwa rya !

⏳ Kwitabira iryo higanwa bizohera kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2026

🎉 Impano yawe ikeneye ikintu kimwe gusa: AMAHIRWE

Tanga intererano zanyu mu kiganiro   co kuri uyu wa kabiri :“HOKORWA IKI KUGIRA IGISATA  CA BAMUKERARUGENDO(TOURISME) NG...
06/07/2026

Tanga intererano zanyu mu kiganiro co kuri uyu wa kabiri :

“HOKORWA IKI KUGIRA IGISATA CA BAMUKERARUGENDO(TOURISME) NGO GITEZE IMBERE IGIHUGU.”

👉UMUTUMIRE: Thierry IRADUKUNDA , umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga muvya poritike n’imibano

Address

Rohero I, Avenue Pierre Ngendandumwe, Central Building No 302B
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Isôko Fm-Rbdc posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Isôko Fm-Rbdc:

Shortcuts

Share

Category